Ubayeho ku bw’Iki Gihe Canke ku bwa Kazoza Gahoraho?
“Twakijijwe mu buryo bgo kugira ico twiteze.”—ABAROMA 8:24.
1. Abepikureyo bigisha ibiki, kandi ubwo bwoko bwa filozofiya bwagize iki Abakirisu?
INTUMWA Paulo yarandikiye Abakirisu baba i Korinto, ati: “Bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka?” (1 Ab’i Korinto 15:12) Biboneka yuko filozofiya y’isumu y’umunyabwenge Epikuro w’Umugiriki yari yisobekanze mu Bakirisu bo mu kinjana ca mbere. Ni co gituma Paulo yerekanye inyigisho y’Abepikureyo, agira ati: “Ni twīrire, twinywere, kukw ejo tuzopfa.” (1 Ab’i Korinto 15:32) Abǎkurikira uwo mufilozofe bǎragaya icizigiro ico ari co cose c’ukubaho inyuma y’urupfu, bakemera ko umunezero w’umubiri ari co ciza c’ishimikiro canke nyamukuru mu buzima. (Ivyakozwe n’intumwa 17:18, 32) Filozofiya y’Abepikureyo yari iy’ukwikwegerako, y’agashinyaguro, kandi y’agasuzuguro.
2. (a) Ni kuki uguhakana izuka vyari ingeramizi cane? (b) Paulo yaremesheje gute ukwizera kw’Abakirisu b’Abanyakorinto?
2 Ukwo guhakana izuka kwaragira ingaruka zikomeye. Paulo yategēje ati: “Asangw’ata wuzuka, na Kristo ntarakazuka: kand’asangwa Kristo atāzutse, ivyo twigisha n’ivy’ubusa, n’ukwizera kwanyu n’ukw’ubusa. . . . Asangwa mur’ubu bu[zima] bgonyene ari ho twizigirira Kristo, turusha abandi bantu bose kuba abagowe.” (1 Ab’i Korinto 15:13-19) Egome, ata cizigiro ca kazoza gahoraho Ubukirisu bwoba ari ‘ubw’ubusa.’ Bwoba ata ntēgo bugira. Bitangaje buhoro rero kubona mu kosho k’ukwo kwiyumvira kwa gipagani ikorane ry’Abakirisu ryari ryaracitse itohero ry’ingorane. (1 Ab’i Korinto 1:11; 5:1; 6:1; 11:20-22) Paulo rero yarondera gukomeza ukwizera izuka kwabo. Yarakoresheje inyurabwenge ikomeye, indondwa z’Ivyanditswe, hamwe n’ibigereranirizo, atanga igihinyuza c’akamaramazinda c’uko icizigiro c’izuka atari ikirementanyo, ahubwo ko ari ikintu c’ukuri kitazobura kuranguka. Ashingiye kuri ico, yarashoboye guhimiriza abizeye bagenziwe, ati “Mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ubutame bganyu atar’ubg’ubusa mu Mwami.”—1 Ab’i Korinto 15:20-58.
“Mwame Mugavye”
3, 4. (a) Nk’uko Petero abivuga, ni agatima akahe kotwaye bamwe mu misi y’iherezo? (b) Dukwiye kuguma twiyibutsa iki?
3 Muri iki gihe, benshi bafise agatima k’ukwiziguruka, katanezwe ivya kazoza. (Abanyefeso 2:2) Ni nk’uko intumwa Petero yabibuye. Yaravuze ivy’ “[abatyekezi n’agatyekezo kabo], . . . babaza, bat’Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.” (2 Petero 3:3, 4) Mu gihe abasenga b’ukuri batwawe n’ukubona ibintu mwen’ukwo, boshobora gucika “abanyabute cank’ingumba.” (2 Petero 1:8) Tugahirwa, ivyo si uko biri kuri benshi mu bantu b’Imana kino gihe.
