Imigisha Ihambaye Kuruta Biciye kw Isezerano Risha
‘Yezu . . . ni na we muhuza w’isezerano ryiza kuruta iryabo.’—ABAHEBURAYO 8:6, NW.
1. Ni nde yabonetse ko ari rwa ‘rubuto rw’umugore’ rwatangwako umuhango muri Edeni, kandi ni gute ‘yafyonyowe mu gitsintsiri’?
AHO Adamu na Eva bamariye gucumura, Yehova yarasomeye urubanza Shetani uwari yahenze Eva, ati: ‘Nzoshira inyankane hagati yawe n’umugore, no hagati y’urubuto rwawe n’urubuto rwiwe. [Runo] azogufyonyora mu mutwe, nawe uzomufyonyora mu gitsintsiri.’ (Itanguriro 3:15, NW) Igihe Yezu yabatizwa mu Ruzi Yorodani mu 29 G.C., rwa Rubuto rwatangwako umuhango muri Edeni amaherezo rwari rubonetse. Aho apfiriye ku giti c’ukubabarizwako mu 33 G.C., hari igice c’ubwo buhanuzi bwa kera cari gisohojwe. Shetani yari ‘afyonyoye igitsintsiri’ c’urwo Rubuto.
2. Dukurikije amajambo ya Yezu ubwiwe, ni gute urupfu rwiwe rwungura abana b’abantu?
2 Tugahirwa, urwo ruguma naho rwababaza bimwe bibaga, ntirwari urwamaho. Yezu yarazuwe mu bapfuye ari impwemu idahwera hanyuma aduga kwa Se wiwe mw ijuru, ashikana agaciro k’amaraso yiwe yasesetse nk’ “incungu ya benshi.” Gutyo, amajambo ubwiwe yivugiye yararangutse: “Umwana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo umwemera wese aronke ubuzima budahera. Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, ngo umwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera.” (Matayo 20:28; Yohana 3:14-16, Ubwuzure Bushasha; Abaheburayo 9:12-14) Isezerano risha rirangura uruhara ngenderwako mw isohozwa ry’ubuhanuzi Yezu yatanze.
Rya Sezerano Risha
3. Ni ryari rya sezerano risha ryabonwa ririko rirakora ari bwo bwa mbere?
3 Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yabwiye abayoboke biwe yuko amaraso yiwe yosheshwe ari ‘amaraso y’isezerano [risha].’ (Matayo 26:28; Luka 22:20) Imisi cumi inyuma y’aho adugiye mw ijuru, nya sezerano risha vyarabonywe ko ririko rirakora igihe impwemu yera yasukīrwa ku bigishwa nk’120 bari batororokaniye mu cumba co hejuru, i Yeruzalemu. (Ivyakozwe 1:15; 2:1-4) Kuzanwa mw isezerano risha kw’abo bigishwa 120 vyerekanye ko ico gihe isezerano ‘rya mbere,’ rimwe ry’Ivyagezwe, ritari rigikoze.—Abaheburayo 8:13.
4. Mbega rya sezerano rya kera ryarananiwe? Sigura.
4 None isezerano rya kera ryarananiwe? Habe namba. Ego niko, kubera ko ico gihe ryari risubiriwe n’irindi, Isirayeli yo ku mubiri ntiyari ikiri igisata Imana yiharije. (Matayo 23:38) Ariko ivyo vyari vyavuye ku bugaba bwa Isirayeli n’uko yari yataye Uwasizwe wa Yehova. (Kuvayo 19:5; Ivyakozwe 2:22, 23) Ariko imbere y’uko Ivyagezwe bisubirirwa, vyararanguye vyinshi. Vyaramaze ibinjana n’ibindi bitanga uburyo bwo kwegera Imana no kwirinda idini y’ikinyoma. Vyarimwo ivyerekeza kw isezerano risha, kandi kubera vyasaba ibimazi biguma bitangwa, vyarerekanye ukuntu umuntu akeneye bimwe bibi gucungurwa agakizwa icaha n’urupfu. Si ivy’imbeshere, Ivyagezwe vyari ‘umurezi arera kugeza kuri Kristo.’ (Ab’i Galatiya 3:19, 24; Abaroma 3:20; 4:15; 5:12; Abaheburayo 10:1, 2) Ariko rero, biciye kw isezerano risha ni ho umugisha wasezeraniwe Aburahamu worangutse bimwe vyuzuye.
Amahanga Aronswa Imigisha Biciye ku Rubuto rwa Aburahamu
5, 6. Mu gusohozwa kwo mu vy’impwemu kw’ishimikiro kwa rya sezerano rya Aburahamu, Urubuto rwa Aburahamu ni nde, kandi ni ihanga irihe ryabaye irya mbere mu kuronka umugisha biciye kuri rwo?
5 Yehova yahaye Aburahamu uwu muhango: “Mu [rubuto, NW] rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi [azokwiheshereza] umugisha.” (Itanguriro 22:18) Mu gihe c’isezerano rya kera, abanyamahanga benshi b’imitima yicisha bugufi barahawe imigisha biciye ku kwifatanya na Isirayeli, urubuto rwa Aburahamu rugizwe n’ihanga. Ariko rero, mw isohozwa ryo mu vy’impwemu ry’ishimikiro, urwo Rubuto rwa Aburahamu yari umuntu umwe atagira agasembwa. Paulo ivyo yarabisiguye igihe yavuga ati: ‘Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’urubuto rwiwe. Ntiyavuze, it’Imbuto; nk’ūvuga benshi: yamara yavuze nk’ūvuga umwe, iti N’urubuto rwawe; ni rwo Kristo.’—Ab’i Galatiya 3:16.
6 Egome, Yezu ni we Rubuto rwa Aburahamu, kandi biciye kuri we amahanga araronka umugisha uruta kure n’iyo ikintu cose cashobokera Isirayeli yo ku mubiri. Si ivy’imbeshere, ihanga rya mbere ryaronse uwo mugisha ni Isirayeli ubwayo. Vuba inyuma ya Pentekote yo mu 33 G.C., intumwa Petero yabwiye umugwi w’Abayuda iti: “Namwe mur’abana b’abāvugishwa n’Imana, kandi mur’ab’isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ibarira Aburahamu, iti Mu [rubuto, NW] rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha. Ni mwebge Imana yatanguye gutumak’Umushumba wayo imaze kumuzura, kugira ngw abahe umugisha, abahindure, umuntu wese ave mu bibi vyiwe.”—Ivyakozwe 3:25, 26.
7. Ni amahanga ayahe yahawe umugisha biciye kuri Yezu, we Rubuto rwa Aburahamu?
7 Mu nyuma gatoyi, uwo mugisha warashikanywe ku Basamariya, hanyuma na ho ku Banyamahanga. (Ivyakozwe 8:14-17; 10:34-48) Ku gihe kinaka hagati yo mu 50 no mu 52 G.C., Paulo yarandikiye Abakirisu b’i Galatiya muri Aziya Ntoya, ati: “Ivyanditswe vyabimenye bitaraba yukw Imana [izokwita abagororotsi] abanyamahanga kubg’ukwizera, bibarira Aburahamu ubutumwa bgiza bg’ibitaraba, biti Muri wewe ni ho amahanga yose azohērwa umugisha. Nukw abīshimira ukwizera bahabga umugisha hamwe na Aburahamu yizera.” (Ab’i Galatiya 3:8, 9; Itanguriro 12:3) Naho Abakirisu benshi b’i Galatiya bari “abanyamahanga,” barahawe umugisha biciye kuri Yezu kubera ukwizera kwabo. Mu buryo ki?
8. Ku Bakirisu bo mu gihe ca Paulo, guhabwa umugisha biciye ku Rubuto rwa Aburahamu vyarimwo n’iki, kandi ni bangahe amaherezo bahabwa uwo mugisha?
8 Paulo yabwiye Abakirisu b’Abagalatiya bo mu mico iyo ari yo yose, ati: “Ko mur’aba Kristo, mur’[urubuto] rwa Aburahamu, mur’abaragwa nk’uko vyasezeranywe.” (Ab’i Galatiya 3:29) Kuri abo Bagalatiya, muri uwo mugisha woje biciye ku Rubuto rwa Aburahamu harimwo n’ivy’ukuba abafise uruhara mw isezerano risha n’ukuba abaraganwa na Yezu, abifatanya na Yezu muri rwa rubuto rwa Aburahamu. Ntituzi abanyagihugu ba Isirayeli ya kera. Ico tuzi gusa ni uko bahavuye baba “isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga.” (1 Abami 4:20) Ariko rero, turazi koko igitigiri ntabanduka c’abifatanya na Yezu mu rubuto rwo mu vy’impwemu—ni 144 000. (Ivyahishuriwe 7:4; 14:1) Abo 144 000 bava mu “miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose” vy’abantu, kandi bakajamwo mu kuronsa abandi basigaye imigisha yo mw isezerano rya Aburahamu.—Ivyahishuriwe 5:9.
Ubuhanuzi Bwasohojwe
9. Ni mu buryo ki abo mw isezerano risha bafise icagezwe ca Yehova imbere muri bo?
9 Igihe Yeremiya yamenyesha ivy’isezerano risha, yanditse ati: “Iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’iyo misi, ni jewe [Yehova] mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika.” (Yeremiya 31:33) Akaranga k’abo muri iryo sezerano risha ni uko bakorera Yehova bivuye ku rukundo. (Yohana 13:35; Abaheburayo 1:9) Ivyagezwe vya Yehova vyanditswe mu mutima wabo, kandi baripfuza n’ubwira bwinshi gukora ukugomba kwiwe. Ego niko, muri Isirayeli ya kera hariho abantu bamwebamwe b’abizerwa bakunda cane ivyagezwe vya Yehova. (Zaburi 119:97) Ariko benshi ntibabikunze. Yamara bagumye ari umuce w’iryo hanga. Nta n’umwe ashobora kuguma muri iryo sezerano risha mu gihe itegeko ry’Imana ritanditswe mu mutima wiwe.
10, 11. Ku bo mw isezerano risha, ni mu buryo ki Yehova ‘aba Imana yabo,’ kandi ni mu buryo ki bose bazomumenya?
10 Yehova yarongeye kuvuga ku biraba abo bari mw isezerano risha, ati: “Nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.” (Yeremiya 31:33) Muri Isirayeli ya kera, abenshi barasenze imana z’amahanga, ariko bagumye ari Abisirayeli. Yehova yishimikije iryo sezerano risha, yararemye ihanga ryo mu vy’impwemu, “Abisirayeli b’Imana,” ngo risubirire Isirayeli yo ku mubiri. (Ab’i Galatiya 6:16; Matayo 21:43; Abaroma 9:6-8) Ariko rero, nta n’umwe aguma ari muri iryo hanga rishasha ryo mu vy’impwemu mu gihe aretse gusenga Yehova, kumusenga we musa.
11 Yehova yavuze kandi ati: “Bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye.” (Yeremiya 31:34) Muri Isirayeli, benshi Yehova baramwikuyemwo, mu vy’ukuri bagasa nk’abavuga bati “Ari ciza ari kibi, [Yehova] nta co azokora.” (Zefaniya 1:12) Nta n’umwe aguma ari uwo muri Isirayeli y’Imana mu gihe yikuyemwo Yehova canke akanduza ugusenga gutyoroye. (Matayo 6:24; Ab’i Kolosayi 3:5) Abisirayeli bo mu vy’impwemu ni “abantu bazi Imana yabo.” (Daniyeli 11:32) Baraterwa akanyamuneza no ‘kumenya Imana yonyene y’ukuri na Yezu Kirisitu.’ (Yohana 17:3) Kumenya Yezu bituma ukumenya Imana kwabo kuba ukwimbitse kubera ko, mu buryo budasanzwe, Yezu ‘ari we yamenyesheje Imana.’—Yohana 1:18; 14:9-11.
12, 13. (a) Yehova aharira ivyaha vy’abo mw isezerano risha yishimikije iki? (b) Ku vyo guharirwa ivyaha, ni gute isezerano risha riruta cane rya sezerano rya kera?
12 Ubwa nyuma, Yehova yatanze uwu muhango: “Nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’icaha cabo sinzocibuka ukundi.” (Yeremiya 31:34b) Ivyagezwe vya Musa vyarimwo amabwirizwa amajana yanditswe, ayo Abisirayeli baratewe akamo ngo bagamburuke. (Gusubira mu Vyagezwe 28:1, 2, 15) Abo bose barenga kuri ivyo Vyagezwe barashikana ibimazi vyo gupfuka ivyaha vyabo. (Abalewi 4:1-7; 16:1-31) Abayuda benshi bahavuye biyumvīra ko bashobora kuba abagororotsi biciye ku bikorwa vyabo bwite nk’uko vyasabwa n’Ivyagezwe. Abakirisu ariko baratahura ko badashobora kwigera baca ubugororotsi biciye ku bikorwa vyabo bwite. Ntibashobora kwirinda gukora icaha. (Abaroma 5:12) Mu gihe c’isezerano risha, kugira igihagararo ciza imbere y’Imana bishoboka gusa hishimikijwe inkuka Yezu yatanze. Ariko rero, igihagararo mwen’ico ni ingabirano, ubuntu tutabereye buva ku Mana. (Abaroma 3:20, 23, 24) Yehova n’ubu araka abasuku biwe ukugamburuka. Paulo avuga ko abo mw isezerano risha ‘baganzwa n’itegeko rya Kirisitu.’—1 Ab’i Korinto 9:21.
13 Ku bw’ico, no ku Bakirisu nyene, hariho inkuka itangirwa icaha, ariko ikaba iyifise agaciro kanini kure n’iyo kuruta vya bimazi vyatangwa mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe. Paulo yanditse ati: “Umuherezi wese [mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe] ahagarara uko bukeye akora ivy’ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ivyaha na mba. Arik[o Yezu] we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana.” (Abaheburayo 10:11, 12) Kubera ko Abakirisu mw isezerano risha bagaragaza ukwizera inkuka ya Yezu, Yehova abita abagororotsi, abatagira icaha, kandi gutyo bagashobora gusīgwa ngo babe abana biwe bo mu vy’impwemu. (Abaroma 5:1; 8:33, 34; Abaheburayo 10:14-18) Igihe bakoze icaha biturutse ku gasembwa k’umuntu, barashobora gusaba uguharirwa na Yehova, kandi Yehova akabaharira yishimikije inkuka Yezu yatanze. (1 Yohana 2:1, 2) Ariko rero, mu gihe bahisemwo ingendo y’ugukora icaha n’ibigirankana, baratakaza igihagararo cabo c’ubugororotsi hamwe n’agateka ko kuba abafise uruhara muri rya sezerano risha.—Abaheburayo 2:2, 3; 6:4-8; 10:26-31.
Isezerano rya Kera na Risha
14. Ni ugukebwa ukuhe kwasabwa mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe? mu gihe c’isezerano risha na ho?
14 Abagabo mw isezerano rya kera barakebwa, kikaba ikimenyetso c’uko baganzwa n’Ivyagezwe. (Abalewi 12:2, 3; Ab’i Galatiya 5:3) Inyuma y’aho ikorane rya gikirisu ritanguriye, hari abiyumviriye ko Abakirisu batari Abayuda na bo nyene bakwiye gukebwa. Ariko intumwa n’abakurambere i Yeruzalemu, bayobowe n’Ijambo ry’Imana hamwe n’impwemu yera, barategereye ko ivyo bitari ngombwa. (Ivyakozwe 15:1, 5, 28, 29) Inyuma y’imyaka mikeyi, Paulo yavuze ati: “Umuyuda wo ku rukoba [si] we Muyuda; kand’ugukebga kwo ku rukoba kwo ku mubiri [si] kwo gukebga. Arik’Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda, kandi gukebga n’ukw’umutima, n’ukwo mu buryo bg’impwemu, [si] ukwo mu buryo bw’inyuguti.” (Abaroma 2:28, 29) Ugukebwa kw’umubiri, no ku Bayuda b’umubiri nyene, nta kandi gaciro ko mu vy’impwemu kwari gufise mu nyonga za Yehova. Ku bo mw isezerano risha, umutima ni wo utegerezwa gukebwa, si umubiri. Ikintu cose co mu kwiyumvira kwabo, mu vyipfuzo vyabo no mu bibavyurira ingiro gisesemanye canke gihumanye mu nyonga za Yehova, gitegerezwa kuvanwaho.a Benshi muri iki gihe ni igishingantahe kizima c’ububasha impwemu yera ifise bwo guhindura uburyo bwo kwiyumvira muri iyo nzira.—1 Ab’i Korinto 6:9-11; Ab’i Galatiya 5:22-24; Abanyefeso 4:22-24.
15. Usanga bimeze gute ugereranije Isirayeli yo ku mubiri na Isirayeli y’Imana ku vyerekeye ubutegetsi bwa cami?
15 Mu ndinganizo y’isezerano ry’Ivyagezwe, Yehova yari Umwami wa Isirayeli, hanyuma arahava akoresha ukugaba n’ukuganza kwiwe biciye ku bami ba kimuntu i Yeruzalemu. (Yesaya 33:22) Yehova kandi ni Umwami wa Isirayeli y’Imana, Isirayeli yo mu vy’impwemu, kandi guhera mu 33 G.C. araganza biciye kuri Yezu Kirisitu, uwahawe “ububasha bgose mw ijuru no mw isi.” (Matayo 28:18; Abanyefeso 1:19-23; Ab’i Kolosayi 1:13, 14) Muri iki gihe, Isirayeli y’Imana iremera Yezu Kirisitu ko ari Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw ijuru, ubwashinzwe mu 1914. Yezu ni Umwami mwiza cane kuruta mbere uko Hezekiya, Yosiya, n’abandi bami bizerwa ba Isirayeli ya kera bari bameze.—Abaheburayo 1:8, 9; Ivyahishuriwe 11:15.
16. Isirayeli y’Imana ni ubuherezi bumeze gute?
16 Isirayeli ntiyari ubwami vyonyene, ahubwo kandi yari ifise ubuherezi bwasīzwe. Mu 33 G.C., Isirayeli y’Imana yasubiriye Isirayeli yo ku mubiri, hanyuma iba ‘umusavyi’ wa Yehova, “ivyabona” vyiwe. (Yesaya 43:10) Amajambo Yehova yabwiye Isirayeli yanditswe muri Yesaya 43:21 no muri Kuvayo 19:5, 6, kuva ubwo rero yaraba Isirayeli y’Imana, yo mu vy’impwemu. Ihanga ry’Imana risha ryo mu vy’impwemu ryari ribaye rero ‘ubwoko bwatoranijwe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije,’ bajejwe ‘kumenyesha mu makungu ivyiza bihebuje vya Yehova.’ (1 Petero 2:9) Bose muri Isirayeli y’Imana, abagabo n’abagore, bagize ubuherezi bufatiwe hamwe. (Ab’i Galatiya 3:28, 29) Nk’uko bagize umuce ugira kabiri w’urubuto rwa Aburahamu, ubu bavuga bati: “Yemwe banyamahanga, ni munezeranwe n’abantu bayo.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:43) Abo muri Isirayeli yo mu vy’impwemu bakiri kw isi bagize “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Umuntu ashobora gukorera Imana umurimo mweranda yemera ari uko gusa yifatanije na bo.
Ubwami bw’Imana —Isohozwa rya Nyuma
17. Ni ukuvuka nyabaki kuba ku bo mw isezerano risha?
17 Abisirayeli bavutse inyuma yo mu 1513 B.G.C. baje mw isezerano ry’Ivyagezwe bakivuka. Abo Yehova ashira muri iryo sezerano risha na bo nyene baravuka—ku biberekeye bavuka mu buryo bw’impwemu. Yezu ivyo yarabicishijemwo kuri wa Mufarisayo Nikodemo igihe yavuga ati: “N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.” (Yohana 3:3) Ba bigishwa 120 kuri Pentekote yo mu 33 G.C. ni bo bantu ba mbere b’abanyagasembwa bavutse gutyo bundi busha. Kubera ko bitwa abagororotsi munsi y’isezerano risha, baronse impwemu yera nk’ ‘ingwati’ y’intoranwa yabo ya cami. (Abanyefeso 1:14) ‘Bavyawe n’impwemu’ ngo babe abana barerano b’Imana, bikaba vyabagize abavukanyi ba Yezu, bakabona kuba “abaraganwa na Kristo.” (Yohana 3:6; Abaroma 8:16, 17) ‘Ukuvuka ubwa kabiri’ kwabo kwarugururiye inzira ivyizero vy’igitangaza.
18. Ukuvuka ubwa kabiri bitanga inzira y’ivyizero vy’igitangaza ibihe ku bo mw isezerano risha?
18 Igihe Yezu yakandira isezerano risha, yaragize isezerano ry’inyongera n’abigishwa biwe, mu kuvuga ati: ‘Ngiranye namwe isezerano, nk’uko nyene Data yagiranye isezerano nanje, ku bw’Ubwami.’ (Luka 22:29, NW) Iryo sezerano ry’Ubwami riratunganya ibintu kugirango habe isohora ry’iyerekwa ry’agatangaza ryanditswe muri Daniyeli 7:13, 14, 22, 27. Daniyeli yabonye “uwusa n’Umwana w’umuntu” ahabwa ububasha bwa cami na “wa Wundi wa mbere na mbere,” Yehova Imana. Maze, Daniyeli yabonye yuko “abera begukira ubgami.” Yezu ni we “[asa] n’Umwana w’umuntu,” uwaronse Ubwami bwo mw’ijuru mu 1914, abuhawe na Yehova Imana. Abigishwa biwe basizwe impwemu ni “abera” basangira na we ubwo Bwami. (1 Ab’i Tesalonike 2:12) Gute?
19, 20. (a) Ku bo mw isezerano risha, umuhango Yehova yahaye Aburahamu uzogira isohora irihe rya nyuma, ry’ubwiza bwinshi? (b) Ni ikindi kibazo ikihe gikeneye kurimburwa?
19 Inyuma y’ugupfa kwabo, abo basizwe barazurwa mu bapfuye, nka kumwe kwa Yezu, bakaba ibiremwa vy’impwemu bidahwera bo gukorana na we nk’abami n’abaherezi mw ijuru. (1 Ab’i Korinto 15:50-53; Ivyahishuriwe 20:4, 6) Mbega icizigiro c’ubwiza bwinshi! “Bazoba abami [baganza] isi,” atari ca gihugu ca Kanani conyene. (Ivyahishuriwe 5:10) Mbega ‘bazokwegukira amarembo y’abansi babo’? (Itanguriro 22:17) Egome, kandi mu buryo bw’intasubirwamwo, igihe bazibonera ihonywa rya wa mumaraya mubi wo mu vy’idini, Babiloni Hahambaye, n’igihe abo basizwe bazuwe bazofadikanya na Yezu mu kuragiza amahanga “inkoni y’icuma” no mu gufyata umutwe wa Shetani. Bazoba rero bagize uruhara mu gusohoza ido n’ido rya nyuma rya bwa buhanuzi bwo mw Itanguriro 3:15.—Ivyahishuriwe 2:26, 27; 17:14; 18:20, 21; Abaroma 16:20.
20 Mugabo, twoshobora kubaza, duti None rya sezerano rya Aburahamu hamwe na rya sezerano risha birimwo ubwo bugingo bwizerwa 144 000 gusa? Oya, hariho abandi batari muri ayo masezerano mu buryo burashe bazohabwa imigisha biciye kuri bo, nk’uko tuja kubibonera mu kiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Auxiliaire pour une meilleure intelligence de la Bible, urupapuro 304, 305, casohowe na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
Woba Uvyibuka?
◻ Ni ryari isezerano rya kera ryabonywe ko ririko rikora ari bwo bwa mbere?
◻ Ni ibiki vyaranguwe biciye mw isezerano rya kera?
◻ Ni nde ari Urubuto rwa Aburahamu ubwa mbere na mbere, kandi amahanga yahawe imigisha mu rukurikirane uruhe biciye kuri urwo Rubuto?
◻ Kuri ba bandi 144 000, isohora rya nyuma ni irihe ry’isezerano rya Aburahamu n’isezerano risha?