ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/4 rup. 25-29
  • Ukurokorwa Tukinjira mw Isi Nshasha Itunganye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukurokorwa Tukinjira mw Isi Nshasha Itunganye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Amarushwa Ahambaye”
  • Uguterwa kw’Abasuku b’Imana
  • ‘Ukurokorwa Kwanyu Kuzoba Kugira Gushike’
  • Isi Nshasha
  • Ni Kuki Harindirijwe Igihe Kirekire Gutya?
  • Ukurangura Ikindi Kintu
  • Ukurokorwa n’Ubwami bw’Imana kuregereje!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo Ubwami bw’Imana Buzokora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Uraguma uri intahemuka muri ya “makuba akomeye”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nureme Uko Ukurokorwa Kwegereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/4 rup. 25-29

Ukurokorwa Tukinjira mw Isi Nshasha Itunganye

“Bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”—ZABURI 37:11.

1, 2. (a) Ukurokora kwa Yehova muri iki gihe cacu kuzoba gutandukaniye he n’ukurokora kutari kumwe yakoze mu bihe vya kera? (b) Yehova azokwinjiza igisata ciwe mw isi imeze gute?

YEHOVA ni Imana ndokozi. Mu bihe vya kera, yararokoye igisata ciwe mu biringo bitari bimwe. Ukwo kurokora kwaba ukumara igihe kinaka, kubera yuko muri ivyo bihe vyose ata ho Yehova yashikije imanza ziwe rimwe rizima kw isi ya Shetani iyo iva ikagera. Mugabo muri ino misi, Yehova vuba azorokora bimwe bihambaye gusumba abasuku biwe bose. Ico gihe azosangangura ikanda ryose ry’ivya Shetani kw isi yose, hanyuma yinjize abasuku biwe mw isi nshasha itunganye, yamaho.—2 Petero 2:9; 3:10-13.

2 Yehova yasezeranye ati: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; . . . Arikw abagwaneza bazoragwa [isi], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:10, 11) Mu gihe kingana iki? “Abagororotsi bazoragwa [isi], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.” (Zaburi 37:29; Matayo 5:5) Ariko rero, imbere yuko ivyo biba, iyi si izoshikirwa n’igihe c’umuvurungano gihambaye kuruta ivyigeze kuyishikira.

“Amarushwa Ahambaye”

3. Yezu yadondoye gute ya ‘marushwa ahambaye’?

3 Mu 1914 iyi si yarinjiye mu “misi y’iherezo” yayo. (2 Timoteyo 3:1-5, 13) Ubu tumaze imyaka 83 twinjiye muri ico kiringo kandi turiko twegereza iherezo ryaco ahó, nk’uko Yezu yabimenyesheje, ibi bikurikira bizoba: “Hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi ntazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Egome, azoba mabi rwose kuruta mbere ya Ntambara ya II y’Isi Yose, igihe abantu imiliyoni 50 bahasiga agatwe. Mbega igihe c’akajegezasi kiriko cegereza vyihuta!

4. Ni kuki uguca imanza kw’Imana gushika kuri “Bab[i]loni [I]hambaye”?

4 “Amarushwa ahambaye” azoza giturumbuka bimwe bitangaje, “mw isaha imwe.” (Ivyahishuriwe Yohana 18:10) Iyaduka ryayo rizorangwa n’ishitswa ry’imanza ry’Imana kw idini y’ikinyoma, iyo Ijambo ry’Imana ryita “Bab[i]loni [I]hambaye.” (Ivyahishuriwe Yohana 17:1-6, 15) Ikintu cibonekeje cǎranga Babiloni ha kera cari idini y’ikinyoma. Babiloni ya none imeze nk’aho ha kera, kandi igereranya inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Yaragize uruhara rwa maraya mu kwiyunga hamwe n’inzego za politike. Yarashigikiye intambara zazo kandi irahezagira ingabo zo ku mpande zose ziriko zirarwana, bivamwo ukwicana kw’abantu basangiye idini. (Matayo 26:51, 52; 1 Yohana 4:20, 21) Yariyobagije ibikorwa bibi vy’abayo kandi irahama Abakirisu b’ukuri.—Ivyahishuriwe Yohana 18:5, 24.

5. “Amarushwa ahambaye” atangura gute?

5 “Amarushwa ahambaye” atangura igihe inzego za politike zitera giturumbuka “Bab[i]loni [I]hambaye.” Izo ‘zizokwanka uwo maraya, zizomuzingazinga, zimukobe, zirye inyama ziwe, zimutongoze umuriro.’ (Ivyahishuriwe Yohana 17:16) Mu nyuma, abahoze bamushigikiye “bazomuririra, bamuvugirize amarūru.” (Ivyahishuriwe Yohana 18:9-19) Mugabo abasuku ba Yehova bamaze igihe kirekire bavyiteze, kandi bazokwitangaza bati: “[Shemeza Ya]; . . . Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’imuhōye amaraso y’abagurano bayo.”—Ivyahishuriwe Yohana 19:1, 2.

Uguterwa kw’Abasuku b’Imana

6, 7. Ni kuki Abasuku ba Yehova bashobora kugira umwishimiro igihe baterwa mu kiringo c’ “amarushwa ahambaye”?

6 Inzego za politike zimaze gusangangura idini y’ikinyoma, zitera abasuku ba Yehova. Shetani, “Gogi wo mu gihugu c’i Magogi” mu bimenyeshakazoza, avuga ati: “[Hinge] ngīre abibereye impore ata co binona.” Kubera ko yiyumvira ko batagira gitabara, abateresha “ingabo nyinshi . . . , [zi]meze nk’igipfungu cubikije mu gihugu.” (Ezekiyeli 38:2, 10-16) Igisata ca Yehova barazi ko ico gitero kizoba impfagusa kubera bishimiye Yehova.

7 Igihe Farawo n’ingabo ziwe bǐbaza ko bataye mu mpatane abasuku b’Imana ku Kiyaga Gitukura, Yehova ku gitangaro yararokoye igisata ciwe, atikiza ingabo za Misiri. (Kuvayo 14:26-28) Mu kiringo ca ya ‘marushwa ahambaye,’ igihe amahanga yibaza ko yataye mu mpatane igisata ca Yehova, ku gitangaro arasubira gutabara: “Kur’uwo musi, . . . uburake bganje buzompfunduka mu mazuru, . . . Kuko navuganye ifuhe n’uburake bgaka umuriro.” (Ezekiyeli 38:18, 19) Igihe c’agaheta c’ “amarushwa ahambaye” kizoba rero cegereje cane!

8. Ni ibishikiragihe vy’insigabutahuzi ibihe biba imbere y’uko Yehova yica abanyakibi, kandi bigira ingaruka nki?

8 Ku gihe kinaka “amarushwa ahambaye” amaze gutangura, mugabo hakaba imbere y’uko Yehova ashitsa urubanza rwiwe ku masigarira y’iyi si, ibishikiragihe vy’insigabutahuzi bizotako. Umva ingaruka bizogira. “Bun’ikimenyetso c’Umwana w’umuntu [Kirisitu] kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.” (Matayo 24:29, 30) “Hazoba ibimenyetso ku zuba no ku kwezi no ku nyenyeri, . . . kand’abantu bazogwishwa igihūmura n’ubgoba no kwitega ibigira bibe mw isi.”—Luka 21:25, 26.

‘Ukurokorwa Kwanyu Kuzoba Kugira Gushike’

9. Ni kuki abasuku ba Yehova bashobora ‘kuraramika imitwe yabo’ igihe hashika ibishikiragihe vy’insigabutahuzi?

9 Muri ico gihe kidasanzwe ni ho ikimenyeshakazoza co muri Luka 21:28 gikora. Yezu yavuze ati: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko [ukurokorwa] kwanyu kuzoba kugira gushike.” Abansi b’Imana bazoba bariko bahindishwa agashitsi n’ubwoba kubera bazomenya ko ibishikiragihe vy’insigabutahuzi biriko biraba biza biva kuri Yehova. Mugabo abasuku ba Yehova bazonezerwa kubera bazomenya ko ukurokorwa kwabo kugira gushike.

10. Ijambo ry’Imana ridondora gute igihe c’agaheta ca ya ‘marushwa ahambaye’?

10 Yehova ico gihe ararekurira ubuyobe kw isi ya Shetani: “Nzomushitsakw iteka namuciriyeko [Gogi], ndamuhanishe ikīza no kuvishwa amaraso; kandi we n’ingabo ziwe . . . maze bazomenya yuko jewe nd[i Yehova].” (Ezekiyeli 38:22, 23) Imisigara yose y’isi ya Shetani irasangangurwa. Ikibane c’abantu birengagiza Imana iyo kiva kigagera kirazimanganywa. Ico ni co gihe c’agaheta ca Arumagedoni ca nya ‘marushwa ahambaye.’—Yeremiya 25:31-33; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-8; Ivyahishuriwe Yohana 16:14, 16; 19:11-21.

11. Ni kuki abasuku ba Yehova barokorwa mu ‘marushwa ahambaye’?

11 Abarokorwa muri ayo ‘marushwa ahambaye’ bazoba ari abasenga Yehova amamiliyoni bo kw isi iyo iva ikagera. Abo ni bo bagize “ishengero ryinshi” bavuye mu “mahanga yose n’amoko yose . . . n’indimi zose.” Ni kuki barokorwa mu buryo buteye akoba mwen’ubwo? Kubera bakorera Yehova ‘ubusuku bweranda ku murango no mw ijoro.’ Ni co gituma barokoka umuhero w’iyi si hanyuma bakinjizwa mw isi nshasha itunganye. (Ivyahishuriwe Yohana 7:9-15) Gutyo, baribonera irangūka ry’uyu muhango wa Yehova: ‘Izigire Yehova, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ngo uragwe isi. Abanyakibi bazorandurwa ubirorēra.’—Zaburi 37:34.

Isi Nshasha

12. Abarokoka Arumagedoni ni igiki bitega?

12 Mbega ukuntu kizoba ari ikiringo kinyurira—ikurwaho ry’ubukozi bw’ikibi n’iseruka ry’igihe ciza birushirije mu nkuru yose uko ingana y’ivyabaye yerekeye abantu! (Ivyahishuriwe Yohana 20:1-4) Ese ukuntu abarokotse Arumagedoni bazokurira ubwatsi Yehova ku bw’ukuba binjiye mu karanga k’abantu kishiriweho n’Imana, gasayangana, gatyorotse, isi nshasha, ku butaka buzohindurwa bukaba iparadizo! (Luka 23:43) Ntibazokwigera basubira kwirirwa barapfa! (Yohana 11:26) Vy’ukuri, kuva ico gihe kubandanya, bazogira icizero gitangaje, c’agahore, c’ukubaho mu kiringo kireha n’ic’ukubaho kwa Yehova!

13. Yezu abandanya gute ca gikorwa c’ugukiza yatangura kw isi?

13 Yezu, uwagennywe na Yehova ngo abe Umwami wo mw ijuru azohagarikira imihezagiro mvabitangaro abarokowe bazonezerererwa. Igihe yari kw isi, yarahumuye amaso y’abahumye arazibura n’amatwi y’abatumva kandi arakiza “indwara zose n’ubumuga bwose.” (Matayo 9:35; 15:30, 31) Mw isi nshasha, azobandanya ico gikorwa gihambaye c’ugukiza, mugabo ku rugero rukwiye hose. Bwa Mukozi w’Imana, azoshita uyu muhango: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” (Ivyahishuriwe Yohana 21:4) Ntihazoba hagikenerwa abavūzi canke abahamvyi!—Yesaya 25:8; 33:24.

14. Ni ukurokorwa nyabaki kuzogirirwa abasuku ba Yehova bǎmaze gupfa?

14 Abazorokorwa kandi ni ba basuku b’abizerwa b’Imana bose bapfuye mu gihe cahise. Mw isi nshasha, bazotabarwa bakurwe mu gufatīrwa n’imva. Yehova aremera icese ati: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe n’intumwa 24:15) Bisa n’uko “abagororotsi” bazozurwa hakiri kare hanyuma baterêre mu vy’ukwagura Iparadizo. Ese ukuntu abarokotse Arumagedoni bazohimbarwa n’ukwumva ivyari vyaribonewe n’abo bizerwa bapfuye kera cane, basubiye kugirwa bazima!—Yohana 5:28, 29.

15. Dondora ibintu bimwebimwe bizoba biri mw isi nshasha.

15 Abazoba bariho bose bazokwibonera rero ibi umwandikamazaburi yavuze kuri Yehova: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose.” (Zaburi 145:16) Nta nzara izoba ikiriho: Isi izosubizwamwo urupange ruri ku burimbane rw’ibiremwa hanyuma yimbuke umurengera. (Zaburi 72:16) Nta bantu bazoba bakibura uburaro: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo,” kandi umwe wese azokwicara “musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga.” (Yesaya 65:21, 22; Mika 4:4) Nta bwoba buzoba bukihari: Indwano, ubukazi, canke ubukozi bw’ikibi ntibizoba bikiriho. (Zaburi 46:8, 9; Imigani 2:22) “Isi yose ironse impore, iratekereje; [abantu] baraturitse bararirimba.”—Yesaya 14:7.

16. Ni kuki ukugororoka kuzonyengetera isi nshasha?

16 Mw isi nshasha, ivyuma bitangaza poropagande ya Shetani bizoba vyakuweho. Mu kibanza cavyo ‘ukugororoka ni kwo ababa mw isi yimbuka bazokwiga vy’ukuri.’ (Yesaya 26:9, NW; 54:13) Kubera ugucishwa ubwenge mu vy’impwemu kumeze neza uko imyaka izokurakurana, “[u]kumenya [Yehova] kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.” (Yesaya 11:9) Ivyiyumviro n’ibikorwa bikomeza bizonyengetera ubwoko-muntu. (Ab’i Filipi 4:8) Iyumvire, ikibane c’abantu co kw isi yose kitakirimwo ubukozi bw’ikibi, ubwikunzi, n’ugusharikana—ikivukano mpuzamahanga aho bose bimbuka icamwa c’impwemu y’Imana. Vy’ukuri, mbere n’ubu nyene kamere mwen’izo ziriko zitsimbatazwa na rya shengero ryinshi.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

Ni Kuki Harindirijwe Igihe Kirekire Gutya?

17. Ni kuki Yehova yarindiriye burebure gutya imbere y’uguherengeteza ubukozi bw’ikibi?

17 Ariko rero ni kuki Yehova yarindiriye burebure gutya kugira akureho ubukozi bw’ikibi hanyuma yinjize igisata ciwe mw isi nshasha? Rimbura ivyategerezwa kurangurwa. Igihambaye birushirije ni igaragazwa ry’uko Yehova ari we Segaba, uburenganzira bwiwe bw’ugutegeka. Mu kureka ngo hace igihe kirekire, yaragaragaje bimwe bishize amazinda ko ubutegetsi bw’umuntu butisunga ukuba segaba kwiwe bwavuyemwo ukunanirwa gukomeye. (Yeremiya 10:23) Ubu rero biragaragara bimwe bishitse ko Yehova ubutegetsi bw’umuntu akwiye kubusubiriza ubutegetsi bw’Ubwami bwiwe bwo mw ijuru buhagarikiwe na Kirisitu.—Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10.

18. Ni ryari uruvyaro rwa Aburahamu rwotoranye igihugu c’i Kanani?

18 Ivyabaye muri ibi binjana vyose bimeze nk’ivyashitse mu gihe ca Aburahamu. Yehova yabwiye Aburahamu ko uruvyaro rwiwe rwotoranye igihugu c’i Kanani—mugabo bǎtegerezwa kurindira imyaka amajana ane “kuko kugabitanya kw’Abamori [kwari] kutaruzura.” (Itanguriro 12:1-5; 15:13-16) Ngaha ijambo “Abamori” (ubwoko bwibonekeje) risa n’irigereranya igisata c’Abanyakanani uko kingana cose. Ibinjana nka bine vyohaciye imbere yuko Yehova ashoboza igisata ciwe gufata Kanani. Mu kurindira Yehova yararetse amahanga y’i Kanani arakomeza ibibane vyayo. Vyavuyemwo iki?

19, 20. Ni ibibano bwoko ki Abanyakanani batsimbataje?

19 Igitabu Bible Handbook, canditswe na Henry H. Halley, gisigura ko i Megido, abacukurabutaka batoye imisigara y’ingoro ya Ashitoreti, imana-ngore ya Bayali. Yanditse ati: “Ku ntambuko nkeyi uvuye ku rusengero hari itongo ry’abapfuye, ahǎsanzwe udukarabo twinshi turimwo imisangu y’abana bari batanzweko ikimazi muri urwo rusengero . . . Ba kamenyi ba Bayali na Ashitoreti bari bashinzwe kugandagura utwana dutoduto.” “Ikindi kimogorero c’ubuyobe cari [ivyo] bita ‘ibimazi vy’ishingiro.’ Igihe c’ukwubaka inzu, umwana yaratangwako ikimazi, hanyuma umutumba wiwe ukubakirwako mu kibambazi.”

20 Halley arasasanura ati: “Ugusenga Bayali, Ashitoreti, n’izindi mana z’i Kanani, kwagirwa mu kurya no mu kunywa birenze urugero kuruta; insengero zabo hari ahantu h’ugukorera ubushegabo. . . . Abanyakanani mu gusenga baja mu vy’ubusambanyi bǎgira bwa birori, . . . hanyuma bakaja mu vy’ukwica abana babo b’imfura, bwa nkuka bashikanira ivyo bimana nyene. Bisa n’uko ku rugero runini ico gihugu cose c’i Kanani casa rwose n’i Sodoma hamwe n’i Gomora. . . . Akaranga karangwa n’ivyo bintu vy’ubuyobe hamwe n’ubwicanyi koba kari gakwiriye kubandanya kubaho? . . . Abacukuye ubutaka ahāhora ibisagara vy’i Kanani baratangara kubona Imana itabisanganguye hakiri kare.”—Gereranya no mu 1 Abami 21:25, 26.

21. Ni isano riki riri hagati y’ukuntu ivy’Abanyakanani vyari vyifashe hamwe n’ukuntu vyifashe muri iki gihe?

21 Ukugabitanya kw’Abamori ‘kwari kwuzuye.’ Yehova vyaragaragara rero ko akwiye kubatikiza. Uko ni ko bimeze nyene muri iki gihe. Iyi si yuzuye ubukazi, ubushegabo, n’ukuniniriza amateka y’Imana. Kandi kubera yuko tugwishwa mu gahundwe n’ukwo gutangako abana ibimazi kw’ubuyobe kw’i Kanani ha kera, twovuga iki kuri ya mikangara amamiliyoni mirongo batangwako ikimazi mu ndwano z’iyi si, bimwe vy’ubugesera kuruta ivyagirwa vyose i Kanani? Nta gukeka, Yehova ubu biragaragara bimwe bishitse ko akwiye gushitsa umuhero kuri iyi si mbi.

Ukurangura Ikindi Kintu

22. Ni igiki kirangurwa n’ukwiyumanganya kwa Yehova muri iki gihe?

22 Ukwiyumanganya kwa Yehova muri iyi misi y’iherezo kuriko kurarangura ikindi kintu. Ariko arareka ngo umwanya utororokanye kandi ucishe ubwenge rya shengero ryinshi, iriharurwamwo abantu barenga imiliyoni zitanu. Bahagarikiwe n’ubuyobozi bwa Yehova, bǎramenyererejwe mw iyungungane ritera rija imbere. Abagabo, abagore, n’abakiri bato baramenyerezwa kwigisha abandi ibintu-kuri vyo muri Bibiliya. Biciye ku mahwaniro bagira no ku bisohokayandikiro vyabo bisigura Bibiliya, bariga inzira z’Imana zirangwa n’urukundo. (Yohana 13:34, 35; Ab’i Kolosayi 3:14; Abaheburayo 10:24, 25) Vyongeye, bariko baratsimbataza ubuhinga mu vy’ukwubaka, mu vya elegitoronike, mu vy’ubucapuzi bw’ibitabu, no mu bindi bintu kugira babone gushigikira ubukwiririji bw’ “inkuru nziza.” (Matayo 24:14) Bisa n’uko ubuhinga bw’ukwigisha n’ukwubaka mwen’ubwo buzokoreshwa rwose mw isi nshasha.

23. Ni kuki ukubaho muri iki gihe ari agateka?

23 Vyemere, muri iki gihe Yehova ariko arategura abasuku biwe, kugira bazorengane ya ‘marushwa ahambaye’ binjire mw isi nshasha itunganye. Ico gihe Shetani n’isi yayo mbi ntibizoba bihari kugira banyinyurane na vyo, nta ndwara, nta ntuntu, nta rupfu. Báfise ishwashwanuke n’umunezero bikomeye, abantu b’Imana bazotangura gukora wa murimo uhimbaye w’ukwubaka iparadizo, muri yo buri musi wose ukazoba ‘umunezero.’ Ese ukuntu ari agateka dutewe k’ukubaho muri iki kiringo c’agaheta, k’ukumenya n’ugusukurira Yehova, n’ugutahura ko vuba cane ‘tuzoraramika imitwe yacu kuko ukurokorwa kwacu kuriko gushika’!—Luka 21:28; Zaburi 146:5.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ “Amarushwa ahambaye” ni iki, kandi atangura gute?

◻ Ni kuki igitero Gogi azogira ku basuku ba Yehova kizoba impfagusa?

◻ “Amarushwa ahambaye” arangira gute?

◻ Ni utwunguko tw’akaroruhore nyabaki isi nshasha izotanga?

◻ Ni kuki Yehova yarindiriye igihe kirekire imbere y’uko azana umuhero w’ivy’iyi si?

[Ifoto ku rup. 26]

Isi iyo iva ikagera izohindurwa iparadizo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika