ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/1 rup. 11-16
  • Uyu Ni Wo Musi wo Gukirizwako!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uyu Ni Wo Musi wo Gukirizwako!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Tuguma Twemeza Abantu’
  • Urukundo rwa Kirisitu Rwoba Rukugobera?
  • “Nitwuzure n’Imana”
  • ‘Igihe Nyaco co Kwemererwamwo’
  • ‘Kwishimagiza nk’Abakozi b’Imana’
  • Niwizigire Ubukiriro Butangwa na Yehova
  • “Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nutume “Ukwizigira Ubukiriro” Kwawe Kuguma Gukayangana!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Numenyekanishe inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ubukiriro ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/1 rup. 11-16

Uyu Ni Wo Musi wo Gukirizwako!

‘Ehe! ubu ni igihe nyaco co kwemererwamwo, ehe! uyu ni wo musi wo gukirizwako.’—2 AB’I KORINTO 6:2, NW.

1. Ni igiki gikenewe kugira ngo umuntu agire impagararo yemewe n’Imana be na Kirisitu?

YEHOVA yarashinze umusi wo gucirako abantu urubanza. (Ivyakozwe 17:31) Niba dushaka ko utubera umusi wo gukirizwako, dukeneye kugira impagararo yemewe na we be n’umucamanza wiwe yagenye, Yezu Kirisitu. (Yohana 5:22) Impagararo nk’iyo isaba kwigenza mu buryo buhuye n’Ijambo ry’Imana no kugira ukwizera kutugobēra gufasha abandi kuba abigishwa nyakuri ba Yezu.

2. Ni kuki isi y’abantu itandukanijwe n’Imana?

2 Kubera icaha isi y’abantu yarazwe, iratandukanijwe n’Imana. (Abaroma 5:12; Abanyefeso 4:17, 18) Ni co gituma abo dushikiriza inkuru nziza bashobora gusa kuronka ubukiriro baramutse buzuye n’Imana. Intumwa Paulo ivyo yarabitomoye igihe yandikira Abakirisu b’i Korinto. Reka twihweze 2 Ab’i Korinto 5:10–6:10 maze turabe ico Paulo yavuze ku vyerekeye urubanza, ukwuzura n’Imana be n’ubukiriro.

‘Tuguma Twemeza Abantu’

3. Paulo ‘yaguma yemeza abantu’ gute, kandi ni kuki ivyo dukwiye kubigira muri iki gihe?

3 Paulo yerekanye ko hari isano hagati y’urubanza n’ukwamamaza inkuru nziza igihe yandika ati: “Twese [ntitu]zobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi. Nuko kuko tuzi ingen’ugutinya Umwani wacu kumeze, [tuguma] twemeza abantu.” (2 Ab’i Korinto 5:10, 11) Iyo ntumwa ‘yaguma yemeza abantu’ mu kwamamaza inkuru nziza. Tweho bite? Kubera yuko duhanganye n’iherezo ry’ivy’iyi si mbi, twari dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira twemeze abandi batere intambwe zikenewe kugira ngo Yezu azobacire urubanza rwiza no kugira ngo bashimwe na Soko ry’ubukiriro, Yehova Imana.

4, 5. (a) Ni kuki tudakwiye kwiratira ivyo twaranguye mu murimo wa Yehova? (b) Vyagenze gute ngo Paulo yirate ‘ku bw’Imana’?

4 Ariko rero, niba Imana yarahezagiye igikenurwa cacu, ntidukwiye kwibona. I Korinto, bamwe barikakisha n’ubwishime n’akantu canke bakishima ku bandi, bigatuma batera amacakubiri muri iryo shengero. (1 Ab’i Korinto 1:10-13; 3:3, 4) Paulo mu gukikiririza kuri ivyo bintu, yanditse ati: “Ntitwongera kwishimagiza kuri mwebge, ariko tubaha inyanduruko y’ingene mwokwirata kubgacu, kugira ngo mubone ivyo mwokwishura abirata ivyo ku rukoba, batirata ivyo mu mutima. Namba dusaze, dusaze ivy’Imana; namba dufise ubgenge, ni mwebge dukorera.” (2 Ab’i Korinto 5:12, 13) Abishira hejuru ntibashimishwa n’ubumwe bw’ishengero be n’ineza yaryo yo mu vy’impwemu yaryo. Bashaka kwiratira ibiboneka inyuma aho gufasha abo bisangiye ukwemera gutsimbataza umutima mwiza imbere y’Imana. Ni co gituma Paulo yakangiriye iryo shengero kandi mu nyuma akavuga ati: “Uwirata yirate Uhoraho.”—2 Ab’i Korinto 10:17.

5 None Paulo ubwiwe ntiyirase? Hari bamwe biyumviriye ukwo kubera ivyo yavuze ku biraba ivy’ukuba intumwa. Ariko yari akwiye kwirata ‘ku bw’Imana.’ Yiratiye ibimwemeza ko ari intumwa kugira ngo Abanyakorinto ntibate Yehova. Paulo ivyo yabigize kugira ngo abagarure ku Mana kubera yuko intumwa z’ikinyoma zariko zirabakebereza mu nzira itari yo. (2 Ab’i Korinto 11:16-21; 12:11, 12, 19-21; 13:10) Yamara Paulo ntiyaguma agerageza gutangaza umuntu wese n’ivyo yaranguye.—Imigani 21:4.

Urukundo rwa Kirisitu Rwoba Rukugobera?

6. Urukundo rwa Kirisitu rukwiye kugira ico rukoze kuri twebwe gute?

6 Kubera ko Paulo yari intumwa nyakuri, yarigishije abandi ivyerekeye inkuka y’incungu Yezu yatanze. Iyo nkuka yari yaragize ico ikora ku buzima bwa Paulo, kubera ko yanditse ati: “Urukundo rwa Yesu ru[ra]tugōbēra, kand’ico tuzi tudakekeranya n’uk’umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye. Kand’icatumye apfira bose kw’ar’ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Ese urukundo Yezu yerekanye mu gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu! Koko, ico gikwiye kuba ikintu kitugobēra mu buzima bwacu. Ukuba dukurira ubwatsi Yezu kubera ko yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu bikwiye kutuvyurira agatima ko kugira umwete muri wa murimo wo kwamamaza inkuru nziza y’ubukiriro bwatanzwe na Yehova biciye ku Mwana wiwe akunda cane. (Yohana 3:16; gereranya na Zaburi 96:2.) “Urukundo rwa Kristo” rwoba rukugobera kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa?—Matayo 28:19, 20.

7. ‘Kutagira umuntu n’umwe tumenya ku vyo ku rukoba’ bisobanura iki?

7 Mu gukoresha ubuzima bwabo mu buryo bwerekana yuko bakura ubwatsi kubera ivyo Kirisitu yakoze ku bwabo, abasizwe ‘ntibakibaho ku bwabo, ariko babaho ku bwiwe.’ Paulo yavuze ati: “Ni co gituma, uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.” (2 Ab’i Korinto 5:16) Abakirisu ntibari bakwiye kubona abantu mu buryo bw’umubiri, kumbure mu kugirira nkunzi Abayuda babarutisha Abanyamahanga canke abatunzi bakabarutisha abakene. Abasizwe “[nta muntu ba]menya ku vyo ku rukoba,” kubera yuko ubucuti bwo mu vy’impwemu bafitaniye n’abo basangiye ukwemera ari bwo buhambaye. ‘Abamenye Kirisitu mu vy’umubiri’ ntibari gusa abantu babonye Yezu igihe yari akiri kw’isi. Naho bamwe bari bizigiye Mesiya bari bahoze babona Kirisitu mu buryo bw’umubiri, ntibobaye bakimubona gutyo. Yaratanze umubiri wiwe bwa ncungu maze azuka ari impwemu itanga ubuzima. Abandi badugijwe mu buzima bw’ijuru botaye imibiri yabo y’inyama batarigera na rimwe babona Yezu Kirisitu ari mu umubiri.—1 Ab’i Korinto 15:45, 50; 2 Ab’i Korinto 5:1-5.

8. Abantu baje kuba “muri Kristo” gute?

8 Paulo akiriko arabwira abasizwe, yongeyeko ati: “Umuntu wese iy’ari muri Kristo, aba ar’icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.” (2 Ab’i Korinto 5:17) Kuba “muri Kristo” bisobanura kuba umwe na we. (Yohana 17:21) Ku muntu nk’uwo, ubwo bucuti bwabonetse igihe Yehova yamukwegera ku Mwana wiwe kandi akavyara uwo muntu n’impwemu yera. Kubera ko yaba ari umwana w’Imana yavyawe n’impwemu, yari “icaremwe gisha” afise icizigiro co gutegekana na Kirisitu mu Bwami bw’ijuru. (Yohana 3:3-8; 6:44; Ab’i Galatiya 4:6, 7) Abo Bakirisu basizwe barahawe agateka gakomeye k’umurimo.

“Nitwuzure n’Imana”

9. Imana yakoze iki kugira ngo kwuzura na yo gushoboke?

9 Ese ukuntu Yehova yatonesheje nya “caremwe gisha”! Paulo avuga ati: “Ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo, ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.” (2 Ab’i Korinto 5:18, 19) Kuva igihe Adamu acumuriye, umuryango w’abantu waratandukanijwe n’Imana. Ariko Yehova n’urukundo n’akantu yaribwirije kwugurura inzira y’ubwuzure abicishije ku nkuka ya Yezu.—Abaroma 5:6-12.

10. Yehova yashinze ba nde igikenurwa c’ubwuzure, kandi bakoze iki kugira ngo bakirangure?

10 Yehova yarashinze abasizwe igikenurwa c’ubwuzure, ari co gituma Paulo yubahutse kuvuga ati: “Ni co gituma tur[i ivyariho] mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.” (2 Ab’i Korinto 5:20) Mu bihe vya kera, ivyariho vyarungikwa canecane mu bihe vy’umushamirano kugira ngo barabe ko indwano yoshobora kwirindwa. (Luka 14:31, 32) Kubera yuko isi y’abantu nyacaha itandukanye n’Imana, Imana yararungitse ivyariho vyayo basizwe kugira ngo bamenyeshe abantu ivyo isaba kugira ngo bashobore kwuzura na yo. Kubera ko abasizwe ari abasubirizi ba Kirisitu, baringinga abantu bati: “Mwuzure n’Imana.” Ukwo kwinginga ni uguhimiriza kurangwa ikigongwe kwo kurondera kugiranira amahoro n’Imana no kwemera ubukiriro ituma bushoboka biciye kuri Kirisitu.

11. Biciye ku kwizera incungu, ni bande amaherezo bashikira impagararo igororotse imbere y’Imana?

11 Abantu bose bagaragaza ukwizera incungu barashobora kwuzura n’Imana. (Yohana 3:36) Paulo avuga ati: “[Yezu] umwe atigeze kumenya icaha, [Yehova] Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we muhinduke ukugororoka kw’Imana.” (2 Ab’i Korinto 5:21) Wa muntu atagira agasembwa Yezu yari ishikanwa ry’icaha ku bw’abakomoka kuri Adamu bose barokorwa bagakurwa mu caha barazwe. Bacika “ukugororoka kw’Imana” biciye kuri Yezu. Ubwo bugororotsi, canke iyo mpagararo igororotse imbere y’Imana, ibanza kuza ku baraganwa na Kirisitu 144 000. Mu gihe ca ya Nganji yiwe y’Imyaka Igihumbi, abana bo kw’isi ba Data Ahoraho Yezu Kirisitu bazogira impagararo igororotse ari abantu batagira agasembwa. Azobaduza abashikane ku mpagararo y’ubugororotsi batagira agasembwa, kugira ngo bashobore kugaragaza ko ari abizerwa ku Mana hanyuma baronke ingabirano y’ubuzima budahera.—Yesaya 9:6; Ivyahishuriwe 14:1; 20:4-6, 11-15.

‘Igihe Nyaco co Kwemererwamwo’

12. Ni igikenurwa ikihe gihambaye kiriko kirangurwa n’ivyariho vya Yehova be n’intumwa ziwe?

12 Kugira ngo turonke ubukiriro, dutegerezwa gukora ibihuye n’aya majambo ya Paulo agira ati: ‘Ko dukorana na yo [Imana Yehova], turabinginga, ntimuhērwe ubuntu mudakwiriye bg’Imana gupfa ubusa: kuko yavuze, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe! ubu ni igihe nyaco co kwemererwamwo, ehe! uyu ni wo musi wo gukirizwako.’ (2 Ab’i Korinto 6:1, 2) Ivyariho basizwe ba Yehova be n’intumwa ziwe, ni ukuvuga “izindi ntama,” ntibemera kwakira ubuntu badakwiriye bwa Se wo mw’ijuru hanyuma ngo babupfishe ubusa. (Yohana 10:16) Biciye ku kwigenza mu buryo bugororotse no ku gikenurwa bakorana umwete muri iki ‘gihe co kwemererwamwo,’ bararondera gutona ku Mana kandi bakamenyesha ababa kw’isi yuko uyu ari ‘umusi wo gukirizwako.’

13. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe kiri muri Yesaya 49:8, kandi carangutse ubwa mbere na mbere gute?

13 Paulo asubiramwo Yesaya 49:8, ahasomwa ngo: “Uku ni k’Uhoraho agize, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwishuye, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye; kandi nzogukiza, ngushireho ube isezerano ry’abantu, kugira ng’usibure igihugu, utume basubizwa mw ishamvu yabo yabaye imisaka.” Ubu buhanuzi bwarangutse ubwa mbere igihe igisata ca Isirayeli babohozwa bakava mu bunyagano i Babiloni maze mu nyuma bagasubira mu gihugu cabo cari carabaye umusaka.—Yesaya 49:3, 9.

14. Yesaya 49:8 harangutse gute ku vyerekeye Yezu?

14 Mu rindi ranguka ry’ubwo buhanuzi bwa Yesaya, Yehova yatanze “umushumba” wiwe Yezu aba “umuco wākira amahanga, kugira ngo n’abo ku mpera y’isi [bashikirizwe] agakiza [k’Imana].” (Yesaya 49:6, 8; Yesaya 42:1-4, 6, 7; Matayo 12:18-21.) Ico ‘gihe kwemererwamwo’ bigaragara yuko cerekeza kuri Yezu igihe yari kw’isi. Yarasenze, kandi Imana “yaramwishuye.” Ico gihe cagaragaye ko ari ‘umusi wo gukirizwako’ kuri Yezu kubera yuko yagumye ari intadohoka bimwe biherejeko, gutyo aca “[abera] abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira.”—Abaheburayo 5:7, 9; Yohana 12:27, 28.

15. Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bihase kugaragaza kuva ryari yuko bibereye ko bagirirwa n’Imana ubuntu badakwiriye, kandi babigize bafise iyihe ntumbero?

15 Paulo yerekeza Yesaya 49:8 ku Bakirisu basizwe, abinginga ‘kudapfisha ubusa ubuntu bw’Imana’ mu kunanirwa kurondera ukwemerwa na yo mu ‘gihe co kwemererwamwo’ no ku ‘musi wo gukurizwako’ itanga. Paulo yongerako ati: ‘Ehe! ubu ni igihe nyaco co kwemererwamwo, ehe! uyu ni wo musi wo gukirizwako.’ (2 Ab’i Korinto 6:2, NW) Kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu barihase kugaragaza ko bibereye yuko bagirirwa ubuntu badakwiriye bw’Imana kugira ngo ‘igihe co kwemererwamwo’ gishobore kubabera ‘umusi wo gukirizwako.’

‘Kwishimagiza nk’Abakozi b’Imana’

16. Paulo yishimagije ko ari umukozi w’Imana ari mu bihe bigeragezo?

16 Abagabo bamwebamwe bari bifatanije n’ishengero ry’i Korinto ntibariko bagaragaza ko bakwiriye ubuntu batabereye bw’Imana. Baratyoza Paulo bavuga ko atari intumwa, naho yirinze “[ku]gira ico [a]zana gitsitaza mu kintu na kimwe.” Mu vy’ukuri yarishimagije nk’umukozi w’Imana, mu “[k]wihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago, mu bimoko, mu mabohero, mu migūmūko, mu butame, mu kurāra maso mu kwirirwa ubusa.” (2 Ab’i Korinto 6:3-5) Mu nyuma Paulo yarafashije abantu gutegera yuko, niba abamurwanya bari abakozi, we “[y]abarusha” kubera yuko yacumukuye kuruta mu gutabwa mu mabohero, mu gukubitwa, mw’irinde ry’urupfu, no mu kubura ivyomubeshaho.—2 Ab’i Korinto 11:23-27.

17. (a) Dushobora kwishimagiza nk’abakozi b’Imana mu kugaragaza izihe kamere? (b) “Ibirwanishwa vy’ukugororoka” ni ibihe?

17 Nka kumwe kwa Paulo na bagenziwe, turashobora kwishimagiza nk’abakozi b’Imana. Gute? “Mu kugira umutima utanduye,” canke utyoroye, no mu gukora ibintu mu buryo bujanye n’ubumenyi nyakuri bwa Bibiliya. Turashobora kwishimagiza “mu kutarambirwa,” tukarindirako twihanganye ibibi canke agasomborotso, no mu ‘kugira umutima mwiza’ mu gihe dukora ibintu bifasha abandi. Vyongeye, dushobora kwishimagiza nk’abakozi b’Imana mu kwemera ubuyobozi butangwa biciye ku mpwemu yiwe, tukagaragaza “[u]rukundo rutar’uruheyiheyi,” tukavuga ukuri, kandi tukiheka kuri we turondera kuronka ububasha bwo kurangura ico gikenurwa. Birashimishije kuba Paulo na we nyene yatanze igihinyuza c’uko ari umukozi “[akoresheje] ibirwanishwa ry’ukugororoka vyo mu kuryo n’ivyo mu kubamfu.” Mu ntambara zo mu bihe vya kera, mu bisanzwe ukuboko kw’ukuryo kwafata inkota mu gihe ukw’ukubamfu kwaba gufashe inkinzo. Mu kurwana intambara yo mu buryo bw’impwemu n’abigisha b’ibinyoma, Paulo ntiyakoresheje ibirwanisho vy’umubiri munyavyaha—nk’ubudambidambi, ububeshi, ikinyoma. (2 Ab’i Korinto 6:6, 7; 11:12-14; Imigani 3:32) Yakoresheje “ibirwanisho” canke uburyo bugororotse kugira ngo aremeshe ugusenga kw’ukuri. Ukwo ni ko natwe dukwiye kubigenza.

18. Niba turi abakozi b’Imana, tuzokwigenza dute?

18 Niba turi abakozi b’Imana, tuzokwigenza nk’uko Paulo n’abakorana na we bigenza. Twaba tuzokwubahwa canke tugakengerwa, tuzokora nk’Abakirisu. Nibatuvuga nabi ntibizohagarika igikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza, canke ngo twishire hejuru nibatuvuga neza. Tuzoshikiriza ukuri kandi kumbure twemerwe kubera ibikorwa biranga ukuyobokera Imana. Igihe tuzoba duhanganye n’urupfu dutewe n’umwansi, tuzokwizigira Yehova. Kandi tuzokwemera gutozwa indero tubigiranye ugukenguruka.—2 Ab’i Korinto 6:8, 9.

19. Bishoboka bite ko ‘dutungisha benshi’ mu vy’impwemu?

19 Mu guheraheza ikiyago ciwe cerekeye igikenurwa c’ubwuzure, Paulo yavuze ko ubwiwe be n’abo bafatanije ari ‘abababara, ariko banezerwa imisi yose; baboneka nk’aboro, ariko batungisha benshi; baboneka nk’abatagira ico batunze, yamara batunze vyose.’ (2 Ab’i Korinto 6:10) Naho abo bakozi bari bafise imvo yotuma bababazwa n’imibabaro bagira, bari bafise umunezero w’imbere. Bari bakene mu vy’umubiri, ariko ‘batungishije benshi’ mu vy’impwemu. Kukaba nkako, bari ‘bafise vyose’ kubera yuko ukwizera kwabo kwabazaniye ubutunzi bwo mu vy’impwemu—eka mbere kubazanira n’icizigiro co gucika abana b’Imana bo mw’ijuru. Kandi bari bafise ubuzima bwiza kandi bwuzuye agahimbare ari abakozi b’Abakirisu. (Ivyakozwe 20:35) Cokimwe na bo, turashobora ‘gutungisha benshi’ mu kugira uruhara mu gikenurwa c’ubwuzure kuva ubu—kuri uyu musi wo gukirizwako!

Niwizigire Ubukiriro Butangwa na Yehova

20. (a) Paulo yari afise icipfuzo gikomeye ikihe, kandi ni kuki ata mwanya wo gupfisha ubusa uhari? (b) Ni igiki kiranga umusi wo gukirizwako turimwo ubu?

20 Igihe Paulo yandikira Abanyakorinto ikete ryiwe rigira kabiri nko mu 55 G.C., urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda rwari rusigaje gusa imyaka 15. Iyo ntumwa yashaka cane ko Abayuda n’Abanyamahanga buzura n’Imana biciye kuri Kirisitu. Uwo wari umusi wo gukirizwako, kandi nta mwanya wo gupfisha ubusa wari uhari. Urabona, kuva mu 1914 turi mu nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu isa n’iyo. Igikorwa co kwamamaza Ubwami gikorerwa ku mubumbe wose ubu gitera imbere nk’umuzinga cerekana ko uyu ari umusi wo gukirizwako.

21. (a) Ni ikihe canditswe cacaguriwe umwaka w’1999? (b) Kuri uyu musi wo gukirizwako dukwiye kuba turiko dukora iki?

21 Abantu bo mu mahanga yose bakeneye kwumva ivyerekeye intunganyo Imana yagize ku bw’ubukiriro turonka biciye kuri Yezu Kirisitu. Nta mwanya wo guhinahina uriho. Paulo yanditse ati: ‘Ehe! uyu ni umusi wo gukirizwako.’ (NW) Ayo majambo yo muri 2 Ab’i Korinto 6:2 ni yo azoba agize icanditswe c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1999. Ese ukuntu abereye, kubera yuko duhanganye n’ikintu kibabaje kuruta kwa gusangangurwa kwa Yeruzalemu n’urusengero rwaho! Imbere yacu turorerewe n’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu rwose uko rungana, bikaba vyerekeye umuntu wese ari kw’isi. Ubu—si ejo—ni co gihe co gukura amaboko mu mpuzu. Niba twizera yuko ubukiriro buva kuri Yehova, tukaba tumukunda, tukaba kandi duha agaciro ubuzima budashira, ntituzoreka ngo ubuntu tudakwiriye bw’Imana bupfe ubusa. Tubigiranye icipfuzo kivuye ku mutima co gutera iteka Yehova, tuzotanga igihinyuza mu mvugo no mu ngiro c’uko vy’ukuri tuzi ico tuvuga igihe tugira duti: ‘Ehe! uyu ni wo musi wo gukirizwako.’

Wokwishura Ute?

◻ Ni kuki kwuzura n’Imana ari ikintu gihambaye cane?

◻ Ivyariho n’intumwa bakora igikenurwa c’ubwuzure ni bande?

◻ Dushobora dute kwishimagiza nk’abakozi b’Imana?

◻ Icanditswe c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1999 kivuze iki kuri wewe?

[Amafoto ku rup. 15]

Nka kumwe kwa Paulo, woba wamamaza inkuru nziza n’umwete ukongera ugafasha abandi kwuzura n’Imana?

Reta Zunze Ubumwe

Ubufaransa

Côte d’Ivoire

[Ifoto ku rup. 16]

Kuri uyu musi wo gukirizwako, woba uri muri ya masinzi ariko aruzura na Yehova Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika