Nturambirwe Muri kwa Gusiganirwa Ubuzima!
“Dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye.”—ABAHEBURAYO 12:1.
1, 2. Ni ibintu ibihe biteye akanyamuneza vyujuje urweze abasuku ba Yehova muri iyi misi y’iherezo?
TUBAYEHO mu bihe biteye akanyamuneza kandi bitoroshe. Harashize imyaka irenga 80 Yezu yimitswe ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw ijuru, mu 1914. ‘Umusi w’Umukama’ hamwe n’“igihe c’iherezo” ry’uru runkwekwe rw’ibintu caratanguye. (Ivyahishuriwe 1:10; Daniyeli 12:9) Kuva ico gihe ugusiganirwa ubuzima kw’Umukirisu kwafashe ukwihuta kwongerekana. Abasuku b’Imana barihata n’ingoga nyinshi kugirango bagume bari kumwe n’umukogote wo mw ijuru wa Yehova, rya yungungane ryiwe ryo mw ijuru, iririko rigenda umudahagarikwa ngo risohoze umugambi Yehova afise.—Ezekiyeli 1:4-28; 1 Ab’i Korinto 9:24.
2 Abantu ba Yehova boba bararonse umunezero uko ‘biruka’ bagana ku buzima budashira? Ego cane! Barujujwe urweze no kubona itororokanywa ry’abasigaye muri ba bavukanyi ba Yezu, kandi baranezerwa no kumenya ko ukudomwako ikimenyetso ubwa nyuma kw’abasigaye muri bamwe 144 000 kugeze kure. (Ivyahishuriwe 7:3, 4) Vyongeye, baraterwa akanyamuneza no gutahura ko Umwami yagennywe na Yehova yatumye umuhoro wiwe ngo ashwabure “ivyimburwa vyo mw isi.” (Ivyahishuriwe 14:15, 16) Kandi ese uwo mwimbu! (Matayo 9:37) Kugeza aha, ubugingo burenga imiliyoni zitanu bwaratororokanijwe—“ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” (Ivyahishuriwe 7:9) Nta n’umwe yoshobora kuvuga uko iryo shengero amaherezo rizoba ringana, kuko ata muntu n’umwe ashoboye kuriharūra.
3. Dutegerezwa nantaryo kugerageza kurima agatima k’umunezero naho hoba iki?
3 Niko, Shetani aragerageza kudutsitaza canke kudufororotsa uko tunyaragasa muri iryo siganwa. (Ivyahishuriwe 12:17) Kandi ntivyabaye ivyoroshe kuguma twiruka kandi hari intambara, ibigoyi, indwara z’ibiza, n’ayandi magume yose aranga igihe c’iherezo. (Matayo 24:3-9; Luka 21:11; 2 Timoteyo 3:1-5) Mugabo, imitima yacu irasimbishwa n’umunezero uko iherezo rya nya gusiganwa ryegereza. Turihata ngo tugaragaze ka gatima Paulo yahimiriza Abakirisu nka we kugira mu gihe ciwe ati: “Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.”—Ab’i Filipi 4:4.
4. Ni agatima bwoko ki kagaragajwe n’Abakirisu b’Abafilipi?
4 Nta gukeka kuhari yuko Abakirisu Paulo yabwira ayo majambo bǎronkera umunezero mu kwizera kwabo, kuko Paulo yababwiye ati: ‘Mubandanye kunezerwa mu Mwami.’ (Ab’i Filipi 3:1) Abafilipi bari abatanzi ba cane, ikorane rirangwa n’urukundo ryakorana umwete n’ubushwashwanutsi. (Ab’i Filipi 1:3-5; 4:10, 14-20) Ariko Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bose ntibari bafise ako gatima. Nk’akarorero, bamwe mu Bakirisu b’Abayuda Paulo yandikiye igitabu c’Abaheburayo bari akarazashinga.
‘Rushiriza Kwitwararika’
5. (a) Ni agatima nyabaki Abakirisu b’Abaheburayo bari bafise igihe ikorane rya mbere rya gikirisu ryashingwa? (b) Dondora agatima kari gafiswe na bamwebamwe mu Bakirisu b’Abaheburayo nko mu 60 G.C.
5 Ikorane ry’Abakirisu rya mbere ryabayeho, ryari rigizwe n’Abayuda bavutse ari bo be n’abakebanuke, rishingwa i Yeruzalemu mu 33 G.C. Ryari rifise agatima bwoko ki? Umuntu yosoma gusa ibigabane vya mbere vy’igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa kugirango amenye ubushwashwanutsi n’umunezero ryari rifise, no mu gihe nyene c’ibigeragezo. (Ivyakozwe 2:44-47; 4:32-34; 5:41; 6:7) Ariko aho imyaka mirongo irenganiye ibintu vyarahindutse, kandi Abakirisu benshi b’Abayuda biboneka ko bafororotse muri kwa gusiganirwa ubuzima. Igitabu kimwe c’irabiro kivuga ibikurikira ku kuntu ivyabo vyari vyifashe nko mu 60 G.C.: “[Hariho] imimerere y’umwikwego n’ubunanirwe, y’ukutabona ivyitezwe, ivyizigiro vyigijwe kure, ukwemera kunanirwa hamwe n’ukutizigira ibintu vyo mu buzima. Bari Abakirisu mugabo bagashima buhoro ubwiza bw’ihamagarwa ryabo.” Vyashobotse gute ngo Abakirisu basizwe bamere gutyo? Ukurimbura ibihimba vy’ikete rya Paulo ku Baheburayo (iryanditswe nko mu 61 G.C.) kuradufasha kwishura ico kibazo. Irimbūra nk’iryo rizodufasha twese muri iki gihe kwirinda gucokera mu mero nk’iyo y’ukugoyagoya mu vy’impwemu.
6. Amatandukaniro amwamwe ari hagati y’ugusenga kwari kurongowe n’Ivyagezwe vya Musa n’ugusenga gushimikiye ku kwizera Yezu Kirisitu ni ayahe?
6 Abakirisu b’Abaheburayo baje bava mu Kiyuda, urunkwekwe rwavuga ko rwumvira Ivyagezwe Yehova yatanze biciye kuri Musa. Ivyo vyagezwe bisa n’ivyabandanije gukwegēra Abakirisu benshi b’Abayuda, ngirango kubera vyari bimaze ibinjana vyinshi ari bwo buryo bwonyene bwo kwegera Yehova, kandi rukaba rwari urunkwekwe rutangaje rw’ivy’ugusenga, rufise ubuherezi, rugatanga inkuka rudahorereza, rukagira n’urusengero rwa rurangiranwa kw isi i Yeruzalemu. Ubukirisu bwo si ko bumeze. Busaba ukubona ibintu mu buryo bw’ivy’impwemu, nka kumwe kwa Musa, ‘uwari ahanze amaso ingero yogerewe’ kandi ‘akabandanya ashikamye nk’ah’abona Ītaboneka.’ (Abaheburayo 11:26, 27) Abakirisu benshi b’Abayuda biboneka ko bari babuze ukubona ibintu kwo mu vy’impwemu mwen’ukwo. Bariko bicumbagiza aho kwiruka nk’abari n’intumbero.
7. Ni gute urunkwekwe twavuyemwo rwoshobora kugira ico rukoze ku kugene twiruka muri kwa gusiganirwa ubuzima?
7 Hoba hariho inyifato y’ibintu nk’iyo muri iki gihe? Ni vyo, ibintu ntibimeze gutyo nezaneza. Mugabo, Abakirisu baza bavuye mu runkwekwe rw’ibintu rwihaya cane. Isi iratanga uturyo duteye akanyamuneza, ariko, muri ico gihe nyene, igasaba abantu ibintu biremereye. Vyongeye benshi muri twebwe baba mu bihugu usanga agatima k’ukugonanwa kagwiriye, aho kandi abantu baronderana ibintu ukwikwegerako, ukwibanza. Mu gihe twiretse tukoshwa n’urunkwekwe nk’urwo, “amaso y’imitima ya[c]u” ntiyoteba gucikishwa ayatabona neza. (Abanyefeso 1:18) Tuzokwiruka neza gute none muri kwa gusiganirwa ubuzima niba tutagishoboye kubona neza iyo turiko turaja?
8. Uburyo bumwebumwe Ubukirisu buruta ugusenga kurongowe n’Ivyagezwe ni ubuhe?
8 Kugirango Paulo avyurire ishaka Abakirisu b’Abayuda, yarabibukije ivy’uko urunkwekwe rwa Gikirisu ruruta Ivyagezwe vya Musa. Niko, igihe Isirayeli yo ku mubiri yari igisata ca Yehova kiganzwa n’Ivyagezwe, Yehova yababwira biciye ku bahanuzi bahumekerwa. Ariko, nk’uko Paulo abivuga, ubu avuga biciye “mu kanwa k’Umwana w[iwe], uwo yashiriyeho kuba Samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.” (Abaheburayo 1:2) Ikindi, Yezu ni mukuru ku bami bose bo mu muryango wa Dawidi, “bagenzi” biwe. Mbere araruta n’abamarayika.—Abaheburayo 1:5, 6, 9.
9. Nk’uko vyari bikenewe n’Abakirisu b’Abayuda bo mu misi ya Paulo, ni kuki dukeneye “kurushiriza kwitwaririka” ivyo Yehova avuga?
9 Ni co gituma Paulo yahanuye abavukanyi biwe b’Abayuda ati: “Dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.” (Abaheburayo 2:1) Naho kwiga ivyerekeye Kirisitu wari umugisha w’igitangaza, hari ibindi vyari bikenewe. Bari bakeneye kurushiriza kwitwararika cane Ijambo ry’Imana kugirango bazibire akosho k’isi y’Abayuda yari ibakikije. Na twebwe nyene turakeneye “kurushiriza kwitwaririka” ivyo Yehova avuga turavye poropagande itwama imbere ituruka muri iyi si. Ivyo bisobanura gutsimbataza utumenyero twiza tw’ukwiga no kugumana urutonde rwiza rw’ugusoma Bibiliya. Nk’uko Paulo abivuga hirya mw ikete ryiwe ku Baheburayo, bisobanura kandi kudahorereza kuza ku makoraniro no kumenyesha abandi ukwizera kwacu. (Abaheburayo 10:23-25) Ugukora mwen’ukwo kuzodufasha kuguma turi maso mu vy’impwemu kugirango ntitwibagire ca cizigiro cacu ciza igitangaza. Mu gihe twujuje imizirikanyi yacu ivyiyumviro vya Yehova, ntituzorengērwa canke ngo tudandabagiranishwe n’ico iyi si yotugira cose.—Zaburi 1:1-3; Imigani 3:1-6.
‘Gume Muhanūrana’
10. (a) Ni ibiki bishobora gushikira uwutarushiriza kwitwararika Ijambo rya Yehova? (b) Ni gute dushobora ‘kuguma duhanurana’?
10 Mu gihe tutitwararitse cane ibintu vy’impwemu, amasezerano y’Imana yohava neza atubera nk’aho atari ay’ukuri. Ivyo vyarashitse no mu kinjana ca mbere igihe amakorane yari agizwe gusa n’Abakirisu basizwe, kandi bamwebamwe mu ntumwa bakaba bari bakiri bazima. Paulo yaraburiye Abaheburayo ati: “Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima. Ariko [mugume] muhanūran[a] uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha.” (Abaheburayo 3:12, 13) Imvugo ya Paulo ngo “mwirinde” ishimika ku kuntu bikenewe kuba maso. Ingeramizi irabunze! Ukubura ukwizera—kikaba ari “icaha”—kwohava gutsimbatara mu mitima yacu, kandi tugahava tuva ku Mana aho kuyiyegereza cane. (Yakobo 4:8) Paulo aratwibutsa ‘kuguma duhanūrana.’ Turakeneye igishika kiva mu kuja hamwe n’abavukanyi. “Uwigungira ukwiwe aba arondera ivyo yiharije gusa, kand’arwanya inama nziza zose.” (Imigani 18:1) Ikenerwa ry’ukwo kuja hamwe riratuma Abakirisu muri iki gihe badahorereza kwitaba amakoraniro y’ikorane, y’umuzunguruko, n’ay’intara.
11, 12. Ni kuki tudakwiye kubumbwa n’ukumenya inyigisho za gikirisu z’ishimikiro vyonyene?
11 Hirya mw ikete ryiwe, Paulo aratanga iyi yindi mpanuro y’agaciro ntangere: “Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye. . . . Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.” (Abaheburayo 5:12-14) Uko biboneka, bamwe mu Bakirisu b’Abayuda bari bananiwe gutera imbere mu vy’ugutahura. Bari baratevye kwakira umuco wongerekanye werekeye Ivyagezwe be n’ugukebwa. (Ivyakozwe 15:27-29; Ab’i Galatiya 2:11-14; 6:12, 13) Bamwe bashobora kuba bari bagiha agaciro imigenzo ya kera, nk’Isabato ya buri yinga hamwe na wa Musi w’Impongano wahimbazwa buri mwaka mu birori.—Ab’i Kolosayi 2:16, 17; Abaheburayo 9:1-14.
12 Kubera ico, Paulo avuga ati: ‘Ubu ko twarenganye inyigisho za mbere z’ivya Kristo, twigire imbere, dushike ku gukomera.’ (Abaheburayo 6:1) Umwirutsi wo mw isiganwa rya marato yitwararika cane ingaburo afata usanga arushirije kuba uwushoboye kwihanganira iryo siganwa rirerire kandi rinaniza. N’Umukirisu nyene yitwararika cane ivyo afungura mu vy’impwemu—ntagarukire gusa ku ‘nyigisho z’intango,’ z’ishimikiro—uzosanga arushirije kuba uwushoboye kuguma ari mu nzira y’isiganwa kandi akayirangiza. (Gereranya na 2 Timoteyo 4:7.) Ivyo bisobanura gutsimbataza ukwitwararika “ubwaguke n’uburebure n’ubwira n’ubwimbike” vya kwa kuri, gutyo umuntu agatera imbere aja ku gukomera.—Abanyefeso 3:18, UB.
“Mukwiye Kwihangana”
13. Ni gute Abakirisu b’Abaheburayo bari berekanye ukwizera kwabo muri kahise?
13 Mu kiringo cakurikiye havuye Pentekote yo mu 33 G.C., Abakirisu b’Abayuda bagumye bashikamye naho hari ukurwanywa gukaze. (Ivyakozwe 8:1) Kumbure Paulo ivyo yari abifise mu muzirikanyi igihe yandika ati: “[Mugume] mwibuk[a] imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwākirwa n’umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy’indwano nyinshi.” (Abaheburayo 10:32) Ukwo kwihangana kurimwo ukwizerwa, kwarerekanye ugukunda Imana kwabo kwongera kurabaha umwidegemvyo wo kuvuga imbere yayo. (1 Yohana 4:17) Paulo arabihanikiza ngo uwo mwidegemvyo ntibawute kubera ukubura ukwizera. Arabahimiriza ati: “Mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe. Kuko hasigaye igihe gito cane, kand’ūgira aze, azoza, ntazoteba.”—Abaheburayo 10:35-37.
14. Ni ibintu vy’ukuri ibihe bikwiye kudufasha tukihangana niyo twoba tumaze imyaka myinshi dukorera Yehova?
14 Tweho bite muri iki gihe? Benshi muri twebwe bari abanyamwete igihe twiga ukuri kwa gikirisu ari bwo bwa mbere. Twoba tugifise uwo mwete? Canke twoba ‘twarataye rwa rukundo rwa mbere’? (Ivyahishuriwe 2:4) Twoba twarakonje, kumbure tukazerutswa canke tukarambirwa no kurindira Arumagedoni? Mugabo hagarara wiyumvire. Ukuri ntaco kwataye mu vyo kuba ari kwiza igitangaza. Yezu aracari Umwami wacu wo mw ijuru. Turacizigiye ubuzima budashira bwo kw isi y’iparadizo, vyongeye ubucuti bwacu na Yehova turacabufise. Kandi ntiwigere wibagira ibi: “Ūgira aze, azoza, ntazoteba.”
15. Ni gute Abakirisu bamwebamwe barinze uruhamo rukaze nk’urwo Yezu yarinze?
15 Ku bw’ico, aya majambo ya Paulo yanditse mu Baheburayo 12:1, 2 arabereye cane: “Natwe, . . . twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha [ukubura ukwizera] gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye, dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’umunezero yashizwe imbere, yihanganiye [igiti c’ukubabarizwako], ntiyagira ikindi isoni za[co], avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.” Hari ibintu vyinshi abasuku b’Imana bihanganiye muri iyi misi y’iherezo. Cokimwe na Yezu, uwabaye umwizerwa gushika ku gupfa nabi, bamwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu, n’ukwizerwa n’akantu, barihanganiye uruhamo rukaze kuruta zose—amakambi y’ibohero, ukubabazwa, ugusambanywa ku nguvu, mbere n’urupfu. (1 Petero 2:21) Umutima wacu none ntukakamishwa n’urukundo twumva tubafitiye iyo turimbuye ukutadohoka kwabo?
16, 17. (a) Abakirisu benshi banigana n’uduhigo utuhe twerekeye ukwizera kwabo? (b) Ni ukwibuka ibiki kuzodufasha kuguma twiruka muri kwa gusiganirwa ubuzima?
16 Kuri benshi ariko, amajambo Paulo avuga mu nyuma arakora: “Ntimuragera ku kuvishwa amaraso murwanya icaha.” (Abaheburayo 12:4) Naho ari ukwo, muri uru runkwekwe inzira y’ukuri ntiyoroheye uwo ari we wese muri twebwe. Bamwe baracibwa intege n’ ‘ibihǎri bihambaye vy’abanyavyaha’ ku kazi ko mw isi canke kw ishure, bakihanganira agahemo canke bakarwana n’ugukazwa ngo bakore icaha. (Abaheburayo 12:3) Inyosha zikomeye zirakuguta umwiyemezo wa bamwebamwe wo kuguma ku ngingo mfatirwako zikirurutse z’Imana. (Abaheburayo 13:4, 5) Abahuni baranyiganyije uburimbane bwo mu vy’impwemu bwa bamwebamwe usanga bumviriza poropagande zabo z’isumu. (Abaheburayo 13:9) Hari abandi ukudahuza kamere kwanyahuye umunezero. Ugushimika birengeje ku binezereza hamwe n’imirimo y’ivy’ukwisamaza biratuma Abakirisu bamwe bagoyagoya. Abatari bake na bo bumva baremerewe n’ingorane z’ukuba muri uru runkwekwe rw’ibintu.
17 Niko, muri izo nyifato z’ibintu nta zituma haba ‘ukurwana kugeza ku kuvishwa amaraso.’ Zimwezimwe zishobora kuba zanduruka ku ngingo mbimbi twebwe ubwacu dufata. Ariko zose zirateza agahigo ukwizera kwacu. Ni co gituma dukwiye kugumiza ijisho ryacu ku karorero ka rurangiranwa Yezu yatanze mu vy’ukwihangana. Ntitwigere twibagira ukuntu icizigiro dufise ari ciza igitangaza. Ntitwigere dutakaza ukujijuka kwacu yuko Yehova ‘acika umutangampera w’abamuronderana ubwira.’ (Abaheburayo 11:6) Maze, tuzogira inkomezi zo mu vy’impwemu zo kuguma twiruka muri kwa gusiganirwa ubuzima.
Turashobora Kwihangana
18, 19. Ni ivyabaye ibihe vya kera vyumvikanisha ko Abakirisu b’Abaheburayo b’i Yeruzalemu bitondeye inama Paulo yahumekewe?
18 Ni gute Abakirisu b’Abayuda bitavye ikete rya Paulo? Imyaka nk’itandatu inyuma y’uko iryo kete ku Baheburayo ryandikwa, Yudaya hari mu ntambara. Mu 66 G.C., inteko z’Abaroma zarakikuje Yeruzalemu, ziba zisohoje aya majambo Yezu yavuze: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike.” (Luka 21:20) Ariko rero, ku bw’inyungu y’Abakirisu bobaye bari i Yeruzalemu ico gihe, Yezu yavuze ati: “Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.” (Luka 21:21) Ku bw’ico, ukwo kurwana n’Uburoma kwarateye ikibazo: Mbega abo Bakirisu b’Abayuda botaye Yeruzalemu, ca cicaro c’ugusenga kwa kiyahudi ari na ho hari rwa rusengero rw’ubwiza?
19 Ata wari avyiteze, kandi ku mpamvu itazwi, ba Baroma bariyonjoroye. Bisa n’uko Abayuda b’abanyedini babibonye nk’igihinyuza c’uko Imana yariko ikingira igisagara cabo ceranda. Abakirisu bo? Inkuru z’ivyabaye zitubwira ko bahunze. Maze, mu 70 G.C., Abaroma baragarutse hanyuma barasenyagura Yeruzalemu n’agasya n’akarenge, harapfa abantu bimwe biteye ikinya. ‘Umusi wa Yehova’ wavuzwe na Yoweli wari washitse kuri Yeruzalemu. Ariko Abakirisu b’abizerwa ntibari bakihari. ‘Barakize.’—Yoweli 2:30-32; Ivyakozwe 2:16-21.
20. Ukumenya ko wa ‘musi uhambaye’ wa Yehova wegereje bikwiye kutuvyurira ingiro mu buhe buryo?
20 Muri iki gihe, turazi ko uwundi ‘musi wa Yehova’ uhambaye vuba ugiye kugira ico ukoze kuri uru runkwekwe rw’ibintu rwose. (Yoweli 3:12-14) Ntituzi igihe uwo musi uzozira. Ariko Ijambo ry’Imana riradukura amazinda ko uzoza koko! Yehova avuga ko utazoteba. (Habakuki 2:3; 2 Petero 3:9, 10) Ku bw’ico, ‘turushirize kwitwararika ivyo twumvise.’ Niwirinde ukubura ukwizera, “[ca caha] gikunda kutwizingirako.” Niwiyemeze kwihangana uko igihe bizomara kingana kwose. Ibuka, rya yungungane rihambaye rya Yehova ryo mw ijuru rimeze nk’umukogote riguma rigenda. Rizoshitsa intumbero yaryo. Twese tugume twiruka rero kandi ntiturambirwe muri kwa gusiganirwa ubuzima!
Uribuka?
◻ Ni ugukurikiza ukwihanikiza ukuhe Paulo yahaye Abafilipi kuzodufasha kwihangana muri kwa gusiganirwa ubuzima?
◻ Ni igiki kizodufasha kuzibira impengamiro iyi si ifise yo kudusamaza?
◻ Dushobora gufashanya gute kugirango twihangane muri kwa gusiganwa?
◻ Ibintu bimwebimwe vyoshobora gufororotsa Umukirisu ni ibihe?
◻ Ni gute akarorero ka Yezu gashobora kudufasha kwihangana?
[Ifoto ku rup. 18, 19]
Abakirisu bategerezwa kutigera bareka ngo ivyo iyi si itanga bibasamaze, bagata ukwiruka kwabo muri kwa gusiganirwa ubuzima
[Ifoto ku rup. 20]
Nta kintu na kimwe gishobora kubuza wa mukogote uhambaye wa Yehova wo mw ijuru gushitsa intumbero yawo