Woba Warinjiye mu Karuhuko k’Imana?
“Ūshitse mu [karuhuko k’Imana], na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe.”—ABAHEBURAYO 4:10.
1. Ni kuki kuruhuka ari ikintu ciza cane?
AKARUHUKO. Ewe jambo riri aho riryoheye ugutwi kandi rihimbaye! Kubera ko tuba mw’isi ibintu vyose vyihuta kandi ivurunganiwe, abenshi muri twebwe ntibobura kwemera ko dushima kuruhuka gatoyi. Twaba turi abakiri bato canke abakuze, abubatse canke abasiribateri, twoshobora kwumva tunanijwe, eka turuhijwe n’ubuzima bwa misi yose gusa. Ku barwaragurika canke bafise ubumuga, umusi wose wama ari ingorane. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, “ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu.” (Abaroma 8:22) Umuntu aruhutse si ukuvuga ko aba areze amaboko. Akaruhuko ni ikintu akeneye kandi ategerezwa kuronka.
2. Yehova yaruhutse kuva ryari?
2 Yehova Imana na wene yararuhutse. Mu gitabu c’Itanguriro, tuhasoma ngo: “Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa, bo n’ibirimwo vyose vy’isinzi. Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze.” Kuri Yehova “[u]musi ugira indwi” wabaye uwuri n’ico uvuze bimwe bidasanzwe, kuko iyo nkuru yahumetswe ibandanya ivuga iti: “Nukw Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza.”—Itanguriro 2:1-3.
Imana Yararuhutse Ibikorwa Vyayo
3. Ni ibiki bidashobora kuba ari vyo vyatumye Imana iruhuka?
3 Ni kuki Imana yaruhutse ku “musi ugira indwi”? Birumvikana yuko itaruhutse kubera yari irushe. Yehova afise “ububasha bg’ubushobozi . . . [bw]inshi” kandi “ntaho aruha.” (Yesaya 40:26, 28) Eka mbere Imana ntiyaruhutse kubera yari ikeneye agahemuko canke kugira imire amate, kuko Yezu yatubwiye ati: “Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora.” (Yohana 5:17) Ivyo ari vyo vyose, ‘Imana ni Impwemu’ ikaba rero idafatirwa na kwa guhindagurika kw’umubiri w’ibiremwa biboneka hamwe n’ivyo bikenera.—Yohana 4:24.
4. Ni mu buryo ubuhe “[u]musi ugira indwi” wari utandukanye na ya ‘misi’ itandatu ya mbere?
4 Dushobora dute gutahura igituma Imana yaruhutse ku “musi ugira indwi”? Mu kuzirikana ko naho Imana yari yahimbawe n’ivyo yari yaranguye mu kiringo kirekire ca ya ‘misi’ itandatu ya mbere y’irema, ivuga itobora yuko yahezagiye “[u]musi ugira indwi” hanyuma iwita ‘uwera.’ Igitabu Concise Oxford Dictionary gisigura yuko ‘ikintu cejejwe’ ari “iceguriwe canke gihariwe gusa (imana canke umugambi munaka w’ivy’idini).” Kuba rero Yehova yarahezagiye “[u]musi ugira indwi” akawita uwera, vyerekana yuko uwo musi hamwe n’ ‘ukuruhuka’ kwiwe bitegerezwa kuba bifise ico bisana n’ukugomba kwiwe be n’umugambi wiwe vyeranda, si uko hari ibintu yari ikeneye. None iryo sano ni irihe?
5. Ni ibiki Imana yatanguje ngo bikore muri ya ‘misi’ itandatu ya mbere y’irema?
5 Mu ‘misi’ itandatu ya mbere y’irema, Imana yari yarashizeho za nzinguzingu zose na ya mategeko yose bigenga ibigirwa n’isi hamwe n’ibiyikikije vyose, iratanguza ikora ryavyo. Abahinga mu vya siyansi ubu bariko baribonera ukuntu ivyo bintu vyahinguwe mu buryo butangaje. Igihe “umusi ugira gatandatu” wari ugiye guhera, Imana yaremye umugabo n’umugore ba mbere ibashira mw’ “itongo muri Edeni, mu ruhande rw’i burasirazuba.” Amaherezo, Imana yaravuze ivy’umugambi wayo ku biraba umuryango w’abantu n’isi, muri aya majambo y’ubuhanuzi iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.”—Itanguriro 1:28, 31; 2:8.
6. (a) Mu mpera y’ “umusi ugira gatandatu,” Imana yumvise imerewe gute ku vyerekeye ivyo yari yararemye vyose? (b) Ni mu buryo ubuhe “[u]musi ugira indwi” wejejwe?
6 Iyo nkuru iratubwira yuko igihe “umusi ugira gatandatu” w’irema wari ugiye kurangira, “Imana yihwe[je] ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane.” (Itanguriro 1:31) Imana yarashimye ibintu vyose yari yararemye. Ni co gituma yaciye iruhuka, ari kwo guhagarika, ireka gukora ikindi gikorwa c’irema ku biraba isi. Ariko rero naho iryo tongo ry’iparadizo ritagira akanenge rikaba kandi ryari akaroruhore ico gihe, aho ryari hari ahantu hatoyi gusa, kandi kw’isi hari ibiremwa-muntu bibiri vyonyene. Vyotwaye igihe kugira ngo isi hamwe n’umuryango w’abantu bimere nk’uko Imana yari yabitegekanije. Ku bw’iyo mvo, yashinze “[u]musi ugira indwi” wotumye ivyo yari yararemye mu ‘misi’ itandatu ya mbere vyose bisagarara mu buryo buhuje n’ukugomba kwiwe kweranda. (Gereranya n’Abanyefeso 1:11.) Uko “[u]musi ugira indwi” wokwegereje kurangira, isi yobaye iparadizo ikwiye ku mubumbe wose ibamwo umuryango w’abantu batagira agasembwa, ibihe bidashira. (Yesaya 45:18) “[U]musi ugira indwi” wabikiwe canke uheberwa ishitswa n’iranguka ry’ukugomba kw’Imana ku biraba isi n’umuryango w’abantu. Muri ubwo buryo ‘warejejwe.’
7. (a) Imana yaruhutse ibiki ku “musi ugira indwi”? (b) Ibintu vyose bizogenda gute “[u]musi ugira indwi” niwahera?
7 Imana rero yaruhutse igikorwa cayo c’irema ku “musi ugira indwi.” Ni nk’aho yoba yarahagaritse, ikarekura ivyo yaremye ngo birangize ingendo yavyo. Irazi neza ko ku mpera y’ “[u]musi ugira indwi” ibintu vyose bizoba vyagenze nk’uko nyene yabishatse. Naho nyene habaye intambamyi, zizoba zatsinzwe. Abantu bose bagamburuka bazohungukira igihe ukugomba kw’Imana kuzoba kwarangutse. Nta kintu na kimwe kizobibuza, kubera ko umuhezagiro w’Imana uri ku “musi ugira indwi,” kandi ikaba ‘yarawejeje.’ Mbega ibintu vyiza igitangaza abantu bagamburuka barindiriye!
Isirayeli Yarananiwe Kwinjira mu Karuhuko k’Imana
8. Abisirayeli bagiye kwubahiriza Isabato ryari kandi gute?
8 Ihanga rya Isirayeli ryarungukiye ku ndinganizo Yehova yagize y’uko habaho ugukora n’ukuruhuka. N’imbere nyene yuko Imana iha Abisirayeli Ivyagezwe ku Musozi Sinayi, yababwiye ibicishije kuri Musa iti: “Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi.” Kubera ico ‘abantu bararuhutse ku w’indwi.’—Kuvayo 16:22-30.
9. Ni kuki itegeko ry’Isabato ritegerezwa kuba ryabaye ihinduka Abisirayeli bakiriye neza?
9 Iyo ndinganizo yari nshasha ku Bisirayeli, abari bagiheza guhabuzwa bagakurwa mu buja bwo mu Misiri. Naho Abanyamisiri hamwe n’ayandi mahanga baharura igihe mu biringo vy’imisi iva kuri itanitanu gushika kuri cumicumi, bisa n’uko Abisirayeli bari mu buja batari barekuriwe umusi w’akaruhuko. (Gereranya no muri Kuvayo 5:1-9.) Ntitwoba twihenze rero dutahuye yuko abantu ba Isirayeli bakiriye neza iryo hinduka. Aho kubona ko ukwo gusabwa kwubahiriza Isabato ari nk’umuzigo canke ukubatangira, bategerezwa kuba baranezerejwe no kubikurikiza. Kukaba nkako, Imana mu nyuma yababwiye yuko Isabato yari kuba iyo kubibutsa ubuja babayemwo mu Misiri, n’uguhabuzwa kwabo.—Gusubira mu Vyagezwe 5:15.
10, 11. (a) Iyo Abisirayeli bagamburuka, ni igiki bari gushobora kwitega kuronka? (b) Ni kuki Abisirayeli bananiwe kwinjira mu karuhuko k’Imana?
10 Iyo Abisirayeli bavanye na Musa mu Misiri bagamburuka, bari guterwa iteka ryo kwinjira mu “gihugu . . . gitemba amata n’ubūki” casezeranywe. (Kuvayo 3:8) Ngaho boruhutse nya kuruhuka, atari gusa ku musi w’Isabato, ahubwo mu buzima bwabo bwose. (Gusubira mu Vyagezwe 12:9, 10) Ariko rero, ivyo si ko vyagenze. Ku biberekeye, intumwa Paulo yanditse iti: “Ni ba nde bamaze kwumva bakayiratsa? Mbega s’abāvuye muri Egiputa bose, barōngōwe na Mose? Kandi ni ba nde yagiriye umwikomo imyaka mirongwine? S’abācumuye, imivyimba yabo igahindikirana mu bugaragwa? Ni ba nde yarahiye ko batazoshika mu [karuhuko k]ayo? S’abatāyumviye? Kandi tubona ko batāshoboye ku[ga]shikamwo, kuko batizeye.”—Abaheburayo 3:16-19.
11 Mbega icigwa gikomeye twohakura! Kubera ko iryo yaruka ryose babuze ukwizera Yehova, ntibaronse akaruhuko yari yarabasezeraniye. Ahubwo bashiriye mu bugaragwa. Barananiwe gutegera yuko kubera ko bakomoka kuri Aburahamu, ukugomba kw’Imana mu vyo kuronsa imihezagiro amahanga yose yo kw’isi kwari kuberekeye cane. (Itanguriro 17:7, 8; 22:18) Aho gukora bahuza n’ukugomba kw’Imana, barasamajwe buhere n’ivyipfuzo vy’isi kandi birangwa n’ubwikunzi. Ntitukigere tugwa mu ngendo mwene iyo!—1 Ab’i Korinto 10:6, 10.
Haracariho Akaruhuko
12. Ni igiki Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bakirindiriye, kandi bari gushobora kugishikira gute?
12 Paulo amaze kudoma urutoke ku vy’uko Abisirayeli bananiwe kwinjira mu karuhuko k’Imana biturutse ku kubura ukwizera, yaciye aja ku bizera bagenziwe. Nk’uko tubibona mu Baheburayo 4:1-5, Paulo yarabasubirije umutima mu nda yuko “isezerano ryo gushika mu [karuhuko k’Imana] rikiriho.” Paulo yabahimirije kugaragaza ukwizera “ubutumwa bgiza,” kuko “twebge abizeye dushika mur’[ako karuhuko].” Kubera ko Ivyagezwe vyari vyaramaze gukurwa mu nzira n’inkuka y’incungu ya Yezu, Paulo ngaho ntiyariko yerekeza kuri kwa kuruhuka buruhuke kwatangwa n’Isabato. (Ab’i Kolosayi 2:13, 14) Igihe Paulo yasubiramwo ibiri mw’Itanguriro 2:2 no muri Zaburi 95:11, yariko ahimiriza Abakirisu b’Abaheburayo kwinjira mu karuhuko k’Imana.
13. Igihe Paulo yasubiramwo ibiri muri Zaburi ya 95, ni kuki yerekeje ku majambo “uyu musi”?
13 Ugushobora kwinjira mu karuhuko k’Imana gutegerezwa kuba kwari nk’ “ubutumwa bgiza” ku Bakirisu b’Abaheburayo, nk’uko akaruhuko ko kw’Isabato gategerezwa kuba kari “Ubutumwa bgiza” ku Bisirayeli b’imbere yabo. Ni co gituma Paulo yahimirije abizeye bagenziwe kudakora rya kosa nyene Abisirayeli bakoze mu bugaragwa. Igihe yasubiramwo amajambo ubu agize Zaburi 95:7, 8, yerekeje ku majambo “uyu musi” naho hari haciye igihe kirekire cane Imana iruhutse irema. (Abaheburayo 4:6, 7) Paulo none yashaka kuvuga iki? Ico yashaka kuvuga ni uko “umusi ugira indwi,” uwo Imana yari yashize ku ruhande kugira ireke ngo umugambi yari ifise ku biraba isi n’umuryango w’abantu uranguke neza, wari ukibandanya. Ni co gituma ku Bakirisu bagenziwe vyari vyihutirwa gukora bajana n’uwo mugambi aho kwishinga ivyo bakurikirana biranga ubwikunzi. Yarongeye gusamiriza iyi mburizi ati: “Ntimukomantaze imitima yanyu.”
14. Paulo yerekanye gute ko ‘akaruhuko’ k’Imana kari kakiriho?
14 Si ivyo gusa, Paulo yarerekanye yuko ‘akaruhuko’ kasezeranywe kutari gusa ukugerēra mu Gihugu c’Isezerano kirongowe na Yosuwa. (Yosuwa 21:44) Paulo yarabafashije kwiyumvira, mu kuvuga ati: “Kukw iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubga nyuma ivy’uwundi musi.” Kubera ivyo, Paulo yongeyeko ati: ‘Haracarih’akaruhuko k’isabato kabikiwe abantu b’Imana.’ (Abaheburayo 4:8, 9) None ako ‘karuhuko k’Isabato’ ni iki?
Niwinjire mu Karuhuko k’Imana
15, 16. (a) Iyi mvugo ngo ‘akaruhuko k’isabato’ ishaka kuvuga iki? (b) ‘Kuruhuka ibikorwa’ bisobanura iki?
15 Imvugo ngo ‘akaruhuko k’isabato’ ihinduwe mw’ijambo ry’Ikigiriki risobanura “kugira isabato.” (Kingdom Interlinear) Porofeseri William Lane avuga ati: “Iryo jambo ryagiye kugira ico ryisangije bivuye ku mabwirizwa y’ivy’Isabato yinjiye mw’idini y’Abayuda hishimikijwe Kuvayo 20:8-10, aho bashimika ku vy’uko ukuruhuka n’ugushemeza bijana . . . Rishimika ku muce udasanzwe w’ukugira umusi mukuru n’ukunezerwa, bigaserurirwa mu gusenga no mu gushemeza Imana.” Nuko rero, ako karuhuko kasezeranywe si ugukurwa ku gikorwa gusa. Ni uguhindura, umuntu akava mu butame bunaniza, butagira mvura, akaja ku murimo uteye umunezero, utera iteka Imana.
16 Ivyo biragaragazwa n’aya majambo akurikira ya Paulo: “Kuk’ūshitse mu [karuhuko k]ayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.” (Abaheburayo 4:10) Imana ntiyaruhutse ku musi w’irema ugira indwi kubera ko yari irushe. Ahubwo kwabaye uguhagarika igikorwa cayo c’irema cerekeye isi, kugira ngo ireke igikorwa yari yakoze n’amaboko yayo gisagambe kandi gishike ku bwiza bwuzuye, ishemezwe kandi iterwe iteka. Kubera ko turi umuce w’ivyo Imana yaremye, dukwiye kuba dufise ikibanza muri iyo indinganizo. Dukwiye ‘kuruhuka ibikorwa vyacu,’ ni ukuvuga ko dukwiye kureka kugerageza kwiregura imbere y’Imana turondera ubukiriro. Ahubwo dukwiye kwizera yuko ubukiriro bwacu buhagaze ku nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, biciye kuri yo ibintu vyose bikaba bizosubira guhuzwa n’umugambi w’Imana.—Abanyefeso 1:8-14; Ab’i Kolosayi 1:19, 20.
Ijambo ry’Imana Rigira Ububasha
17. Ni ingendo iyihe dukwiye kwirinda yakurikiwe n’Abisirayeli b’umubiri?
17 Abisirayeli barananiwe kwinjira mu karuhuko kasezeranywe n’Imana, biturutse ku kugambarara kwabo no ku kubura ukwizera. Ku bw’ico, Paulo yahimirije Abakirisu b’Abaheburayo ati: “Nuko tugire umwete wo gushika mur’[ako karuhuko], hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.” (Abaheburayo 4:11) Benshi mu Bayuda bo mu kinjana ca mbere ntibizeye Yezu, kandi benshi muri bo barahaboneye bimwe bikomeye igihe urunkwekwe rw’ivy’Abayuda rwashika kw’iherezo ryarwo mu 70 G.C. Uzi ukuntu bihambaye cane yuko muri iki gihe twokwizera ijambo ry’umuhango Imana yavuze!
18. (a) Ni imvo izihe Paulo yavuze zotuma tugaragaza ukwizera ijambo ry’Imana? (b) Ni mu buryo ubuhe ijambo ry’Imana “[ri]rusha gukariha inkota z’ubugi bubiri”?
18 Turafise imvo zumvikana zotuma tugaragaza ukwizera ijambo Yehova yavuze. Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana ni rizima, rirarangura ico rivuga; rirarusha gukariha inkota z’ubugi bubiri, rikanyengetera gushika kuri ka gahande gatandukanya umutima n’ubwenge, ingingo be n’imisokoro, maze rigasobanura ivyo biyumvira n’inama bigisha mu mutima.” (Abaheburayo 4:12, Ubwuzure Bushasha) Egome, ijambo Imana yavuze, ari bwo butumwa bwayo, “rirarusha gukariha inkota z’ubugi bubiri.” Abakirisu b’Abaheburayo bari bakeneye kwibuka ivyashikiye ba sekuruza babo. Kubera ko birengagije urubanza Yehova yari yaraciye rw’uko boshiriye mu bugaragwa, baragerageje kwinjira mu Gihugu c’Isezerano. Mugabo Musa yababuriye ati: “Imbere yanyu har’Abamaleki n’Abanyakanani, kandi mwohava mwicwa n’inkota.” Igihe Abisirayeli bigira intagondwa bakabandanya kugenda, “Abamaleki bamanukan[ye] n’Abanyakanani baba mur’iyo misozi, barabanesha, barabirukana, babashitsa i Horuma.” (Guharūra 14:39-45) Ijambo Yehova yavuze rirarusha gukariha inkota z’ubugi bubiri, kandi umuntu wese aryirengagiza n’ibigirankana ntagenda atabonye inkurikizi zavyo.—Ab’i Galatiya 6:7-9.
19. Ijambo ry’Imana ‘ryinjirana’ ububasha ku rugero rungana iki, kandi ni kubera iki dukwiye kwemanga ko turi n’ico tubazwa ku Mana?
19 Ese ukuntu ijambo ry’Imana rikorana ububasha “[ri]tandukanya umutima n’ubwenge, ingingo be n’imisokoro”! Ririnjira mu vyiyumviro vy’abantu, rikanatuma hagira ico bakora, mu buryo bw’ikigereranyo rigatobora rigashika ku musokoro, imbere mu magufa! Naho Abisirayeli bahabujwe bakava mu buja bwo mu Misiri bari bemeye gukurikiza Ivyagezwe, Yehova yari azi ko epfo mu mitima yabo batakengurutse ivyo yatunganije be n’ivyo asaba. (Zaburi 95:7-11) Aho gukora ivyo agomba, bari bitwararitse guhaza ivyipfuzo vyabo vy’umubiri. Ni co gituma batinjiye mu karuhuko Imana yari yarasezeranye, ariko bagashirira mu bugaragwa. Ivyo turakeneye kubishira ku muzirikanyi, kuko “imbere [y’Imana ata] caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.” (Abaheburayo 4:13) Nimuze rero dushitse ukwiyegurira Yehova kwacu kandi ‘ntitwiyonjorore ngo tuje ku guhona.’—Abaheburayo 10:39.
20. Ni ibiki biri imbere, kandi ubu dutegerezwa gukora iki kugira ngo twinjire mu karuhuko k’Imana?
20 Naho “[u]musi ugira indwi”—umusi w’akaruhuko k’Imana—ukibandanya, Imana iri maso ku vyerekeye ishitswa ry’umugambi wayo werekeye isi n’umuryango w’abantu. Vuba cane, wa Mwami Mesiya, Yezu Kirisitu, azohaguruka kugira arandure kuri iyi si abarwanya ukugomba kw’Imana bose, gushiramwo na Shetani Diyabule. Mu gihe ca ya Ngoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, Yezu hamwe na bamwe 144 000 bafatanije na we kuganza, bazoshikana isi n’abantu aho bimera nk’uko Imana yari yarabitegekanije. (Ivyahishuriwe 14:1; 20:1-6) Ubu ni igihe c’uko twerekana ko ubuzima bwacu bushingiye ku kugomba kwa Yehova Imana. Aho kurondera kwisigura imbere y’Imana no gushira imbere inyungu zacu bwite, ubu ni igihe c’uko ‘turuhuka ibikorwa vyacu bwite’ hanyuma tugakorana umutima wacu wose mu vyungura Ubwami. Dukoze ivyo kandi tukaguma turi abizerwa kuri Data wa twese wo mw’ijuru Yehova, tuzoterwa agateka ko kwungukira ku karuhuko k’Imana ubu no mu bihe bidashira.
Woshobora Kubisigura?
◻ Ni umugambi uwuhe watumye Imana iruhuka ku “musi ugira indwi”?
◻ Ni akaruhuko akahe Abisirayeli bari gushobora kuronka, mugabo ni kuki bananiwe kukinjiramwo?
◻ Dutegerezwa gukora iki kugira ngo twinjire mu karuhuko k’Imana?
◻ Ni mu buryo ki ijambo ry’Imana ari rizima, rigira ububasha kandi rikarusha gukariha inkota z’ubugi bubiri?
[Ifoto ku rup. 16]
Abisirayeli barubahirije Isabato, ariko ntibinjiye mu karuhuko k’Imana. Woba uzi icabitumye?