Ibibazo Biva ku Basomyi
“Umunara w’Inderetsi” wo ku wa 1 Munyonyo 1995, warashimikiye ku vyo Yezu yavuze ku vyerekeye ‘iri yaruka,’ nk’uko dusoma muri Matayo 24:34. Ivyo vyoba bisigura yuko hoba hariho amakenga ku vy’uko Ubwami bw’Imana bwoba bwashinzwe mw ijuru mu 1914?
Ico kiyago mu Munara w’Inderetsi nta co cahinduye namba mu nyigisho ngenderwako yacu yerekeye 1914. Yezu yaravuze ubudahisha ikimenyetso coranze ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami. Turafise ikimenyamenya gihagije c’uko ico kimenyetso cagiye kiraranguka guhera mu 1914. Ibintu vyerekeye intambara, ibigoyi, ivyago, ibinyamugigima, hamwe n’ibindi bimenyamenya bigaragaza neza yuko kuva mu 1914 Yezu arangura amabanga bwa Mwami w’Ubwami bw’Imana. Ivyo bitumbura yuko kuva ico gihe turi mu nsozero y’ivy’isi.
None rero, uwo Munara w’Inderetsi wariko utomora iki? Urabona, ikibidutoza ni insobanuro Yezu yakoreshejemwo ijambo ‘iyaruka’ muri Matayo 24:34. Ico canditswe kivuga giti: “Ndababgire ukuri: [iri yaruka] nti[ri]zorangira, ivyo vyose bitarashika.” Yezu yashaka kuvuga iki muri iryo jambo ‘iyaruka,’ ku vyerekeye igihe ciwe n’igihe turimwo?
Ivyanditswe bitari bike biremeza yuko Yezu atǎkoresheje ijambo ‘iyaruka’ ashaka kuvuga umugwi munaka mutoyi canke uri ukwawo, ngo bisobanure gusa indongozi z’Abayuda canke abigishwa biwe b’intahemuka bonyene. Ahubwo, yakoresheje ijambo ‘iyaruka’ ariko yagiriza amasinzi y’Abayuda bamwiyamirije. Mugabo birashemeye kubona hariho abantu bǎshoboye kugira ivyo intumwa Petero yahimirije ku musi wa Pentekote, barigaya hanyuma ‘barakizwa muri iri yaruka rigoramye.’—Ivyakozwe n’intumwa 2:40.
Muri ayo majambo, birumvikana ko Petero atariko avuga adoma urutoke ku kiringo kinaka c’imyaka canke ku burebure bw’igihe, eka mbere ntiyariko asanisha ‘iyaruka’ n’itariki yinaka n’imwe. Ntiyavuze yuko abantu bakwiye gukizwa bakava mw iyaruka ryavutse muri nya mwaka nyene Yezu yavukiyemwo canke mw iyaruka ryavutse mu 29 G.C. Petero yariko avuga ivyerekeye Abayuda batizera bo muri ico kiringo—ngirango bamwe bakaba bari bakiri bato, abandi abakuze kuruta—bashizwe imbere inyigisho ya Yezu, bakaba bari barabonye canke bakumva ivy’ibitangaro vyiwe, hanyuma bakanka kwemera ko ari we Mesiya.
Biboneka ko ukwo ari ko Petero yatahuye uburyo Yezu yakoresheje ijambo ‘iyaruka’ igihe we hamwe n’izindi ntumwa zitatu bari kumwe na Yezu ku Musozi wa Elayono. Turavye ivyo Yezu yavuze amenyesha kazoza, Abayuda bo muri ico kiringo—canecane ababayeho mu gihe ca Yezu—bari bagiye kuzoshikirwa n’intambara canke kwumva impuha z’intambara, ibinyamugigima, ibigoyi, hamwe n’ibindi bimenyamenya vy’uko umuhero w’ivy’isi y’Abayuda wari wegereje. Kukaba nkako, iryo yaruka ntiryarenganye imbere y’uko umuhero uza mu 70 G.C.—Matayo 24:3-14, 34.
Ntitwobura kwemanga yuko ayo majambo Yezu yavuze tutamye tuyumva muri ubwo buryo. Abantu banyamakemwa barafise impengamiro y’ugushaka kudomako ku vyerekeye igihe umuhero uzozira. Uribuka yuko n’intumwa nyene zarondeye gukurirwa inkoni ku gishitsi, zikabaza ziti: “Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?” (Impirikano ni izacu.)—Ivyakozwe n’intumwa 1:6.
Abasuku b’Imana bo mu gihe ca none na bo nyene, kubera imigabo nziraburyarya nk’iyo, baragerageje kugobotora mu vyo Yezu yavuze vyerekeye ‘iyaruka’ igihe kinaka gitomoye baharuye guhera mu 1914. Nk’akarorero, vyarigeze kwiyumvirwa yuko iyaruka rishobora kumara imyaka 70 canke 80, ryari rigizwe n’abantu bakuze bihagije kugira bategere insiguro y’intambara ya mbere y’isi yose hamwe n’ibindi bintu biba; gutyo tugashobora gutahura bugereranye, ukuntu umuhero wegereje cane.
Ariko rero, naho ukwo kwiyumvira kutǎrimwo inabi, kwoba kwari kujanye n’impanuro Yezu yabandanije gutanga? Yezu yavuze ati: “Uwo musi cank’iyo saha nta wubizi, n’iyo boba abamarayika bo mw ijuru, cank’Umwana w’Imana, atari Data gusa. . . . Mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako.”—Matayo 24:36-42.
Nuko rero, ibiherutse kuvugwa mu Munara w’Inderetsi ku vyerekeye ‘iri yaruka’ ntivyahinduye ukuntu dutahura ivyabaye mu 1914. Mugabo vyaraduhaye koko ugutegera kurongorotse kw’ukugene Yezu yakoresheje ijambo ‘iyaruka,’ biradufasha kubona yuko ukuntu yarikoresheje atari ishingiro ry’uguharura—umuntu ahereye ku 1914—ukugene twegereje cane umuhero.