Urashobora Kwihangana Gushika kw’Iherezo
“[Nimuze] dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye.”—ABAHEBURAYO 12:1.
1, 2. Kwihangana bisobanura iki?
INTUMWA Paulo yandikiye Abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere ati: “Mukwiye kwihangana.” (Abaheburayo 10:36) Intumwa Petero mu gushimika ku kamaro k’iyo kamere, na we nyene yahimirije Abakirisu ati: “Ukwizera kwanyu mukwongerek[o] . . . [u]kwihangana.” (2 Petero 1:5, 6) Ariko neza na neza, ukwihangana ni iki?
2 Intohozamajambo imwe isobanura Ikigiriki mu Congereza, isigura irivuga ry’Ikigiriki ryahinduwemwo ngo “kwihangana” ko ari “kuguma ahantu haguhunga . . . kwihagararako, kwirwanako.” Ku vyerekeye ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwemwo ngo “ukwihangana,” igitabu kimwe kivuga giti: “Ni agatima gashobora kwihanganira ibintu, bitagiranwe ukwiyorosha gusa, ariko bikagiranwa ukwizigira gukomeye . . . Ni kamere ituma umuntu aguma ahagaze igihe ahanganye n’umuyaga. Ni inyifato runtu ishobora gutuma ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi gihinduka ubuninahazwa kubera ko uretse umubabaro ibona kandi intumbero.” Ukwihangana rero gutuma umuntu ashikama iyo ahanganye n’intambamyi n’iyo ari mu magume kandi ntatakaze icizigiro. Ni bande canecane bakeneye iyo kamere?
3, 4. (a) Ni bande bakeneye ukwihangana? (b) Ni kuki dukwiye kwihangana gushika kw’iherezo?
3 Mu buryo bw’ikigereranyo Abakirisu bose bari mw’isiganwa risaba ukwihangana. Nko mu mwaka wa 65 G.C., intumwa Paulo yarandikiye Timoteyo umukozi mugenziwe akaba n’umwizigirwa bafatanya ingendo, aya majambo ahumuriza ati: “Narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.” (2 Timoteyo 4:7) Mu gukoresha iyi mvugo ngo “narangije urugendo,” Paulo yariko agereranya ubuzima bwiwe bwa Mukirisu n’isiganwa, rikurikiza inzira yinaka rikagira n’umurongo munaka wo guherezako. Muri ico gihe, Paulo yariko yegereza kurangiza iryo siganwa agatsinda, kandi yari arindiranye igishika yizigiye kuronka impera. Yabandanije kuvuga ati: “Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.” (2 Timoteyo 4:8) Paulo yari azi neza ko yoronse impera kubera ko yari yarihanganye gushika kw’iherezo. Tweho none bite?
4 Kugira ngo Paulo aremeshe abagiye muri iryo siganwa, yanditse ati: “Dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye.” (Abaheburayo 12:1) Kubera ko turi Abakirisu, tuja muri iryo siganwa risaba ukwihangana iyo twiyeguriye Yehova Imana biciye kuri Yezu Kirisitu. Intango nziza mu ngendo y’ukuba abigishwa ni ngirakamaro, ariko igihambaye cane ni uko amaherezo turangiza iyo ngendo. Yezu yavuze ati: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.” (Matayo 24:13) Agashimwe gategekanirijwe abarangiza neza iryo siganwa ni ubuzima budahera! Nuko rero, dufise intumbero mu muzirikanyi, dutegerezwa kwihangana gushika kw’iherezo. Ni igiki kizodufasha gushikira iyo ntumbero yacu?
Ingaburo Ibereye Ni Ntahara
5, 6. (a) Ni igiki dukwiye kwitwararika kugira ngo twihangane muri rya siganwa ry’ubuzima? (b) Ni intunganyo izihe zo mu buryo bw’impwemu dukwiye kwungukirako, kandi kubera iki?
5 Hafi y’igisagara c’i Korinto mu Bugiriki, hariho ikibanza caberamwo za Nkino rurangiranwa zatazirwa isthmique zagirwa mu bihe vya kera. Nta mazinda Paulo yari azi yuko abavukanyi b’i Korinto bari baramenyereye kubona amahiganwa yo kwinonora imitsi hamwe n’ayandi yahabera. Yishimikije ku vyo bari basanzwe bazi, yarabibukije ivy’isiganwa ry’ubuzima bari baragiyemwo. Yagize ati: “Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ariko mwiruka, kugira ngo muronke impēra.” Paulo yarashimitse ku kamaro ko kuguma muri iryo siganwa no kuribandanya gushika rirangiye. Mugabo ni igiki cobafashije kugira gutyo? Yongeyeko ati: “Umuntu wese azorushanywa yitegura [“agaragaza ukwigumya,” NW] muri vyose.” Ni vyo, abahiganwa mu nkino zo mu bihe vya kera baremera bakagira imyimenyerezo ikomakomeye, bakitwararika ivyo barya n’ivyo banywa, kandi bakagenzura igikorwa cose bakora kugira ngo bazotahukane intsinzi.—1 Ab’i Korinto 9:24, 25.
6 Twovuga iki ku vyerekeye isiganwa Abakirisu bagiyemwo? Hari umukurambere wo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova avuga ati: “Ukwiye kwitwararika ingaburo yawe yo mu buryo bw’impwemu nimba ushaka kwihangana muri iryo siganwa ry’ubuzima.” Rimbura imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu Yehova, ya “Mana itanga ukwihangana,” yaturonkeje. (Abaroma 15:5) Isoko nyamukuru dukuramwo ingaburo yo mu buryo bw’impwemu ni Ijambo ryiwe Bibiliya. None ntitwari dukwiye kugumana urutonde rwiza rwo gusoma Bibiliya? Biciye kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” (NW) Yehova yaraturonkeje kandi ibinyamakuru bihuje n’igihe ari vyo Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! hamwe n’ibindi bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. (Matayo 24:45) Nitwabitohoza dushirutse ubute bizodukomeza mu vy’impwemu. Ego ni vyo, dukwiye gufata umwanya—ni ukuvuga “tugacungura umwanya ubereye” (NW)—wo kwiyigisha.—Abanyefeso 5:16.
7. (a) Ni kuki tudakwiye kwumva ko bihagije kumenya gusa inyigisho z’ishimikiro za gikirisu? (b) Dushobora gute ‘gushikira ugukomera mu vy’impwemu’?
7 Kugira ngo tugume mu rugendo rw’ukuba turi abigishwa b’Abakirisu, turakwiye kurengana “inyigisho y’intangamarara” y’ishimikiro kandi ‘tugashikira ugukomera mu vy’impwemu.’ (Abahebreyi 6:1, UB) Ni co gituma dukwiye gutsimbataza ugushimishwa n’ “ubwaguke n’uburebure n’ubwira n’ubwimbike” bwerekeye ukuri hamwe no kwihereza imfungurwa ku ‘vyo kurya bigumye vy’abakuze.’ (Abanyaefezi 3:18, UB; Abaheburayo 5:12-14) Nufate nk’akarorero za nkuru zine zo kwizigirwa zivuga ivy’ubuzima bwa Yezu ngaha kw’isi—ni ukuvuga Injili ya Matayo, ya Mariko, ya Luka n’iya Yohani. Dutohoje izo nkuru ziri mu Njili twitonze, ntidushobora kumenya ibikorwa Yezu yakoze be n’ukuntu yari ameze gusa, ariko kandi turabona ivyiyumviro yari afise vyatuma agira ivyo akora. Gutyo, turashobora gushika ku kugira “ivyiyumviro vya Kristo.”—1 Ab’i Korinto 2:16.
8. Amakoraniro ya gikirisu adufasha gute kwihangana muri rya siganwa ry’ubuzima?
8 Paulo yakebuye abo basangiye ukwemera ati: “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.” (Abaheburayo 10:24, 25) Uzi ukuntu amakoraniro ya gikirisu ari isoko ry’indemesho! Kandi ese ukuntu vyeza umutima kuba turi kumwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi batwitwararika kandi bashaka kudufasha kwihangana gushika kw’iherezo! Ntidushobora kwubahuka gufata minenerwe iyo ntunganyo iranga urukundo iva kuri Yehova. Biciye ku kwiyigisha tubigiranye ubwira no ku kwitaba amakoraniro tudahengeshanya, nimuze “tube abakuze mu bubasha bwo gutegera.”—1 Ab’i Korinto 14:20, NW.
Abarorerezi bo Kukuremesha
9, 10. (a) Ni mu buryo ki abarorerezi bashobora kuba isoko ry’indemesho mw’isiganwa risaba ukwihangana? (b) ‘Igipfungu kinini c’ivyabona kidukikije’ kivugwa mu Baheburayo 12:1 ni igiki?
9 Ariko rero, naho umwirutsi yoba yiteguye neza gute, hari ibintu vyoshika mu nzira bigatuma ashobora kudendebukirwa. Paulo yabajije ati: “Mwari mwazindukanye ubw[i]ra! Ni nde yabaciye intege z’ukuyobokera ukuri?” (Abagalati 5:7, UB) Biboneka yuko hari Abakirisu b’Abagalatiya bari batanguye kwifatanya n’abagenzi babi bica bituma basamara mw’isiganwa ry’ubuzima barimwo. Ku rundi ruhande, ugufatwa mu mugongo n’abandi be n’ukuremeshwa na bo birashobora gutuma vyoroha kuruta kwihangana muri iryo siganwa. Ivyo bisa cane n’ukuntu abarorerezi mu rukino kanaka bashobora kugira ico bahinduye ku bakinyi. Amasinzi y’abantu arangwa n’igishika arakomeza umunezero utuma abahiganwa bavyurirwa ingoga kuva mu ntango gushika kw’iherezo. Impundu zivuzwa n’abarorerezi, izo usanga kenshi zuhirwa n’imiziki isamirana be n’amashi, birashobora guha abasiganwa inguvu zindi bakeneye uko baguma begereza iherezo. Mu vy’ukuri, abarorerezi bashigikira abari mw’isiganwa barashobora kugira ikintu ciza bahinduye kuri bo.
10 Muri rya siganwa ry’ubuzima Abakirisu bagiyemwo, abarorerezi ni bande? Nk’uko vyanditswe mu kigabane kigira 11 c’Abaheburayo, Paulo amaze kudondagura ivyabona vya Yehova b’abizigirwa b’imbere y’Ubukirisu, yanditse ati: “Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, . . . [nimuze] dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye.” (Abaheburayo 12:1) Igihe Paulo yakoresha imvugo ngereranyo y’igipfungu, ntiyakoresheje ijambo ry’Ikigiriki ridondora igipfungu kigororotse gifise ubunini n’imero yinaka. Ahubwo riho, nk’uko umwanditsi w’intohozamajambo W. E. Vine abivuga, yakoresheje ijambo “ibirundorundo vy’ibipfungu bikingiye ijuru.” Biribonekeza rero ko Paulo yari afise mu muzirikanyi isinzi ry’ivyabona—benshi cane ku buryo bari bameze nk’ibirundorundo vy’igipfungu.
11, 12. (a) Ivyabona b’abizigirwa b’imbere y’Ubukirisu bashobora gute gusa naho badutera impundu baturemesha ngo twiruke mw’isiganwa tubigirana ukwihangana? (b) Dushobora gute kwungukira mu buryo bwuzuye kuruta kuri ca ‘gipfungu kinini c’ivyabona’?
11 Mbega ivyabona b’abizigirwa b’imbere y’Ubukirisu boba bashobora kuba abarorerezi burorerezi bo mu gihe cacu? Eka da. Bose barasinziriye mu rupfu barindiriye izuka. Ariko rero, igihe ubwabo bari bakiri bazima bari abirutsi babishoboye, kandi uturorero twabo turacari muri Bibiliya. Uko dutohoza Ivyanditswe, abo bizigirwa dushobora kubabona ari bazima mu muzirikanyi bakaba nk’aho bavuza impundu baremesha gusiganwa gushika kw’iherezo.—Abaroma 15:4.a
12 Nk’akarorero, igihe hari ibintu vy’isi bitugerageje, ubwo ukurimbura ukuntu Musa yamiriye kure ibinezereza vyo mu Misiri ntivyotuvyurira agatima ko kuguma muri urwo rugendo? Nimba ikigeragezo kiduhanze gisa n’igikaze, twibutse ca kigeragezo gikomeye Aburahamu yahanganye na co igihe yasabwa gutanga umwana wiwe Isaka, nta mazinda ko vyoturemesha ntiturambirwe muri rya higanwa ry’ukwizera. Ukuntu ca ‘gipfungu kinini’ c’ivyo vyabona kituremesha muri iyo nzira, bishingiye ku kuntu tubabona mu buryo butomotse n’amaso yacu y’ugutegera.
13. Ni mu buryo ki Ivyabona vya Yehova bo mu gihe ca none baturemesha muri rya siganwa ry’ubuzima?
13 Dukikijwe kandi n’Ivyabona vya Yehova benshi cane muri iki gihe ca none. Ese uturorero duhambaye tw’ukwizera Abakirisu basizwe badushiriyeho tutibagiye n’utw’abagabo n’abagore bo mw’ “ishengero ryinshi”! (Ivyahishuriwe 7:9) Turashobora gusoma inkuru yerekeye ubuzima bwabo rimwe na rimwe muri iki kinyamakuru hamwe no mu bindi bisohokayandikiro vy’Ishirahamwe Watch Tower.b Uko tuzirikana ku kwizera kwabo, turaremeshwa kwihangana gushika kw’iherezo. Vyongeye, urazi ukuntu ari vyiza igitangaza kuba dufatwa mu mugongo n’abagenzi pfampfe be n’incuti usanga ubwabo bakorera Yehova badahemuka! Ego ni vyo, turafise abantu benshi baturemesha muri iryo siganwa ry’ubuzima.
Nushingane Ubukerebutsi Ukuntu Unyaruka
14, 15. (a) Ni kuki ari ibihambaye ko twishingana ubukerebutsi ukuntu tunyaruka? (b) Ni kuki dukwiye kutarenza urugero mu vy’ukwishingira imigambi?
14 Igihe umwirutsi ariko arirukanga mw’isiganwa rirerire, nka rimwe bita marato, akwiye gushingana ubukerebutsi ukuntu anyaruka. Ikinyamakuru kimwe, New York Runner, kivuga giti: “Utanguye isiganwa mu kuvuduka bishobora gutuma unanirwa. Ivyo bishobora gutuma umuntu agira utwigoro twinshi cane ku birometero bitari bike vya nyuma canke akadendebukirwa.” Umwirutsi umwe wo muri rya siganwa bita marato yibuka ibi: “Uwashikirije ijambo ku nsiguro nari ndiko kugira ngo nitegurire isiganwa, yaratugabishije mu buryo butomoye ati: ‘Ntukagerageze kwirukira ku rugero rumwe n’abihuta cane. Niwiruke uko usanzwe wiruka. Ahandi ho uzoruha kandi kumbure udendebukirwe.’ Ukwumvira iyo mpanuro vyaramfashije kurangiza iryo siganwa.”
15 Muri rya siganwa ry’ubuzima, abasavyi b’Imana bakwiye kwihata bimwe bikomeye. (Luka 13:24) Ariko rero, umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ubgenge buva mw’ijuru, . . . burengenga [“bukora ibitegereka,” NW].” (Yakobo 3:17) Naho akarorero keza k’abandi gashobora kuturemesha gukora vyinshi, ukutarenza urugero bizodufasha kwishingira imigambi ishoboka ihuje n’ubushobozi dufise be n’ukuntu ivyacu vyifashe. Ivyanditswe bitwibutsa ibi: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we. Kuk’umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.”—Ab’i Galatiya 6:4, 5.
16. Ukwicisha bugufi kudufasha gute mu vy’ukwishingira ukuntu tunyaruka mu kwiruka?
16 Muri Mika 6:8, tubazwa iki kibazo nkoramutima kigira giti: “Mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar[i] . . . kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?” Ukwicisha bugufi birimwo ukumenya aho tugeza. Mbega ugukikwa n’amagara canke kugera mu zabukuru vyoba bishinga akarimbi ku vyo dushobora gukora mu murimo w’Imana? Ntitugacike intege. Yehova yemera utwigoro twacu be n’ukwibabaza kwacu ‘akurikije ivyo dufise, si ivyo tudafise.’—2 Ab’i Korinto 8:12; gereranya na Luka 21:1-4.
Nugume Uhanze Amaso Agashimwe
17, 18. Ni ibiki Yezu yagumye ahanze amaso bikamufasha kwihanganira igiti c’ukubabarizwako?
17 Mu kwereka Abakirisu b’Abanyakorinto ukuntu bikenewe kwihangana muri rya siganwa ry’ubuzima, Paulo yavuze ikindi kintu caranga za Nkino zatazirwa isthmique bari bakwiriye kwitwararika. Ku vyerekeye abahiganwa muri izo nkino, Paulo yanditse ati: “Abo bagenza bartyo, [bakirukanga] kugira ngo bahabge igitsibo gishira, ariko twebwe tugenza durtyo kugira ngo duhabge ikitazoshira. Nuko nanje ndiruka, ariko si nk’ūtazi iy’aja: nkubitana ibipfunsi, ariko si nk’ūhusha.” (1 Ab’i Korinto 9:25, 26) Agashimwe kahabwa uwatsinze muri izo nkino zo mu gihe ca kera cari igitsibo, canke urugori, rujishwe mu mababi y’igiti citwa pin canke mu bindi biterwa, canke mbere rukaba rujishwe mu mababi yumye y’ivyatsi vy’ubwoko bw’isereri—mu vy’ukuri cari “igitsibo gishira.” Ni igiki none kirindiriye Abakirisu bihangana gushitsa kw’iherezo?
18 Igihe intumwa Paulo yerekeza ku Karorero kacu Yezu Kirisitu, yanditse ati: “Kubg’umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba [“igiti co kubabarizwako,” NW], ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.” (Abaheburayo 12:2) Yezu yarihanganye gushika kw’iherezo ry’ubuzima yagize ari umuntu, mu kutaraba gusa ivy’igiti co kubabarizwako ariko agahanga amaso impera yiwe, iyo ikaba yari irimwo umunezero afise wo guterera umuganda ku kwezwa kw’izina rya Yehova, mu gucungura umuryango w’abantu bakava mu rupfu, no kuganza ari Umwami n’Umuherezi Mukuru mu gihe yotumye abantu b’abagamburutsi basubira kugira ubuzima butagira iherezo mw’iparadizo kw’isi.—Matayo 6:9, 10; 20:28; Abaheburayo 7:23-26.
19. Ni igiki dukwiye kwama duhanze amaso uko dukurikirana ya ngendo y’ukuba abigishwa ba Kirisitu?
19 Nurimbure umunezero uri imbere yacu uko dukurikirana ingendo y’ukuba abigishwa ba Kirisitu. Yehova yaraduhaye igikorwa kitumara akanyota koko co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’ico guha abandi ubumenyi bwo muri Bibiliya burokora ubuzima. (Matayo 28:19, 20) Uzi ukuntu bitera akanyamuneza kuronka umuntu ashimishwa n’Imana y’ukuri no gufasha nya muntu kuja mw’isiganwa ry’ubuzima! Kandi tutaravye ukuntu abantu tubwira inkuru nziza bavyakira, ni agateka kugira uruhara mu gikorwa kijanye n’ukwezwa kw’izina rya Yehova. Igihe twihangana mu gikenurwa naho ababa mu karere dushingamwo intahe baba batabinezwe canke babirwanya, turi n’umunezero wo kunezereza umutima wa Yehova. (Imigani 27:11) Kandi impera ntangere adusezeranira ni ubuzima budahera. Mbega ukuntu bizoba biteye umunezero! Dukwiye kuguma tubona iyo mihezagiro kandi tugakomera ku muheto muri iryo siganwa.
Uko Umuhero Urushiriza Kwegereza
20. Isiganwa ry’ubuzima rishobora gute kurushiriza kugora uko iherezo ryaryo riguma ryegereza?
20 Muri rya siganwa ry’ubuzima, dukwiye kurwana n’umwansi wacu mukuru, Shetani ya Diyabule. Uko twegereza iherezo, aguma agerageza adahengeshanya kudutsitaza canke agatuma dutezura. (Ivyahishuriwe 12:12, 17) Erega kandi ntivyoroshe kubandanya turi abamamaji b’Ubwami b’abizigirwa kandi biyeguriye Imana mu gihe haba hari intambara, amapfa, ibiza, be n’ayandi makuba aranga “igihe c’iherezo.” (Daniyeli 12:4; Matayo 24:3-14; Luka 21:11; 2 Timoteyo 3:1-5) Si ivyo gusa, rimwe na rimwe iherezo rishobora kuboneka ko riri kure kuruta uko twari tuvyiteze, na canecane mu gihe hoba haciye imyaka mirongo dutanguye iryo siganwa. Kira noneho, Ijambo ry’Imana riradusubiriza umutima mu nda yuko umuhero uzoza. Yehova avuga ko utazoteba. Umuhero uri imbere.—Habakuki 2:3; 2 Petero 3:9, 10.
21. (a) Ni igiki kizodukomeza uko tubandanya isiganwa ry’ubuzima? (b) Dukwiye kwiyemeza iki uko umuhero urushiriza kwegereza?
21 Nuko rero, kugira ngo dutsinde muri rya siganwa ry’ubuzima, dukwiye kuronderera inkomezi mu vyo Yehova yaturonkeje abigiranye urukundo kugira ngo dushobore kuronka ingaburo yo mu buryo bw’impwemu. Turakeneye kandi indemesho yose dushobora kuronka mu kwama twifatanya n’abo dusangiye ukwizera, na bo nyene bakaba bariko bariruka muri iryo siganwa. Naho nyene uruhamo rukaze be n’ibintu bishika giturumbuka vyotuma isiganwa ryacu rirushiriza kugora, turashobora kwihangana gushika kw’iherezo kubera ko Yehova aduha “ubushobozi buhebuje.” (2 Ab’i Korinto 4:7) Uzi ukuntu kumenya yuko Yehova ashaka ko turangiza urwo rugendo tugatsinda bisubiriza umutima mu nda! Dushikamye mu vyo twiyemeje, “[nimuze] dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,” twizigiye vy’ukuri ko “igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.”—Abaheburayo 12:1; Ab’i Galatiya 6:9.
[Utujambo tw’epfo]
a Nimba ushaka aho Abaheburayo 11:1–12:3 hasobanuwe, raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Nzero 1987, urupapuro rwa 10-20.
b Uturorero tumwetumwe twa vuba tw’ivyabaye biremesha nk’ivyo ushobora kudusanga mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ruheshi 1998, urupapuro rwa 28-31; 1 Nyakanga 1998, urupapuro rwa 24-28; 1 Ruhuhuma 1999, urupapuro rwa 25-29.
Woba Uvyibuka?
◻ Ni kuki dukwiye kwihangana gushika kw’iherezo?
◻ Ni intunganyo izihe za Yehova tudakwiye gufata minenegwe?
◻ Ni kuki ari ibihambaye ko dushingana ubukerebutsi ukuntu tunyaruka?
◻ Ni umunezero uwuhe ushizwe imbere yacu uko tubandanya rya siganwa?
[Ifoto ku rup. 28]
Nuronderere indemesho mu makoraniro ya gikirisu