ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/3 rup. 30-31
  • Yezu Aterwa Impundu nka Mesiya n’Umwami!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Aterwa Impundu nka Mesiya n’Umwami!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Hǎrashikijwe Ivyari Vyaravuzwe Kera
  • Ubutumwa bw’Ivy’Ukuba Umwami
  • Icigwa Kuri Twebwe
  • Kirisitu Yinjirana Impundu i Yeruzalemu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Umwami yinjira i Yeruzalemu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Igihe Kirashitse!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Barabonye Mesiya!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/3 rup. 30-31

Bǎrakoze Ukugomba kwa Yehova

Yezu Aterwa Impundu nka Mesiya n’Umwami!

NYA sinzi rivuza urwamo ryariko ryinjira i Yeruzalemu ku wa 9 Nisani mu 33 G.C., ryaratangaje cane Abanyayudaya benshi. Naho kubona abantu benshi barindimuka baza muri ico gisagara imbere ya Pasika cari ikintu gisanzwe kibaho, abo bashitsi bari bameze ukundi. Uwari yibonekeje cane muri bo yari umugabo yariko agendera ku nyana y’indogoba. Uwo mugabo yari Yezu Kirisitu, nya bantu na bo bakaba baza barakwiragiza ivyambarwa n’amashami y’ibisandasanda imbere yiwe biha akamo bati: “Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.” Aho baboneye iryo sinzi, abenshi bari bamaze gushika i Yeruzalemu baravyuriwe umutima w’ukwinjira muri urwo rugendo.—Matayo 21:7-9; Yohana 12:12, 13.

Naho ico gihe Yezu yariko aterwa impundu, yari azi ko ibigeragezo bimurindiriye. Washaka, mu misi itanu gusa, yokwiciwe muri ico gisagara nyene! Egome, Yezu yari azi ko Yeruzalemu ari iteritwari y’ingesera, kandi yinjiye mu gisagara ku mugaragaro ico ciyumviro nyene agifise ku muzirikanyi.

Hǎrashikijwe Ivyari Vyaravuzwe Kera

Mu 518 B.G.C., Zekariya yaramenyesheje iyinjira ndangantsinzi rya Yezu i Yeruzalemu. Yanditse ibi: “Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba. . . . Uyo azobgira amahanga ivy’amahoro, kand’ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.”—Zekariya 9:9, 10.

Nuko rero, iyinjira rya Yezu i Yeruzalemu ku wa 9 Nisani ryarashikije ikimenyeshakazoza ca Bibiliya. Ico nticari igishikiragihe ciyadukije gusa, ariko cari categekanijwe citondewe. Imbere yaho, igihe Yezu yari akiri inze ya Yeruzalemu, yari yabwirije babiri mu bayoboke biwe ati: “Mugende mur’iriya mihana ir’imbere yanyu, muca mubona indogoba iziritseho n’inyana yayo; muziziture, muzinzanire. Ni hagira ūbabaza, mumubgire, muti Databuja ni we azigomba. Aca azirungika.” (Matayo 21:1-3) Ariko ni kuki Yezu yashatse kuja i Yeruzalemu ari ku ndogoba, kandi ukuntu ayo masinzi yavyakiriye kwari kuvuze iki?

Ubutumwa bw’Ivy’Ukuba Umwami

Ishusho umuntu abona irashobora kenshi na kenshi kugira ububasha kuruta ijambo rivuzwe. Gutyo rero, rimwe na rimwe Yehova yaratuma abamenyeshakazoza biwe gushira mu myerekano ngereranya ubutumwa menyeshakazoza bwabo. (1 Abami 11:29-32; Yeremiya 27:1-6; Ezekiyeli 4:1-17) Ubwo buryo buhambaye bw’ukumenyesha ibintu mu kuvyerekana, bwariyandika intahanagurika no ku muzirikanyi mbere w’umwitegereji w’umutima ukomantaye. Mu buryo busa na bwo, Yezu yari ashize mu mwerekano ngereranya ubutumwa bunyabubasha mu kugendera ku ndogoba akinjira mu gisagara ca Yeruzalemu. Mu buryo ki?

Mu bihe vya Bibiliya indogoba yakoreshwa mu bintu vy’abahambaye. Nk’akarorero, Salomo aho yasigwa amavuta ngo abe umwami yaragendeye ku “nyumbu” ya se wiwe, ikaba yari umwana w’indogoba w’imvange. (1 Abami 1:33-40) Nuko rero ukugendera ku ndogoba kwa Yezu yinjira i Yeruzalemu vyosiguye yuko yariko yiyerekana ko ari umwami.a Ivyo nya sinzi ryagize vyarakomeje ubwo butumwa. Abari muri uwo mugwi, uwutegerezwa kuba ahanini wari ugizwe n’Abanyagalilaya, barakwiragije ivyambarwa vyabo babisasa imbere ya Yezu—kikaba icibutsa itangazo ryari ryaragizwe icese ry’uko Yehu ari umwami. (2 Abami 9:13) Igihe bita Yezu “Mwana wa Dawidi” bariko bashimika ku burenganzira bwemewe afise bw’ukuba umutegetsi. (Luka 1:31-33) Ugukoresha amashami y’ibisandasanda kwabo na kwo biboneka yuko kwerekana ko borohera ubukuru bwiwe bwa cami.—Gereranya n’Ivyahishuriwe Yohana 7:9, 10.

Urwo rugendo rwo kwinjira i Yeruzalemu ku wa 9 Nisani rero rwaratanze ubutumwa butomoye bw’uko Yezu yari Mesiya akaba n’Umwami yagennywe n’Imana. Mugabo ntiwumve, si bose bǎhimbawe n’ukubona Yezu yerekanwa gutyo. Abafarisayo canecane biyumvira ko bitabereye na buhorobuhoro ko Yezu ahundwa iteka mwen’iryo rya cami. Barasavye, kumbure bavugana ishavu, bati “Mwigisha, zibiza abigishwa bawe.” Yezu asubizayo ati: “Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.” (Luka 19:39, 40) Egome, Ubwami bw’Imana ni bwo bwari umutwe shimikiro w’ubukwiririji bwa Yezu. Yaratangaza ashize amanga ubwo butumwa, abantu babwakira canke batabwakira.

Icigwa Kuri Twebwe

Kugira Yezu yinjire i Yeruzalemu mu buryo bwari bwaravuzwe imbere y’igihe n’umumenyeshakazoza Zekariya, vyasavye uburindutsi buhambaye. Yari azi yuko agize gutyo ariko yikwegera uburake bw’abansi biwe. Imbere y’uko aduga mw ijuru, Yezu yarashinze abakurikizi biwe ibanga ry’ugukwiririza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no ‘kugira abayoboke abantu bo mu mahanga yose.’ (Matayo 24:14; 28:19, 20) Ivyo na vyo nyene kubishitsa bisaba uburindutsi. Si bose bahimbarwa n’ukwumva ubwo butumwa. Bamwe ntibabuha nirwere, abandi na bo bakaburwanya. Hari intwaro zatangiriye ico gikorwa c’ubukwiririji canke zikakibuza intakikiriza.

Mugabo, Ivyabona vya Yehova barazi yuko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bwashinzwe itegerezwa gukwiririzwa, abantu bayumviriza canke birinda kuyumviriza. (Ezekiyeli 2:7) Uko babandanya kurangura ico gikorwa ndokorabuzima, bararemeshwa n’umuhango Yezu yabahaye ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.”—Matayo 28:20.

[Akajambo k’epfo]

a Inkuru ya Mariko irongerako yuko iyo nyana y’indogoba “ata muntu yigeze kuyigenderako.” (Mariko 11:2) Nk’uko biboneka, igitungwa kitari bwakoreshwe cari kibereye bimwe bidasanzwe gukoreshwa ku bintu vyeranda.—Gereranya na Guharūra 19:2; Gusubira mu vyagezwe 21:3; 1 Samweli 6:7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika