ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/6 rup. 26-31
  • Nidushime ba “Bantu b’Ingabirano”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nidushime ba “Bantu b’Ingabirano”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Turi Abakozi Bakorana Namwe’
  • Barafasha Bose ngo Bakore Banezerewe
  • ‘Nube Umuntu Agamburuka Kandi Ayoboka’
  • “Mububahe Rwose”
  • “Abantu b’Ingabirano” bo Kwitwararika Intama za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • “Muhe iteka abakora cane muri mwebwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Abakurambere ni ‘abakozi bagenzi bacu ku bw’akanyamuneza kacu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Bakurambere, nimubandanye kwigana intumwa Paulo
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/6 rup. 26-31

Nidushime ba “Bantu b’Ingabirano”

“Mumenye abakora muri mwebge bagatama, . . . mububahe rwose mu rukundo kubg’igikorwa cabo.”—1 AB’I TESALONIKE 5:12, 13.

1. Dukurikije Ivyakozwe 20:35, ni ububasha ubuhe ugutanga gufise? Tanga akarorero.

“GUTANGA kuzana [ubuhirwe], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Woba wibuka igihe uherukira kwibonera ukuri kw’ayo majambo Yezu yavuze? Kumbure gashobora kuba kari nk’akantu ugabiye uwo ukunda cane. Waragacaguye witonze, kuko washaka ko kaba akantu nya muntu yokunda cane. Ibaze ukuntu mu maso hakeye h’uwo muntu ukunda haciye hakweza umutima! Iyo ugutanga gutumwe n’impamvu ibereye, buraba uburyo bwo guserura urukundo, uguserura urukundo na vyo bikaba bifise ububasha bwo kutuzanira ubuhirwe.

2, 3. (a) Ni kuki bishobora kuvugwa ko ata n’umwe ahiriwe kuruta Yehova, kandi ya ntunganyo y’uko haba “abantu b’ingabirano” ishobora gute gutuma umutima wiwe unezerwa? (b) Ni ibiki tutoshima kugira ku ngabirano iva ku Mana?

2 Ni nde none ashoboye kuba umuhirwe kuruta Yehova, wa Mutanzi w’ ‘ingabirano nziza yose’? (Yakobo 1:17; 1 Timoteyo 1:11) Ingabirano yose atanga ayitanga abitumwe n’urukundo. (1 Yohana 4:8) Ivyo ntibibuze kuba ari ko bimeze ku ngabirano Imana yahaye ishengero biciye kuri Kirisitu, ari yo ba “bantu b’ingabirano.” (Abanyefeso 4:8, NW) Intunganyo y’uko haba abakurambere bo kubungabunga umukuku ni uburyo bugaragaza urukundo rugera kure Imana ifitiye abasavyi bayo. Abo bagabo bacagurwa mu buryo bwitondewe: bategerezwa gushitsa ibintu bisabwa n’Ivyanditswe. (1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9) Barazi ko bategerezwa ‘gufatana ikibabarwe umukuku,’ kuko aho ari ho intama ziheza zikagira impamvu yo kwumva ko zikuriye ubwatsi abo bungere b’abanyarukundo. (Ivyakozwe 20:29; Zaburi 100:3) Igihe Yehova abonye ko imitima y’intama ziwe yuzuye ugushima mwene ukwo, vy’ukuri n’umutima wiwe bwite ntubura kunezerwa!—Imigani 27:11.

3 Birumvikana ko tutoshima kugabanya agaciro k’ingabirano iva ku Mana; eka mbere ntitwokunda kuba abantu badakenguruka izo ngabirano yatanze. Gutyo, hari ibibazo bibiri bivyuka: Abakurambere bakwiye kubona gute uruhara bafise mw’ishengero? Kandi abasigaye bo mu mukuku bashobora kwerekana gute ko bashima abo “bantu b’ingabirano”?

‘Turi Abakozi Bakorana Namwe’

4, 5. (a) Paulo agereranya ishengero n’iki, kandi ni kuki ico ari ikigereranirizo kibereye? (b) Ikigereranirizo Paulo yatanze cerekana iki ku vyerekeye uburyo dukwiye kubona no gufata abandi?

