Niwitegurire Imilenari Iri n’Ico Ivuze!
YA NGOMA y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu izozanira umuryango w’abantu imihezagiro itavugwa. Munsi y’ubuyobozi burangwa urukundo bwa Yezu, abantu bazokurwa mu mero iteye akagongwe barimwo muri iki gihe bashikanwe ku kutagira agasembwa kw’akaroruhore. Niwiyumvire ico ivyo bishobora gusobanura kuri wewe. Amagara meza! Niwibaze igitondo cose uvyuka wumva umerewe neza kuruta ku musi uheze. Abagabo, abagore n’abana amamiliyoni barindiranye umushasharo kuzobaho muri ico gihe gihimbaye. Baravyiteze badakeka kandi bagasenga babisaba. Inyigisho yabo ya Bibiliya yarabajijuye yuko iyo mihezagiro bashobora kuyironka bakayinovora.
Yamara rero, imbere yuko Yezu Kirisitu atangura ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi yiwe, ategerezwa gukura kw’isi abarwanya ubutegetsi bwiwe bose. Ivyo azobigira kuri ya ntambara yitwa Harumagedoni muri Bibiliya. (Ivyahishuriwe 16:16) Abakirisu nyakuri bazoba bari kw’isi ntibazorwana muri iyo ntambara. Ni intambara y’Imana. Kandi ntizobera mu gace kamwe kanaka k’isi. Bibiliya ivuga yuko izoshika ku mpera z’isi. Abansi b’ubutegetsi bwa Kirisitu bazoririkwa. Nta n’uwa kirazira muri bo azocika!—Yeremiya 25:33.
Mu nyuma Yezu azohindukirira Shetani ya Diyabule n’amadayimoni yiwe. Niwihe ishusho ry’ukuntu bizomera, nk’uko umwanditsi w’igitabu c’Ivyahishuriwe yabibonye: “Mbona umumarayika [Yezu Kirisitu] amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe. Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi.” (Ivyahishuriwe 20:1, 2) Mu nyuma, Shetani n’amadayimoni yiwe bizosangangurwa ibihe bidashira.—Matayo 25:41.
“Ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra,” bazorokoka Harumagedoni. (Ivyahishuriwe 7:9) Abo Kirisitu azobarongōra kugira ngo bungukire mu buryo bwuzuye ku “masōko y’amazi y’ubu[zima],” nka kurya nyene umwungere ashora intama ziwe ku mazi azigama ubuzima. (Ivyahishuriwe 7:17) Kubera yuko abo bazorokoka Harumagedoni Shetani n’amadayimoni yiwe bitazobangamira iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu, buhorobuhoro bazofashwa gutsinda impengamiro zabo z’icaha kugeza aho amaherezo bashikira ukutagira agasembwa!
Mu gihe c’ubutegetsi bwa Kirisitu burangwa urukundo, abantu bazorushiriza kubaho neza. Yehova Imana, abicishije kuri Yezu Kirisitu, azokuraho ibintu vyose bitera umubabaro n’intuntu. “[A]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuriwe 21:4) Umuhanuzi Yesaya yuhira iyo ndondoro mu kuvuga ati: “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.” (Yesaya 35:5, 6) Maze abapfuye, “abahambaye n’aboroshe,” bazosubira kuba bazima bafise icizigiro co kutazokwigera basubira gupfa!—Ivyahishuriwe 20:12.
No muri iki gihe nyene, rya “shengero rinini” rizorokoka Harumagedoni ririko riratororokanywa. Bariko baritegurira ya Ngoma ya Kirisitu y’Imilenari. Naho batazi igihe iyo ngoma izotangurira, barizigiye ko izotangura mu gihe Imana yashinze. Urashobora kuzoba muri bo, mugabo na wewe nyene ukwiye kuba witeguye—atari mu kugurisha utwawe ugaca ufata urugendo rugushikana mu kibanza kanaka, mugabo ni mu kwironsa ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova Imana n’imigambi yiwe biciye ku nyigisho ya Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bazonezerezwa no kukwereka ku buntu kandi ata kukugobera, ukuntu inyigisho ya Bibiliya ishobora kukugirira akamaro wewe n’umuryango wawe. Abasohoye iki kinyamakuru bazohimbarwa no kukumenyesha ibindi bintu.
[Uruzitiro ku rup. 7]
Ya Myaka Igihumbi, Ni iy’Ikigereranyo Canke Si iy’Ikigereranyo?
Kubera yuko igice kinini c’igitabu c’Ivyahishuriwe canditswe mu mvugo y’ibigereranyo, hari ikibazo kivyuka. Twovuga iki kuri ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu ivugwa mu Vyahishuriwe? Coba ari kiringo c’ikigereranyo canke si ic’ikigereranyo?
Hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ico ari ikiringo buringo c’imyaka igihumbi. Rimbura ibi: Intumwa Paulo ya Ngoma y’Imyaka Igihumbi ya Kirisitu abantu bacirirwamwo urubanza avuga ko ari umusi. (Ivyakozwe 17:31; Ivyahishuriwe 20:4) Intumwa Petero yanditse yuko umusi umwe (amasaha 24) kuri Yehova ari nk’imyaka igihumbi. (2 Petero 3:8) Ivyo vyoba bitanga ikimenyamenya c’uko uwo “musi” w’urubanza ari ikiringo buringo c’imyaka igihumbi. Ikindi kandi, mu Vyahishuriwe 20:3, 5-7, incuro zitandukanye zine ntituhasoma ngo “imyaka igihumbi” mugabo tuhasoma ngo “iyo myaka igihumbi.” Ivyo vyosa n’ivyerekana ikiringo kizwi uko kireha.