Wa Mubumvyi Mukuru n’Igikorwa Ciwe
“[Nimube] igikoreshwa c’icubahiro, . . . catunganirijwe igikorwa ciza cose.”—2 TIMOTEYO 2:21.
1, 2. (a) Ukurema umugabo n’umugore kw’Imana cari igikorwa gitangaje gute? (b) Ni umugambi uwuhe wa Mubumvyi Mukuru yari afise mu kurema Adamu na Eva?
YEHOVA ni we Mubumvyi Mukuru. Mu vyo yaremye, ikintu cahinguwe mu buryo butangaje kuruta cabaye wa muvyeyi wacu wa mbere Adamu. Bibiliya itubwira iti: “Yehova Imana araheza abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhuhira mu mazuru impemu y’ubuzima, hanyuma uwo muntu aca acika ubugingo buzima,” ni ukuvuga “ikiremwa gihema.” (Itanguriro 2:7, NW, akajambo k’epfo) Ico kiremwa-muntu ca mbere nticagira agasembwa, kubera ko cabumbwe mw’ishusho nyene ry’Imana, kiba ikimenyamenya c’uko iyo Mana ifise ubwenge be n’uko ikunda ubugororotsi n’ubutungane nyakuri.
2 Imana ikoresheje ikintu ikuye mu rubavu rwa Adamu, yarahinguye kandi umwunganizi akaba n’umufasha w’umugabo—na we ni umugore. Igikundiro kitagira akanenge ca Eva cari kirengeye n’ic’umugore mwiza kuruta abandi bose muri iki gihe. (Itanguriro 2:21-23) Vyongeye, uwo mugabo n’umugore wiwe ba mbere bahawe imibiri n’ubuhanga bitarimwo agasembwa kugira ngo barangure umugambi bashinzwe wo kugira iyi si iparadizo. Barahawe kandi ubushobozi bwo kurangura ibwirizwa rw’Imana ryavuzwe mw’Itanguriro 1:28, rigira riti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.” Amaherezo, iryo tongo rikwiye ku mubumbe wose ryobayemwo abantu amamiliyaridi bafise umunezero, bafatanye mu nda muri bwa bwoko bw’urukundo usanga ari “[u]mugozi uzana gutungana.”—Ab’i Kolosayi 3:14.
3. Ba bavyeyi bacu ba mbere bacitse gute inzavya z’ibiteye isoni, hanyuma bivamwo iki?
3 Ikibabaje ni uko abavyeyi bacu ba mbere bahisemwo n’ibigirankana kugarariza ubukuru bw’Umuremyi Segaba wabo, we Mubumvyi Mukuru. Ingendo bafashe yabaye nk’uko bidondorwa muri Yesaya 29:15, 16, ahagira hati: “Bazobona ibara, abarondera kuzika inama zabo i kuzimu ngo bazihishe Uhoraho, ibikorwa vyabo bikaba mu mwiza, bakavuga, bati Ni nde atubona? kandi bati Ni nde atuzi? . . . Mbeg’umubumvyi mumuhwanya n’ibumba, ngw ikintu cabumbge gihakane uwakibumvye, kiti Ntiyambumvye; cank’ikintu caremwe kigahakana uwakibumvye, kiti Nta bgenge agira?” Ubugaba bwabo bwakweze amakuba—gucirwa urwo gupfa kw’ibihe bidashira. Vyongeye, ubwoko-muntu bwabakomotseko iyo buva bukagera bwararazwe icaha n’urupfu. (Abaroma 5:12, 18) Ubwiza bw’ikiremwa ca wa Mubumvyi Mukuru bwarononekaye cane.
4. Dushobora gukora kugira turangure uwuhe mugambi uteye iteka?
4 Ariko rero, no mu mero nyene turimwo ubu y’abanyagasembwa, twebwe abakomoka kuri wa mucumuzi Adamu turashobora gushemeza Yehova mu majambo ya Zaburi 139:14 agira ati: “Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza.” Mugabo ese ukuntu bibabaje kuba igikorwa wa Mubumvyi Mukuru yikoreye ubwiwe carononekaye bimwe ivy’agahomerabunwa gutyo!
Wa Mubumvyi Yagura Igikorwa Ciwe
5. Ubuhanga bwa wa Mubumvyi Mukuru bwogaragajwe gute?
5 Igishimishije ni uko ubuhanga bw’Umuremyi wacu we Mubumvyi bwokoreshejwe kuruta cane ukuntu bwakoreshejwe kuri kwa kubumbwa kw’umuntu wa mbere yatanguye kurema. Intumwa Paulo atubwira ati: “Ariko ga wa muntu, uri nde, uhārīra n’Imana? Mbeg’icābūmbge cobaza uwakibumvye, kiti N’iki catumye umbumba urtya? cank’umubumvyi ntagera ibumba, mu mugoma umwe kubumbamw’urwavya rumwe rwo gukoresha ivy’icubahiro, n’urundi rwo gukoresha ibiteye isoni?”—Abaroma 9:20, 21.
6, 7. (a) Abenshi muri iki gihe bahitamwo gute kubumbwamwo ibiteye isoni? (b) Abagororotsi babumbwa gute ngo bakoreshwe ibiteye iteka?
6 Ni vyo, bimwe mu bikorwa vya wa Mubumvyi Mukuru bizobumbwamwo ibikoreshwa ibiteye iteka, ibindi na vyo bibumbwemwo ibikoreshwa ibiteye isoni. Abahitamwo kujana n’isi uko iguma irushiriza kwivobeka mu gishanga c’ukutayobokera Imana barabumbwa mu buryo buzobashirako ikimenyetso co gusangangurwa. Igihe wa Mwami w’ubuninahazwa Kirisitu Yezu azozira guca urubanza, inzavya z’ibiteye isoni mwen’izo zizoba zirimwo n’abantu bose b’intagondwa bameze nk’impene, nk’uko muri Matayo 25:46, NW habivuga, bakaba bazoshikirwa no “kurandurwa kw’ibihe bidashira.” Ariko “abagororotsi” bameze nk’intama, ababumbwa ngo bakoreshwe “ivy’icubahiro,” bazoragwa ‘ubuzima budashira.’
7 Abo bagororotsi, n’ukwicisha bugufi n’akantu bazoba bararetse barabumbwa n’Imana. Barinjiye mu nzira y’ubuzima ishimwa n’Imana. Baremeye impanuro dusanga muri 1 Timoteyo 6:17-19 igira iti: “[Ntiwishimire] ubutunzi butar’ubgo kwishimirwa, ariko [w]ishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe.” Barihatiye ‘gukora iciza, kuba abatunzi ku bikorwa vyiza, kuba abanyabuntu bakunda gutanga. Kwibikira ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo bacakire ubuzima nyakuri.’ Barabumbwa n’ukuri kw’Imana kandi bakagaragaza ukwizera kutanyiganyiga mu bintu Yehova yatunganije abicishije kuri Kirisitu Yezu, “yitanze kw’incungu” kugira ngo agarure ibintu vyose vyatakaye biturutse ku caha Adamu yakoze. (1 Timoteyo 2:6) Ese ukuntu rero dukwiye gukurikiza n’umutima ukunze impanuro ya Paulo yo “[kwiyambika] umuntu musha, ahindurwa musha [abumbwa] ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye”!—Ab’i Kolosayi 3:10.
Wewe Uzoba Urwavya Bwoko Ki?
8. (a) Ni ibiki bituma umuntu acika ubwoko bunaka bw’urwavya? (b) Ni ibintu bibiri ibihe bituma umuntu abumbwa mu buryo bunaka?
8 Ni ibiki bituma umuntu acika ubwoko bunaka bw’urwavya? Ni agatima afise n’ukuntu yigenza. Ubwa mbere, bicurwa n’ivyipfuzo be n’impengamiro z’umutima. Wa Mwami w’umunyabwenge Salomo yavuze ati: “Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe, arik’Uhoraho ni we atumbereza ibirenge vyiwe.” (Imigani 16:9) Ubwa kabiri, bicurwa n’ibintu yumva be n’ivyo abona, abo bigendana be n’ibimushikira. Ese rero ukuntu ari ngirakamaro ko dutega yompi iyi mpanuro igira iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imigani 13:20) Nk’uko muri 2 Petero 1:16 hatuburira, dutegerezwa kwirinda gukurikira “imigani yaremwe n’akenge,” canke nk’uko mu Bwuzure Bushasha habivuga, tukirinda “imigani yaremantanijwe n’incabwenge.” Muri ivyo hobaye harimwo inyigisho nyinshi n’imisi mikuru y’idini myinshi biranga ubuhuni bw’Abitwa Abakirisu.
9. Dushobora kwakira neza gute ukubumbwa na wa Mubumvyi Mukuru?
9 Imana ikurikije ukuntu twakira ibintu, ica rero ishobora kutubumba mu ngendo twihitiyemwo. Turashobora gusubiramwo isengesho rya Dawidi twicishije bugufi imbere ya Yehova mu kugira duti: “Mana, nsuzuma, umenye umutima wanje, n’uncace, umenye ivyiyumviro vyanje, urābe yuko har’inzira y’ibibi yoba iri muri jewe, undōngōrere mu nzira y’ibihe bidashira.” (Zaburi 139:23, 24) Yehova ariko aratuma abantu bamamaza ubutumwa bw’Ubwami. Imitima yacu, n’ugukenguruka kwinshi, yarakiriye inkuru nziza n’ubundi buyobozi bwiwe. Biciye kw’ishirahamwe ryiwe, aradutera uduteka tunyuranye tujanye n’ukwamamaza inkuru nziza; nimuze ntitureke ngo tuduce mu myanya y’intoke, kandi tudukunde.—Ab’i Filipi 1:9-11.
10. Dukwiye kwihatira gute ivy’ugukurikirana porogarama z’ivy’impwemu?
10 Ni ngirakamaro cane ko twama nantaryo dutega yompi Ijambo ry’Imana, ku musi ku musi tugakurikira porogarama yo gusoma Bibiliya, kandi Ivyanditswe hamwe n’umurimo wa Yehova tukabigira ishingiro ry’ibiyago turemesha mu miryango yacu no mu bagenzi bacu. Porogarama yo gusenga kwo mu gitondo irongorwa mu gihe c’ukwitanga umusase mu miryango yose ya Beteli be no mu migwi y’abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova, mu bisanzwe iba irimwo indwi zikurakuranwa z’igisomwa kigufi ca Bibiliya canke ca Annuaire y’uwo mwaka. Umuryango wawe woba ushobora kugira intunganyo isa n’iyo? Ese ukuntu twese twungukira kandi no ku kugiranira ubucuti n’abo mw’ishengero rya gikirisu, mu gukoranira hamwe, na canecane mu kugira uruhara mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi igirwa uko indwi itashe!
Turabumbwa Kugira ngo Duhangane n’Ibigeragezo
11, 12. (a) Dushobora gute gushira mu ngiro impanuro ya Yakobo ku vyerekeye ibigeragezo bidushikira mu buzima bwacu bwa misi yose? (b) Ivyashikiye Yobu bituremesha gute kuguma turi intadohoka?
11 Mu buzima bwacu bwa misi yose, Imana irareka bintu bimwebimwe bikaduka, bimwe muri vyo tugashobora gusanga bigoye. Ivyo dukwiye kubibona dute? Nk’uko muri Yakobo 4:8 haduhanura, ntitukarake, ariko ni twiyegereze Imana, tuyizigire n’umutima wacu wose, twizeye yuko uko ‘tuyiyegereza, ari ko na yo itwegera.’ Ni vyo, bizoba ngombwa ko turinda amagume n’ibigeragezo, ariko birekwa kugira ngo bigire ico biterereye ku kubumbwa kwacu, bikavamwo ikintu giteye ubuhirwe. Yakobo 1:2, 3 haradukura amakenga hati: “Mwiyumvire kw ar’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana.”
12 Yakobo avuga kandi ati: “Umuntu niyageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi kandi na yo nta we ibigerageresha. Arik’umuntu wese ageragezwa, iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka.” (Yakobo 1:13, 14) Ibigeragezo ducamwo bishobora kuba vyinshi kandi bitandukanye, ariko nk’uko vyari kuri Yobu, vyose birafise uruhara mw’ibumbwa ryacu. Ese ingene Ivyanditswe bidusubiriza umutima mu nda muri Yakobo 5:11 biti: “Eh’abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.” Kubera turi inzavya ziri mu minwe ya wa Mubumvyi Mukuru, nimuze ibihe vyose tugume turi intadohoka, twizigiye nka kumwe kwa Yobu ko bizogenda neza!—Yobu 2:3, 9, 10; 27:5; 31:1-6; 42:12-15.
Nitubumbe Urwaruka Rwacu
13, 14. (a) Abavyeyi bakwiye gutangura kubumba abana babo ryari, kandi ivyo bakabikora bizigiye ko vyovamwo iki? (b) Ni ingaruka izihe zihimbaye zavyo ushobora kuvuga?
13 Abavyeyi barashobora kugira uruhara mu vy’ukubumba urwaruka rwabo, kuva nyene abo bana bakiri impinja, kandi ese ukuntu urwaruka rwacu rushobora kuvamwo intadohoka ziteye igomwe! (2 Timoteyo 3:14, 15) Ivyo ni na ko vyagenze igihe ibigeragezo vyari bikaze cane. Mu myaka itari mike iheze, igihe uruhamo rwari rukaze cane mu gihugu kimwe co muri Afirika, hari umuryango w’abizigirwa witwararika icapurwa ry’Umunara w’Inderetsi mu kinyegero, mu kigangara cari mu kigo. Umusi umwe hari abasirikare bariko baragenda mw’ibarabara bava ku nzu baja ku yindi, barondera imisore boshira mu gisirikare. Abo basore babiri bo muri uwo muryango bari bagifise umwanya wo kwinyegeza, ariko abo basirikare basatse ntibobuze kwubura nya mashini icapura. Ivyo vyotumye uwo muryango wose ukubitwa ugasinzikazwa canke ugashobora n’ukwicwa. Ni igiki coshoboye kugirwa? Abo basore babiri baravuze bashize amanga amajambo ari muri Yohana 15:13 agira ati: “Nta wogira urukundo ruruta urw’uk’umuntu yigura abakunzi biwe.” Barasavye bashimitse ko boguma mu bwicaro. Abo basirikare bobabonye, kandi nta nkeka yuko bobakubise runyamanswa canke mbere bakabica baramutse banse kwinjizwa mu gisirikare. Ariko rero nta handi bobaye bagisaka. Iyo mashini yo gucapura be n’abandi bagize uwo muryango bobaye barokotse. Ariko rero vyagize ingaruka itangaje. Abo basirikare mu vy’ukuri barasimvye iyo nzu imwe, baja ku zindi! Izo nzavya-bantu zabumbiwe gukoreshwa ibiteye iteka hamwe n’iyo mashini yo gucapura vyararokotse, kugira ngo bibandanye gusohora imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe. Umwe muri abo bahungu babiri be na mushikiwe ubu bakora kuri Beteli; uwo musore aracakoresha iyo mashini ya kera.
14 Abakiri bato barashobora kwigishwa ukuntu bosenga, kandi Imana yacu irishura amasengesho yabo. Akarorero gatangaje k’ivyo kabaye mu gihe ca bwa bwicanyi bwo mu Rwanda. Igihe abitwaje ibirwanisho bari biteguriye kwicisha gerenade agakobwa k’imyaka itandatu n’abavyeyi bako, karasenganye ubwira n’ijwi ryumvikana ngo barokoke kugira babandanye gukorera Yehova. Abobishe vyatumye babareka, bavuga bati: “Ntidushobora kubica kubera aka gakobwa.”—1 Petero 3:12.
15. Paulo yaburiye abantu ku vyerekeye utwosho twonona utuhe?
15 Benshi mu rwaruka rwacu ntibarinda guhangana n’ibintu bigoye nk’ibihejeje kwiganwa, ariko hariho ibigeragezo vyinshi bahangana na vyo kw’ishure no mu bibano vyononekaye vyo muri iki gihe: imvugo mbi, ibintu vyerekana ubushegabo, ukwinezereza guteye isoni, hamwe n’akosho k’urunganwe ko kuja mu ngeso mbi, birimonogoje mu mihingo nyinshi. Intumwa Paulo ntiyasiba kugabisha Abakirisu ngo birinde utwo twosho.—1 Ab’i Korinto 5:6; 15:33, 34; Abanyefeso 5:3-7.
16. Umuntu ashobora gute gucika urwavya rukoreshwa ibiteye iteka?
16 Paulo amaze kuvuga ivy’inzavya zizigamwa ngo ‘zimwe zikoreshwe ivy’icubahiro, izindi ngo zikoreshwe ibiteye isoni,’ yavuze ati: “Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.” Nimuze rero turemeshe urwaruka rwacu babe maso ku vyerekeye abo bigendana. Nibahunge ‘ukwifuza kw’ubusore, maze bakurikire ukugororoka n’ukwizera n’urukundo, n’amahoro, bafatanya n’abambaza Umwami wacu n’imitima itanduye.’ (2 Timoteyo 2:20-22) Porogarama y’umuryango yo ‘gukomezanya’ irashobora kuba iy’agaciro mu kubumba urwaruka rwacu. (1 Ab’i Tesalonike 5:11; Imigani 22:6) Gusoma Bibiliya no kuyitohoza ku musi ku musi, hakoreshejwe ibisohokayandikiro bibereye, birashobora gufasha cane.
Ibumbwa ry’Uwo Ari We Wese
17. Ugukangirwa kuzotubumba gute, kandi ivyo bizovamwo ibihe bintu biteye umunezero?
17 Kugira ngo Yehova atubumbe, araduha impanuro zivuye mw’Ijambo ryiwe kandi akazicisha kw’ishirahamwe ryiwe. Ntukigere urwanya impanuro nk’izo ziranga ukuyobokera Imana! Nuzakirane ubwenge, kandi ureke zigusene kugira ngo Yehova agukoreshe ibiteye iteka. Mu Migani 3:11, 12 haduhanura hati: “Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, kandi nturambirwe n’uguhana kwiwe: kuk’uwo Uhoraho akunda ari we ahana, nk’uko se w’umwana nyene ahana umwana wiwe anezererwa.” Iyindi mpanuro ya kivyeyi tuyisanga mu Baheburayo 12:6-11. Hagira hati: “Uwo Uhoraho akunda [ni] we akāngīra . . . Nta gikāngīro kiboneka ko giteye umunezero ako kanya, atar’umubabaro, ariko hanyuma abamenyerejwe na co kibāmira imbuto zizana amahoro zo kugororoka.” Umuhora nyamukuru umuntu aronkeramwo ico gikangiro utegerezwa kuba Ijambo ryahumetswe ry’Imana.—2 Timoteyo 3:16, 17.
18. Ku vyerekeye ukwihana, dushobora kwigira iki kuri Luka ikigabane ca 15?
18 Yehova kandi ni munyakigongwe. (Kuvayo 34:6) Umuntu naho yoba yarakoze mbere icaha gikomeye kuruta ibindi, aramutse yerekanye ukwihana kuvuye ku mutima, Yehova aramugirira imbabazi. N’‘abana b’ibishushungwe’ bo mu gihe ca none barashobora kubumbwamwo inzavya zikoreshwa ibiteye iteka. (Luka 15:22-24, 32) Ibicumuro vyacu bishobora kuba bidakomeye nka bimwe vya wa mwana w’igishushungwe. Ariko ukuntu twakira impanuro zishingiye ku Vyanditswe twicishije bugufi nantaryo bizotuma tubumbwa tube inzavya zikoreshwa ibiteye iteka.
19. Dushobora gute kubandanya kumera nk’inzavya z’ibiteye iteka ziri mu minwe ya Yehova?
19 Igihe twiga ukuri ari bwo bwa mbere, twarerekanye ko dufise ishaka ryo kureka ngo Yehova adusene. Twarataye inzira z’isi, dutangura kwambara wa muntu mushasha, hanyuma ducika Abakirisu biyeguriye Imana kandi babatijwe. Twarakurikije impanuro yo mu Banyefeso 4:20-24, ‘turiyambura wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo, hanyuma tukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.’ Ese twebwe ubwacu twobandanya kuba abantu bagondeka mu minwe ya Yehova, wa Mubumvyi Mukuru, nantaryo tukama turi inzavya zikoreshwa ibiteye iteka!
Isubiramwo
◻ Wa Mubumvyi Mukuru afitiye isi yacu uwuhe mugambi?
◻ Ushobora kubumbwa ngo ukoreshwe igikorwa giteye iteka gute?
◻ Ni mu buryo ubuhe abana bacu bashobora kubumbwa?
◻ Dukwiye kubona gute ivy’ugukangirwa?
[Ifoto ku rup. 20]
Woba uzobumbwa ngo ukoreshwe ibiteye iteka canke uzoshiburwa?
[Ifoto ku rup. 22]
Abakiri bato barashobora kubumbwa kuva bakiri impinja