ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/6 rup. 7-12
  • Igihe Yezu Aza mu Buninahazwa bw’Ubwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe Yezu Aza mu Buninahazwa bw’Ubwami
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwizera Kurakomezwa
  • Abagenzi ba Yezu Baninahajwe
  • Abashinga Intahe Bameze nka Musa na Eliya
  • Abavukanyi ba Yezu Baza mu Buninahazwa
  • Berekwa ubuninahazwa bwa Kristu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Wewe Uzoba Umwizerwa nka Eliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ubuninahazwa bw’Ubwami bwa Kirisitu Bubonwa Imbere y’Igihe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/6 rup. 7-12

Igihe Yezu Aza mu Buninahazwa bw’Ubwami

“Mur’aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.”—MATAYO 16:28.

1, 2. Ni ibiki vyashitse inyuma gatoyi ya Pentekote mu 32 G.C., kandi vyabereye iki?

INYUMA gatoyi ya Pentekote mu 32 G.C., batatu mu ntumwa za Yezu Kirisitu bareretswe ibintu vy’intibagirwa. Nk’uko bivugwa n’inyandiko zahumetswe, “Yezu [yajanye na] Petero na Yakobo na mwene nyina Yohana, abadūgana igisozi kirekire ari bonyene. Ahinduka ukundi imbere yabo.”—Matayo 17:1, 2.

2 Ivy’ukwo guhinduka ukundi bavyeretswe mu gihe kigoye. Yezu yari yanzitse kubwira abigihswa biwe yuko yari agiye kuzobabarizwa no gupfira i Yeruzalemu, ariko basanze amajambo yiwe agoye itegera. (Matayo 16:21-23) Ivyo bintu vyeretswe vyarakomeje ukwizera kwa nya ntumwa zitatu za Yezu mu kwitegurira urupfu rwiwe rwariko ruregereza, be n’imyaka y’igikorwa kitoroshe hamwe n’ukugeragezwa vyokurikiye vyari birindiriye ikorane ry’Abakirisu. Muri iki gihe hoba hari ikintu twokwigira kuri ivyo bintu beretswe? Ego kiriho, kubera ko ico vyagereranya kiba koko muri iki gihe turimwo.

3, 4. (a) Yezu yavuze iki imisi itandatu imbere y’uko ahinduka ukundi? (b) Dondora ivyabaye mu gihe c’ukwo guhinduka ukundi.

3 Imisi itandatu imbere y’ukwo guhinduka ukundi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.” Ayo majambo yotashe ku ‘nsozēro y’ivy’isi.’ Yezu yarongeye avuga ati: “Ndababgire ukuri: Mur’aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.” (Matayo 16:27, 28; 24:3, NW; 25:31-34, 41; Daniyeli 12:4) Ukwo guhinduka ukundi kwabaye kugira ayo majambo ahejeje kuvugwa atahe.

4 None ni ibiki neza na neza izo ntumwa zitatu zabonye? Nguku uko Luka adondora ico kintu: “[Yezu] arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana. Abagabo babiri bavugana na we, yari Mose na Eliya, baboneka bafise ubgiza, bavuga ivyo kuzotāmbūra kwiwe, agira anonosorere i Yerusalemu.” Maze “igicu c’igipfungu kiraza, [gi]tera igitûtu [intumwa]; ico gipfungu kikibashikako, baratinya. Ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje natoranije, ni mumwumve.”—Luka 9:29-31, 34, 35.

Ukwizera Kurakomezwa

5. Uguhinduka ukundi kwakoze iki ku ntumwa Petero?

5 Intumwa Petero yari amaze kugenekereza Yezu ko ari “Kristo, Umwana w’Imana nzima.” (Matayo 16:16) Amajambo ava mw ijuru yavuzwe na Yehova yaremeje ako karanga, kandi ukwo kubona Yezu yahindutse ukundi kwari imponjo y’ukuza kwa Kirisitu mu bubasha n’ubuninahazwa vy’Ubwami, kugira amaherezo acire imanza abantu. Imyaka irenga 30 inyuma y’ukwo guhinduka ukundi, Petero yanditse ati: “[Ntitwa]kurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye. Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara. Iryo jwi twaryumvise rivuye mw ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera.”—2 Petero 1:16-18; 1 Petero 4:17.

6. Ibintu vyahishutse gute inyuma y’ukwo guhinduka ukundi?

6 Muri iki gihe, ukwizera kwacu na kwo nyene kurakomezwa n’ivyo izo ntumwa zitatu zabonye. Ego ni ko, ibiba vyarashishikaye kuba kuva mu 32 G.C. Mu mwaka wakurikiye, Yezu yarapfuye hanyuma arazurwa, araduga aja i buryo bwa Se. (Ivyakozwe n’intumwa 2:29-36) Kuri Pentekote yo muri uwo mwaka, “Isirayeli [nshasha] y’Imana” yaravutse, hanyuma isekeza ry’ubukwiririji riratangura, ryanzikira i Yeruzalemu, mu nyuma rirakwiragira gushika ku mpera z’isi. (Ab’i Galatiya 6:16, NW; Ivyakozwe n’intumwa 1:8) Nka buno nyene, ukwizera kw’abigishwa ba Yezu kwarageragejwe. Intumwa zarafashwe hanyuma zirakubitwa bimwe bibi, kubera zanse kureka gukwiririza. Mu nyuma Sitefano yaragandaguwe. Maze Yakobo, uwiboneye kwa guhinduka ukundi, baramwishe. (Ivyakozwe n’intumwa 5:17-40; 6:8–7:60; 12:1, 2) Ariko rero Petero na Yohani baracitse kw icumu barakorera Yehova n’ubwizerwe mu kiringo c’iyindi myaka myinshi. Kukaba nkako, nko mu mpera z’ikinjana ca mbere G.C., Yohani yaranditse ibindi bintu yakubitijeko ijisho igihe yerekwa ivya Yezu mu buninahazwa bw’ijuru.—Ivyahishuriwe Yohana 1:12-20; 14:14; 19:11-16.

7. (a) Ivyo vyabonywe vyerekeye uguhinduka ukundi vyatanguye kuranguka ryari? (b) Yezu yishuye ryari bamwebamwe hakurikijwe ivyo bakoze?

7 Guhera ku ntango y’ ‘musi w’Umukama’ mu 1914, vyinshi mu vyo Yohani yeretswe vyararangutse. (Ivyahishuriwe Yohana 1:10) Bite none ku vyerekeye kwa ‘kuza kwa Yezu mu buninahazwa bwa Se,’ nk’uko kwatangiwe igitûtu n’ukwo guhinduka ukundi? Ivyo bintu beretswe vyatanguye kuranguka kw ivuka ry’Ubwami bw’Imana bwo mw ijuru mu 1914. Igihe Yezu yahaguruka nk’inyenyeri yo mu mutwenzi mu biremwa iyo biva bikagera bwa Mwami aherutse kwimikwa, wari nk’umutwenzi w’umusi mushasha. (2 Petero 1:19; Ivyahishuriwe Yohana 11:15; 22:16) Yezu yoba ico gihe yarishuye bamwebamwe akurikije ivyo bakoze? Egome. Hariho ikimenyamenya gikomeye c’uko mu nyuma gatoyi, ukuzukira kuja mw ijuru kw’Abakirisu basīzwe kwatanguye.—2 Timoteyo 4:8; Ivyahishuriwe Yohana 14:13.

8. Hazoba ibiki biranga iyegereza ry’ukuranguka kwa kwa guhinduka ukundi kwabonwa?

8 Mugabo vuba, Yezu azoshika “mu buninahazwa bw[iwe] ari kumwe n’abamalayika biwe bose” kugira acire imanza abantu bose uko bangana. (Matayo 25:31, Ubwuzure Bushasha) Ico gihe, azokwihishura mu buninahazwa bwiwe bw’akumiza hanyuma ahe “umuntu wese” impêmbo nyene ihwanye n’ivyo yakoze. Abameze nk’intama bazoragwa ubuzima budashira mu Bwami bateguriwe, abameze nk’impene na bo bakazogenda mu ‘kurandurwa kw’ibihe bidashira.’ Ese ukuntu rizoba ari iherezo ryiza cane kugira haranguke kwa guhinduka ukundi kwabonwa!—Matayo 25:34, 41, 46; Mariko 8:38; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-10.

Abagenzi ba Yezu Baninahajwe

9. Twoba dukwiye kwitega ko Musa na Eliya baba bari kumwe na Yezu mw iranguka rya kwa guhinduka ukundi? Sigura.

9 Yezu ntiyari wenyene muri ukwo guhinduka ukundi. Musa na Eliya barabonywe bari kumwe na we. (Matayo 17:2, 3) None mu vy’ukuri ni ho bari bari? Oya, kuko abo bagabo bompi hari haciye igihe kirekire bapfuye hanyuma bagasinzira mw ivu barindiriye izuka. (Umusiguzi 9:5, 10; Abaheburayo 11:35) None boba bazoserukana na Yezu niyaza mu buninahazwa bw’Ubwami? Oya, kubera ko Musa na Eliya babayeho imbere y’uko icizigiro c’ijuru cugurukira abantu. Bazoba barimwo mu “kuzuka kw’abagororotsi” kuzoba kw isi. (Ivyakozwe n’intumwa 24:15) Nuko, ivy’uko babonetse muri ukwo guhinduka ukundi ni ivy’ikigereranyo. Ikigereranyo c’iki?

10, 11. Eliya na Musa bagereranya bande mu vyanditswe bitandukanye?

10 Mu bindi vyanditswe, dusanga Musa na Eliya ari abantu bagereranya ivya kazoza. Bwa muhuza w’isezerano ry’Amateka, Musa yari igitûtu ca Yezu we Muhuza w’isezerano risha. (Gusubira mu vyagezwe 18:18; Ab’i Galatiya 3:19; Abaheburayo 8:6) Eliya yari igitûtu ca Yohani Umubatizi, integuza ya Mesiya. (Matayo 17:11-13) Bitayeko, mu Vyahishuriwe Yohana, mu kigabane ca 11, Musa na Eliya baba igitûtu c’amasigarira y’abasīzwe mu gihe c’iherezo. Ivyo tubimenya dute?

11 Ja mu Vyahishuriwe Yohana 11:1-6. Mu murongo wa 3 dusoma ibi: “Abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.” Ico kimenyeshakazoza carangukiye ku masigarira y’Abakirisu basīzwe mu kiringo c’Intambara ya I y’Isi Yose.a Ni kuki havugwa abashinga intahe babiri? Kubera ko amasigarira y’abasīzwe barangura ibikorwa bimeze nka bimwe vya Musa na Eliya mu buryo bw’ivy’impwemu. Imirongo ya 5 na 6 ibandanya kuvuga iti: “Iy’umuntu agomvye [kugirira] nabi [abo bashinga intahe babiri] umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo: kand’umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni kw akwiye kwicwa. Abo bafise ubushobozi bgo gukinga ijuru, ngw imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo: kandi bafise ubushobozi ku mazi kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.” Aho rero tuributswa ibitangaro vyaranguwe na Eliya hamwe na Musa.—Guharūra 16:31-34; 1 Abami 17:1; 2 Abami 1:9-12.

12. Mu bijanye n’ivyo bintu vyeretswe, ni bande bagereranywa na Musa be na Eliya?

12 None rero Musa na Eliya ni igitûtu ca bande mu vyerekeye ukwo guhinduka ukundi? Luka avuga yuko baserukanye na Yezu “mu buninahazwa.” (Luka 9:31, UB) Birumvikana rero, ni igitûtu c’Abakirisu basīgishijwe impwemu yera ngo babe “ba samuragwa” hamwe na Yezu, kandi bakaba rero bararonse icizigiro c’igitangaza co “[k]uzoninahazwa hamwe” na we. (Abaromani 8:17, UB) Abasīzwe bazuwe bazoba bari kumwe na Yezu niyaza mu buninahazwa bwa Se ngo “yishur[e] umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.”—Matayo 16:27.

Abashinga Intahe Bameze nka Musa na Eliya

13. Ni ibintu biki biranga Musa na Eliya bwa bantu bǎgereranya abaraganwa na Yezu basīzwe baherewe hamwe na we ubuninahazwa?

13 Hariho imice yibonekeza iranga Musa na Eliya bwa bantu bǎgereranya ivy’abaraganwa na Yezu basīzwe. Musa na Eliya bompi bǎkoze nk’abavugizi ba Yehova mu kiringo c’imyaka myinshi. Bompi bǎrahanganye n’uburake bw’umutegetsi. Mu gihe bǎri n’ivyo bakeneye, umwe wese yasahirizwa n’umuryango w’ahandi. Bompi baramenyesheje abami ivya kazoza bashimitse, bongera barahagarara bashikamye bahangana n’abavugishwa b’ibinyoma. Musa na Eliya bompi barabonye ibimenyamenya vy’ububasha bwa Yehova ku Musozi Sinayi (uwitwa kandi Horebu). Bompi baratumwe kuba abasubirizi ku ruhande rwa Yorodani rwo mu burasirazuba. Kandi mu bihe vya Musa (ari kumwe na Yosuwa) na Eliya (ari kumwe na Elisa) ni ho hakozwe igitigiri kinini birushirije c’ibitangaro, turetse ivyabaye mu gihe c’ubuzima bwa Yezu.b

14. Abasīzwe bakoze gute bwa muvugizi wa Yehova, nka kumwe kwa Musa na Eliya?

14 Ivyo vyose none ntibitwibutsa Isirayeli y’Imana? Ego cane. Yezu yabwiye abigishwa biwe b’abizerwa ati: “Ni mugende, muhindure [abantu bo mu ma]hanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.” (Matayo 28:19, 20) Mu kugamburuka ayo majambo, Abakirisu basīzwe barakoze bwa muvugizi wa Yehova guhera kuri Pentekote yo mu 33 G.C. gushika n’ubu. Nka kumwe kwa Musa na Eliya, barahanganye n’uburake bw’abategetsi, kandi barashinze intahe kuri bo. Yezu yabwiye intumwa ziwe 12 ati: “Bazobajana imbere y’abatware n’imbere y’abami muhorwa jewe, muja kunyemera imbere yabo n’imbere y’abapagani.” (Matayo 10:18, UB) Amajambo yiwe yararangutse incuro n’izindi muri kahise k’ikorane ry’Abakirisu.—Ivyakozwe n’intumwa 25:6, 11, 12, 24-27; 26:3.

15, 16. Ni ibintu ibihe dusanga ku basīzwe bisa n’ivyo dusanga kuri Musa na Eliya mu vyerekeye (a) ukudatinya mu guhagararira ukuri? (b) ukuronka imfashanyo ivuye ku batari Abisirayeli?

15 Bitayeko, Abakirisu basīzwe bǎratinyutse nka kumwe kwa Musa na Eliya mu guhagararira ukuri barwanya ibinyoma vy’amadini. Ibuka ukuntu Paulo yashize ku kabarore wa muvugishwa w’ibinyoma Bari-Yesu hanyuma n’ubugenge bwinshi, mugabo ashikamye, agashira ku kabarore ivy’uko imana z’abantu b’i Ateni ari iz’ibinyoma. (Ivyakozwe n’intumwa 13:6-12; 17:16, 22-31) Ibuka kandi yuko mu bihe vya none ya masigarira y’abasīzwe ashira ku kabarore Kirisitendomu ashimitse, kandi Kirisitendomu ikaba yarakubiswe n’ugushinga intahe mwen’ukwo.—Ivyahishuriwe Yohana 8:7-12.c

16 Igihe Musa yahunga uburake bwa Farawo, yaronkeye ubuhungiro mu nzu y’uwutari Umwisirayeli, yitwa Ruweli, akitwa kandi Yetiro. Ku gihe kinaka mu nyuma, Musa mu vy’iyungunganya yararonse impanuro ngirakimazi ahawe na Ruweli, umwana w’uno akaba yarayoboye Isirayeli mu bugaragwa.d (Kuvayo 2:15-22; 18:5-27; Guharūra 10:29) Hoba hariho abo muri Isirayeli y’Imana bafashijwe muri ubwo buryo n’abantu batari mu basīzwe bo muri Isirayeli y’Imana? Egome barasahirijwe n’“ishengero ryinshi” ry’“izindi ntama” ryabonetse muri iyi misi y’iherezo. (Ivyahishuriwe Yohana 7:9; Yohana 10:16; Yesaya 61:5) Mu kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye imfashanyo irangwa igishika n’urukundo izo “ntama” bohaye abavukanyi biwe basīzwe, Yezu yababwiye bumenyeshe kazoza, ati: “Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ingenzi, mumpa indāro; nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kurāba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundāba. . . . Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.”—Matayo 25:35-40.

17. Ni mu buryo ki abasīzwe bashikiwe n’ibisa nk’ivyashikiye Eliya ku Musozi Horebu?

17 Vyongeye kandi, Isirayeli y’Imana hariho ivyayishikiye vyogereranywa n’ivyashikiye Eliya ku Musozi Horebu.e Nka kumwe kwa Eliya mu gihe yariko arahunga Umwamikazi Yezebeli, amasigarira y’abasīzwe atinya yariyumviriye yuko igikorwa cabo cari caherahejwe ku mpera y’Intambara ya I y’Isi Yose. Maze, nka kumwe kwa Eliya kandi, barīhuriye na Yehova, uwari yaje gucira imanza ayo mashirahamwe yavuga ko ari “inzu y’Imana.” (1 Petero 4:17; Malaki 3:1-3) Bugingo Kirisitendomu yasangwa idakwije ibisabwa, amasigarira y’abasīzwe yaremewe ko ari yo agize wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yongera aragenwa ngo arabe ivyo Yezu afise kw isi vyose. (Matayo 24:45-47, NW) Kuri Horebu, Eliya yarumvise ‘ijwi ritoyi, rimwongorera’ ryagaragaye ko ari irya Yehova, rimwongerereza akazi. Mu gihe gitekanye co mu myaka y’inyuma y’intambara, abasuku basīzwe ba Yehova b’abizerwa barumvise ijwi ryiwe riva mu mpapuro za Bibiliya. Na bo nyene barategereye yuko bari bafise ibanga batumwe kurangūra.—1 Abami 19:4, 9-18; Ivyahishuriwe Yohana 11:7-13.

18. Ni mu buryo ki inyigaragazo zibonekeza z’ububasha bwa Yehova zǎrongōwe biciye kuri Isirayeli y’Imana?

18 Mu kurangiza, inyigaragazo z’ububasha bwa Yehova zibonekeje zoba zararongōwe biciye kuri Isirayeli y’Imana? Inyuma y’urupfu rwa Yezu, intumwa zararangūye ibitangaro vyinshi, ariko ivyo buhorobuhoro vyarashize. (1 Ab’i Korinto 13:8-13) Muri ino misi, ntitubona ibitangaro butangaro. Ku rundi ruhande, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’azokora ibibiruta.” (Yohana 14:12) Ivyo vyaragize iranguka rya mbere uko abigishwa ba Yezu bakwiririza inkuru nziza mu Nganji y’Abaroma mu kinjana ca mbere. (Abaroma 10:18) N’ibikorwa biruta ivyo vyarakozwe muri iki gihe uko ya masigarira y’abasīzwe aja imbere mu gukwiririza inkuru nziza “mw isi yose ngo [i]be ikimenyetso kiber[a] icabona amahanga yose.” (Matayo 24:14) Ivyo none vyavuyemwo iki? Ikinjana ca 20 cariboneye itororokanywa ry’abasuku b’abizerwa biyeguye ba Yehova benshi birushirije mu nkuru y’ivyabaye. (Ivyahishuriwe Yohana 5:9, 10; 7:9, 10) Mbega ukuntu ari ikimenyamenya c’akumiza c’ububasha bwa Yehova!—Yesaya 60:22.

Abavukanyi ba Yezu Baza mu Buninahazwa

19. Ni ryari abavukanyi ba Yezu basīzwe babonwa bari kumwe na we mu buninahazwa?

19 Uko amasigarira y’abavukanyi basīzwe ba Yezu arangiza ingendo zabo zo kw isi, barahabwa ubuninahazwa hamwe na we. (Abaroma 2:6, 7; 1 Ab’i Korinto 15:53; 1 Ab’i Tesalonike 4:14, 17) Gutyo rero baracika abami n’abaherezi b’intahwera mu Bwami bw’ijuru. Kumwe na Yezu, ‘bazoragiza abantu rero inkoni y’icuma ku buryo nya bantu bazomenagurwa nk’uko bamenagura inzavya z’ibumba.’ (Ivyahishuriwe Yohana 2:27; 20:4-6; Zaburi 110:2, 5, 6) Kumwe na Yezu, bazokwicara ku ntebe z’icubahiro bacira imanza “imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.” (Matayo 19:28) Ivyaremwe binihagira vyararindiranye icipfuzo kinini ivyo bintu vyashitse, bikaba ari umuce w’“uguhishurwa kw’abana b’Imana.”—Abaroma 8:19-21; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-8.

20. (a) Kwa guhinduka ukundi kwakomeje ukwizera kwa Petero ku biraba icizigiro ikihe? (b) Kwa guhinduka ukundi gukomeza gute Abakirisu muri iki gihe?

20 Paulo yaravuze ivy’ihishurwa rya Yezu mu gihe c’“amarushwa ahambaye” igihe yandika ibi: “[Azoza] kuninahazwa mu beranda biwe n’ugutangarirwa mu bazoba bemeye bose.” (Matayo 24:21; 2 Ab’i Tesalonike 1:10, UB) Mbega ukuntu ico ari icizigiro c’akumiza kuri Petero, Yakobo, Yohani, hamwe n’Abakirisu basīzwe impwemu bose! Kwa guhinduka ukundi kwarakomeje ukwizera kwa Petero. Nta gukeka, ugusoma ibivyerekeye kurakomeza ukwizera kwacu nyene, kukongera kugakomeza umwishimiro dufise w’uko Yezu vuba “[azokwi]shura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.” Umwishimiro Abakirisu basīzwe b’abizerwa babayeho kugeza uno musi bafise uremezwa kuruta, w’uko bazohabwa ubuninahazwa bari kumwe na Yezu. Izindi ntama ukwizera kwazo kurakomezwa n’ukumenya yuko azozikiza zikajabuka umuhero w’ivy’iyi si mbi zikinjira mw isi nshasha y’ubuninahazwa. (Ivyahishuriwe Yohana 7:14) Ese ukuntu ari indemesho ituma duhagarara dushikamye gushika kw iherezo! Vyongeye, ukwo guhinduka ukundi kwabonywe kurashobora kutwigisha ibindi vyinshi, nk’uko tuja kubibonera mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ibitabu “Que ton nom soit sanctifié,” urupapuro 336-37 na Ufunuo—Upeo Wao Mtukufu U Karibu!, urupapuro 164-5, vyasohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.

b Kuvayo 2:15-22; 3:1-6; 5:2; 7:8-13; 8:18; 19:16-19; Gusubira mu vyagezwe 31:23; 1 Abami 17:8-16; 18:21-40; 19:1, 2, 8-18; 2 Abami 2:1-14.

c Raba urupapuro 133-41 mu gitabu Ufunuo—Upeo Wao Mtukufu U Karibu!

d Raba igitabu Vous pouvez survivre à Harmaguédon et entrer dans le monde nouveau de Dieu, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc., urupapuro 280-3.

e Raba igitabu “Que ton nom soit sanctifié”, urupapuro 341-44.

Woba Uvyibuka?

◻ Ni bande baserutse bari kumwe na Yezu muri kwa guhinduka ukundi?

◻ Ukwizera kw’intumwa kwakomejwe gute na nya guhinduka ukundi?

◻ Igihe Musa na Eliya bǎseruka “mu buninahazwa” bari kumwe na Yezu muri kwa guhinduka ukundi, bǎgereranya bande?

◻ Ni ibintu biki dusanga kuri Musa na Eliya bisa n’ivyo dusanga kuri Isirayeli y’Imana?

[Ifoto ku rup. 8]

Kwa guhinduka ukundi kwarakomeje ukwizera kw’Abakirisu ba kera n’ab’ubu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika