Nuze kw Iteraniro ry’Intara—“Ukwizera Ijambo ry’Imana”!
AMAMILIYONI menshi ni ho bazoba bari mu bibanza amajana rizoberako kw isi yose. Mu Burundi, Kongo na Zayire honyene, hategekanijwe amateraniro 53. Irya mbere rizoba ku wa 11-13 Mukakaro, irya nyuma na ryo ku wa 19-21 Nyakanga. Kumbure umwe muri iyo mitororokano izomára imisi itatu—ku Wagatanu gushika ku Wiyinga—uzobera mu gisagara kitari kure y’iwanyu.
Uzokwungukira ku muyevere w’inyigisho ngirakimazi ya Bibiliya. Ahantu henshi, urwo rutonde ruzotangura buri gitondo rutangurane n’umuziki kw isaha 3:30. Ku Wagatanu mu gitondo hazoba iminuta 25 y’ibiganiro mbazabibazo bigiranwa n’abantu ukwizera Ijambo ry’Imana kwagize ico gukora ku buzima bwabo. Ico kiringo ca mbere kizosozerwa n’ijambo nyamukuru, ritaziriwe ngo “Nitugende Turongōrwa n’Ukwizera, Ntiturongōrwe n’Ukubona.”
Insiguro ya mbere ku Wagatanu ku muhingamo izokwihweza uruhara ruhambaye abakiri bato bafise mw Ikorane ry’Abakirisu. Urukurikirane rw’insiguro rugizwe n’ibice bitatu rukurikira, ruzokwihweza ingingo za Bibiliya zerekeye ukuntu Umukirisu yokwigenza mu mvugo, mu nyifato, no mu kuntu aboneka inyuma. Ubukurikira, insiguro ivuga ngo “Uragaba Ntubure Ukwizera” hamwe n’iyivuga ngo “Ijambo ry’Imana Ni Rizima” zizoshimikira ku nkeburo nziza iri mu Baheburayo ibigabane vya 3 na 4. Mu rutonde rwo ku Wagatanu harimwo insiguro itaziriwe ngo “Igitabu Candikiwe Abantu Bose.”
Insiguro ya mbere yo ku Wagatandatu mu gitondo ni “Ukwizera Kutagira Ibikorwa Kuba Gupfuye.” Iyindi nsiguro ihambaye kuri uwo musase ni “Nushinge Imizi Kandi Ushikame mu Kuri,” ikaba idondora ukugene umuntu ashobora gushikira ugukura mu vy’impwemu. Ico kiringo kizosozerwa n’insiguro y’agahambaye idahara kw iteraniro, ni yo “Ukwizera Ijambo ry’Imana Kujana kw Ibatisimu,” inyuma yayo hakazotunganywa ibintu kugira abigishwa bashasha babatizwe.
Insiguro y’intango yo ku Wagatandatu ku muhingamo, ari yo “Nurwane Urugamba Rukomeye rw’Ukwizera,” izokwihweza inkeburo iri mu gitabu ca Bibiliya ca Yuda. Urukurikirane rw’insiguro rumara isaha rutaziriwe “Tugende ku Nzu ya Yehova” ruzokwihweza ivyiza biva ku mahwaniro y’Abakirisu. Urutonde rw’uwo musi ruzosozerwa n’insiguro “Ukuntu Ukwizera Kwawe Kumeze—Ubu Kurageragezwa.”
Mu rutonde rwo ku Wiyinga mu gitondo harimwo urukurikirane rw’insiguro rw’ibihimba bitatu ruzokwihweza igitabu ca Bibiliya ca Yoweli, hamwe n’ukuntu cerekeye igihe turimwo. Maze hazokurikira idarǎmu y’ivya Bibiliya itaziriwe ngo “Guma Uremuruye Ijisho Ryawe.” Ikintu kizoba cibonekeje kuri iryo teraniro ni insiguro nshikirizwabose itaziriwe ngo “Ukwizera Be na Kazoza Kawe.”
Vy’ukuri, uzokwunguka mu vy’impwemu niwaba ari ho uri. Ku kiringo c’iteraniro cose uzohabwa ikaze nko mu bawe. Nutegekanye rero imigambi yo kuryitaba. Ku vyerekeye aho rizobera hoba hegereye iwanyu kuruta, ushobora kubariza ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’aho iwanyu, canke wandikire bene gusohora iki kinyamakuru.