4 Yehova yarahaye ba “bantu b’ingabirano” urugero runaka rw’ububasha mw’ishengero. Birumvikana ko abakurambere badashima gukoresha nabi ububasha bafise, ariko barazi yuko ivyo vyoroshe cane kugira, kubera ko ari abantu b’abanyagasembwa. None rero bakwiye kwibona gute imbere y’abasigaye bo mu mukuku? Rimbura ikigereranirizo kimwe cakoreshejwe n’intumwa Paulo. Amaze kuvuga igituma abo “bantu b’ingabirano” batangwa, Paulo yanditse ati: “Turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo; umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.” (Abanyefeso 4:15, 16) Urumva ko Paulo ishengero, harimwo n’abakurambere hamwe n’abandi bo mu barigize, arisanisha n’umubiri w’umuntu. Ni kuki ico ari ikigereranirizo gikwiriye?

5 Umubiri w’umuntu ugizwe n’ibihimba vyinshi bitandukanye, mugabo bikagira umutwe umwe gusa. Ariko rero, yaba inyama, kaba agatsi gatoyi canke umutsi munini, nta na kimwe mu mubiri kitagira akamaro. Igihimba cose kiri n’ico kimaze kandi kikaba giterera agacumu k’ubumwe ku magara n’ubwiza bw’umubiri. N’ishengero nyene rigizwe n’abantu benshi batandukanye, mugabo umuntu wese—yaba umuto canke uwukuze, uwukomeye canke goyigoyi—arashoboye guterera agacumu k’ubumwe ku magara y’ishengero n’ubwiza bwayo muri rusangi. (1 Ab’i Korinto 12:14-26) Nta n’umwe akwiye kwirirwa arumva ko ari muto cane ku buryo yoba atagira akamaro. Eka mbere nta n’umwe akwiye kwumva ko aruta abandi, kuko twese, abungere n’intama nyene, turi umuce wa wa mutumba, hakaba hari umutwe umwe utarenga, ari we Kirisitu. Gutyo rero Paulo yerekanye ishusho nziza y’ukuntu dukwiye gukundana, kwitwararikana no kwubahana. Ukwiyemerera ivyo birafasha abakurambere kubona uruhara bafise mw’ishengero mu buryo buranga ukwicisha bugufi kandi buri ku burimbane.

6. Naho Paulo yari afise ububasha bw’intumwa, yerekanye gute umutima w’ukwicisha bugufi?

6 Abo “bantu b’ingabirano” ntibarondera gukontorora ubuzima canke ukwizera kw’abo bisangiye gusenga. Paulo naho yari afise ububasha bw’intumwa, yaricishije bugufi abwira Abanyakorinto ati: “S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ukwizera ari kwo muhagazemwo.” (2 Ab’i Korinto 1:24) Paulo ntiyipfuza gukontorora ukwizera kw’abavukanyi biwe be n’uburyo bari babayeho. Vy’ukuri, yabonye ko kugira gutyo bidakenewe, kuko yaseruye umwizero w’uko bari bamaze kuba abagabo n’abagore b’abizerwa bari mw’ishirahamwe rya Yehova kubera ko bashaka gukora ibigororotse. Ni co gituma Paulo mu kuvuga ibimwerekeye we ubwiwe hamwe n’umusangirangendo wiwe Timoteyo, ari nk’aho yavuze ati: ‘Akazi kacu ni ugukorana namwe kugira ngo dukorere Imana tunezerewe.’ (2 Ab’i Korinto 1:1) Umve nawe uwo mutima w’ukwicisha bugufi!

7. Abakurambere bicisha bugufi batahura iki ku vyerekeye uruhara barangura mw’ishengero, kandi ni umwizero nyabaki bagirira abo basangiye igikorwa?

7 “Abantu b’ingabirano” muri iki gihe bafise akazi nk’ako nyene. Ni ‘abakozi bakorana natwe ku bw’umunezero wacu.’ Abakurambere bicisha bugufi batahura yuko atari ivyabo kugera ivyo abandi bashoboye gukora mu murimo w’Imana. Barazi yuko naho boshobora kuremesha abandi kwagura canke kuryohora igikenurwa cabo, umurimo bakorera Imana ukwiye kuba ukorwa bivuye ku mutima ukunze. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 9:7.) Barizigiye yuko mu gihe abakozi bagenzi babo bafise umunezero, bashobora gukora ivyo bashoboye vyose. Icipfuzo kivuye ku mutima bafise rero ni ico gufasha abavukanyi babo kugira ngo ‘bakorere Yehova banezerewe.’—Zaburi 100:2.

Barafasha Bose ngo Bakore Banezerewe

8. Uburyo bumwebumwe abakurambere bashobora gufasha abavukanyi babo ngo bakorere Yehova banezerewe ni ubuhe?

8 Yemwe bakurambere, mushobora gute gufasha abavukanyi banyu ngo bakorane umunezero? Murashobora kubaremesha mukoresheje akarorero mutanga. (1 Petero 5:3) Nimureke umwete n’umunezero mugira mu gikenurwa vyigaragaze, maze abandi boshobora kuvyurirwa umutima wo kwigana akarorero kanyu. Nimushimire abandi ku bw’utwigoro bagirana ubugingo bwabo bwose. (Abanyefeso 4:29) Ukubashimira kurimwo igishika kandi kw’ukuri kurafasha abandi kwumva ko bari n’akamaro kandi ko bakenewe. Biraremesha intama kugira ishaka ryo gukora uko zishoboye kwose ngo zikorere Imana. Nimwirinde ukugereranya abantu guca intege. (Ab’i Galatiya 6:4) Ukugereranya abantu gutyo birashobora guca intege abandi aho kubavyurira umutima wo gutera imbere. Kanatsinda, intama za Yehova usanga ari abantu ivyabo vyifashe ugutandukanye bakagira n’ubushobozi butandukanye. Nka kumwe kwa Paulo, nimugaragaze ko mwizigiye abavukanyi banyu. Urukundo “rwizera vyose,” ari co gituma twoba tugize neza twizeye ko abavukanyi bacu bakunda Imana kandi bashaka kuyihimbara. (1 Ab’i Korinto 13:7) Igihe ‘mugaragarije abandi ko mububaha,’ muba mutumye bavamwo ibintu vyiza bihebuje. (Abaroma 12:10) Murame muzi ko igihe intama ziremeshejwe kandi zikaruhurirwa, benshi bazogira ivyo bashoboye vyose mu gukorera Imana, kandi bazoronkera umunezero muri ico gikorwa.—Matayo 11:28-30.

9. Kugira ngo umukurambere wese akorane umunezero, azobifashwamwo no kubona gute abakurambere nka we?

9 Wibonye mu buryo buranga ukwicisha bugufi yuko uri ‘umukozi akorana’ n’abandi, bizogufasha wewe gukorana umunezero no gushima za ngabirano ntangere zifiswe n’abakurambere bagenzawe. Umukurambere wese arafise ubuhanga n’ubushobozi yisangije ashobora gukoresha kugira ngo ishengero rihungukire. (1 Petero 4:10) Umukurambere umwe ashobora kuba afise ingabirano mu vy’ukwigisha. Uwundi ashobora kuba ari kirumara mu vy’ukwungunganya ibintu. Yamara uwundi ashobora kuba yoroshe kwegera bimwe bidasanzwe kubera ubushwashwanutsi bwiwe n’imbabazi afise. Tuvugishije ukuri, nta mukurambere agira ingabirano zose ku rugero rumwe. None ukuba umukurambere umwe afise ingabirano yisangije, tuvuge nk’iyo kwigisha, vyotuma aba uwuruta uwundi? Habe namba! (1 Ab’i Korinto 4:7) Ku rundi ruhande, ntibikenewe ko duhekenyera imisaya ingabirano uwundi afise canke ngo twumve tutabereye igihe ubushobozi bw’uwundi mukurambere butumye abandi bamukeza. Uribuka ko wewe ubwawe ufise ingabirano Yehova akubonamwo. Kandi arashobora kugufasha ugatsimbataza izo kamere ukanazikoresha kugira ngo abavukanyi bawe bahungukire.—Ab’i Filipi 4:13.

‘Nube Umuntu Agamburuka Kandi Ayoboka’

10. Ni kuki bibereye ko duserura dushima “abantu b’ingabirano”?

10 Igihe batugabiye ikintu, ntitubura gushima. Mu B’i Kolosayi 3:15 havuga hati: “Mube abama bakenguruka.” None twovuga iki kuri ba “bantu b’ingabirano,” za ngabirano z’agaciro Yehova yaduhaye? Birumvikana ko ubwa mbere na mbere dukengurukira Yehova, we Mutanzi w’Ingabirano atanga atitangiriye itama. Mugabo tuvuge iki kuri abo “bantu b’ingabirano” ubwabo? Twoshobora gute kwerekana ko tubashima?

11. (a) Twoshobora gute kwerekana ko dushima “abantu b’ingabirano”? (b) Imvugo ngo ‘mugamburuke’ na ‘muyoboke’ zisobanura iki?

11 Turashobora kwerekana ko dushima abo “bantu b’ingabirano” mu kudatebagana gukurikiza impanuro baduha be n’ingingo bafata bishingiye kuri Bibiliya. Bibiliya iraduhanura iti: “[Mugamburukire] ababaganza, [“mubayobokere,” NW]: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.” (Abaheburayo 13:17) Urabona ko abatuja imbere tudategerezwa gusa ‘kuba abagamburuka,’ ariko kandi ‘tukaba abayoboka.’ Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwemwo ‘kuba uwuyoboka’ urudome ku rundi risobanura ngo “ube uworoha ari musi ya.” Umuhanga umwe mu vya Bibiliya, R. C. H. Lenski, aragira ico avuze ku mvugo ngo ‘mugamburuke’ na ‘muyoboke,’ ati: “Umuntu agamburuka igihe yemera ivyo yasabwe gukora, akumvishwa ukuntu ari ivy’ukuri n’akamaro kavyo; umuntu yiyorosha . . . igihe afise iciyumviro kinyuranye n’icatanzwe.” Igihe dutahura kandi tukemera ubuyobozi bw’abatuja imbere, ukugamburuka guca kwizana. Mugabo, mu gihe tudatahura impamvu yatumye ingingo kanaka ifatwa, hoho bite?

12. Ni kuki dukwiye kuyoboka, canke kwiyorosha, no mu gihe nyene tudatahura rwose impamvu yatumye ingingo kanaka ifatwa?

12 Aho ni ho twoshobora gukenera kuba abayoboka, canke abiyorosha. Kubera iki? Kimwe coco, turakwiye kwizigira ko abo bagabo bakwije ibisabwa n’Ivyanditswe, bafise ku mutima ineza yacu. Ubiravye neza, barazi neza yuko bategerezwa kugira ico babazwa na Yehova ku bw’intama yabashinze kubungabunga. (Yakobo 3:1) Vyongeye, vyoba vyiza twibutse yuko twoshobora kuba tutazi ibintu vyose vy’ibanga vyatumye bafata ingingo itari iya gihuruduka.—Imigani 18:13.

13. Ni igiki gishobora kudufasha kuyoboka igihe hari ingingo abakurambere bafashe mu rubanza?

13 Tuvuge iki ku vyerekeye ukuyoboka igihe hafashwe ingingo mu rubanza? Ico tutobura kuvuga coco, ivyo bishobora kuba bitoroshe, na canecane igihe hafashwe ingingo y’uguca umuntu dukunda, nk’incuti canke umugenzi wa cane. N’aha nyene vyoba vyiza kuruta twiyorohereje urubanza rwaciwe n’abo “bantu b’ingabirano.” Barashoboye gucisha aho ukuri kuri kuturuta, kandi bashobora kuba bazi ibivyerekeye vyinshi kuturuta. Abo bavukanyi kenshi barababazwa n’ingingo mwene izo bafata; ‘guca imanza dukorera Yehova’ ni ibanga rihambaye. (2 Ngoma 19:6) Barigora uko bashoboye kwose kugira babe abantu b’abanyakigongwe, kuko bibuka ko Imana “[i]gabirije guharira.” (Zaburi 86:5) Mugabo bategerezwa kandi gukora kugira ishengero rigume rityoroye, Bibiliya ikaba isaba ko baca inkozi z’ibibi zitihana. (1 Ab’i Korinto 5:11-13) Mu bihe vyinshi usanga nyene gukora ikibi ubwiwe yemera ingingo yafashwe. Igihano gishobora kuba ari co nyene nya muntu yari akeneye kugira agarure umutima. Twebwe abo akunda, mu gihe tuyoboka mu vyerekeye ingingo yafashwe, dushobora kuba turiko turamufasha kwungukira ku ndero yatojwe.—Abaheburayo 12:11.

“Mububahe Rwose”

14, 15. (a) Dukurikije 1 Ab’i Tesalonike 5:12, 13, ni kuki Abakurambere bakwiriye ko tububaha? (b) Ni kuki twoshobora kuvuga ko abakurambere ‘bakora bagatama muri twebwe’?

14 Turashobora kandi kugaragaza ko dushima abo “bantu b’ingabirano” mu kubagaragariza icubahiro. Igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Tesalonike, yakebuye abarigize ati: “Mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra, mububahe rwose mu rukundo kubg’igikorwa cabo.” (1 Ab’i Tesalonike 5:12, 13) Mbega amajambo ngo ‘ugukora umuntu agatama’ ntadondora neza ivya ba bakurambere bitanga batiziganya usanga atako batagira ku neza yacu ata kwikunda? Rimbura gatoyi umuzigo uremereye abo bavukanyi dukunda bikoreye.

15 Kenshi usanga ari ba serugo bategerezwa gukora akazi kugira ngo baronse imiryango yabo ivyo ikeneye. (1 Timoteyo 5:8) Mu gihe umukurambere afise abana, abo bana batoyi barakenera ko uwo muvyeyi wabo abahebera umwanya kandi bakabitwararika. Ashobora kuba akeneye kubafasha mu dukorwa bahabwa kw’ishure, akanashira ku rutonde akanya ko gukoresha inguvu zabo z’ubuto mu kwisamaza kumeze neza. (Umusiguzi 3:1, 4) Igihambaye kuruta, aritwararika ivyo umuryango wiwe ukenera mu vy’impwemu, akayobora inyigisho ya Bibiliya y’umuryango adahorereza, agakorana na bo mu gikenurwa co mu ndimiro, kandi akabajana ku makoraniro ya gikirisu. (Gusubira mu Vyagezwe 6:4-7; Abanyefeso 6:4) Ntitwibagire yuko uretse ayo mabanga benshi muri twebwe basanzwe barangura, abakurambere barafise ibindi bikorwa vy’inyongera: gutegura ibihimba vy’ikoraniro, kugendera abantu cungere, kwitwararika ukumererwa neza kw’ishengero mu vy’impwemu, n’igihe bikenewe bakicarira ivy’imanza. Bamwe bararangura amabanga y’inyongera ajanye n’ivy’amateraniro y’umuzunguruko, amateraniro y’intara, ukwubaka Ingoro z’Ubwami, n’ibijanye n’Amakomite Aja Inama n’Ibitaro. Vy’ukuri abo bavukanyi ‘barakora bagatama’!

16. Dondora uburyo dushobora kwerekana ko twubaha abakurambere.

16 Twoshobora gute kubagaragariza icubahiro? Bibiliya yarayamaze iti: “Ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!” (Imigani 15:23; 25:11) Ni co gituma amajambo y’ugushima n’ukuremesha atarimwo uburyarya ashobora kubereka ko igikorwa bakora tutakibona ibisanzwe. Vyongeye, dukwiye kutarenza urugero mu vyo tubitegako. Kimwe coco ni uko dukwiye kubegera tubasaba imfashanyo ata kwitinya. Hashobora kubaho ibihe ‘umutima wacu uba uri mu mubabaro mwinshi’ tukaba dukeneye indemesho, inyobozo canke impanuro bishingiye mu Vyanditswe, bitanzwe na bamwe ‘bashoboye kwigisha’ Ijambo ry’Imana. (Zaburi 55:4; 1 Timoteyo 3:2) Ico gihe nyene, turakwiye kwibuka yuko umukurambere adashobora kuduhebera umwanya mwinshi cane, kuko atoshobora gufata minenerwe ivyo umuryango wiwe bwite canke abandi mw’ishengero bakeneye. Mu gihe ‘tubabara’ abo bavukanyi bakora bagatama, ntitwoshima kubasaba ibirenze. (1 Petero 3:8) Ahubwo, ni tube abantu bashima umwanya uwo ari wo wose bashobora kuduhebera be n’ukuntu bashobora kuba batwitwararika ku rugero.—Ab’i Filipi 4:5.

17, 18. Abakenyezi benshi bafise abagabo b’abakurambere biyima iki, kandi dushobora gute kwerekana ko abo bavukanyikazi b’abizerwa tutababona ibisanzwe?

17 Abakenyezi b’abakurambere bobo twobavugako iki? Mbega na bo nyene ntibakwiriye ko tububaha? Kanatsinda, usanga basangira abagabo babo n’ishengero. Ivyo kenshi bisaba ko hagira ibintu biyima. Rimwe na rimwe, abakurambere bategerezwa kumara amasaha yo ku migoroba bariko barihweza ibintu vy’ishengero, kandi boshoboye kuba bamarana umwanya n’imiryango yabo. Mu mashengero menshi abakenyezi usanga ari Abakirisu b’abizigirwa baremera n’umutima ukunze kwiyima mwene ukwo kugira ngo abagabo babo bashobore kwitwararika intama za Yehova.—Gereranya na 2 Ab’i Korinto 12:15.

18 Dushobora none kwerekana gute ko abo bavukanyikazi b’Abakirisu b’abizigirwa tutababona ibisanzwe? Birumvikana ko twobigira mu kudasaba abagabo babo ibirenze. Mugabo ntitwibagire kandi ububasha amajambo matomato y’ugushima ashobora kugira. Mu Migani 16:24 havuga hati: “Amajambo aryoshe ni nk’umutsāma w’ikigigu, asōsera umutima, anonora amagufa.” Ehe raba ikintu kimwe cabaye. Inyuma y’ikoraniro rya gikirisu rimwe, hari umugabo n’umugore bubakanye begereye umukurambere hanyuma bamusaba kuganira ku vyerekeye umuhungu wabo w’umuyabaga. Igihe nya mukurambere yariko araganiriza uwo mugabo n’umugore wiwe, umukenyezi wiwe yararindiriye yihanganye. Mu nyuma, nyina wa nya muhungu yaregereye wa mukenyezi w’umukurambere hanyuma avuga ati: “Nashaka kugushimira ku bw’umwanya umugabo wawe yakoresheje kugira ngo afashe umuryango wanje.” Utwo tujambo tworoheje kandi turyoshe tw’ugukenguruka vy’ukuri twarakoze ku mutima wa mukenyezi w’umukurambere.

19. (a) Ni ibiki abakurambere tubafatiye hamwe bariko baragerageza kurangura badahemuka? (b) Twese dukwiye kwiyemeza gukora iki?

19 Intunganyo y’uko haba abakurambere bo kubungabunga intama ni imwe mu ‘ngabirano nziza’ Yehova atanga. (Yakobo 1:17) Mugabo abo bagabo si abatagira agasembwa; cokimwe natwe twese, barakora amakosa. (1 Abami 8:46) Yamara, tubafatiye hamwe, abakurambere b’amashengero kw’isi yose bariko baragerageza kurangura badahemuka ivyo Yehova yari yashatse ko bashitsa—ni ukuvuga kubogora umukuku, kuwubaka, kuwunywanisha no kuwukingira. Umukurambere wese niyiyemeze kubandanya kubungabungana ikibabarwe intama za Yehova, gutyo abe agaragaje ko ari ingabirano, canke umuhezagiro ku bavukanyi biwe. Kandi twese nimuze twiyemeze kugaragaza ko dukenguruka abo “bantu b’ingabirano” mu kubagamburukira no kubayobokera, no mu kubagaragariza ko tububaha ku bw’igikorwa bakora bagatama. Ese ukuntu dushobora gukura ubwatsi kuba Yehova n’urukundo n’akantu yaraturonkeje abagabo basa n’ababwira intama ziwe bati: ‘Akazi kacu ni ukubafasha kugira ngo mukorere Imana munezerewe!’

Wovyishura Ute?

◻ Ni kuki ishengero bikwiriye ko rigereranywa n’umubiri?

◻ Abakurambere bashobora gute gufasha abavukanyi babo gukorera Yehova banezerewe?

◻ Ni kuki tudakwiye gusa kugamburukira abatuja imbere mugabo dukwiye kandi kubayobokera?

◻ Ni mu buryo ubuhe dushobora kugaragaza ko twubaha abakurambere?

[Ifoto ku rup. 28]

Yemwe bakurambere, be mukeza abandi ku bw’utwigoro bagira n’ubugingo bwabo bwose

[Ifoto ku rup. 29]

Biciye ku karorero k’umwete abakurambere batanga mu gikenurwa, barashobora gufasha abo mu ngo zabo be n’abandi gukora banezerewe

[Ifoto ku rup. 30]

Turashima abakurambere bacu bakora bagatama!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika