Woba Ufise Ukwizera nk’Ukwa Aburahamu?
“Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?”—LUKA 18:8.
1. Ni kubera iki bigoye ko umuntu agumana ukwizera gukomeye muri iki gihe?
NTIVYOROSHE kuguma umuntu afise ukwizera gukomeye muri iki gihe. Isi irashira umukazo ukomeye ku Bakirisu kugira ngo ivyiyumviro vyabo bive ku bintu vyo mu buryo bw’impwemu. (Luka 21:34; 1 Yohana 2:15, 16) Benshi bategerezwa kwita ku rutare ngo barokoke intambara, ivyago, indwara, canke ikigoyi. (Luka 21:10, 11) Mu mahanga atari make, usanga hari imico kama ikomeye idashingiye kw’idini, kandi umuntu wese abaho yisunga ukwizera kwiwe babona ko atagira ibitegereka, mbere bakabona ko afise ishaka rirengeje urugero. Vyongeye, Abakirisu benshi barahamwa bahorwa ukwizera kwabo. (Matayo 24:9) Ikibazo haciye imyaka hafi 2 000 Yezu abajije mu vy’ukuri kirabereye. Na co ni iki: “Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?”—Luka 18:8.
2. (a) Ni kuki ukwizera gukomeye ari ngirakamaro ku Mukirisu? (b) Ni akarorero k’ukwizera ka nde vyoba vyiza turimbuye?
2 Ariko ikigaragara ni uko ukwizera gukomeye ari ngirakamaro niba dushaka kwererwa mu buzima ubu, hanyuma muri kazoza tukazoronka bwa buzima budahera bwasezeranwa. Mu gusubiramwo amajambo Yehova yabwiye Habakuki, intumwa Paulo yavuze iti: “Umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. . . . Ūtizera ntibishoboka kw a[hi]mbara [Imana].” (Abaheburayo 10:38–11:6; Habakuki 2:4) Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Wame urwana intambara nziza yo kwizera, ucakire ubu[zima] budashira, ubgo wahamagariwe.” (1 Timoteyo 6:12) Bishoboka bite none ngo umuntu agire ukwizera kudahungabana? Mu kwihweza ico kibazo, vyoba vyiza turabiye ku mugabo ubu hashize imyaka 4 000 abayeho, yamara gushika ubu ukwizera kwiwe kukaba kwubahwa mu madini makurumakuru atatu—Abisilamu, Abayuda hamwe n’Abakirisu. Uwo mugabo ni Aburahamu. Ni kuki ukwizera kwiwe kwari ukwibonekeje gutyo? Twoba dushobara kumwigana muri iki gihe?
Ukugamburuka Ubuyobozi bw’Imana
3, 4. Ni kubera iki Tera yakuye umuryango wiwe i Uri akawujana i Harani?
3 Aburahamu (uwahoze yitwa Aburamu) avugwa ubwa mbere mu ntango cane ya Bibiliya. Mw’Itanguriro 11:26, tuhasoma ibi: “Tera . . . avyara Aburamu na Nahori na Harani.” Tera hamwe n’umuryango wiwe baba i Uri mu Bakaludaya, kikaba cari igisagara gisagamvye kiri mu bumanuko bwa Mezopotamiya. Ariko rero ntibagumye aho hantu. “Tera ajana Aburamu umwana wiwe, na Loti mwene Harani umwuzukuru wiwe, na Sarayi [ari we Sara] umukazana wiwe, muka Aburamu umwana wiwe; bava muri Uri i Bukaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani; [haciye igihe] bashika i Harani, bagerēraho.” (Itanguriro 11:31) Mwenewabo na Aburahamu Nahori na we nyene yarimuye umuryango wiwe awujana i Harani. (Itanguriro 24:10, 15; 28:1, 2; 29:4) Ni kubera iki none Tera yavuye i Uri igisagara gisagamvye akimukira i Harani ahantu ha kure?
4 Wa mugabo w’umwizerwa Stefano igihe yariko avugira imbere ya ya Sentare y’Abayuda inyuma y’imyaka nk’2 000 Aburahamu abayeho, yarasiguye ukwo kwimuka kudasanzwe kw’umuryango wa Tera. Yavuze ati: “Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani, iramubarira, iti Va mu gihugu canyu no mu muryango wanyu, uje mu gihugu nzokwereka. Maz’ava mu gihugu c’i Bukaludaya, agerēra i Harani.” (Ivyakozwe 7:2-4) Tera yarakurikije ivyo Yehova agomba ku vyerekeye Aburahamu igihe yimukana umuryango wiwe i Harani.
5. Aburahamu yagiye hehe inyuma y’aho se apfiriye? Yagiyeyo kubera iki?
5 Umuryango wa Tera waciye ugerera mu gisagara cabo gishasha. Haciye imyaka n’iyindi, igihe Aburahamu yavuga ngo “[i]gihugu cacu,” yashaka kuvuga akarere k’i Harani, si Uri. (Itanguriro 24:4) Ariko rero, i Harani si ho Aburahamu yari agiye kuba ngo ashinge imizi. Nk’uko Stefano yabivuze, “se [wa Aburahamu] amaze gupfa, iramwimura, imuzana mur’iki gihugu mubamwo none.” (Ivyakozwe 7:4) Kubera ko yagamburuka ubuyobozi buva kuri Yehova, Aburahamu aherekejwe na Loti yarajabutse Efurate ashika mu gihugu c’i Kanani.a
6. Yehova yasezeraniye iki Aburahamu?
6 Ni kuki none Yehova yasavye Aburahamu kwimukira i Kanani? Imvo yabitumye irafitaniye isano n’imigambi Imana yari ifitiye uwo mugabo w’umwizerwa. Yehova yari yarabwiye Aburahamu ati: “Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka. Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe. Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.” (Itanguriro 12:1-3) Aburahamu yobaye sekuruza w’ihanga rinini ryorinzwe na Yehova kandi ryokwiziziye igihugu c’i Kanani. Ese ingene ari isezerano ryiza igitangaza! Ariko Aburahamu yategerezwa kugira ivyo ahinduye bikomeye mu buzima bwiwe kugira ngo aragwe ico gihugu.
7. Aburahamu yategerezwa kwitegurira guhindura ibiki kugira ngo aragwe ivyo Yehova yamusezeraniye?
7 Igihe Aburahamu yava i Uri, yari asize igisagara gisagamvye kandi kumbure asiga n’abo mu muryango wa se—ivyo bikaba vyari ibintu bituma umuntu atekanirwa muri ivyo bihe vy’uwo sogokuruza w’Abisirayeli. Igihe yava i Harani akimukira mu gihugu atazi, yaritandukanije n’abo mu nzu ya se, ushizemwo umuryango wa mwenewabo Nahori. Aho i Kanani, ntiyarondeye kubaho ata nkomanzi ari mu gisagara kizitiwe n’impome. Uti kubera iki? Inyuma gatoyi y’aho Aburahamu yinjiriye muri nya gihugu, Yehova yamubwiye ati: “Va hasi, ugēndūre iki gihugu iyo kiva kikagera, kukw ari wewe nzogiha.” (Itanguriro 13:17) Uyo Aburahamu yari afise imyaka 75 y’amavuka, umugore wiwe Sara na we afise 65, barakurikiye ayo mabwirizwa. “Ukwizera ni kwo kwatumye aba inyambukīra mu gihugu yasezeraniwe, nk’ikitar’iciwe, [akaba] mu mahema.”—Abaheburayo 11:9; Itanguriro 12:4.
Ukwizera nk’Ukwa Aburahamu Muri Iki Gihe
8. Dufatiye ku karorero ka Aburahamu hamwe n’ak’ibindi vyabona ba kera, ni igiki dukwiye gutsimbataza?
8 Aburahamu n’umuryango wiwe baravugwa muri ca “gipfungu c’ivyabona [benshi b’imbere y’Ubukirisu]” bavugwa mu Baheburayo ikigabane ca 11. Afatiye ku kwizera kw’abo basavyi b’Imana ba kera, Paulo araremesha Abakirisu ‘kwiyambura ibibaremēra vyose, n’icaha [ukubura ukwizera] gikunda kutwizingirako vuba.’ (Abaheburayo 12:1) Egome, ukubura ukwizera kurashobora “kutwizingirako vuba.” Mugabo mu gihe ca Paulo no mu gihe cacu nyene, Abakirisu nyabo barashoboye gutsimbataza ukwizera gukomeye kumeze nk’ukwa Aburahamu n’abandi bo mu bihe vya kera. Mu kuvuga ivyiwe n’ivy’Abakirisu bagenziwe, Paulo agira ati: “Tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.”—Abaheburayo 10:39.
9, 10. Ni ikimenyamenya ikihe dufise c’uko abantu benshi muri iki gihe bafise ukwizera nka kumwe kwa Aburahamu?
9 Ni ko, kuva mu gihe ca Aburahamu isi yarahindutse. Naho ari ukwo, turacakorera ya “[M]ana ya Aburahamu” nyene, kandi iyo Mana ntihinduka. (Ivyakozwe 3:13; Malaki 3:6) Birakwiye ko Yehova asengwa muri iki gihe nk’uko nyene vyari bikwiriye mu gihe ca Aburahamu. (Ivyahishuriwe 4:11) Benshi bariyegurira Yehova bagaherezako, kandi nka kumwe kwa Aburahamu, barahinduye ibikeneye guhinduka mu buzima bwabo vyose kugira ngo bakore ukugomba kw’Imana. Mu mwaka uheze, abantu 316 092 baratanze ikimenyamenya ku mugaragaro c’uko biyeguriye Imana mu kwemera kubatizwa mu mazi “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era.”—Matayo 28:19.
10 Benshi muri abo Bakirisu bashasha ntivyabaye ngombwa ko bafata ingendo zibashikana mu makungu ya kure kugira ngo bashitse ukwiyegura kwabo. Mugabo mu buryo bw’impwemu, benshi muri bo barafashe ingendo ndende cane. Nk’akarorero, mw’izinga rya Maurice, uwitwa Elsie yari umupfumukazi. Umuntu wese yaramutinya. Umutsimvyi w’imenamushike umwe yaratunganije ivy’ukugirira inyigisho ya Bibiliya umukobwa wa Elsie, maze ivyo vyugurura inzira y’uko Elsie ‘ahindukira akava mu mwiza akaja mu muco.’ (Ivyakozwe 26:18) Bivuye ku gushimishwa umukobwa wiwe yari afise, Elsie yaremeye kwiga Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Inyigisho yiwe yarongorwa incuro zitatu ku ndwi kubera ko yari akeneye indemesho itavanako. Ubupfumu yagira nta buhirwe bwamuzanira, kandi yari yifitiye ingorane nyinshi. Ariko amaherezo, yarashoboye kurangiza urugendo rurerure ava mu vy’amadayimoni aja ku gusenga nyakuri. Igihe abantu baza kuraguza, yarashobora kubasigurira ko Yehova gusa ari we yashobora kubakingira inabi. Ubu Elsie ni Icabona yabatijwe, kandi abantu 14 bo mu muryango wiwe no mu bo bazinanye barakiriye ukuri.
11. Abiyegurira Yehova ni ibiki bahindura n’umutima ukunze?
11 Benshi mu biyeguriye Yehova mu mwaka uheze kugira ngo bakorere Imana ntibarinze kugira ivyo bahindura bigera kure mwene ukwo. Ariko bose barahindutse bava mu mero y’ukuba abapfuye mu buryo bw’impwemu baba bazima mu buryo bw’impwemu. (Abanyefeso 2:1) Naho nyene bakiri muri iyi si mu buryo bw’umubiri, ntibakiri abayo. (Yohana 17:15, 16) Nka kurya kw’Abakirisu basizwe ‘i wabo ari mw ijuru,’ abo bameze nk’“inyambukīra n’ingenzi.” (Ab’i Filipi 3:20; 1 Petero 2:11) Barahuje ubuzima bwabo n’ingingo ngenderwako z’Imana, babitumwe ubwa mbere na mbere n’urwo bakunda Imana na bagenzi babo. (Matayo 22:37-39) Ntibakurikirana intumbero zirangwa ubwikunzi, hamwe n’uguhahamira amaronko canke ngo bumve ko bakeneye kugira ibintu bashikako muri iyi si. Ahubwo, bahanga amaso “ijuru risha n’isi nsha [vyasezeranwe], ivyo ukugororoka kuzobamwo.”—2 Petero 3:13; 2 Ab’i Korinto 4:18.
12. Ni umurimo uwuhe watangiwe raporo mu mwaka uheze utanga ikimenyamenya c’uko Yezu mu kiringo c’ukuhaba kwiwe yasanze “ukwizera mw isi”?
12 Igihe Aburahamu yimukira i Kanani, we hamwe n’umuryango bari aho hantu bonyene ata wundi bafise wo kubafata mu mugongo no kubakingira kiretse Yehova gusa. Ariko rero, abo Bakirisu babatijwe bashasha bagera ku 316 092 ntibari bonyene na gato. Ego ni vyo Yehova arabafata mu mugongo kandi akabakingira akoresheje impwemu yiwe, nk’uko yabigiriye Aburahamu. (Imigani 18:10) Ariko vyongeye, abashigikira biciye kw’“ihanga” mpuzamakungu kandi rikomeye rigizwe n’abantu benshi gusumba ababa mu bihugu bimwebimwe muri iki gihe. (Yesaya 66:8) Mu mwaka uheze, igitigiri c’agaheta c’abagize iryo hanga gishika ku 5 888 650 baratanze ikimenyamenya c’ukwizera kwabo gukomeye mu kuyagira bagenzi babo ibintu Imana yasezeranye. (Mariko 13:10) Bamaze igitigiri c’amasaha kidasanzwe gishika ku masaha 1 186 666 708 muri uwo murimo, barondera abashimishijwe. Ico vyavuyemwo ni uko inyigisho za Bibiliya zigera ku 4 302 852 zarongorewe abandi bipfuza gutsimbataza ukwizera. Ikindi kintu kigaragaza umwete wabo ni uko abagera ku 698 781 bo muri iryo “hanga” bagize uruhara mu murimo w’ubutsimvyi, bwaba ubw’igihe cose canke ubw’ukwezi kumwe cabure arenga. (Ido n’ido ry’umurimo Ivyabona vya Yehova baranguye mu mwaka uheze tubisanga ku rupapuro rwa Please, insert the page number of the chart gushika idem.) Ivyo bitigiri vy’igitangaza ni inyishu nziza kandi iboneka kuri ca kibazo Yezu yabaza ati: “Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?”
Nitube Abizigirwa Naho Hoba Ibigeragezo
13, 14. Nudondore zimwe mu ngorane Aburahamu n’umuryango wiwe bagize i Kanani.
13 Kenshi ibintu vyari bigoye kuri Aburahamu n’abo mu rugo rwiwe i Kanani. N’imiburiburi rimwe, harateye amapfa akaze yatumye ava i Kanani akaja mu Misiri. Ikindi na co, umutegetsi wa Misiri hamwe n’umutegetsi w’i Gerari (hafi y’i Gaza) bompi baragerageje gutwara umupfasoni wa Aburahamu, ari we Sara. (Itanguriro 12:10-20; 20:1-18) Harabaye kandi amatati hagati y’abungere ba Aburahamu hamwe n’abungere ba Loti, kandi ivyo vyatumye izo ngo zibiri zitandukana. Ata kwikunda kurimwo, Aburahamu yararetse Loti aba ari we abanza guhitamwo igihugu ashaka, maze Loti ahitamwo kuba mu Kiyaya co kuri Yorodani, ahaboneka nka Edeni ku bw’ukuntu hamera no ku bwiza bwaho.—Itanguriro 13:5-13.
14 Inyuma y’ivyo, Loti yarafashwe mpiri mu ntambara yabereye ku Kiyaya c’i Sidimu, muri yo umwami w’i Elamu ha kure afatanije na ba somambike biwe akaba yarwana n’abami bo mu bisagara bitanu. Abami b’abanyamahanga baratsinze abami b’aho hantu maze basahura ibintu vyinshi, harimwo Loti be n’ibintu vyiwe. Aho Aburahamu yumviye ivyabaye, yarakurikiye n’umutima rugabo abo bami banyamahanga hanyuma ashobora kubohoza Loti hamwe n’umuryango wiwe, be n’ibintu vy’abami b’aho hantu. (Itanguriro 14:1-16) Ariko rero, mu vyashikiye Loti i Kanani ico si co cari ikintu kirushirije kuba kibi. Bivuye ku mvo yinaka, yagiye kuba i Sodomu, naho nyene ico gisagara cari kizwi ko cuzuyemwo ubushegabo.b (2 Petero 2:6-8) Igihe yaburirwa n’abamarayika babiri yuko ico gisagara cosanganguwe, Loti yarahunganye n’umugore wiwe hamwe n’abakobwa biwe. Mugabo rero, umugore wa Loti yarateye akagere amabwirizwa atomoye bahawe n’abamarayika, ivyo bituma acika inkingi y’umunyu. Loti yaracishijwe bugufi mu kuja kuba mw’isenga i Sowari ahamara igihe, ari kumwe n’abakobwa biwe babiri. (Itanguriro 19:1-30) Ivyo bintu vyabaye bitegerezwa kuba vyaravuruze umutwe cane Aburahamu, canecane kubera ko Loti yari yaje i Kanani ari mu bagize urugo rwa Aburahamu.
15. Naho hari ingorane Aburahamu yagize igihe yaba mu mahema mu gihugu kinyamahanga, n’ivyiyumviro bibi ibihe biboneka ko yirinze?
15 None Aburahamu yoba yarigeze yibaza niba we hamwe na Loti bari bakwiye kwigumira i Uri harangwa umutekano babana n’incuti za se canke i Harani babana na mwenewabo Nahori? Yoba yarigeze yipfuza kugerera ahatagira inkomanzi mu gisagara gikikijwe n’uruhome, aho kuba mu mahema? Yoba kumbure yaragize amakenga ku vy’ukwo kwibabaza kwiwe mu kuguma ayerera ari mu gihugu kinyamahanga? Ariko aravuga ivya Aburahamu n’umuryango wiwe, intumwa Paulo yagize ati: “Iyo baba barakumbuye ico bavuyemwo, baba barabonye uburyo bgo gusubirayo.” (Abaheburayo 11:15) Yamara, ntibasubiyeyo. Kubera ko batavunywe intege n’amagume, bagumye aho Yehova yashaka ko baguma.
Ukwihangana Muri Iki Gihe
16, 17. (a) Ni ingorane izihe Abakirisu benshi bahangana na zo muri iki gihe? (b) Ni inyifato nziza iyihe Abakirisu bafise? Kubera iki?
16 Ukwihangana mwene ukwo turakubona mu Bakirisu muri iki gihe. Naho gukorera Imana ari isoko ry’umunezero ntangere kuri bo, ubuzima ntibworoheye Abakirisu b’ukuri muri iyi misi y’iherezo. Naho baba mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, bafise ingorane zo mu vy’ubutunzi nk’izo abandi bantu bafise. (Yesaya 11:6-9) Benshi baraguye mu mporero mu ntambara zihuza amahanga, kandi hari n’abakeneshejwe bimwe bibi bitavuye kw’ikosa ryabo bwite. Vyongeye, barihanganira ingorane zo kuba inkehwa zidakundwa n’abantu. Mu bihugu vyinshi usanga bamamaza inkuru nziza ku bantu batabinezwe na gato. Mu bindi na ho, baracumukuzwa n’ibitero vy’urwenge vy’abantu “bagira ivyagezwe urwitwazo rwo kugira nabi,” kandi “bagatsindisha amaraso adafise igicumuro.” (Zaburi 94:20, 21) Eka mbere no mu bihugu aho usanga Abakirisu ata bitero baterwa kandi ugasanga bavugwa neza na bamwebamwe kubera bagendera mu ngingo ngenderwako ziri hejuru, baba bazi neza ko batandukanye n’abanyeshure bigana hamwe n’abo bakorana—nka kumwe nyene kwa Aburahamu, uwabaye mu mahema igihe abantu benshi bari bamukikije bibera mu bisagara. Egome, ntivyoroshe kuba muri iyi si yamara tutari ‘abayo.’—Yohana 17:14.
17 None twoba twicuza igituma twiyeguriye Imana? Twoba twipfuza kuba twari kwigumira turi ab’isi, tukaba cokimwe n’abandi bose? Twoba dufise intuntu kubera utwigoro twagize mu murimo dukorera Yehova? Eka namba! Aho gusubiza amaso inyuma dufise umutima wo kwipfuza, turemera icese yuko ata kintu na kimwe twahevye gifise agaciro nyakuri tukigereranije n’imihezagiro turonka ubu hamwe n’iyo tuzoronka muri kazoza. (Luka 9:62; Ab’i Filipi 3:8) Kanatsinda, abantu bari muri iyi si boba bafise ubuhirwe? Ukuri ni uko benshi muri bo bariko bararondera inyishu twebwe dusanzwe dufise. Baracumukura kubera ko badakurikira ubuyobozi twebwe dukurikira buva ku Mana biciye kuri Bibiliya. (Zaburi 119:105) Vyongeye abenshi muri bo baripfuza bwa bwoko bw’ubugenzi buri mu Bakirisu hamwe n’imigenderanire irangwa n’akanyamuneza dufitaniye n’abo dusangiye ukwemera.—Zaburi 133:1; Ab’i Kolosayi 3:14.
18. Amaherezo ingaruka iba iyihe igihe Abakirisu bagaragaje uburindutsi nka kumwe kwa Aburahamu?
18 Ego niko, rimwe na rimwe turakwiye kuba abarindutsi nka kumwe kwa Aburahamu igihe yakurikira abari bafashe mpiri Loti. Ariko iyo turi abarindutsi, Yehova arahezagira ico bivamwo. Nk’akarorero, muri Irilande yo mu Buraruko inzankano zarashinze imizi biturutse ku bukozi bw’ikibi bugirwa n’utudumbidumbi, kandi bisaba ko umuntu agira umutima rugabo kugira ngo yitaramure muri ivyo. Yamara, Abakirisu b’intahemuka bakurikiye amajambo Yehova yabwiye Yosuwa ati: “Ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe [Yehova] Imana yawe ndi kumwe nawe ah’uzoja hose.” (Yosuwa 1:9; Zaburi 27:14) Mu kiringo c’imyaka n’iyindi ukuntu bavyifashemwo ata bwoba vyatumye bubahwa, kandi muri iki gihe barashobora kwamamaza inkuru nziza ata nkomanzi mu bantu bose bo muri ico gihugu.
19. Abakirisu bahimbawe kuba bari hehe, kandi biteze ko bakurikiye ubuyobozi bwa Yehova bigira iyihe ngaruka?
19 Turakwiye kutigera dukeka ko ibintu duhanganye na vyo vyaba bimeze gute, iyo dukurikije ubuyobozi bwa Yehova, ingaruka izoba iy’uko azoninahazwa kandi natwe tukaronka inyungu y’igihe kirekire. Naho hari ingorane kandi bigasaba kwibabaza, nta handi dukwiye kuja atari mu murimo wa Yehova, aho twunze ubucuti n’abavukanyi bacu b’Abakirisu kandi tukaba twiteze ata mazinda kuzoronka ubuzima bwamaho Imana yasezeranye bwo muri kazoza.
[Utujambo tw’epfo]
a Bisa n’uko Aburahamu yemeye kurera umuhungwabo Loti aho se wa Loti, akaba ari mwenewabo na Aburahamu, apfiriye.—Itanguriro 11:27, 28; 12:5.
b Hari abavuze ko Loti yagiye kuba mu gisagara kugira ngo yibereho mu mutekano mwinshi kuruta, inyuma y’aho afatiwe mpiri na ba bami bane.
Woba Uvyibuka?
◻ Ni kuki ukwizera gukomeye ari ntahara?
◻ Aburahamu yagaragaje gute ko afise ukwizera gukomeye?
◻ Ukwiyegurira Imana bijana gute n’ukugira ivyo umuntu ahinduye mu buzima bwiwe?
◻ Ni kuki duhimbarwa no gukorera Yehova naho twohangana n’ingorane iyo ari yo yose?
[Ifoto ku rup. 18]
Aburahamu yaremeye kugira ivyo ahindura bikomeye mu buzima bwiwe kugira ngo aragwe ivyasezeranywe
[Amafoto ku rup. 20]
Ikimenyamenya cerekana ko Yezu yasanze “ukwizera mw isi” mu kiringo c’ukuhaba kwiwe