Ishirahamwe rya Yehova Rirashigikira Igikenurwa Cawe
“Mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira [bwo kumenyesha].”—IVYAHISHURIWE 14:6.
1. Ivyabona vya Yehova bageragejwe gute, kandi ni kubera iki ataco babaye?
NI KUKI bihambaye kumenya uruhara ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru rirangura mu gushigikira igikenurwa Abakirisu bakora? Mbega Ivyabona vya Yehova boshoboye gushitsa igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mw’isi mbi yose badashigikiwe n’inteko za Yehova zo mw’ijuru? Ivyabona baramaze ikinjana bakora igikorwa mwene ico mu gihe hari ivy’ukwiratira igihugu birenze urugero, intwaro z’agahotoro, intambara z’isi yose, n’ayandi mahano anyuranye. Iyo Ivyabona badafashwa na Yehova, ubwo none bari gushobora kurokoka umwikeko ukwiragiye mu bihugu, ivy’ukubara umuntu uko atari, hamwe n’uruhamo rukaze bagiye baratezwa kenshi?—Zaburi 34:7.
Ntaco Babaye Naho Barwanijwe kw’Isi Yose
2. Abakirisu b’ukuri bo mu kinjana ca mbere bahuriye he n’abo muri iki gihe?
2 Muri iki kinjana ca 20, abansi babo b’abanyamadini n’abanyapolitike baravyuye intambamyi zose zishoboka, baciye mu vy’amategeko canke ahandi, bagerageza gutangira canke kunigira mu menshi igikorwa ca Yehova. Abavukanyi n’abavukanyikazi b’Abakirisu barahamwe, baravugwa uko batari, bararegwa ibinyoma, eka baracokorwa—abatari bake mbere baricwa—kenshi
ivyo bigakwegwa n’abakuru b’amadini ya Babiloni Hahambaye. Nk’uko vyari ku Bakirisu ba mbere, abantu boshobora kuvuga bati: “ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.” Nk’uko nyene abakuru b’idini y’Abayuda bo mu gihe ca Kirisitu barwanye vyanke bikunde kugira ngo bahagarike igikenurwa ciwe, ni na ko abakuru b’amadini hamwe n’abahakanyi bafatanije n’abahabara babo b’abanyapolitike baragerageza kuniga igikorwa c’ugushinga intahe no kwigisha kirangurwa n’igisata ca Yehova.—Ivyakozwe 28:22; Matayo 26:59, 65-67.
3. Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku kutadohoka kwa Henryka Żur?
3 Fata nk’akarorero ivyabaye muri Polonye ku wa 1 Ntwarante 1946. Icabonakazi yitwa Henryka Żur w’imyaka 15 y’amavuka aturuka hafi y’i Chełm [soma kelm], yari yaherekeje uwundi muvukanyi w’Icabona nka we ngo baje kugendera abantu bashimishijwe mu kagari ko mu micungararo. Barafashwe n’abo mu kagwi ka gisirikare k’Abagatolika kitwa Narodowe Siły Zbrojne (Intwaramiheto z’Igihugu). Uwo muvukanyi yarakubiswe bimwe bibi, ariko ararokora igufa. Henryka we si ko vyamugendeye. Yarasinzikajwe amasaha menshi bagerageza kumuhata ngo akubite urumenyetso rw’umusaraba rw’Abagatolika. Umwe mu bariko baramusinzikaza yavuze ati: “Shaka ube wizera ivyo ugomba vyose, upfe gusa gukubita urumenyetso rw’umusaraba rw’Abagatolika. Ahandiho urusase rurakurindiriye!” Yoba yaracitse intege mu kutadohoka kwiwe? Oya. Ivyo bipfamutima b’abanyedini bamuburutiye mu kibira co hampande yaho baramurasa. Ariko uwo mukobwa yaratsinze! Bari bananiwe gusenyura ukutadohoka kwiwe.a—Abaroma 8:35-39.
4. Abanyapolitike n’abanyamadini bagerageje gute kuzimanganya igikorwa c’ukwamamaza Ubwami?
4 Haraheze imyaka irenga ijana abasavyi b’Imana bo mu gihe ca none bafatwa runyamaswa bakagirirwa n’ibiranga agakengerwe. Kubera ko Ivyabona vya Yehova batari kandi batipfuza kuba abo mu madini makurumakuru ya Shetani, babonwa nk’abakwiriye gusigwa iceyi cose canke kwiyamirizwa mu buryo bwose. Abanyapolitike barabarwanije runyamaswa. Hari Ivyabona benshi bishwe bazira ukwizera kwabo. N’intwaro nyene zitwa ko zikurikiza demokarasi zaragerageje gutangira iyamamazwa ry’inkuru nziza. Aho hambere mu 1917 muri Kanada no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abakuru b’amadini bararemetse ibirego Abatohoji ba Bibiliya—ari na ko Ivyabona bitwa ico gihe—ibirego vy’uko ngo ari abagumutsi. Abahagarikizi ba Watch Tower Society baratawe mu mvuto ku karenganyo, baja gusa kurekurwa mu nyuma.—Ivyahishuriwe 11:7-9; 12:17.
5. Ni amajambo ayahe yaremesheje abasavyi ba Yehova?
5 Shetani yarakoresheje uburyo bwose afise agerageza guhagarika igikorwa c’ugushinga intahe gikorwa n’abavukanyi ba Kirisitu hamwe na bagenzi babo b’intahemuka. Yamara, nk’uko ivyabaye vyinshi bivyerekana, kwaba uguhanamirwa, uguterwa ubwoba, ukugirirwa nabi ku mubiri, ugupfungwa, amakambi y’itunatuniro, canke mbere urupfu, nta cabujije Ivyabona vya Yehova kuvuga. Kandi ivyo ni ko vyamye kuva na kera na rindi. Incuro n’izindi, ya majambo Elisa yavuga yarabaremesheje, ayavuga ati: “Nta co utinya, kukw abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo.” Imwe mu mpamvu ni uko abamarayika b’abizerwa baruta kure n’iyo inteko za Diyabule!—2 Abami 6:16; Ivyakozwe 5:27-32, 41, 42.
Yehova Arahezagira Ubukwiririji Bugiranwa Umwete
6, 7. (a) Ni utwigoro utuhe twagizwe mu ntango two kwamamaza inkuru nziza? (b) Ni ihinduka ry’ingirakamaro irihe ryahabaye guhera mu 1943?
6 Muri iki kinjana ca 20, Ivyabona vya Yehova barakoresheje iterambere ryashitsweko mu vy’ubuhinga kugira ngo bāgure bongere banyarutse ico gikorwa kinini co gushinga intahe imbere yuko umuhero uza. Hambere mu 1914, Pasitori Russell uwabaye perezida wa mbere wa Watch Tower Bible and Tract Society, yarashizeho ikoreshwa rya mbere ry’amadiyapozitive hamwe n’amasenema ajana n’insobanuro zishingiye kuri Bibiliya, hakoreshejwe amakaseti akorana n’icuma ndekuramajwi (fonogarafe), mu cerekano kimara amasaha umunani ciswe “Daramu y’Amafoto y’Ivy’Irema.” Ico gihe yaratangaje abayirorereye mu bihugu vyinshi. Mu nyuma, mu myaka y’1930 no mu y’1940, ivyo Vyabona baramenyekanye biciye ku kwamamaza inkuru nziza bakoresheje ivyuma ndekuramajwi vyoroshe gutwara, bakoresha insiguro zishingiye kuri Bibiliya zifashwe ku makaseti zari zashikirijwe na J. F. Rutherford, uwabaye perezida wa kabiri wa Sosayiti.
7 Mu 1943, hari iyindi ntambwe nini yatewe ihagarikiwe na Nathan H. Knorr, uwabaye perezida wa gatatu wa Sosayiti, igihe hafatwa ingingo yo gushinga ishure ry’abakenuzi mw’ishengero rimwe ryose. Ivyabona bomenyerejwe kwamamaza inkuru nziza no kwigisha bava ku nzu baja ku yindi badakoresheje ivyo vyuma ndekuramajwi. Kuva ico gihe, ayandi mashure yaratunganijwe kugira ngo hamenyerezwe abamisiyonari, abakenuzi b’abapayiniya b’igihe cose, abakurambere b’amashengero, hamwe n’abacungezi bahagarikiye amashami ya Watch Tower Society. None vyimbutse iki?
8. Ni mu buryo ubuhe Ivyabona berekanye ukwizera gukomeye mu 1943?
8 Mu 1943, igihe Intambara ya Kabiri y’Isi Yose yari ishushe, hari Ivyabona 129 000 gusa bakorera mu bihugu 54. Yamara, bari bafise ukwizera n’umwiyemezo yuko Matayo 24:14 horangutse imbere y’uko umuhero uza. Bari baranyuzwe yuko Yehova yotumye ubutumwa bw’imburizi buhambaye bubanza kumenyeshwa imbere y’uko hatangura urukurikirane rw’ivyobaye vyozanye iherezo ku vy’iyi si vyononekaye. (Matayo 24:21; Ivyahishuriwe 16:16; 19:11-16, 19-21; 20:1-3) None utwigoro bagize twoba twaragize ico tuvamwo?
9. Ni ibintu ibihe vyerekana ko igikorwa c’ugushinga intahe casagamvye?
9 Ubu hari ibihugu bitari musi ya 13 bifise Ivyabona barenga 100 000 bakorera muri kimwekimwe cose muri vyo. Vyinshi muri ivyo bihugu ni ivyiganziwe na Ekeleziya Gatolika. Yamara tereza akajisho ku kuntu ibintu vyifashe. Igihugu ca Berezili gifise abamamaji nk’450 000 b’inkuru nziza, abarenga 1 200 000 bakaba baritavye Icibutso c’Urupfu rwa Kirisitu mu 1997. Akandi karorero ni igihugu ca Mekizike gifise Ivyabona bababa 500 000, abantu barenga 1 600 000 bakaba baritavye ibirori vy’ico Cibutso. Ibindi bihugu vyiganziwe na Gatolika ni Ubutaliyano (ahari Ivyabona nk’225 000), Ubufaransa (nk’125 000), Esupanye (abarenga 105 000), na Arijantine (abarenga 115 000). Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hagwiriye amadini y’Abaporotisanti, Abagatolika n’Abayahudi, hari Ivyabona nk’975 000, abantu barenga 2 000 000 na bo bakaba baritavye Icibutso. Nta gukeka, amasinzi menshi ariko arasegenyuka ava muri Babiloni Hahambaye ari yo nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma yigisha inyigisho z’insigabwenge, bakaba bariko bihangira amaso imihango Imana itanga itagoye gutahura kandi itagiramwo amazinda, y’ “ijuru risha n’isi nsha.”—2 Petero 3:13; Yesaya 2:3, 4; 65:17; Ivyahishuriwe 18:4, 5; 21:1-4.
Uguhuza n’Ivyo Abantu Bakeneye
10. Uko ibintu vyari vyifashe kwahindutse gute mu turere tumwetumwe?
10 Benshi mu baje kuri Yehova biciye kuri Kirisitu Yezu batowe biciye ku gikorwa c’inzu ku nzu. (Yohana 3:16; Ivyakozwe 20:20) Ariko hariho ubundi buryo bwakoreshejwe. Ibihe vyarahindutse, n’ivy’ubutunzi bikaba vyatumye abagore benshi ubu bakora hanze y’i muhira. Kenshi usanga hagati mu mushamvu ari abantu bake bashobora gusangwa i muhira. Ivyo vyatumye Ivyabona vya Yehova bahuza n’ukuntu ibintu vyifashe. Nka kumwe kwa Yezu n’abigishwa biwe ba mbere, bagenda ahantu hose abantu bashobora kuboneka, no ku mwanya wose bashobora kubonekerako.—Matayo 5:1, 2; 9:35; Mariko 6:34; 10:1; Ivyakozwe 2:14; 17:16, 17.
11. Ubu Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza hehe, kandi bikavamwo iki?
11 Ivyabona baribwiriza kandi bakamamaza ku bwenge inkuru nziza ku bantu, haba mu maparikingi maninimanini, ahatonze amamangazini, mu mahinguriro, mu biro n’ahagirirwa ubudandaji, ku mashure, ku mapozisiyo y’abapolisi, ku manywesherezo y’ibitoro, mu mahoteri no mu buriro, eka no mu mayira. Twovuga ko bamamaza inkuru nziza ahantu hose hashobora gusangwa abantu. Igihe na ho abantu bari i muhira, Ivyabona baca babandanya kubagendera ngaho. Ubwo buryo ngirakimazi bwo gushikira abantu buhuza n’uko ibintu vyifashe, butuma ivyandikano bishingiye kuri Bibiliya bikwiragizwa vyiyongera. Abantu bameze nk’intama bariko baraboneka. Inyigisho za Bibiliya nshasha ziriko ziratanguzwa. Igikorwa c’ukwigisha kitaribwigere gishikwako mu nkuru y’ivyabaye yerekeye umuntu kiriko kiraranguranwa umwete n’abakenuzi bakora bavyishakiye barenga imiliyoni zitanu n’igice! Woba uri mu batewe ako gateka?—2 Ab’i Korinto 2:14-17; 3:5, 6.
Ni Igiki Gituma Ivyabona vya Yehova Bakora?
12. (a) Ni mu buryo ki Yehova ariko arigisha igisata ciwe? (b) Ukwo kwigisha none gushika kuki?
12 None rya shirahamwe ryo mw’ijuru rirangura uruhara uruhe muri ivyo vyose? Yesaya yatanze ubu buhanuzi: “Abana bawe bose bazokwigishwa [na Yehova, NW], kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.” (Yesaya 54:13) Yehova ariko arigisha uwo muvukano wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose biciye kw’ishirahamwe ryiwe riboneka ryo kw’isi—nko ku Ngoro z’Ubwami, ku materaniro maninimanini na matomato. Ivyo bivyara ubumwe n’amahoro. Inyigisho ya Yehova yaratumye haboneka abantu batameze nk’abandi, bigishijwe gukundana no gukunda abandi nk’uko ubwabo bikunda, atari ukwanka abandi, aho boba baba hose muri iyi si y’amacakubiri.—Matayo 22:36-40.
13. Twokwemezwa n’iki yuko igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza kiyobowe n’abamarayika?
13 Urukundo ni rwo rutuma Ivyabona vya Yehova babandanya kwamamaza inkuru nziza naho abantu boba batabaha nirwere canke bakabahama. (1 Ab’i Korinto 13:1-8) Barazi yuko igikorwa nkizabuzima bakora gihagarikiwe mw’ijuru, nk’uko bivugwa mu Vyahishuriwe 14:6. None ubutumwa buriko buramenyekanishwa birongowe n’abamarayika ni ubuhe? Ni ubu: “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.” Iyamamazwa ry’inkuru nziza y’Ubwami rishira hejuru izina rya Yehova. Abantu bariko baratumirwa ngo baninahaze Umuremyi, Imana, atari ukuninahaza ibiremwa canke wa muhindaguriko utagiramwo ubwenge. Kandi ni kuki ico gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza cihutirwa cane? Kubera ko isaha y’urubanza ishitse—urubanza rucirwa Babiloni Hahambaye hamwe n’iyindi mice y’isi iboneka ya Shetani.—Ivyahishuriwe 14:7; 18:8-10.
14. Ni bande baja muri iryo sekeza ry’ukwigisha?
14 Nta Mukirisu yiyeguriye Imana akumirwa muri ico gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. Abakurambere bakomeye mu vy’impwemu baraja imbere mu kwamamaza inkuru nziza bari kumwe n’ishengero. Abapayiniya bamenyerejwe barakora ico gikorwa umwanya wose. Abamamaji b’abanyamwete b’ubwo butumwa bw’Ubwami, baba abashoboye kubwamamaza amasaha makeyi gusa canke menshi ku kwezi, bariko barakwiragiza ubwo butumwa mu duce twose tw’isi.—Matayo 28:19, 20; Abaheburayo 13:7, 17.
15. Ni ibiki vyerekana ico ukwamamaza inkuru nziza kw’Ivyabona vya Yehova kuri n’ico kwashitseko?
15 Ako kigoro kose hoba hari ico kakoze kw’isi? Kimwe mu bivyemeza kitagoye kwumva, ni incuro Ivyabona vya Yehova bavugwa mu biganiro vyo kuri Televiziyo no mu binyamakuru. Ivyo kenshi birashira ahabona ukuntu dukomeye ku muheto kandi twiyemeje gushikira umuntu wese. Koko, umwete tugira hamwe n’ukwama tubagendera biragira ico bikoze kinini ku bantu, naho nyene abenshi biyamiriza ubwo butumwa hamwe n’ababuzanye!
Umwete Dufise wo Kunonosora Intahe Dushinga
16. Ni agatima akahe gakwiye kugaragazwa ubu mu gihe gito gisigaye?
16 Ntituzi igihe ivy’iyi si bisigaranye kugira ngo biveho, kandi ntitunakeneye kubimenya bugingo imvo idutuma gukorera Yehova idahumanye. (Matayo 24:36; 1 Ab’i Korinto 13:1-3) Mugabo ico tuzi ni uko kugira ngo urukundo, ububasha n’ubutungane vya Yehova bigaragazwe, iyo nkuru nziza itegerezwa “kubanza” kwamamazwa. (Mariko 13:10) Ni co gituma naho twoba tumaze imyaka ingana gute turindiranye umushasharo umuhero w’iyi si y’inkorakibi, y’akarenganyo kandi y’ubukazi, dutegerezwa kubaho twisunga ukwiyegurira Imana kwacu tubigiranye umwete, duhuje n’ukuntu ivyacu vyifashe. Dushobora kuba tugeze mu zabukuru canke turwaye, mugabo n’aho nyene turashobora gukorera Yehova na wa mwete twari dufise igihe twari tukiri bato canke tugifise amagara meza. Hari aho twoba tutagishoboye kumara umwanya munini mu gikenurwa nk’uko twahora, ariko nta cotubuza kuzigama agaciro k’ikimazi dutanga c’ishemezo dutura Yehova.—Abaheburayo 13:15.
17. Vuga ikintu kiremesha cabaye coshobora kudufasha twese.
17 Ku bw’ivyo rero, twaba tukiri bato canke dushaje, ingo twerekane umwete kandi dusangire n’abo duhwana bose ubutumwa dufise bw’akezamutima bw’isi nshasha. Nimuze tumere nka ka gakobwa k’akanyasoni k’imyaka indwi ko muri Ositiraliya kajanye na nyina kw’iduka. Kari karumvise ku Ngoro y’Ubwami ukuntu kwamamaza inkuru nziza ari ikintu gihambaye kuri bose, bituma gashira mw’isakoshi udutabu tubiri dushingiye kuri Bibiliya. Igihe nyina yariko aragura ibintu kw’ikontwari, yagize atya ka gakobwa kaba karazimanganye. Nyina wiwe akarondeye, yakabonye kariko karashikiriza agatabu umukenyezi umwe! Uwo nyina wako yarabegereye ngo asabe imbabazi uwo mukenyezi niba ako gakobwa kiwe koba kamuburagije. Ariko uwo mukenyezi yari yakiriye agatabu n’umutima mwiza. Aho uwo muvyeyi yongereye kuba ari kumwe n’ako gakobwa kiwe ari bonyene, yarakabajije ukuntu kubahutse kwegera umuntu katazi. Kishuye gati: “Navuze gusa, nti Rimwe, Kabiri, Gatatu! Nca ndagenda!”
18. Dushobora gute kwerekana agatima keza cane?
18 Twese dukeneye agatima nk’ak’ako gakobwa ko muri Ositiraliya, canecane kugira ngo twegere abantu tutazi canke mbere abakozi ba Leta, tubazaniye inkuru nziza. Kumbure dushobora gutinya ko botwiyamiriza. Ntitwibagire iryo Yezu yavuze, ati: “Ntimuze muhagarike imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga. Kuko [im]pwemu [y]era mur’ako kanya nyene [i]zobategekera ivyo mukwiye kuvuga.”—Luka 12:11, 12.
19. Wumva umerewe gute ku vyerekeye igikenurwa urangura?
19 Niwizigire rero imfashanyo y’impwemu y’Imana igihe wegera abantu n’umutima mwiza ubazaniye inkuru nziza. Hari abantu amamiliyoni bizigira abagabo canke abagore kenshi usanga ataco bamaze, uyu musi baba ari bazima ejo bakaba bazimanganye. Turizigiye Yehova n’ishirahamwe ryiwe ryo mw’ijuru—Kirisitu Yezu, abamarayika beranda, hamwe n’Abakirisu basizwe bazutse—abo bakaba bazokwama ari bazima ibihe bidashira! Nuko rero, nitwibuke: “Abo turi kumwe [ni] benshi kuruta abari kumwe na bo”!—2 Abami 6:16.
[Akajambo k’epfo]
a Utundi turorero udusanga mu gitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1994, urupapuro 217-20.
Wokwishura Ute?
◻ Ni uruhara uruhe ishirahamwe ry’Imana ryo mw’ijuru ryaranguye kugira ngo igisata ca Yehova ntikigire ico kiba?
◻ Ni abanyapolitike n’abanyamadini bameze gute bateye Ivyabona vya Yehova muri iki kinjana ca 20?
◻ Ni mu buryo ubuhe Ivyabona vya Yehova bahuje igikenurwa cabo n’ibikenewe uko ibihe vyagiye bihinduka?
◻ Ni igiki kigutuma wamamaza inkuru nziza?
[Ifoto ku rup. 9]
Henryka Żur
[Amafoto ku rup. 10]
Ubuyapani
Martinique
Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Kenya
Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza igihe cose abantu babonekerako n’ahantu hose abantu bashobora gusangwa
[Ifoto ku rup. 12]
Mu ntango z’iki kinjana, amafonogarafe yarakoreshejwe mu gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami