Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
“Ni bishime izina ry’Uhoraho, kuko yageze bikaremwa.”—ZABURI 148:5.
1, 2. (a) Ni ikibazo ikihe dukwiye kurimbura? (b) Muri ca kibazo Yesaya yabaza ivyaremwe vyerekewe gute?
“NTIWARIBGABIMENYE?” Ico gishobora gusa kwumvikana nk’ikibazo gituma abantu benshi basubizayo bati: ‘Tumenya ibiki?’ Mugabo ni ikibazo gihambaye. Kandi dushobora kurushiriza gutahura inyishu yaco mu kuraba aho cabarijwe—na ho ni mu kigabane ca 40 c’igitabu ca Bibiliya ca Yesaya. Umuheburayo umwe wa kera yitwa Yesaya ni we yacanditse, akaba ari co gituma ico kibazo ari ica kera. Yamara kandi ni ikibazo kijanye n’igihe ca none, kikaba cerekeye insobanuro y’ishimikiro y’ubuzima bwawe.
2 Kubera ko ico kibazo kiri muri Yesaya 40:28 gihambaye gutyo, birakenewe ko tucicarira twitonze. Kigira giti: “Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi.” (Ni twe duhiritse izo ndome.) Ukwo ‘kumenya’ rero kwerekeye ukumenya Umuremyi w’isi, kandi amajambo akikije uwo murongo yerekana yuko biterekeye isi gusa. Imirongo ibiri imbere y’uwo, Yesaya yanditse ku vyerekeye inyenyeri ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, murābe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we, asohora ingabo zazo mu bitigiri: . . . kubg’ububasha bg’ubushobozi bgiwe, no kubg’inkomezi ziwe nyinshi, nta n’imwe ihara.”
3. Naho woba uzi vyinshi ku vyerekeye Umuremyi, ni kuki ukwiye gushaka kumenya ibindi?
3 Ni vyo, ca kibazo ngo “Ntiwaribgabimenye?” cerekeye mu vy’ukuri Umuremyi w’isi n’ijuru. Wewe ubwawe ushobora kuba warajijutse ko Yehova Imana ari we “[M]uremyi w’impera z’isi.” Ushobora kandi kuba uzi ibitari bike ku vyerekeye kamere yiwe n’inzira ziwe. Mugabo vyogenda bite uramutse uhuye n’umugabo canke umugore afise amazinda yuko hariho Umuremyi kandi bikaba vyibonekeza ko atazi uko ameze? Uhuye n’umuntu nk’uyo ntibikwiye kugutangaza kubera yuko hari amamiliyoni n’amamiliyoni y’abantu batazi Umuremyi canke batamwemera.—Zaburi 14:1; 53:1.
4. (a) Ni kuki kurimbura ivyerekeye Umuremyi ari ikintu kibereye muri iki gihe? (b) Ni inyishu izihe siyansi idashobora gutanga?
4 Amashure asohora abantu benshi bakekeranya usanga biyumvira yuko siyansi ifise (canke izoronka) inyishu ku vyerekeye inkomoko y’isi n’ijuru be n’iy’ubuzima. Abanditsi b’igitabu kimwe, Aux Origines de la Vie, ari bo Hagene na Lenay, bavuga bati: “Gushika kuri iyi ntango y’ikinjana ca mirongo ibiri na rimwe, inkomoko y’ubuzima iracaharirwako. Iyo ngorane itoroshe gutorera umuti isaba ubushakashatsi mu nzego zose, kuva ku kirere amahanga gushika ku tuntu dutoduto isase.” Yamara, ikigabane ca nyuma gifise umutwe ugira ngo “Ico Kibazo Ntaho Kiraja,” ciyemerera ibi: “Twaraciye irya n’ino inyishu zimwezimwe siyansi itanga kuri ibi bibazo: Ubuzima bwatanguye gute kw’isi? Mugabo ni kuki ubuzima bwatanguye? Ubuzima bwoba bufise intumbero? Ivyo bibazo siyansi ntishobora kuvyishura. Yironderera gusa kumenya ‘ukuntu’ ibintu biriho. Ibibazo ‘ni gute’ na ‘ni kuki’ ni ibibazo bibiri ataho bihuriye na gato. . . . Ku vy’ikibazo kivuga ngo ‘ni kuki,’ filozofiya, idini, na canecane umwe wese muri twebwe arakwiye kukironderera inyishu.”
Kuronka Inyishu ku Bintu Be n’Ico Bivuze
5. Ni abantu ki canecane bashobora kuronkera ivyiza ku kwiga vyinshi ku vyerekeye Umuremyi?
5 Ni vyo, dushaka gutahura igituma ubuzima buriho—na canecane igituma turi ngaha. Vyongeye, dukwiye kwitwararika abantu batarashika ku ciyumviro c’uko hariho Umuremyi kandi vy’ukuri bakaba bazi bike ku vyerekeye inzira ziwe. Canke iyumvire nka barya usanga bakuriye aho abantu biyumvira Imana mu buryo butandukanye cane n’ivyo Bibiliya ivuga. Abantu amamiliyaridi bakuriye mu Buseruko canke mu yindi mihingo, aho usanga abantu benshi batiyumvira ko Imana ari imwe rudende, atari umugani kandi ko ifise kamere ikwegera. Kuri bo, ijambo “imana” rishobora kuba ribabwira inguvu idasobanutse, canke ikintu nsigabwenge gituma ibintu bibaho. ‘Ntibamenye Umuremyi,’ canke inzira ziwe. Hamwe bo canke abantu amamiliyoni bafise ivyiyumviro nk’ivyo nyene bojijuka ko Umuremyi abaho, ese ivyiza bohakura, tutibagiye n’uko bogira ivyizigiro vy’ukubaho ibihe bidahera! Boshoboye no kuronka ikintu c’imbonekarimwe vy’ukuri—ubuzima buri n’ico buvuze koko, bafise intumbero nyakuri kandi bakagira amahoro y’umuzirikanyi.
6. Ibishikira benshi mu buzima bisa gute n’ivyashikiye Paul Gauguin, bikanasa n’ibiri kuri kimwe mu vyo yashushanije?
6 Tubitangire akarorero: Mu 1891, umuhinguzi w’utugenegene w’Umufaransa yitwa Paul Gauguin, yagiye kurondera ubuzima bumara akanyota mu mazinga ya Polineziya yegukira Ubufaransa, ahameze nk’iparadizo. Mugabo kubera ko yari yahoze abaho atigenza runtu, ntivyatevye kumukwegera indwara, biyikwegera n’abandi. Igihe yabona ko atera yegereza gupfa, yarashushanije ibintu ku gihema kinini cane, aho yasa n’ ‘uwerekana ko ubuzima ari amayobera akomeye.’ Ivyo Gauguin yashushanije woba uzi uko yavyise? Yavyise ngo: “Tuva Hehe? Turi Ba Nde? Turiko Tuja Hehe?” Ushobora kuba umaze kwumva abandi babaza ibibazo bisa n’ivyo. Benshi barabibaza. Ariko iyo babuze inyishu zimara akanyota—ntibabone ico ubuzima buvuze vy’ukuri—bashobora kuja hehe? Bashobora guca bashika ku ciyumviro c’uko ubuzima bwabo budatandukanye kanini n’ubw’ibikoko.—2 Petero 2:12.a
7, 8. Ni kuki ubushakashatsi bwa siyansi ubwabwo budahagije?
7 Urashobora rero gutahura igituma umuntu nka wa mwigisha wa fizike Freeman Dyson yashoboye kwandika ati: “Si jewe gusa, ariko hari n’abandi bakomakomeye babaza ibibazo Yobu yabajije. Ni kuki ducumukura? Ni kuki isi yuzuye akarenganyo? Umubabaro n’amakuba bibereyeho iki?” (Yobu 3:20, 21; 10:2, 18; 21:7) Nk’uko twabivuze, abantu benshi baronderera inyishu kuri siyansi aho kuzironderera ku Mana. Abahinga mu vya biyolojiya, mu vy’amabahari hamwe n’abandi, baguma bongereza ubumenyi dufise ku vyerekeye uyu mubumbe wacu be n’ubuzima buri kuri wo. Mu gushakashakira ahandi, abahinga mu vy’imibumbe n’abo mu vya fizike bagenda barushiriza kumenya ivyerekeye iri zuba ryacu n’imibumbe irizunguruka, inyenyeri be n’ibigwibigwi vy’inyenyeri biri kure. (Gereranya n’Itanguriro 11:6.) Ivyo bintu vy’ukuri bishobora gutuma umuntu ashika ku vyiyumviro vyumvikana ibihe?
8 Hari abanyasiyansi bavuga ivy’ “umuzirikanyi” w’Imana canke “igikorwa” cayo bigaragarira ku biriho vyose. Mugabo, ivyo vyoba bituma abantu batakaza iciyumviro nyamukuru? Ikinyamakuru kimwe, Science, cavuze giti: “Igihe abashakashatsi bavuga ko uko ibiri mu kirere bimeze guhishura ‘umuzirikanyi’ w’Imana canke ‘igikorwa’ cayo, baba bariko bitirira Imana igishobora kuba ari umuce mutoyi w’ibiriho vyose—na wo akaba ari ukuntu ibintu biboneka biri muri bo bitondetse.” Kukaba nkako, uwitwa Steven Weinberg, umuhinga mu vya fizike akaba yaranatsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobel yanditse ati: “Uko ibiriho vyose birushiriza gusa n’ibitahurika, ni ko kandi birushiriza gusa n’aho ataco bibereyeho.”
9. Ni ikimenyamenya ikihe gishobora kudufasha kandi kigafasha n’abandi kwiga ivyerekeye Umuremyi?
9 Yamara ushobora kuba uri umwe mu bantu amamiliyoni batohoje ico kibazo bitonze maze bagatahura yuko kugira ubuzima buri n’ico buvuze koko bifitaniye isano n’ukumenya Umuremyi. Ibuka ivyo intumwa Paulo yanditse: “Ibitaboneka vyayo, ni vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza.” (Abaroma 1:20) Egome, hariho ibintu vyerekeye isi turimwo hamwe n’ibitwerekeye bishobora gufasha abantu kumenya Umuremyi uwo ari we no kuronka insobanuro y’ibimwerekeye. Rimbura imice itatu y’ivyo: ibidukikije, inkomoko y’ubuzima, hamwe n’ubushobozi bw’ubwenge bwacu.
Ibituma Tumwemera
10. Ni kuki dukwiye kuzirikana ku vyerekeye ‘intango’? (Itanguriro 1:1; Zaburi 111:10)
10 Ibiriho vyose vyaje gute? Kumbure ufatiye ku bintu bibonwa hakoreshejwe amatarubindi yo kuraba ibiri mu kirere hamwe n’ivyuma vyo gutohoza ibiriyo, womenya yuko abanyasiyansi benshi babona ko ibiriho vyose bitamyeho. Vyaragize intango kandi biguma vyaguka. Ivyo bishaka kuvuga iki? Umviriza umuhinga mu vy’imibumbe, Umushingantahe Bernard Lovell. Agira ati: “Nimba hari igihe kera ibiriho vyose vyigeze kuba nk’akantu gatoyi cane umuntu atokwiyumvira kandi kakagira uburemere umuntu atokwiyumvira, dukwiye guca twibaza icari kihari imbere yaho . . . Ingorane dukwiye guhangana na yo ni iyerekeye Intango.”
11. (a) Ibiri mu kirere vyose bigereza hehe? (b) Urugero rukwiriye rw’ibiriho vyose rugaragaza iki?
11 Ukuntu ibiriho vyose bikoze, gushiramwo n’isi tubako, bigaragaza ko bikozwe ku rugero rubereye. Nk’akarorero, ibintu vyiza bibiri vyibonekeza biranga izuba ryacu n’ibindi binyenyeri ni uko bikora neza igihe kirekire kandi bikaba bitayegayega. Muri iki gihe bagereranya ko mu kirere kiboneka hari ibigwibigwi vy’inyenyeri biri hagati y’imiliyaridi 50 (50 000 000 000) gushika kw’125. Kandi iyi turimwo bita Nzira Nyamweru ifise inyenyeri imiliyaridi n’imiliyaridi. Ubu naho rimbura ibi: Turazi yuko imoteri y’umuduga ikenera urugero rukwiye neza rw’ibitoro n’impemu. Mu gihe woba ufise umuduga, kumbure worondera umukanitsi yavyize kugira ngo aregere imoteri yayo, ngo umuduga wawe ubone kugenda ata ngorane kandi neza. Nimba urwo rugero rukwiriye ruhambaye ku moteri isanzwe, twovuga iki nk’akarorero ku zuba ryaka bimwe bikaze? Biragaragara ko inguvu nyamukuru zituma ryaka ziri ku rugero rukwiriye neza kugira ngo habeho ubuzima kw’isi. Ivyo vyoba vyarizanye? Yobu wa kera yarabajijwe uku: “Mbeg’urazi ivyagezwe biganza ijuru? Woshobora gushinga uko riganza isi?” (Yobu 38:33) Nta muntu n’umwe abizi. None urwo rugero rukwiriye rwavuye hehe?—Zaburi 19:1.
12. Ni kuki ari ivyumvikana kuvuga yuko Umunyabwenge w’ububasha ari we yaremye ibiriho?
12 Rwoba rwavuye ku kintu kanaka kidashobora kubonwa n’amaso y’umuntu canke ku Muntu adashobora kuboneka? Rimbura ico kibazo ukurikije siyansi yo mu gihe ca none. Muri iki gihe abahinga mu vy’imibumbe benshi baremera yuko mu kirere hariyo ibintu bikomakomeye cane—vyitwa ivyenge vyirabura. Ivyo vyenge vyirabura umuntu ntashobora kubibona, yamara abahinga karuhariwe baremera badakeka ko biriho. Bibiliya na yo nyene ivuga yuko mu kandi karere hariyo ibiremwa vy’ububasha bidashobora kubonwa—bikaba ari ibiremwa vy’impwemu. Nimba ivyo biremwa vy’ububasha kandi bitaboneka biriho, ntivyumvikana none ko urwo rugero rukwiriye rubonekera ku biriho vyose rwavuye ku Munyabwenge w’ububasha?—Nehemiya 9:6.
13, 14. (a) Siyansi mu vy’ukuri yashitse ku ki ku vyerekeye inkomoko y’ubuzima? (b) Ukubaho kw’ubuzima kw’isi kwerekana iki?
13 Ikindi kimenyamenya gishobora gufasha abantu kwemera icese ko hariho Umuremyi cerekeye inkomoko y’ubuzima. Kuva ku gihe c’ubushakashatsi bw’uwitwa Louis Pasteur, vyaremewe yuko ubuzima budaturuka mu busa, mu kwiyadukiza. None ubuzima buri kw’isi bwakomotse he? Mu myaka y’1950, abahinga mu vya siyansi baragerageje kwerekana ko ubuzima buri kw’isi bwoba bwagiye burakurira buhorobuhoro mw’ibahari yinaka ya kera, igihe ngo ikirere ca mbere caguma gikubitwa n’imiravyo. Ariko rero ikimenyamenya ca vuba cane cerekana yuko bisa n’ibidashoboka ko iyo iba ari yo nkomoko y’ubuzima buri kw’isi kubera ko ubwo bwoko bw’ikirere butigeze bubaho. Ni co gituma abanyasiyansi bamwebamwe bariko bararondera insobanuro yumvikana kuruta. Mugabo, boba na bo bahusha iciyumviro nyamukuru?
14 Umunyasiyansi w’Umwongereza, Umushingantahe Fred Hoyle, aho amariye imyaka mirongo yiga isi n’ikirere hamwe n’ubuzima burimwo, yavuze ati: “Aho kwemera ivyo twikuriye mu mutwe bisa n’ibidashoboka vy’uko ubuzima bwātangujwe n’inguvu yiyadukije, bisa n’ivyoba vyiza kwiyumvira yuko ubuzima bwakomotse ku gikorwa cakozwe n’umuntu afise ubwenge yari abigabiye.” Ni vyo, uko turushiriza kwiga ivyerekeye ibitangaza vy’ubuzima ni ko birushiriza kwumvikana ko bwakomotse kw’Isoko rifise ubwenge.—Yobu 33:4; Zaburi 8:3, 4; 36:9; Ivyakozwe 17:28.
15. Ni kuki bishobora kuvugwa yuko wewe umeze ukwawe?
15 Iciyumviro ca mbere rero ni icerekeye ibiriho vyose, ica kabiri na co cerekeye inkomoko y’ubuzima buri kw’isi. Ica gatatu si ikindi, ni ukuntu turi ibiremwa bimeze ukwavyo. Mu buryo bwinshi, umuntu wese ameze ukwiwe, ivyo bigasobanura ko na wewe ari ukwo umeze. Uti gute? Woba kumbure umaze kwumva yuko ubwonko bwagereranijwe na orodinateri y’ububasha bukomeye. Ariko mu vy’ukuri ibiherutse kwuburwa vyerekana yuko ivyo bitogereranywa na gato. Umunyasiyansi umwe wo kw’Ishakashakiro ry’Ubuhinga ry’i Massachusetts yavuze ati: “Orodinateri za kino gihe ntizonaruha zegereza umwana amaze imyaka 4 y’amavuka mu gushobora kubona, kuganira, kugendagenda canke gukoresha ubwenge busanzwe. . . . Vyagereranijwe yuko ubushobozi bwo gushikiriza amakuru bwa orodinateri zihanitse kuruta izindi zose bungana gusa n’ubwenge bw’igifyera—bukaba ari agace isase k’ububasha bufiswe na orodinateri ihanitse iri mu gahanga [kawe].”
16. Ubushobozi ufise bwo kuvuga ururimi bwerekana iki?
16 Ururimi uvuga ni ubushobozi ufise ubikesheje ubwonko bwawe. Hari abantu usanga bavuga indimi zibiri, zitatu canke zirenga, yamara ubushobozi bwo kuvuga n’ururimi rumwe rwonyene butuma tuba ibiremwa bimeze ukwavyo. (Yesaya 36:11; Ivyakozwe 21:37-40) Abigisha R. S. na D. H. Fouts babajije bati: “Mbega umuntu gusa . . . ni we ashoboye kuvuga mu rurimi? . . . Ibikoko bikurubikuru vyose bitegerezwa kuba biserura inyiyumvo bikoresheje . . . ibimenyetso, akamoto, kuzwiragira, kwabira, be no kuririmba, eka mbere na kwa gutambatamba kw’inzuki. Yamara, turetse umuntu nta gikoko biboneka ko gikoresha ururimi rugizwe n’indimburo itomoye. Kandi ibikoko ntibishobora gushushanya ikintu gifise ico kigereranya, bikaba rero vyoca bigira ico bivuze cane. Ico vyoshobora gusa ni uguharagata.” Vy’ukuri, abantu gusa ni bo bashoboye gukoresha ubwonko kugira ngo bavuge ururimi bongere bashushanye ibicapo biri n’ico bivuze.—Gereranya na Yesaya 8:1; 30:8; Luka 1:3.
17. Ni itandukaniro nyamukuru irihe riri hagati y’igikoko ciraba mu cirore n’umuntu yiraba mu cirore?
17 Vyongeye, wewe uriyizi, urazi ko uriho. (Imigani 14:10) Woba uritegereza inyoni, imbwa canke akayabu vyiravye mu cirore bigatangura kudomagura, kuroha canke kurwana n’ico bibonye? Vyiyumvira ko bibonye ibindi bikoko ntibimenye ko ari vyo nyene. Yamara weho iyo uravye mu cirore uba uzi ko ari wewe. (Yakobo 1:23, 24) Urashobora kuraba uko usa canke ukibaza uko uzoba usa mu myaka mikeyi iri imbere. Ibikoko ivyo ntibibigira. Ni vyo, ubwonko bwawe butuma umera ukwawe. None ivyo vyokwitirirwa nde? Ubwonko bwawe nimba butaremwe n’Imana bwaje gute?
18. Ni ubushobozi bwo mu vy’ubwenge ubuhe bugutandukanya n’ibikoko?
18 Ubwonko bwawe buratuma kandi ushobora gushima utugenegene n’umuziki, ukagira n’imico runtu. (Kuvayo 15:20; Abacamanza 11:34; 1 Abami 6:1, 29-35; Matayo 11:16, 17) Ni kuki wewe ubishobora ibikoko ntibibishobore? Bikoresha ubwonko bwavyo ubwa mbere na mbere kugira ngo vyironse ivyo bikeneye muri ako kanya nyene—kuronka ivyo birya, kurondera ibigore, canke kwiyubakira ivyari. Abantu gusa ni bo biyumvira ivyo mu gihe ca kure. Bamwe mbere bariyumvira ukuntu ivyo bakora bizogira ingaruka ku bidukikije canke ku bazobakomokako muri kazoza ka kure. Kuki? Mu Musiguzi 3:11 havuga ivy’abantu hati: “[Umuremyi] yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo.” Egome, ubushobozi ufise bwo kurimbura ico ibihe bidahera bisobanura canke bwo kwiyumvira ivy’ubuzima butagira iherezo, ni ikintu kidasanzwe.
Reka Umuremyi Yongereze Ico Ibintu Bivuze
19. Ni ivyiyumviro bitatu ibihe wokoresha mu gufasha abandi kuzirikana ku vyerekeye Umuremyi?
19 Twavuze gusa ibintu bitatu: urugero rw’ibintu rukwiriye rubonekera mu biri kirere kinini amahanga, inkomoko y’ubuzima buri kw’isi, na bwa bwonko bw’abantu bumeze ukwabwo mu buryo budaharirwa, bukaba bufise ubushobozi butari bumwe. Ivyo bintu bitatu vyerekana iki? Ngiki iciyumviro wokoresha mu gufasha abandi ngo bagire ico bashikako. Wotangurira ku kubabaza uti: Ibiriho vyose vyoba vyaragize intango? Benshi bokwemera ko vyayigize. Nuce ubaza uti: Vyoba vyatanguye vyiyadukije, canke hari icabitanguje? Abantu benshi bumva ko ibiriho biri n’icabitanguje. Ivyo bijana ku kibazo ca nyuma: Vyoba vyatangujwe n’ikintu kinaka gihoraho canke n’Umuntu ahoraho? Ivyo bibazo bishikirijwe gutyo mu buryo butomoye kandi bwumvikana, abenshi barashobora gushika kuri iki ciyumviro: Hategerezwa kuba hariho Umuremyi! Nimba ariho, ntivyoba bikwiriye none ko ubuzima bugira ico buvuze?
20, 21. Ni kuki kumenya Umuremyi ari ikintu ntahara nimba dushaka ko ubuzima bwacu bugira ico buvuze?
20 Ukubaho kwacu kwose, dushizemwo n’agatima dufise ko kwigenza runtu be n’inyifato runtu ubwayo bikwiye kuba bifitaniye isano n’Umuremyi. Igihe kimwe Dogoteri Rollo May yanditse ati: “Ikintu kimwe rudende kigenga mu buryo bukwiriye inyifato runtu ni igishingiye ku buzima bw’ishimikiro buri n’ico buvuze.” None ico twogisanga he? Yabandanije agira ati: “Ikintu ntabanduka muri ivyo ni ukuntu Imana imeze. Ingingo z’Imana ni zo ngingo zigize ishimikiro ry’ubuzima kuva mu ntango y’irema gushika kw’iherezo.”
21 Turashobora rero gutahura neza igituma umwanditsi wa Zaburi yagaragaje ukwicisha bugufi n’ubukerebutsi igihe yatakambira Umuremyi ati: “Nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe. Undōngōre mu kuri kwawe, unyigishe: kukw ari wewe Mana y’agakiza kanje.” (Zaburi 25:4, 5) Uko umwanditsi wa Zaburi yarushiriza kumenya Umuremyi, nta mazinda ko ubuzima bwiwe bwoba bwararushiriza kugira ico buvuze, kugira intumbero be n’ubuyobozi. Bishobora kuba ari ukwo bimeze kuri umwumwe wese muri twebwe.—Kuvayo 33:13.
22. Gushika ku kumenya inzira z’Umuremyi birimwo ibiki?
22 Gushika ku kumenya “inzira” z’Umuremyi birimwo no kurushiriza kumenya uko ameze, ni ukuvuga kamere ziwe be n’inzira ziwe. Mugabo kubera ko Umuremyi ataboneka kandi akaba afise ububasha buteye akoba, dushobora gute kurushiriza kumumenya? Ikiganiro gikurikira kiravyihweza.
[Akajambo k’epfo]
a Umuganga Viktor E. Frankl yishimikije ivyabaye mu makambi y’itunaniro y’Abanazi, yatahuye ibi: “Ubuzima bw’umuntu bushingiye ku kurondera ico ibintu bivuze, ‘ntibushingiye ku kigoro ko gusigura’ igituma arondera ico ibintu bivuze yishimikije akenge” nka karya k’ibikoko. Yongeyeko yuko inyuma y’imyaka mirongo indwano ya kabiri y’isi yose irangiye, hari iperereza ryabaye mu Bufaransa “ryerekanye yuko ibice 89 kw’ijana vy’abanyagihugu babajijwe kuri ivyo biyemereye yuko umuntu akeneye ‘ikintu’ kiba intumbero mu buzima bwiwe.”
◻Ni kuki ku vyerekeye ibiriho vyose tudakwiye kumenya gusa ivyo tubwirwa na siyansi?
◻Igihe ufasha abandi kwiyumvira ivyerekeye Umuremyi, ukwiye kudoma urutoke ku ki?
◻Ni kuki kumenya Umuremyi ari urupfunguzo rwo kugira ubuzima bumara akanyota kandi buri n’ico buvuze?
[Diagram/Ifoto ku rup. 10]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ushitse ku Ciyumviro Ikihe?
Ibiriho Vyose
↓ ↓
Ntivyagize Vyaragize
Intango Intango
↓ ↓
Biri
Vyariyadukije n’Icabishizeho
↓ ↓
Ni Ikintu Ni UMUNTU
Gihoraho Ahoraho
[Abo dukesha ifoto]
Jeff Hester (Arizona State University) na NASA