Izindi Ntama na rya Sezerano Risha
“Abanyamahanga . . . umuntu wese aziririza isabato ntayikēngēre, akabangiriza isezerano ryanje, abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera.”—YESAYA 56:6, 7.
1. (a) Nk’uko Yohani yavyeretswe, ni ibiki birangurwa mu gihe imiyaga y’urubanza rwa Yehova ifatiriwe? (b) Ni ishengero ry’agatangaza irihe Yohani yabonye?
MW IYEREKWA rigira kane ryo mu gitabu c’Ivyahishuriwe, intumwa Yohani yabonye imiyaga y’ihonya y’urubanza rwa Yehova ifatiriwe mu gihe ukudomwako ikimenyetso kw’abagize ‘Isirayeli y’Imana’ bose kwariko kuranonosorwa. Abo ni bo ba mbere mu guhabwa umugisha biciye kuri Yezu, we muce nyamukuru w’urubuto rwa Aburahamu. (Ab’i Galatiya 6:16; Itanguriro 22:18; Ivyahishuriwe 7:1-4) Muri iryo yerekwa nyene, Yohani yabonye “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, . . . basemerera n’ijwi rirenga, bat’Agakiza [tugakesha] Imana yacu ivyagiye kur’irya ntebe [n’]Umwagazi w’Intama.” (Ivyahishuriwe 7:9, 10) Mu kuvuga, ngo “Agakiza [tugakesha] . . . Umwagazi w’Intama,” ishengero ryinshi riba ryerekanye ko na bo nyene bahawe umugisha biciye ku Rubuto rwa Aburahamu.
2. Ni ryari ishengero ryinshi ryaserutse, kandi rigenekerezwa gute?
2 Iryo shengero ryinshi ryamenyekanye mu 1935, muri iki gihe rikaba rigera ku barenze imiliyoni zitanu. Kubera ko bashizweko ikimenyetso c’ukurokoka ya marushwa ahambaye, abarigize bazoshirwa ku ruhande ngo baronke ubuzima budashira igihe Yezu azogabura “intama” n’ “impene.” Abakirisu bo muri rya shengero ryinshi bari muri za “zindi ntama” zavugwa mu mugani Yezu yaciye w’impongore. Bizigiye kubaho ibihe bidashira kw isi y’iparadizo.—Matayo 25:31-46; Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
3. Abakirisu basizwe batandukanye gute n’izindi ntama ku biraba isezerano risha?
3 Kuri bamwe 144 000, umugisha wo mw isezerano rya Aburahamu utangwa biciye muri rya sezerano risha. Kubera ko ari abafise uruhara muri iryo sezerano, baraheza ‘bakaza munsi y’ubuntu tutabereye’ kandi ‘bakaganzwa n’icagezwe cerekeye Kirisitu.’ (Abaroma 6:15; 1 Ab’i Korinto 9:21) Ku bw’ico, bamwe 144 000 bo muri Isirayeli y’Imana ni bo bonyene bama barya ku bimenyetso vy’Icibutso c’urupfu rwa Yezu mu buryo bukwiriye, kandi abo gusa ni bo Yezu yagiranye na bo isezerano ryiwe kubera Ubwami. (Luka 22:19, 20, 29) Abagize ishengero ryinshi ntibafise uruhara mw isezerano risha. Ariko rero, barifatanya na Isirayeli y’Imana kandi bakabana na bo mu “gihugu” cabo. (Yesaya 66:8) Ni ibitegereka rero kuvuga ko na bo nyene baheza bakaza munsi y’ubuntu tutabereye bwa Yehova kandi bakaganzwa n’icagezwe cerekeye Kirisitu. Naho atari abafise uruhara muri rya sezerano risha, ni abaryungukirako.
“Abanyamahanga” na ‘Isirayeli y’Imana’
4, 5. (a) Dukurikije Yesaya, ni umugwi uwuhe wokenuriye Yehova? (b) Ni gute ibiri muri Yesaya 56:6, 7 birangukira kw ishengero ryinshi?
4 Umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “Abanyamahanga bīfatanya nanje [Yehova] kugira ngo bankorere, bakunde izina ryanje, babe abasavyi banje, umuntu wese aziririza isabato ntayikēngēre, [akishira munsi y’]isezerano ryanje, abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje.” (Yesaya 56:6, 7) Muri Isirayeli, ivyo vyasobanura ko “abanyamahanga,” abatari Abisirayeli, bosenze Yehova—bagakunda izina ryiwe, bakumvira ivyatunganijwe mw isezerano ry’Ivyagezwe, bakaziririza Isabato, kandi bagashikana ibimazi mu rusengero, “inzu yo gusengeramwo” y’Imana.—Matayo 21:13.
5 Muri iki gihe, abo ‘banyamahanga bifatanije na Yehova’ ni rya shengero ryinshi. Abo barakenurira Yehova bifatanije na Isirayeli y’Imana. (Zekariya 8:23) Bashikana ibimazi vyemerwa nka bimwe nyene vya Isirayeli y’Imana. (Abaheburayo 13:15, 16) Basengera mu rusengero rw’Imana rwo mu vy’impwemu, “inzu yo gusengeramwo” yayo. (Gereranya na Ivyahishuriwe 7:15.) Boba baguma baziririza ya Sabato ya buri yinga? Si abasizwe, si izindi ntama, ivyo ntibasabwa kubigira. (Ab’i Kolosayi 2:16, 17) Ariko rero, Paulo yabwiye Abakirisu b’Abaheburayo basizwe, ati: “Haracarih’uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana. Kuk’ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.” (Abaheburayo 4:9, 10) Abo Baheburayo binjiye muri ubwo ‘buruhukiro bw’isabato’ igihe biyorohereza “ukugororoka kuva ku Mana” kandi bakaruhuka ivy’ukugerageza kwigira intungane bakoresheje ibikorwa vy’Ivyagezwe. (Abaroma 10:3, 4) Abakirisu basizwe b’Abanyamahanga barironkera ubwo buruhukiro nyene mu kwiyorohereza ukugororoka kuva kuri Yehova. Ishengero ryinshi ririfatanya na bo muri ubwo buruhukiro.
6. Ni gute izindi ntama muri iki gihe zishira munsi y’isezerano risha?
6 Ikindi, izindi ntama barishira munsi y’isezerano risha nk’uko nyene abanyamahanga ba kera bishira munsi y’isezerano ry’Ivyagezwe. Mu buryo nyabaki? Si mu gucika abafise uruhara muri ryo, ahubwo mu kuyobokera amategeko ajana na ryo no mu kwungukira ku ndinganizo zaryo. (Gereranya na Yeremiya 31:33, 34.) Nka kumwe kwa bagenzi babo basizwe, izindi ntama barafise itegeko rya Yehova ryanditswe ‘mu mutima wabo.’ Barakunda cane kandi bakumvira amabwirizwa n’ingingo vya Yehova. (Zaburi 37:31; 119:97) Nka kumwe kw’Abakirisu basizwe, barazi Yehova. (Yohana 17:3) Ugukebwa kwo bite? Imyaka nk’1 500 imbere y’uko hagirwa isezerano risha, Musa yahimirije Abisirayeli ati: ‘Mutegerezwa kugenyera igishishwa co ku mitima yanyu.’ (Gusubira mu Vyagezwe 10:16, NW; Yeremiya 4:4) Naho ukugenyerwa kw’umubiri kwo kw itegeko kwarangiranye n’Ivyagezwe, abasizwe hamwe n’izindi ntama bose bategerezwa ‘kugenyera’ imitima yabo. (Abakolosayi 2:11) Amaherezo, Yehova araharira ukugabitanya kw’izindi ntama yishimikije ‘ya maraso y’isezerano’ ya Yezu yaseswa. (Matayo 26:28; 1 Yohana 1:9; 2:2) Imana ntibakira nk’abana bo mu vy’impwemu, nk’uko ibigirira bamwe 144 000. Ariko yīta izindi ntama abagororotsi, muri bwa buryo Aburahamu yitwa umugororotsi akaba umukunzi w’Imana.—Matayo 25:46; Abaroma 4:2, 3; Yakobo 2:23.
7. Ni icizero nyabaki cugurukira izindi ntama muri iki gihe, izitwa abagororotsi nk’uko Aburahamu yiswe?
7 Kuri bamwe 144 000, kwitwa abagororotsi birabugururira inzira yo kugira icizigiro co kuganza bari kumwe na Yezu mu Bwami bw’ijuru. (Abaroma 8:16, 17; Ab’i Galatiya 2:16) Kuri za zindi ntama, kwitwa abagororotsi bakaba abakunzi b’Imana birabaronsa uburyo bwo kugira icizigiro c’ubuzima budashira mw isi y’iparadizo—haba mu kurokoka Harumagedoni bari muri rya shengero ryinshi canke biciye kuri rya ‘zuka ry’abagororotsi.’ (Ivyakozwe 24:15) Mbega agateka ko kugira icizigiro nk’ico no kuba umukunzi wa Segaba wa vyose, “[gu]sembera mw ihema [ryiwe]”! (Zaburi 15:1, 2) Egome, abasizwe n’izindi ntama bose barahabwa imigisha mu buryo bw’igitangaza biciye kuri Yezu, rwa Rubuto rwa Aburahamu.
Umusi w’Impongano Uhambaye Kuruta
8. Ni igiki cagereranywa na wa Musi w’Impongano mu gihe c’Ivyagezwe?
8 Igihe Paulo yariko asigura ivy’isezerano risha, yaribukije abasomyi biwe ivya wa Musi w’Impongano wagirwa buri mwaka mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe. Kuri uwo musi, haratangwa ibimazi bitandukanijwe—kimwe kigatangwa ku bw’umuryango w’abaherezi wa Lewi, ikindi kigatangwa ku bw’imiryango 12 itari iy’abaherezi. Ivyo bimaze igihe kirekire bisigurwa ko vyagereranya ikimazi gihambaye Yezu yatanze cokwunguye bamwe 144 000 bafise icizigiro c’ijuru hamwe na ya mamiliyoni bafise icizigiro c’isi.a Paulo yarerekanye ko mw isohora ryawo, ivyiza biva kuri ca kimazi ca Yezu bitangwa biciye ku Musi w’Impongano uhambaye kuruta uba mu gihe c’isezerano risha. Yezu kubera ko ari we Muherezi Mukuru w’uwo musi uhambaye kuruta, yatanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa ngo bube ikimazi c’impongano kugirango aronkere abantu ‘ugucungurwa kw’ibihe bidashira.’—Abaheburayo 9:11-24.
9. Kubera bari mw isezerano risha, ni ibiki Abakirisu b’Abaheburayo bashoboye kwakira?
9 Abakirisu benshi b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere bari bagifise “ishaka ry’ivyagezwe [vya Musa].” (Ivyakozwe 21:20) Birakwiriye rero kubona Paulo yarabibukije ati: ‘[Yezu] aba umuhūza w’isezerano risha, kugira ngo abāhamagawe bahabwe umwandu udashira w’isezerano, bitewe n’uko habayeho urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n’isezerano rya mbere.’ (Abaheburayo 9:15) Isezerano risha ryarahaye umwidegemvyo Abakirisu b’Abaheburayo barakira isezerano rya kera, iryashira ku kabarore ubucumuzi bwabo. Bivuye kw isezerano risha, barashoboye kwakira “umwandu [w’ijuru] udashira w’isezerano.”
10. Abasizwe hamwe n’izindi ntama bashimira Imana ku biki?
10 ‘Uwo wese’ aheza ‘akagaragaza ukwizera Umwana’ azokwungukira kuri ya nkuka y’incungu. (Yohana 3:16, 36) Paulo yavuze ati: “Kristo . . . yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.” (Abaheburayo 9:28) Muri iki gihe, mu baronderana Yezu ubwira harimwo Abakirisu bakiri bazima basizwe bo muri Isirayeli y’Imana hamwe na ya mamiliyoni bagize ishengero ryinshi, abafise na bo nyene intoranwa y’ubuzima budashira. Iyo migwi yompi irashimira Imana kubera isezerano risha no kubera imigisha ntangabuzima iva kuri ryo, dushizemwo na wa Musi w’Impongano uhambaye kuruta hamwe n’igikenurwa c’Umuherezi Mukuru Yezu akorera Ahera Cane ho mw ijuru.
Bafise Vyinshi Bakora mu Busuku Bweranda
11. Kubera ko abasizwe hamwe n’izindi ntama bafise ijwi ryo mu mutima rihumanuwe biciye mu nkuka ya Yezu, ni igiki bose bakora banezerewe?
11 Mw ikete Paulo yandikiye Abaheburayo, yarashimitse ku gaciro karushirije k’inkuka Yezu yatanze mu ndinganizo y’isezerano risha nk’uko iyo nkuka yagereranywa n’amashikanwa yatangirwa ivyaha mu gihe c’isezerano rya kera. (Abaheburayo 9:13-15) Inkuka nziza kuruta Yezu yatanze irashobora ‘guhumanura ijwi ryacu ryo mu mutima kugirango ibikorwa vy’impfagusa birivemwo, tubone gukorera Imana nzima ubusuku bweranda.’ Ku Bakirisu b’Abaheburayo, mu ‘bikorwa vy’impfagusa’ harimwo ‘ibigabitanyo vyakozwe mu gihe c’isezerano rya mbere.’ Ku Bakirisu muri iki gihe, muri ivyo harimwo ivyaha vyakozwe kera, hakaba haragizwe ukwigaya nyakuri hanyuma Imana ikabiharira. (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Iyo ijwi ryo mu mutima ryabo rihumanuwe, Abakirisu basizwe barakorera ‘Imana nzima ubusuku bweranda.’ No kw ishengero ryinshi ni ko bimeze. Kubera ko bahumanuye ijwi ryabo ryo mu mutima biciye mu “maraso ya wa Mwagazi,” bari mu rusengero ruhambaye rw’Imana rwo mu vy’impwemu, ‘bayikorera ubusuku bweranda ku murango no mw ijoro.’—Ivyahishuriwe 7:14, 15.
12. Ni gute twerekana ko “twizeye ata mazinda”?
12 Vyongeye, Paulo yavuze ati: “Twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.” (Abaheburayo 10:22) Ni gute dushobora kwerekana ko “twizeye ata mazinda”? Paulo yahimirije Abakirisu b’Abaheburayo ati: “Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu [vy’ijuru] ntikunyiganyige, kuk’uwasezeranye ar’uwo kwizerwa, kandi twiyumviraneko, [ngo twoherereze kw] ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.” (Abaheburayo 10:23-25) Mu gihe ukwizera kwacu ari kuzima, na twebwe ‘ntituzoheba gukoranira hamwe.’ Tuzoterwa akanyamuneza no kwoherereza abavukanyi bacu kandi natwe twohererezwe na bo ku rukundo no ku bikorwa vyiza, vyongeye dukomezwe kugirango dukore ca gikorwa gihambaye co kwatura icese icizigiro dufise, caba ico kw isi canke ic’ijuru.—Yohana 13:35.
Rya ‘Sezerano ry’Ibihe Bidashira’
13, 14. Ni mu buryo ki isezerano risha ari iry’ibihe bidashira?
13 Bizogenda gute aba nyuma bo muri bamwe 144 000 nibashikira icizigiro cabo c’ijuru? Mbega rya sezerano risha ntirizoba rigikora? Ico gihe, nta muntu wo muri Isirayeli y’Imana azoba agisigaye kw isi. Abafise uruhara muri iryo sezerano bose bazoba bari kumwe na Yezu “mu bgami bga [Se].” (Matayo 26:29) Ariko turibuka aya majambo Paulo yavuze mw ikete yandikiye Abaheburayo: “Imana Nyen’amahoro, . . . yakū[ye] Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira.” (Abaheburayo 13:20, ni twe duhiritse izo ndome; Yesaya 55:3.) Ni mu buryo ki iryo sezerano risha ari iry’ibihe bidashira?
14 Ica mbere, ryo ntirimeze nka rya sezerano ry’Ivyagezwe, ntirizokwigera risubirirwa. Ikigira kabiri, ibiva ku gukora kwaryo ni ivy’intahava, nk’uko nyene ukuba umwami kwa Yezu kumeze. (Gereranya Luka 1:33 na 1 Ab’i Korinto 15:27, 28.) Ubwami bw’ijuru bufise ikibanza camaho mu migambi ya Yehova. (Ivyahishuriwe 22:5) Hanyuma ikigira gatatu, izindi ntama zizobandanya kwungukira ku ndinganizo y’iryo sezerano risha. Mu gihe c’Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, abantu b’abizerwa bazoguma ‘bakorera [Yehova] ubusuku bweranda ku murango no mw ijoro mu rusengero rwiwe’ nk’uko nyene babukora ubu. Yehova ntazokwongera kwibukiriza ivyaha vyabo bakoze kera vyahariwe hishimikijwe ‘amaraso y’isezerano’ ya Yezu. Bazobandanya kuguma bifitiye igihagararo c’ubugororotsi ari abakunzi ba Yehova, kandi itegeko ryiwe rizoba ricanditswe mu mitima yabo.
15. Dondora imigenderanire Yehova azoba afitaniye n’abamusenga bo kw isi, mw isi nshasha.
15 Yehova none azoshobora kuvuga ivy’abo basuku-bantu, ngo ‘Ndi Imana yabo, na bo bakaba abantu banje’? Ego. “Izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo.” (Ivyahishuriwe 21:3, ni twe duhiritse izo ndome.) Bazocika “urusago rw’aberanda,” abaserukira kw isi “ca gisagara gikundwa” ari co wa mugeni wo mw ijuru wa Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe 14:1; 20:9, UB; 21:2) Ivyo vyose bizoshoboka kubera ko bizeye ‘amaraso y’isezerano’ ya Yezu yasheshwe, n’uko biyorohereza abami n’abaherezi bo mw ijuru, abari bagize Isirayeli y’Imana igihe bari kw isi.—Ivyahishuriwe 5:10.
16. (a) Ni ibiki bizoshobokera abazuriwe kuba kw isi? (b) Ni imigisha iyihe izoza mu mpera za ya myaka igihumbi?
16 Abapfuye bazurwa kw isi bo bite? (Yohana 5:28, 29) Na bone bazotumirwa ngo ‘biheshe imigisha’ biciye kuri Yezu, rwa Rubuto rwa Aburahamu. (Itanguriro 22:18) Bazobwirizwa kandi gukunda izina rya Yehova, bamukenurire, bamushikanire ibimazi yemera, kandi bamukorere ubusuku bweranda mu nzu yiwe yo gusengeramwo. Abagenza gutyo bazokwinjira mu buruhukiro bw’Imana. (Yesaya 56:6, 7) Mu mpera ya ya myaka igihumbi, abizerwa bose bazoba bagizwe abantu batagira agasembwa biciye ku gikorwa ca Yezu Kirisitu hamwe na ba baherezi bagenziwe 144 000. Bazoba ari abagororotsi, atari gusa ukwitwa abagororotsi ngo babe abakunzi b’Imana. ‘Bazoba bazima,’ bakire rwose icaha n’urupfu barazwe na Adamu. (Ivyahishuriwe 20:5; 22:2) Mbega ukuntu uzoba ari umugisha! Nk’uko tubibona muri iki gihe, bisa n’uko igikorwa c’ubuherezi ca Yezu hamwe na babandi 144 000 kizoba rero carangutse. Imigisha iva ku Musi w’Impongano uhambaye kuruta izoba yakoreshejwe bimwe vyuzuye. Kandi, Yezu ‘azoshikiriza ubwami Imana Se.’ (1 Ab’i Korinto 15:24) Hazobaho isuzumwa rya nyuma ku bantu, hanyuma Shetani hamwe n’amademo yiwe bazohonywa ubutagisubira kubaho.—Ivyahishuriwe 20:7, 10.
17. Turavye umunezero uturindiriye, ni igiki umwe wese muri twebwe akwiye kwiyemeza kugira?
17 Ni uruhara uruhe, niba ruriho, rya ‘sezerano ry’ibihe bidashira’ rizorangura mu kiringo c’akanyamuneza kizoca gitangura? Ivyo twebwe nta vyo twovuga. Ivyo Yehova amaze guhishura kugeza ubu, birahagije. Biratuma twumva dukubiswe n’akoba. Ibaze nawe—kuronka ubuzima budashira turi umuce w’“ijuru risha n’isi nsha”! (2 Petero 3:13) Ntihakagire ikintu na kimwe gituma icipfuzo dufise co gutorana uwo muhango kigoyagoya. Guhagarara dushikamye bishobora kutaba ivyoroshe. Paulo yavuze ati: “Mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.” (Abaheburayo 10:36) Ibuka mugabo ko ingorane yose umuntu ategerezwa gutsinda, ukurwanywa kwose ategerezwa gutambuka, usanga ataco bivuze ubishize iruhande y’umunezero uturindiriye. (2 Ab’i Korinto 4:17) Ku bw’ico, ntihakagire n’umwe muri twebwe ‘yiyonjorora agahona.’ Ahubwo, twerekane ko ubwacu turi “abo mu bizera, ubugingo bga[cu] bugakizwa.” (Abaheburayo 10:39) Twese twizigire Yehova duherezeko, ya Mana y’amasezerano, ngo biheshe umwe wese muri twebwe umugisha uhoraho.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Comment assurer votre survie et hériter d’une nouvelle terre, casohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc.
Woba Wabitahuye?
◻ Turetse Abakirisu basizwe, ni bande bariko barahabwa umugisha biciye ku Rubuto rwa Aburahamu?
◻ Mu vy’ukuronswa umugisha biciye mw isezerano risha, ni mu buryo ubuhe izindi ntama zimeze nk’abakebanuke bo mw isezerano rya kera?
◻ Ni mu buryo ubuhe izindi ntama zihabwa umugisha biciye ku ndinganizo y’ivy’Umusi w’Impongano uhambaye kuruta?
◻ Ni kuki Paulo yise isezerano risha “isezerano ry’ibihe bidashira”?
[Uruzitiro ku rup. 30]
UBUSUKU BWERANDA MU RUSENGERO
Ishengero ryinshi rirasengana n’Abakirisu basizwe mu kigo c’urusengero rwo mu vy’impwemu ruhambaye rwa Yehova rwo kw isi. (Ivyahishuriwe 7:14, 15; 11:2) Nta mpamvu yotuma tuvuga yuko bari mu Kigo kiri ukwaco c’Abanyamahanga. Igihe Yezu yari kw isi, hariho Ikigo c’Abanyamahanga mu rusengero. Ariko rero, mu migero yahumetswe n’Imana y’urusengero rwa Salomo n’urwa Ezekiyeli, nta vyatunganijwe vy’uko haba Ikigo c’Abanyamahanga. Mu rusengero rwa Salomo, hariho ikigo co hanze aho Abisirayeli n’abakebanuke, abagabo n’abagore basengera bari hamwe. Iyo ni indorerwako menyeshakazoza y’ikigo co kw isi, c’urusengero rwo mu vy’impwemu, aho Yohani yabonye rya shengero ryinshi rikora ubusuku bweranda.
Ariko rero, abaherezi bonyene hamwe n’Abalewi ni bo bashobora kwinjira mu kigo c’imbere, aho igicaniro gikuru cari giherereye; abaherezi bonyene ni bo bashobora kwinjira Ahera; umuherezi mukuru wenyene na we akaba ari we yashobora kwinjira Ahera Cane. Ikigo c’imbere hamwe n’Ahera bitahurwa ko vyari igitutu c’imero yo mu vy’impwemu y’Abakirisu basizwe bari kw isi. Ahera Cane na ho hagereranya ijuru ubwaryo, aho Abakirisu basizwe baronkera ubuzima budahwera bari kumwe n’Umuherezi Mukuru wabo wo mw ijuru.—Abaheburayo 10:19, 20.