Igihe Ata Mubabaro Uzoba Ukiriho
UMUBABARO ntiwari mu ntēgo Imana yari yashingiye umuryango w’abantu mu ntango. Nta wo yari yashingiye umugambi, eka nta n’uwo ishaka. Wohava ubaza, uti ‘None niba ari ukwo, watanguye gute, kandi ni kuki Imana yawuretse ukabandanya kugeza n’ubu?’—Gereranya na Yakobo 1:13.
Inyishu tuyisanga mu cegeranyo co mu ntango rwose c’inkuru y’akahise k’umuntu, ari co Bibiliya, na canecane mu gitabu c’Itanguriro. Kivuga ko abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva, bakurikiye Shetani ya Diyǎbule mu bugarariji bwiwe bw’ukurwanya Imana. Ivyo bakoze vyaravyuye ibibazo ntabanduka vyateye igitero ishingiro nyene ry’iteka n’urupange vyo mw ihangāre. Igihe barondera uburenganzira bw’ukwifatira ingingo y’ikibi n’iciza, bari báhigishije ububesegaba bw’Imana. Bari bahaririye uburenganzira ifise bwo gutegeka no kuba we mucamanza rudende w’ “ikibi n’iciza.”—Itanguriro 2:15-17; 3:1-5.
Ni Kuki Itaciye Ishikisha Ivyo Igomba ku Nguvu?
‘Ni kuki none Imana itaciye ishikisha ivyo igomba ku nguvu?’ ni ko wohava ubaza. Ku batari bake, ibintu bisa n’ivyoroshe cane. Bavuga ngo: ‘Imana yari n’ububasha. Yari kubukoresha kugira ihonye abo bagarariji.’ (Zaburi 147:5) Ariko niwibaze uti: ‘Noba mpora nkoma amashi ata kugonanwa ndayakomera abo bose bakoresha ububasha kaminuza ngo bashikishe ukugomba kwabo? Ntaho bihora binzamwo nkumva ko njingiswe iyo intwazamukazo ikoresheje utugwi tw’abicanyi ngo tuzimanganye abansi biwe?’ Abantu benshi bakoresha ubwenge bahora baguduka umutima iyo ikintu nk’ico kibaye.
Nawe uti ‘Ah, iyo Imana ikoresha ubwo bubasha, nta n’umwe yohaririye ibikorwa vyayo.’ Wovyemeza? Abantu none ntibahora baharira ugukoresha ububasha kw’Imana? Baraharira igituma hari ibihe itabukoresheje, nko kubona yararekeyeho ikibi. Vyongeye baraharira igituma yabukoresheje mu bindi bihe. Na wa mwizerwa Aburahamu nyene yaragize ingorane ku kuntu Imana yakoresheje ububasha mu gukuraho abansi bayo. Ibuka igihe Imana yafata ingingo y’uguhonya Sodomu. Aburahamu, mu kwihenda kwiwe, yaratinya yuko abantu beza bohava bapfana n’ababi. Yarakomye akamo ati: “Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha.” (Itanguriro 18:25) N’abantu nyene b’umuzirikanyi ugororotse nka Aburahamu barakeneye ikibakura amakenga yuko ububasha bwumije budakoreshwa nabi.
Birumvikana, Imana yari gushobora guca ihonya Adamu, Eva na Shetani. Ariko iyumvire ukuntu ivyo vyari kugira ico bikoze ku bandi bamarayika canke ku biremwa vyobayeho mu nyuma, ivyari guhava bikamenya ivyo Imana yagize. Ivyo none ntivyari gutuma bisigarana ibibazo bineguzi vy’ukutemera ko uburyo Imana itegeka ari bwiza? Ntivyotumye none Imana yagirizwa yuko vy’ukuri ari inkandamizi y’intwazagikenye, nka kumwe Nietzsche yayidondora, ngo ni Imana izimanganya ata mbabazi uwo wese ayirwanije?
Ni Kuki Abantu Itabakoresheje Ibigororotse ku Nguvu?
‘Imana none ntibe gusa yarakoresha abantu ibigororotse ku nguvu?’ ni ko bamwe bobaza. Yewe, n’ibi birimbure. Muri kahise kose, intwaro zaragerageje gutuma abantu bakurikiza ku nguvu uburyo bwazo bw’ukwiyumvira. Hari intwaro canke abategetsi bamwebamwe bǎkoresheje ubwoko butari bumwe bw’ukwoza abantu ubwonko, kumbure mu gukoresha ibiyayuzi canke ukubabaga, abo bagirira ivyo bakabaka ingabire bifitiye y’igitangaza y’ukwihitiramwo. Ntituryohewe none n’ukuba turi abantu bihitiramwo, naho nyene iyo ngabire ikunda kugirirwa nabi? Twoba twirengagiza imyigoro intwaro iyo ari yo yose canke umutegetsi bigira ngo bikureho uwo mwidegemvyo?
Ni ikindi giki none Imana yari gushobora gukora turetse ivy’uguca ikoresha ububasha ifise ngo ishikishe iteka ryayo ku nguvu? Yehova Mana yashinze yuko inzira nziza y’ugushira mu buryo ubwo bugarariji iba ukureka ngo hace ikiringo c’ubwigenge, ku bǐyamirije amateka yiwe. Ivyo vyohaye umuryango w’abantu, uwakomotse kuri Adamu na Eva, igihe kigereranye kinaka c’ukwitwara ata kwisunga iteka ry’Imana. Ivyo yabigiriye iki? Kubera ko yari izi yuko haciye igihe, ikimenyamenya ntaharirwa cokwirunze, kikagaragaza yuko uburyo bwayo bw’ugutegeka nantaryo bwama ari bwiza kandi butunganye, no mu gihe nyene ikoresheje ububasha ntamupaka bwayo kugira ishikishe ku nguvu ukugomba kwayo, hamwe n’uko bitebe bitebuke, ubugarariji ubwo ari bwo bwose bwo kuyirwanya buzokwega ibara.—Gusubira mu vyagezwe 32:4; Yobu 34:10-12; Yeremiya 10:23.
Abazira Ubusa Bose Bo Bite?
Wobaza uti: ‘Mu kurindira none, abazira ubusa bose bo bite?’ ‘Umubabaro barimwo woba vy’ukuri ukenewe kugirango iteka rinaka risigurike?’ Urabona, Imana ntiyaretse ikibi ngo kibeho kugira gusa iteka rinaka ritumvikana risigurike. Ahubwo riho ni ukugira hagaragare rimwe rizima ukuri ntabanduka kw’uko yo nsa ari yo segaba, n’uko ukugamburukira amateka yayo ari ukwa ntahara kugira ibiremwa vyayo vyose bigire amahoro n’ubuhirwe bibandanya.
Ikintu kimwe gihambaye cane co kugumiza mu muzirikanyi ni uko Imana izi yuko ishoboye gusenyagura buhere ikibi cose ivyo vyoshobora gukorera umuryango w’abantu. Irazi yuko impera n’imperuka iki kiringo c’ikitazokwamaho c’intuntu n’umubabaro kizovamwo ingaruka y’ingirakamaro. Iyumvire umuvyeyi aguma afashe umwana wiwe intasaganya igihe muganga amuzibura urushinge rw’urucanco kugira amukingire indwara yinaka yohava imwegura. Nta muvyeyi n’umwe yoshaka ko umwana wiwe yumva ububabare. Nta muganga n’umwe yoshaka gutera amaganya umurwayi yamugendeye. Ico gihe, uwo mwana ntatahura impamvu y’ubwo bubabare, ariko mu nyuma arategera igituma ivyo babiretse bikaba.
Abari mu Mubabaro Boba Bazoruhurwa vy’Ukuri?
Hari aboshobora kwiyumvamwo ko kumenya ivyo bintu gusa kworuhura buhoro abari mu mubabaro. Hans Küng avuga yuko insiguro yumvikana y’igituma umubabaro uriho “ico imarira uwuri mu mubabaro [ari] nk’ugusigurira ivy’ibifungurwa umuntu ahotowe n’ikiyara.” Abaza ati: “Ukwiyumvira kw’ubwenge kwose kwoba vy’ukuri gusubiriza abantu umutima mu nda kandi basa n’abarengēwe n’umubabaro?” Urumva, “ukwiyumvira kw’ubwenge” kwose kw’abantu biyobagiza Ijambo ry’Imana Bibiliya ntikwasubirije umutima mu nda abababara. Ukwiyumvira kw’abantu mwen’ukwo ico kwakoze kwabaye gusa ukwongerereza ingorane, mu kuvuga yuko Imana yageneye umuntu kubabara, n’uko ngo isi yabumbwe nk’umubande w’amarira canke ahantu h’ukugeragereza abazohava bakaronka ubuzima mw ijuru. Umve ukwo kurogota yemwe!
Yamara, Bibiliya ubwayo iratanga koko ukuruhura nyakuri. Ntitanga vyonyene insiguro yumvikana ku vyerekeye igituma hariho umubabaro, ariko kandi iradukomereza ukwishimira umuhango Imana yatanze utagiramwo amazinda, w’uko izosenyagura ikibi cose iryo rekurwa ry’umubabaro ritazokwamaho ryateye.
“Guhindura Ibintu Vyose Bisha”
Ubu bwa vuba Imana ibintu izobisubiza mu buryo yari yagomvye ko bimera imbere y’uko ibiremwa-muntu vya mbere bigarariza. Igihe yageneye ubutegetsi bwigenga bw’umuntu gisa n’icanyitse. Turi mu gihe izorungika ‘Yezu, uwo ijuru rikwiye kwakīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubwa mbere na mbere.’—Ivyakozwe n’intumwa 3:20, 21.
None Yezu Kirisitu azogira iki? Azokiza isi abansi b’Imana bose. (2 Ab’i Tesalonike 1:6-10) Ukwo ntikuzoba ari ukubazimanganya ningoga na ningoga, nk’uko bigirwa n’intwazamukazo b’abantu. Ikimenyamenya umurundo kigarágaza ingaruka nteravyago z’itegeka ribi ry’umuntu, kizoranga yuko Imana vyemejwe ko ikwiye gukoresha vuba ububasha bwayo butagira uko bungana kugira ishikishe ukugomba kwayo. (Ivyahishuriwe Yohana 11:17, 18) Mu ntango ivyo bizoba ari “amarushwa” isi itari bwigere ibona, ameze nka wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, mugabo abe ahambaye rwose kuwurusha. (Matayo 24:21, 29-31, 36-39) Abazorokoka ayo ‘marushwa ahambaye’ bazokwibonera “ibihe vyo guhēmbūka” nibabona iranguka ry’imihango Imana yatanze ibicishije “mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose.” (Ivyakozwe n’intumwa 3:19; Ivyahishuriwe Yohana 7:14-17) Ni ibiki Imana yasezeranye?
Urumva, abamenyeshakazoza b’Imana ba kera bavuga yuko hazobaho iherezo ry’umubabaro uterwa n’intambara hamwe n’iseswa ry’amaraso. Nk’akarorero, Zaburi 46:9 itubwira iti: “Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi.” Nta bazira ubusa be n’impunzi ziteye ikigongwe, abasambanywa ku nguvu, abacikishwa ibimuga n’abagwa mu ntambara zica nabi bazosubira kuhaba! Umumenyeshakazoza Yesaya avuga ati: “Nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.”—Yesaya 2:4.
Abamenyeshakazoza barabuye kandi iherezo ry’umubabaro uterwa n’ubukozi bw’ikibi hamwe n’akarenganyo. Mu Migani 2:21, 22 harasezerana yuko “abagororotsi bazokwībēra m[w isi, NW]” n’uko abatera intuntu n’umubabaro “bazorandurwa muri [y]o.” Nta muntu azoba “[aki]gira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Abanyakibi bose bazoba bakuweho ibihe bidashira. (Zaburi 37:10, 38) Umuntu wese azoshobora kubaho mu mahoro n’umutekano, atakigira umubabaro.—Mika 4:4.
Vyongeye kandi, abamenyeshakazoza barasezeranye yuko hazobaho iherezo ry’umubabaro uterwa n’indwara zo ku mubiri no mu kanyengetera. (Yesaya 33:24) Yesaya asezerana yuko impumyi, ibipfamatwi, ibimuga, hamwe n’abo bose bakubagurwa n’indwara n’ibiza bazokizwa. (Yesaya 35:5, 6) Imana mbere izohindura ukundi ingaruka z’urupfu. Yezu yabuye yuko “abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo.” (Yohana 5:28, 29) Mu mubono-ndoto intumwa Yohani yaronse w’ “ijuru risha n’isi nsha,” yabwiwe yuko “Imana ubgayo . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuriwe Yohana 21:1-4) Vyiyumvire nawe! Nta bubabare, nta marira, nta maborogo, nta rupfu—nta mubabaro ukuriho!
Ibicavutu vyose vyoba vyarashitse muri iki gihe ikibi kibandanya kidakumirwa, bizotorerwa umuti. Mbere n’ivyibuko vy’intuntu n’umubabaro abantu bagize—ibitigeze bitegekanywa n’Imana—bizoba vyahanaguwe akazimayongo. “Amagorwa ya mbere yibagiranye, . . . ivya mbere ntibizokwibukwa,” ni vyo Yesaya yamenyesheje. (Yesaya 65:16, 17) Intēgo Imana yari ifise mu ntango y’uko haba umuryango w’abantu ubaho mu mahoro n’ubuhirwe vyuzuye kw isi y’iparadizo, izorangūka bimwe bishitse. (Yesaya 45:18) Ukwishimirwa kw’ububesegaba bwiwe kuzoba kwose. Mbega agateka k’ukubaho igihe Imana izoba yakuyeho umubabaro wose w’umuntu, igihe izoranga yuko itari ubwoko bw’ “inkandamizi, inyangushi, inyáhuzi, inyicanyi,” nk’uko Nietzsche yabiyiremētse, ariko yuko nantaryo ari nyarukundo, nyarwevu na nyabutungane mu kuntu ikoresha ububasha buhebuje bwayo!
[Ifoto ku rup. 5]
Hari abategetsi bagize ivy’ukwoza abantu ubwonko, abo babigizeko bakabatwara ubwihitiremwo
[Abo dukesha ifoto]
UPI/Bettmann
[Ifoto ku rup. 7]
Igihe ata mubabaro uzoba ukiriho, bose bazonezererwa ubuzima bimwe vyuzuye