ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/10 rup. 23-28
  • Ukudahemuka mu Gushigikira Ijambo Ryahumetswe ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukudahemuka mu Gushigikira Ijambo Ryahumetswe ry’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Ibiki Vyabaye kw Izina ry’Imana?
  • Igihe Ivyo Umuntu Ubwiwe Yemera Bigize Ico Bigira Bibiliya
  • Ukudahemuka mu Gushigikira Ijambo ry’Imana
  • Wohitamwo gute impinduro nziza ya Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Bibiliya yahinduwe mu buryo bworoshe gutahura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • A1 Ivyo abashira Bibiliya mu zindi ndimi bisunga
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/10 rup. 23-28

Ukudahemuka mu Gushigikira Ijambo Ryahumetswe ry’Imana

“Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana.”—2 AB’I KORINTO 4:2.

1. (a) Ni ibiki vyasabwe kugira ngo hashitswe igikorwa cerekanywe muri Matayo 24:14 na 28:19, 20? (b) Bibiliya yaronkeka ku rugero rungana iki mu ndimi abantu bavuga, igihe imisi y’iherezo yatangura?

MU BUHANUZI buhambaye Yezu Kirisitu yatanze bwerekeye igihe c’ukuhaba kwiwe kwa cami be n’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu rushaje, yabuye ati: ‘Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwiririzwa mw isi yose ituweko ngo ibe icabona ku mahanga yose; hanyuma maze umuhero uzoza.’ Yarongeye ategeka abayoboke biwe ati: “Muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 24:14, NW; 28:19, 20) Isohora ry’ubwo buhanuzi ririmwo igikorwa kinini mu vy’uguhibanura n’ugucapura Bibiliya, mu kwigisha abantu ico isobanura, no mu kubafasha kuyikurikiza mu buzima bwabo. Mbega agateka ko kujamwo mu murimo mwen’uwo! Mu 1914 Bibiliya canke igice kinaka cayo yari imaze gusohorwa mu ndimi 570. Ariko guhera ubwo izindi ndimi amajana hamwe n’indimirimi injojo zarongeweko, kandi mu ndimi nyinshi zindi impibanuro zitari nke zarabonetse.a

2. Ni ibivyurangiro ibihe bitari bimwe vyatumye hakorwa igikorwa c’abahibanura n’abasohora Bibiliya?

2 Si icoroshe ku muhibanuzi uwo ari we wese gufata amayagwa ari mu rurimi runaka akayagira ayatahurika ku basoma kandi bumva ururimi rundi. Abahibanuzi ba Bibiliya bamwebamwe barakoze igikorwa cabo bazi neza yuko ivyo bariko bahibanura ari Ijambo ry’Imana. Abandi bakwezwe gusa n’igikorwa c’ubuhanga kiri muri iyo poroje. Bashobora kuba babonye ibiri muri Bibiliya nk’iragi gusa ry’ivy’imico rifise agaciro. Bamwe idini ni yo bisumamwo, hanyuma gucapurisha igitabu citirirwa izina ryabo bwa bagihibanuye canke bagisohoye bikajamwo mu bibabeshaho. Biragaragara ko ibibavyurira ingiro bigira akosho ku kuntu bakora igikorwa cabo.

3. Komite y’Ubuhibanuzi bwa Bibiliya y’Isi Nshasha ibona gute igikorwa cayo?

3 Igikwiye kubonwa ni aya majambo yavuzwe na Komite y’Ubuhibanuzi bwa Bibiliya y’Isi Nshasha: “Uguhibanura Ivyanditswe Vyeranda bisobanura guhindura mu rundi rurimi ivyiyumviro n’amajambo vya Yehova Imana . . . Ico ni iciyumviro kirimbûza. Abahibanuzi b’iki gikorwa, abatinya kandi bakunda Umwanditsi Sabumana w’Ivyanditswe Vyeranda, bumva bari n’ico babazwa na We bimwe bidasanzwe ku vy’ugushikiriza ivyiyumviro n’amavumero vyiwe mu buryo nziragakosa bushoboka. Bumva kandi ko bariko ibanga ry’ukurondera abasomyi bisunga impibanuro y’Ijambo ryahumetswe ry’Imana Iruta Vyose ku bw’agakiza kabo k’ibihe bidashira. Ukwo kwiyumvako ibanga riremereye ni kwo kwatumye mu kiringo c’imyaka itari mike iyi komite igizwe n’abagabo biyeguye izana Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau.” Ihangiro ry’iyo komite kwari ukuronka impibanuro ya Bibiliya yobaye irongorotse kandi itahurika, kandi yogumye cane ku Giheburayo n’Ikigiriki vy’intango ku buryo yotanze ishingiro ry’ugukura kubandanya mu vy’ubumenyi nziragakosa.

Ni Ibiki Vyabaye kw Izina ry’Imana?

4. Izina ry’Imana rihambaye ku rugero rungana iki muri Bibiliya?

4 Imwe mu ntumbero nyamukuru za Bibiliya ni ugufasha abantu ngo baheze bamenye Imana y’ukuri. (Kuvayo 20:2-7; 34:1-7; Yesaya 52:6) Yezu Kirisitu yigishije abamukurikira kuzamba yuko izina rya Se ‘ryezwa,’ rifatwa nk’iritagatifu, canke nk’iryeranda nyene. (Matayo 6:9) Imana yarashirishije izina bwite ryayo muri Bibiliya incuro zisaga 7 000. Ishaka ko abantu bamenya iryo zina hamwe na kamere z’Uwuryitwa.—Malaki 1:11.

5. Abahibanuzi ba Bibiliya batari bamwe berekanye gute izina ry’Imana?

5 Abahibanuzi benshi ba Bibiliya barerekanye icubahiro nziraburyarya bafitiye izina ry’Imana kandi baranarikoresha umudahindagura, mu gikorwa cabo. Abahibanuzi bamwebamwe bikundira Yahweh. Abandi bahisemwo imero y’izina ry’Imana ihujwe n’ururimi rwabo, ikaguma ishushanijwe neza n’ibiboneka mu gisomwa c’Igiheburayo, igashobora kuba ari nk’imero yamenyekanye cane biciye ku gukoreshwa kurekure. Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau ikoresha Yehova incuro 7 210 mu gisomwa nyamukuru cayo.

6. (a) Mu myaka ya vuba, ni igiki abahibanuzi bagize ku bintu bivuga ivy’izina ry’Imana? (b) Uwo mugenzo wakwiragiye ku rugero rungana iki?

6 Muri iyi myaka ya vuba, naho abahibanuzi ba Bibiliya bazigama mu bwenge amazina y’ibimana vya gipagani nka Bayali na Moleki, kenshikenshi barakura izina bwite ry’Imana y’ukuri mu mpibanuro z’Ijambo ryayo ryahumetswe. (Kuvayo 3:15; Yeremiya 32:35) Mu bice nka Matayo 6:9 na Yohana 17:6, 26, Bibiliya yo mu Kinyalubaniya yagabanganijwe cane, imvugo y’Ikigiriki “rya zina rya wewe” (ni ukuvuga, izina ry’Imana) iyihindurwa gusa ngo “wewe,” nka kumwe ivyo bisomwa ata zina ry’Imana vyoba vyaravuze. Muri Zaburi 83:18, Bibiliya zitwa The New English Bible na Today’s English Version, zirazimanganya izina bwite ry’Imana hamwe n’ikintu ico ari co cose kivuga ivy’uko Imana ifise izina. Naho izina ry’Imana ryaboneka mu mpibanuro za kera cane z’Ivyanditswe vy’Igiheburayo mu ndimi nyinshi rwose, impibanuro za vuba kenshi usanga zirizimanganya canke zikariterera mu kajambo ko mu mubari. Uko ni ko vyagenze mu Congereza, hamwe no mu ndimi nyinshi z’i Buraya, Afirika, Amerika y’Epfo, mu Buhindi, no mu mazinga ya Pasifike.

7. (a) Abahibanuzi ba Bibiliya nyafirika zimwezimwe bariko bagira iki izina ry’Imana? (b) Wewe ivyo ubibona ute?

7 Abahibanuzi ba Bibiliya mu ndimi nyafirika zimwezimwe bariko bongerako iyindi ntambwe. Izina ry’Imana mu gishingo c’ukurisubiriza izina ry’icubahiro ryo mu Vyanditswe, nk’Imana canke Umwami, bariko basobekamwo amazina akurwa mu vyo bemera vyo mu madini y’iwabo. Muri The New Testament and Psalms in Zulu (Isezerano Risha na Zaburi mu Kizulu) [integuro yo mu 1986], izina ry’icubahiro ngo Imana (uNkulunkulu) ryakoreshejwe inkǎbakabanywe n’izina rya bwite (uMvelinqangi), iryo Abazulu batahura ko rivuga ‘sekuru mukuru asengwa biciye ku basekuru ba kimuntu.’ Ikiganiro co mu kinyamakuru The Bible Translator, co muri Gitugutu 1992, cavuze yuko mu gutegura Bibiliya y’Igicicewa iri bwitwe Buku Loyera, abahibanuzi bǎkoresha Chauta bwa zina bwite riri busubirire Yehova. Chauta, nk’uko ico Kiganiro cabisiguye, ni “Imana bamye bazi kandi basenga.” Yamara, benshi muri abo bantu barasenga kandi ivyo bemera ko ari imizimu y’abapfuye. None igihe abantu batakambira “Ikiriho ca Ruheta,” ni ivy’ukuri ko izina iryo ari ryo ryose bakoresha kuri ico “Kiriho ca Ruheta” riba ari indinganire isubirira izina rya bwite Yehova, ata kuraba ikindi kintu ugusenga kwabo kwoba gusaba? Si vyo na gato! (Yesaya 42:8; 1 Ab’i Korinto 10:20) Gusuburiza izina bwite ry’Imana ikintu gituma abantu biyumvira ko ivyo bemera vya kera ari vyo koko, ntibibafasha kwiyegereza Imana y’ukuri.

8. Ni kuki intego Imana ifise y’uko izina ryayo rimenyekanishwa itagizwe ubusa?

8 Ivyo vyose ntivyahinduye canke ngo bigire ubusa intego Yehova afise y’ugutuma izina ryiwe rimenyekanishwa. Mu ndimi z’i Buraya, Afirika, za Amerika, Ubuseruko, n’izo mu mazinga y’ikiyaga, haracariho Bibiliya nyinshi zigikwiragira zirimwo izina ry’Imana. Hariho kandi Ivyabona vya Yehova barenga 5 400 000 mu bihugu n’uturere 233 bamara bose hamwe amasaha arenga umuliyaradi ku mwaka, babwira abandi ivy’izina ry’Imana y’ukuri n’intego yayo. Baracapura kandi bakagabanganya za Bibiliya—izikoresha izina ry’Imana—mu ndimi zivugwa n’abantu nk’3 600 000 000 mu baba kw isi, gushiramwo n’Icongereza, Igishinwa, Ikirusiya, Igisupanyoli, Igiporotugali, Igifaransa, n’Igiholandi. Baranacapura n’ivyifashisho vy’ukwiga Bibiliya, mu ndimi zizwi n’igitigiri kinini amahanga c’abantu baba kw isi. Vuba Imana ubwayo izohaguruka mu buryo buzosohoza, bimwe vy’umutisubirako, ivyo yavumereye vy’uko amahanga “[a]zomenya yuko [we ari Yehova].”—Ezekiyeli 38:23.

Igihe Ivyo Umuntu Ubwiwe Yemera Bigize Ico Bigira Bibiliya

9. Ni gute Bibiliya itumbura ibanga rikomeye riri ku bakoresha Ijambo ry’Imana?

9 Hariho ibanga rikomeye riri ku bahibanura Ijambo ry’Imana no ku baryigisha. Intumwa Paulo yavuze ku biraba igikenurwa ciwe hamwe n’ic’abifatanije na we, ati: “Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.” (2 Ab’i Korinto 4:2) Gufudika bisobanura kwonona mu kuvanganya n’ikintu c’ahandi canke ikitagira agaciro. Intumwa Paulo ntiyari ameze nka ba bungere b’Isirayeli b’intizerwa bo mu misi ya Yeremiya bakankamiwe na Yehova kubera bakwiririza ivyiyumviro vyabo bwite aho gukwiririza ivyo Imana yavuze. (Yeremiya 23:16, 22) Ariko ni ibiki vyabaye mu bihe vya none?

10. (a) Ni mu buryo ki ibivyurangiro bindi atari ukudahemuka ku Mana vyoheje abahibanuzi bamwebamwe mu bihe vya none? (b) Ni uruhara ruki bariko barangura mu buryo butabereye?

10 Mu gihe c’Intambara ya II y’Isi Yose, hari komite y’abanyatewolojiya n’abapasitori basenyeye ku mugozi umwe n’intwaro y’Abanazi mu Budagi kugira bazane “Isezerano Risha” rivuguruwe, rizimanganya ibintu vyose bivuga neza Abayahudi hamwe n’ibintu vyose vyerekana abasekuru ba Yezu Kirisitu b’Abayuda. Vuba ubuheruka, abahibanuzi bazanye The New Testament and Psalms: An Inclusive Version bari bahengamiye mu yindi nzira, baharanya ngo bavanemwo ibintu vyose vyerekana ko Abayuda bǎri n’ico babazwa mu bijanye n’urupfu rwa Kirisitu. Abo bahibanuzi biyumviriye kandi ko abasomyi bavugira abagore borushirije guhimbarwa mu gihe Imana itovugwa ko ari Data ariko ikavugwa ko ari Data-Mama, no mu gihe Yezu atovugwa ko ari Umuhungu w’Imana, ariko ko ari Umwana wayo. (Matayo 11:27) Igihe bǎbishikako, baravanyemwo ingingo y’ukuyoboka kw’abagore ku bagabo babo n’ukugamburuka kw’abana ku bavyeyi. (Abakolosayi 3:18, 20) Abazanye izo mpibanuro birumvikana ko batafashe wa mwiyemezo w’intumwa Paulo wo ‘kudafudika ijambo ry’Imana.’ Bariko bibagira uruhara rw’umuhibanuzi, bafata ikibanza c’umwanditsi, bazana ibitabu vyitirirwa Bibiliya nk’uburyo bwo gushira imbere ivyiyumviro vyabo bwite.

11. Ni gute inyigisho za Kirisitendomu zidahuza n’ico Bibiliya ivuga ku bugingo n’urupfu?

11 Amakeleziya ya Kirisitendomu muri rusangi yigisha yuko ubugingo bwa kimuntu ari umushaha, yuko buva mu mubiri iyo umuntu apfuye, n’uko budahwera. Ikinyuranye n’ivyo, impibanuro za kera mu ndimi nyinshi ziravuga neza ko abantu ari ubugingo, ko ibikoko ari ubugingo, n’uko ubugingo bupfa. (Itanguriro 12:5; 36:6; Guharūra 31:28; Yakobo 5:20) Ivyo vyaramaramaje abakuru b’amadini.

12. Ni mu buryo ki integuro zimwezimwe za vuba zizimanganya ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya?

12 Ubu integuro za vuba zirazimanganya ukwo kuri. Gute? Ziririnda vyonyene impibanuro y’indamvu y’izina ry’Igiheburayo neʹphesh (ubugingo) mu bisomwa bimwebimwe. Mw Itanguriro 2:7, bashobora kuvuga yuko umuntu wa mbere “yatanguye kubaho” (mu gishingo ca “yabaye ubugingo buzima”). Canke bashobora kuvuga “ikiremwa” mu gishingo c’ “ubugingo” ku vy’ubuzima bw’igikoko. (Itanguriro 1:21) Mu bisomwa nka Ezekiyeli 18:4, 20, bavuga “umuntu” canke “umunaka” (hakuvuga “ubugingo”) ko apfa. Impinduro mwen’izo kumbure zirasiguritse kuri nya muhibanuzi. Ariko zifasha ku rugero rungana iki umurondezi nziraburyarya arondera ukuri, uwo ukwiyumvira kwamaze guhindukizwa n’inyigisho za Kirisitendomu ziteye kubiri n’Ivyanditswe?b

13. Ni uburyo ubuhe bwakoreshejwe kugirango integuro zimwezimwe zihishe umugambi w’Imana ku biraba isi?

13 Mu kigoro ngo bashigikire icemero bafise c’uko abantu beza bose baja mw ijuru, abahibanuzi—canke abanyatewolojiya basubiramwo igikorwa cabo—nabone hari aho baharanya ngo bahishe ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye intego Imana ifitiye isi. Muri Zaburi 37:11, integuro zitari nke zisomwamwo yuko abicisha bugufi bazokwizizira “igihugu.” “Igihugu” ni impinduro ishoboka y’ijambo (ʼeʹrets) ryakoreshejwe mu gisomwa c’Igiheburayo. Ariko rero, Today’s English Version (iyatanze ishimikiro ryatumye hagirwa impibanuro mu zindi ndimi nyinshi) irashika kure. Naho iyo nteguro ihindura ijambo ry’Ikigiriki ge ngo “isi” incuro 17 mu Njili ya Matayo, muri Matayo 5:5 isubiriza “isi” imvugo “ico Imana yasezeranye.” Abagize Ekeleziya ubusanzwe baca biyumvira Ijuru. Ntibaba babwijwe ukuri yuko muri ya Nganirwa yo ku Musozi Yezu Kirisitu yavuze yuko abitonda, abiyoroheje, canke abicisha bugufi, “bazo[torana] isi.”

14. Ni ikivyurangiro ikihe kiranga ubwikunzi cigaragaza mu nteguro zimwezimwe za Bibiliya?

14 Impibanuro zimwezimwe z’Ivyanditswe biribonekeza yuko zakurikiranije amajambo kugirango zifashe abasiguzi baronke umushahara mwiza. Ego niko Bibiliya iravuga, iti “Umukozi akwiye ingero yiwe.” (1 Timoteyo 5:18) Ariko muri 1 Timoteyo 5:17, aho ivuga yuko abagabo b’inararibonye bahagarikira mu buryo bwiza bakwiye “guhabwa icubahiro kirushirije [kabiri],” icubahiro conyene bamwe muri bo babona nk’igikwiriye kuvugwa ni ico mu vy’amahera. (Gereranya na 1 Petero 5:2.) Gutyo, The New English Bible ivuga yuko abo bakurambere “bakwiye gutonwa ko babereye impembo irimwo zibiri,” Contemporary English Version na yo ikavuga yuko “babereye kurihwa ibihetangabo kabiri.”

Ukudahemuka mu Gushigikira Ijambo ry’Imana

15. Dushobora dute kumenya impibanuro za Bibiliya twokoresha?

15 Ivyo vyose bisobanura iki ku wisomera Bibiliya no kuri abo bakoresha Bibiliya ngo bigishe abandi? Muri nyinshi mu ndimi zikoreshwa cane, harimwo impibanuro zitari nke umuntu ashobora gucaguramwo. Koresha ubushishozi mu kurobora Bibiliya ukoresha. (Imigani 19:8) Nimba impibanuro itavugisha ukuri ku vyerekeye akaranga k’Imana ubwayo—igakura izina ryayo mw Ijambo ryayo ryahumetswe ku citwazo ico ari co cose—abahibanuzi none boba kandi barajoboroye ibindi bihimba vya Bibiliya? Mu gihe ugize amazinda ku vy’uko impinduro yinaka yoba ari yo, niwihate uyigereranye n’izindi mpibanuro za kera. Niba uri umwigisha w’Ijambo ry’Imana, niwikundire integuro ziguma zegereye ivyavuzwe mu gisomwa c’Igiheburayo n’Ikigiriki vy’intango.

16. Dushobora dute umwe wese ukwiwe kwerekana ukudahemuka mu kuntu dukoresha Ijambo ry’Imana ryahumetswe?

16 Twese umwumwe ukwiwe dukwiye kuba intahemuka kw Ijambo ry’Imana. Ivyo tubigira mu kwitwararika bihagije ibiri muri ryo, ku buryo, nimba bishoboka, tumara umwanya munaka buri musi dusoma Bibiliya. (Zaburi 1:1-3) Ivyo tubigira mu gukurikiza ico ivuga bimwe vyuzuye mu buzima bwacu, tukiga gukoresha ingingo n’uturorero biri muri ryo bwa shimikiro ry’ugufata ingingo ziranga ubukerebutsi. (Abaroma 12:2; Abaheburayo 5:14) Twerekana kandi ko turi abavugizi ntahemuka b’Ijambo ry’Imana mu kurikwiririza ku bandi n’umwete. Tubigira kandi bwa bigisha mu gukoresha Bibiliya kuri hange, tutigera turihotora canke ngo turēhurure ico rivuga kugira rihure n’ivyiyumviro vyacu. (2 Timoteyo 2:15) Ico Imana yabuye kizoba ata kunanirwa. [Imana] ni mudahemuka mu gusohoza Ijambo ryayo. Tube intahemuka mu kurishigikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Amashirahamwe Mpurikirahamwe y’Ivya Bibiliya mu 1997 yatondekanije indimi n’indimirimi 2 167 Bibiliya yasohowemwo, yaba yose canke igihimba cayo. Ico gitigiri kirimwo indimirimi nyinshi zo ku ndimi zimwezimwe.

b Iki kiyago gishimikiye ku ndimi zifise ubushobozi bw’ugutuma ico kibazo kiba ikirongorotse ariko abahibanuzi bazo bagahitamwo kutabigira. Amajambo ngengarurimi ahari arashingira akarimbi bimwe bikomeye ico abahibanuzi bashobora kugira mu ndimi zimwezimwe. Abacishabwenge nzirabugunge b’ivy’idini rero bosigura yuko naho umuhibanuzi yoba yakoresheje amajambo atari amwe canke mbere niba yakoresheje ijambo ryumvikanamwo ibitajanye n’Ivyanditswe, ijambo neʹphesh ryo mu rurimi rw’intango rikoreshwa ku bantu n’ibikoko, rikaba kandi rigereranya ikintu gihumeka, kirya, kandi gishobora gupfa.

Woba Wibuka?

◻ Ni ibivyurangiro ibihe vyagize ico bikora ku gikorwa c’abahibanuzi ba Bibiliya mu bihe vya none?

◻ Ni kuki impengamiro z’ubuhibanuzi bwa kino gihe zitagize ubusa intego Imana ifise ku biraba izina ryayo bwite?

◻ Ni gute impibanuro zimwezimwe zizimanganya ukuri kwo muri Bibiliya ku vyerekeye ubugingo, urupfu, n’isi?

◻ Ni mu buryo ki dushobora kwerekana yuko dushigikiye Ijambo ry’Imana tudahemuka?

[Ifoto ku rup. 24]

Ni impibanuro iyihe ya Bibiliya ukwiye gukoresha?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika