“Ukuri Kuzobaha Kwidegemvya”
“Muzomenya Ukuri, Kand’ukuri Kuzobaha Kwidegemvya.” Uko Ni Ko Yezu Yavuze Igihe Yariko Arigisha Amasinzi Y’abantu Mu Rusengero I yeruzalemu. (Yohana 8:32) Intumwa Za Yezu Ntibatevye Kumenya Badahingitanya Yuko Inyigisho Za Yezu Ari Ukuri. Bari Barabonye Ibimenyamenya Vyinshi Cane Bibemeza Yuko Umwigisha Wabo Yari Yavuye Ku Mana.
ARIKO rero, muri iki gihe hari aboshobora kubona ko bigoye kumenya ukuri Yezu yariko aravuga. Nk’uko vyari bimeze mu misi y’umuhanuzi Yesaya, muri iki gihe hari “abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco, n’umco mu gishingo c’umwiza; bagashira ibirura mu gishingo c’ibisosa, n’ibisosa mu gishingo c’ibirura.” (Yesaya 5:20) Kubera ko muri ino misi haremeshwa ivyiyumviro vyinshi, amafilozofiya menshi, n’uburyo bwo kubaho bwinshi, abantu benshi biyumvira yuko ikintu cose kiri n’agahaze, n’uko ngo ata kuri kubaho.
Igihe Yezu yabwira abariko baramwumviriza yuko ukuri kwobahaye kwidegemvya, basubijeyo ngo: “Tur’uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n’umwe: non’uvuga ute ngo tuzohabga kwidegemvya?” (Yohana 8:33) Ntibumva ko bakeneye umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe cobaha kwidegemvya. Mugabo rero Yezu yasiguye ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.” (Yohana 8:34) Ukuri Yezu yariko aravuga kurashobora kwugurura inzira igana ku kwidegemvya umuntu agakira icaha. Yezu yavuze ati: “Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.” (Yohana 8:36) Urumva rero ko ukuri guha abantu umwidegemvyo ari ukuri kwerekeye Yezu Kirisitu, Umwana w’Imana. Mu kwizera incungu y’ubuzima butagira agasembwa bwa wa muntu Yezu, ni ho gusa umuntu uwo ari we wese ashobora kugirwa uwidegemvya agakira icaha n’urupfu.
Ikindi gihe na ho Yezu yavuze ati: “Ubeze mu kuri: ijambo ryawe ni ryo kuri.” (Yohana 17:17) Ijambo ry’Imana nk’uko riseruwe muri Bibiliya ni ukuri gushobora kuzana umwidegemvyo, umuntu akabohorwa akava mu miziririzo no mu gusenga kw’ikinyoma. Bibiliya irimwo ukuri kwerekeye Yezu Kirisitu, nya kuri kugatuma abantu bamwizera, kandi kukugurura inzira y’ukugira icizigiro ciza ntangere ca kazoza. Gushika ku kumenya ukuri kw’Ijambo ry’Imana ni ikintu ciza ntangere!
Vyoba ari ngirakimazi kumenya ukuri? Amadini menshi muri iki gihe, naho yivugisha ngo akurikira Bibiliya, usanga ahanini yoshwa n’amafilozofiya y’abantu be n’imigenzo yabo. Kenshi, indongozi z’amadini umengo barajwe ishinga n’uko ubutumwa bwabo bwemerwa n’abantu gusumba uko bitwararika ivy’uko ubwo butumwa buba ubw’ukuri. Bamwe biyumvira yuko Imana ishimishwa n’uburyo ubwo ari bwo bwose bw’ugusenga, mu gihe umuntu aba abigize ata buryarya burimwo. Ariko Yezu Kirisitu yasiguye ati: “Igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b’ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze bartyo.”—Yohana 4:23.
Niba dushaka gusenga Imana mu buryo yemera, dutegerezwa kumenya ukuri. Ico ni ikibazo gihambaye. Ubuhirwe bwacu buhoraho buhagaze kuri ico. None rero, umuntu wese yari akwiye kwibaza ati: ‘Imana yoba yemera uburyo bwanje bwo kuyisenga? Noba vy’ukuri nshimishwa no kwiga ukuri kwerekeye Ijambo ry’Imana? Canke noba ntinya ivyohishuka hamwe nobaririkiza ukwo kuri ndabishizeko umutima?’