4 Si bibi gushaka kumenya ivy’iherezo ryimirije ry’urunkwekwe rubi ruhari ubu. Niwibuke kwa gushaka kumenya kwagaragazwa n’intumwa za Yezu ngo: “Mwami, iki gihe ni [ho] ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?” Yezu yasubijeyo ati: “S’ivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene.” (Ivyakozwe n’intumwa 1:6, 7) Ayo majambo arimwo ubu butumwa bw’ishimikiro yari yashikirije kuri wa Musozi wa Elayono: “[Ntimu]zi umusi Umwami wanyu azozako. . . . Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Matayo 24:42, 44) Turakeneye kuguma twiyibutsa iyo mpanuro! Hari aboshobora kwoshwa n’aka gatima ngo ‘Kumbure nkwiye kugenda buhorobuhoro gatoyi, ibintu nkavyitaho ibisanzwe.’ Ese ingene ivyo kwoba ari ukwihenda! Rimbura ivya Yakobo na Yohani “Abana b’inkuba.”—Mariko 3:17.
5, 6. Ni ivyigwa ibihe dushobora gukura ku karorero ka Yakobo na Yohani?
5 Turazi ko Yakobo yari intumwa y’inyamwete birengereje. (Luka 9:51-55) Aho ikorane rya gikirisu rimariye gushingwa, ategerezwa kuba yaragize uruhara ruri n’ico rukoze. Ariko igihe Yakobo yari akiri nka muto, Herodi Agiripa wa I yaramwicishije. (Ivyakozwe n’intumwa 12:1-3) Twibaza none ko Yakobo, aho aboneye ubuzima bwiwe buriko buhera mu buryo atari yiteze, yoba yarababajwe n’uko yari yabaye umunyamwete gutyo, n’uko yari yarihatiye igikenurwa ciwe? Eka data! Nta gukeka yarahimbawe n’uko imyaka myiza kuruta y’ubuzima bwiwe yari yayimaze ari mu busuku bwa Yehova. Ubu rero nta n’umwe muri twebwe ashobora kumenya ko ubuzima bwiwe bwoshobora canke butoshobora kurangira mu buryo atiteze. (Umusiguzi 9:11; gereranya na Luka 12:20, 21.) Birumvikana rero ko ari ibiranga ubukerebutsi ko twogumiza ku rugero rwo hejuru umwete n’ubwira vyacu mu gusukurira Yehova. Muri ubwo buryo tuzogumana izina ryiza imbere yiwe, vyongeye tugume tubaho twiteze kazoza gahoraho.—Umusiguzi 7:1.
6 Hariho icigwa kijanye n’ivyo c’ivy’intumwa Yohani, uno akaba ari ho yari igihe Yezu yahimiriza ashimitse ati: “Mwame mugavye.” (Matayo 25:13; Mariko 13:37; Luka 21:34-36) Yohani ivyo yarabishize ku muzirikanyi, amara imyaka mirongo akorana ubushwashwanutsi. Nkako, bisa n’uko ari we yasigaye mu zindi ntumwa zose. Igihe Yohani yari ageze kure mu myaka, agashobora kuraba inyuma ku myaka mirongo y’umurimo yakoranye ukwizerwa, mbega yoba yawubonye nk’uko yoba yarihenze, nk’ubuzima bwoba bwari bwerekejwe nabi cabure butagiramwo uburimbane? Eka namba! Yari akiraba kuri kazoza abishashaye. Igihe Yezu uwazutse yavuga ngo “Ego me, ndaza vuba,” buno nyene Yohani yasubijeyo ngo “Amen, urakaza, Mwami Yesu.” (Ivyahishuriwe Yohana 22:20) Yohani ntawovuga ko yari abayeho ku bw’ico gihe, yipfuza ‘ubuzima busanzwe,’ bwitonze kandi butekanye. Yari yiyemeje kuguma asukura n’ubuzima bwiwe bwose n’inkomezi ziwe zose, igihe cose Umwami yoziye. Tweho bite?
Amashingiro Atuma Twemera Ivy’Ubuzima Budashira
7. (a) Ni mu buryo ubuhe icizigiro c’ubuzima buhoraho ‘casezeranywe kera ibihe vyose bitarabaho’? (b) Ni gute Yezu yashize umuco ku cizigiro c’ubuzima buhoraho?
7 Shira amazinda, icizigiro c’ubuzima budashira si indoto umuntu yiremeye canke ibintu yishiramwo. Nk’uko Tito 1:2 habivuga, ukwibanda ku Mana kwacu gushingiye ku ‘cizigiro c’ubuzima budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.’ Intēgo Imana yari ifise kuva mu ntango kwari uko abantu bagamburuka bose babaho ibihe bidashira. (Itanguriro 1:28) Nta kintu na kimwe, habe n’ubugarariji bwa Adamu na Eva, coshobora gutangira iyo ntēgo. Nk’uko vyanditswe mw Itanguriro 3:15, Imana yaciye ubwo nyene isezerana ‘urubuto’ rwokuyeho ikibi cose cagiriwe abana b’abantu. Igihe urwo ‘rubuto’ canke Mesiya, ari we Yezu, rwashika, icizigiro c’ubuzima buhoraho yakigize imwe mu nyigisho ziwe z’ishimikiro. (Yohana 3:16; 6:47, 51; 10:28; 17:3) Mu gutanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bube incungu, Kirisitu yari aronse uburenganzira bujanye n’amategeko bw’ukuronsa abana b’abantu ubuzima budashira. (Matayo 20:28) Bamwe mu bigishwa biwe, 144 000 bose hamwe, bazoba mw ijuru ibihe bidashira. (Ivyahishuriwe Yohana 14:1-4) Gutyo bamwe mu bigeze kuba abashobora guhwera ‘bazokwambara ukudahwera’!—1 Ab’i Korinto 15:53.
8. (a) ‘Ukudahwera’ ni iki, kandi ni kuki Yehova aguha bamwe 144 000? (b) Ni icizigiro ikihe Yezu yahaye “izindi ntama”?
8 ‘Ukudahwera’ gusobanura ibirengeye ukutigera umuntu apfa. Kurimwo ‘ububasha bw’ubuzima ntatikizwa.’ (Abaheburayo 7:16; gereranya n’Ivyahishuriwe Yohana 20:6.) Ariko none ni igiki Imana igira mu gutanga impano y’agatangaza mwen’iyo? Niwibuke kwa guhiga kwa Shetani ngo mu vyaremwe vy’Imana nta na kimwe coshobora kwizigirwa. (Yobu 1:9-11; 2:4, 5) Mu kuronsa abo 144 000 ukudahwera, Imana yerekana ko yishimiye rwose uwo mugwi watanze inyishu bimwe vyibonekeje cane ku guhiga kwa Shetani. Ariko abasigaye bo mu bana b’abantu bo bite? Yezu yabariye aba mbere bo muri ubwo “busho buto” bwa ba samuragwa b’Ubwami yuko “[bokwicaye] ku ntebe z’icubahiro, [bagacira] imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.” (Luka 12:32; 22:30) Ivyo vyumvikana ko hariho abandi bantu bazoronkera ubuzima kw isi ari abatwarwa b’Ubwami bwiwe. Naho izo ‘zindi ntama’ badahabwa ukudahwera, bararonka koko “ubu[zima] budashira.” (Yohana 10:16; Matayo 25:46) Ubuzima budashira rero ni icizigiro c’Abakirisu bose. Si ikintu abantu bishiramwo, ahubwo ni ikintu casezeranywe mu buryo bwemewe, gisezeranwa n’ “Imana itazi kubesha,” hanyuma kirarihirwa hakoreshejwe amaraso ya Yezu y’agaciro.—Tito 1:2.
Vyoba Ari Ivya Kazoza ka Kure?
9, 10. Ni ibintu bitomoye ibihe vyerekana yuko twegereje umuhero?
9 Intumwa Paulo yarabuye ko “ibihe bigoye” vyokwerekanye ko ata mpari twashitse mu “misi y’iherezo.” Uko ikibane c’abantu kidukikije gitemba kija mu kutagira urukundo, mu munoho, mu kwiryohererwa, no mu kutanegwa ivy’Imana, ntidutahura neza none ko umusi wa Yehova w’ugushitsa imanza yaciriye uru runkwekwe rubi rw’isi uriko wegereza vuba? Uko ubukazi n’urwanko vyongerekana, ntitubona none hirya no hino yacu iranguka ry’aya majambo yandi ya Paulo ngo “Abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi”? (2 Timoteyo 3:1-5, 13) Bamwebamwe bashobora kuvuza urwamo birya akara ngo “Har’amahoro, nta nkomanzi,” mugabo ibizigizigi vy’amahoro vyose bizotumuka, kuko “uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.” Ntitwarekewe mu muzimagiza ku vyerekeye ico ibi bihe turimwo bivuze. Nuko rero ‘twame tugavye, tugumane amenge yacu.’—1 Ab’i Tesalonike 5:1-6.
10 Ikindi kandi, Bibiliya irerekana yuko nya misi y’iherezo ari “igihe gito.” (Ivyahishuriwe Yohana 12:12; gereranya na 17:10.) Igihimba kinini rwose c’ico ‘gihe gito’ gisa n’icarenganye. Ubuhanuzi bwa Daniyeli nk’akarorero, buradondora neza amatati hagati y’ “[u]mwami w’i burārūko” n’ “umwami w’i bumanuko,” ayashitse no muri iki kinjana. (Daniyeli 11:5, 6) Igisigaye kuranguka conyene gusa ni igitero c’imperuka c’ “umwami w’i burārūko” kidondorwa muri Daniyeli 11:44, 45.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Mukakaro 1987, n’uwo muri Munyonyo 1993 (mu Kirundi), ku vyerekeye ikiyago c’ivy’ubwo buhanuzi.
11. (a) Ivyanditswe muri Matayo 24:14 vyarangutse ku rugero rungana iki? (b) Ni igiki amajambo ya Yezu yanditswe muri Matayo 10:23 yerekana?
11 Hariho kandi ivyo Yezu yabuye ngo “iyi nkuru nziza y’ubwami izokwiririzwa mw isi yose ituweko [n’abantu] ngo ibe icabona ku mahanga yose; maze hanyuma umuhero uzoza.” (Matayo 24:14, NW) Muri iki gihe Ivyabona vya Yehova barangurira igikorwa cabo mu bihugu, imigwimigwi y’amazinga n’uturere bingana 233. Ego niko uturere tutarashikirwa turacariho, kandi kumbure igihe cashinzwe ca Yehova nicagera akabero kazoboneka. (1 Ab’i Korinto 16:9) Mugabo, aya majambo ya Yezu yanditswe muri Matayo 10:23 atuma umuntu azirikana: “[Ntimu]zohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.” Naho ata nkeka ko inkuru nziza izomenyekanishwa mw isi iyo iva ikagera, ubwacu ntituzoshitsa ubutumwa bw’Ubwami mu duce twose tw’isi imbere y’uko Yezu ‘aza’ ari Uwica.
12. (a) ‘Ukudomwako ikimenyetso’ kuvugwa mu Vyahishuriwe Yohana 7:3 ni iki? (b) Igabanuka ry’igitigiri c’abasizwe bari kw isi risobanura iki?
12 Rimbura igisomwa co mu Vyahishuriwe Yohana 7:1, 3 kivuga ko “imiyaga ine” y’agatikizo ifatiriwe gushika “[tumaze ku]doma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu.” Ukwo si ukudomwako ikimenyetso kwa mbere kuba igihe abo mu 144 000 baronka umuhamagaro wo mw ijuru. (Abanyefeso 1:13) Ni ukudomwako ikimenyetso kw’imperuka, igihe bamenyekana ubudasubirwamwo ko ari “abagurano b’Imana yacu” bageragejwe kandi b’abizerwa. Igitigiri c’abana b’Imana basizwe nyabo bari kw isi kiragabanutse cane. Ikindi kandi, Bibiliya iravuga neza ko “kubg’abatoranijwe” umuce utangura w’amarushwa ahambaye “[u]zogerurwa.” (Matayo 24:21, 22) Abenshi mu bavuga ko ari abasizwe barashaje vy’ukuri. Bisubiye, ivyo ntivyokwerekana none ko iherezo riri hafi cane?
Umureretsi w’Umwizerwa
13, 14. Isangane ry’umureretsi rifise ibanga irihe?
13 Mu kurindira, ni vyiza ko twumvira ubuyobozi butangwa n’ “umushumba w’umwizerwa.” (Matayo 24:45, NW) Uwo “mushumba” wo mu gihe ca none aramaze imyaka irenga ijana ari umwizerwa mu vy’ugusukura bwa ‘mureretsi.’ (Ezekiyeli 3:17-21) Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1984 warasiguye uti: “Uwo mureretsi aritegereza ukuntu ibigenda biba mw isi biriko bishitsa ubuhanuzi bwa Bibiliya, agatanga imburizi yerekeye ‘amarushwa ahambaye [yegereje] ataribwigere abaho kuva kw itanguriro ry’isi,’ kandi akamamaza ‘inkuru nziza y’ikintu ciza kirushirije.’ ”—Matayo 24:21; Yesaya 52:7.
14 Wibuke: Akazi k’umureretsi ni ukuvugira hejuru ‘ico abonye.’ (Yesaya 21:6-8) Mu bihe vya Bibiliya, umureretsi yarasamiriza imburizi n’igihe mbere icobahanamira caba kiri kure cane bimwe vyotuma kitamenyekana neza. (2 Abami 9:17, 18) Ugutabariza ubusa ntivyabura gushika ico gihe. Yamara umureretsi mwiza ntiyanuma kubera ugutinya kumaramara. Nk’igihe inzu yawe yoba iriko irasha, womererwa ute hamwe ba kazimyamuriro banse guseruka kubera biyumvira ko woba uriko utabariza ubusa? Oya nyabuna, twitega yuko abantu mwen’abo barenguka ningoga ku kimenyetso ico ari co cose c’uko hari ingeramizi! Mu buryo nk’ubwo nyene, rya sangane ry’umureretsi ryarasemereye igihe cose ibintu vyasa n’ibitanze impamvu y’ukubigira.
15, 16. (a) Ni kubera iki hari ibintu bibogorwa mu gutahura dufise kw’ubuhanuzi? (b) Ni igiki dushobora kwigira ku basuku b’Imana b’abizerwa bǎtahura nabi ubuhanuzi bumwebumwe?
15 Mugabo uko ibintu biza biraba, ugutahura ubuhanuzi kwacu kwagiye kuracika ugutomotse kuruta. Inkuru ya kahise irerekana ko ari gake, niba vyoshika, ko ubuhanuzi bwa Bibiliya butahurwa vyuzuye imbere y’ukuranguka kwabwo. Imana yarabariye Aburamu neza igihe urubuto rwiwe rwomaze ruri “inyambukīra mu gihugu kitar’icabo,” ni ukuvuga imyaka 400. (Itanguriro 15:13) Musa ariko, yaritanze bwa murokozi hataragera.—Ivyakozwe n’intumwa 7:23-30.
16 Rimbura kandi ubuhanuzi bwa kimesiya. Usubije amaso inyuma usanga bisa n’ibiboneka neza ko ugupfa n’ukuzuka vya Mesiya vyari vyaravuzwe. (Yesaya 53:8-10) Yamara, n’abigishwa ba Yezu ivyo vyarabananiye itegera. (Matayo 16:21-23) Ntibabonye ko Daniyeli 7:13, 14 horangutse mu gihe ca pa·rou·siʹa canke “ukuhaba” kwa Kirisitu kwa kazoza. (Matayo 24:3, NW) Nuko rero mu guharura kwabo bari batakaye imyaka hafi 2 000 igihe babaza Yezu ngo “Iki gihe ni [ho] ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?” (Ivyakozwe n’intumwa 1:6) Mbere n’inyuma y’aho ikorane rya gikirisu rimariye gushinga imizi, ivyiyumviro birimwo amakosa hamwe n’ivyitego bitari vyo vyarabandanije kuzukuruka. (2 Ab’i Tesalonike 2:1, 2) Naho rimwerimwe hari ababona ibintu ukutari kwo, nta wohakana ko Yehova yahezagiye igikorwa c’abo bizera bo mu kinjana ca mbere!
17. Dukwiye kubona gute ibibogorwa mu kuntu dutahura Ivyanditswe?
17 Isangane ry’umureretsi rya kino gihe na ryo nyene ryarategerejwe kuja riratonganura ukuntu ribona ibintu. Yamara none hari uwoshobora gukeka yuko Yehova yahezagiye “umushumba w’umwizerwa”? Ndetse, vyinshi mu vyabogowe ubirabiye mu makikuro yavyo, ntusanga none ari utuntu dutoduto ugéreranije? Ugutahura Bibiliya kwacu kw’ishimikiro ntikwahindutse. Injijuko dufise y’uko turi mu misi y’iherezo ubu irakomeye kurusha ikindi gihe cose!
Kubaho ku bwa Kazoza Gahoraho
18. Ni kuki dutegerezwa kwirinda kubaho ku bwa kino gihe gusa?
18 Isi ishobora kuvuga ngo ‘Reka turye kandi tunywe kuko ejo tuzopfa,’ mugabo inyifato yacu ntitegerezwa kuba iyo. Ni kuki none woharanya vy’ubusa urondera ibihimbara wokura mu buzima ubu kandi ushobora gukorera kazoza gahoraho? Ico cizigiro, caba ic’ubuzima budahwera mw ijuru canke c’ubuzima budashira kw isi, si indoto, si ivyo umuntu yishiramwo. Ni ikintu kitari umugani casezeranywe n’Imana “itazi kubesha.” (Tito 1:2) Ikimenyamenya kiragaragaza rwose yuko iranguka ry’icizigiro cacu ryegereje hafi! “Igihe cāgiriye.”—1 Ab’i Korinto 7:29.
19, 20. (a) Yehova abona gute imyigoro twagize ku bw’Ubwami? (b) Ni kuki dutegerezwa kubaho twiteze ibihe bihoraho?
19 Ego niko, uru runkwekwe ruramaze kumara igihe kirekire kuruta uko benshi bavyibaza. Bakeyi ubu boshobora kwibwira ko iyo ivyo babimenya imbere kumbure batogize imyigoro imwimwe. Mugabo umuntu ntakwiye kwicuza kubona ivyo yarabigize. Ubiravye neza, ukugira imyigoro ni umuce ngenderwako w’ukuba Umukirisu. Abakirisu ‘bariyanka.’ (Matayo 16:24) Ntitukigere twiyumvamwo ko imyigoro tugira y’uguhimbara Imana yabaye impfagusa. Yezu yatanze uwu muhango: “Nta waretse inzu, canke bene nyina, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, cank’abana, cank’itongo, kubganje no kubg’ubutumwa bwiza, atazobishumbushwa ijana [ubu] . . . kandi mu gihe kizoza a[ka]zohabga ubu[zima] budashira.” (Mariko 10:29, 30) Imyaka igihumbi uhereye ubu, akazi ukora, inzu yawe canke ikonte ufise muri banki bizosa n’ibivuze iki? Mugabo ukwigora wagiriye Yehova kwokwo kuzoba kuri n’ico kuvuze imyaka umuliyoni guhera ubu—eka imyaka imiliyaridi guhera ubu! “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu.”—Abaheburayo 6:10.
20 Nitubeho rero twiteze uguhoraho, amaso yacu ntituyagumize ‘ku biboneka, ariko ku bitaboneka: kukw ibiboneka ar’ivy’igihe gito, arikw ibitaboneka bikaba ivy’ibihe bidashira.’ (2 Ab’i Korinto 4:18) Umuhanuzi Habakuki yanditse ati: “Ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizo[cererw]a.” (Habakuki 2:3) ‘Ukuguma twiteze’ umuhero hari ico bigira ku buryo turangura amabanga atwega ubwacu be n’ayatwega mu rugo? Ikiganiro cacu gikurikira kiraja kwihweza ivyo bibazo.
Ibintu vy’Isubiramwo
◻ Bakeyi muri iki gihe bagizwe iki n’igisa n’uguteba kw’umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu?
◻ Ishingiro ry’icizigiro dufise c’ubuzima budashira ni irihe?
◻ Dukwiye kubona dute imyigoro twagiriye inyungu z’Ubwami?
[Ifoto ku rup. 7]
Ca gikorwa co kwigisha kibera kw isi hose gitegerezwa kurangizwa imbere y’uko umuhero uza