Ibibazo vy’Abasomyi
Ivyabona vya Yehova babona gute ivyo gutora?
Hariho ingingo zitomoye ziri muri Bibiliya zituma abasavyi b’Imana bashobora kubona mu buryo bubereye ivy’ico kibazo. Ariko rero, bigaragara yuko ata ngingo ihari ibuza ivyo gutora ubwavyo. Nk’akarorero, nta mvo n’imwe ihari yobuza umugwi w’abayobozi kugira itora kugira ngo bashike ku ngingo ziraba ishirahamwe ryabo. Amashengero y’Ivyabona vya Yehova kenshi arafata ingingo zerekeye ibihe amakoraniro aberako be n’ikoreshwa ry’amahera ishengero rifise mu kigega, mu kugira itora ryo gukiriza amaboko.
Yamara, twovuga iki ku vyerekeye ivyo gutora mu gihe c’amatora y’ivya politike? Birumvikana yuko mu bihugu bimwebimwe biri muri demokarasi usanga abanyagihugu bashika ku bice 50 kw’ijana bataja gutora ku musi w’amatora. Ku biraba Ivyabona vya Yehova, ntibabera intambamyi abandi mu burenganzira bifitiye bwo gutora; eka mbere ntibanagira mu buryo na bumwe isekeza ryo kurwanya amatora y’ivya politike. Barubaha kandi bagakorana n’abategetsi batowe mu buryo bubereye mu matora nk’ayo. (Abaroma 13:1-7) Ku vy’uko ubwabo boba batora canke ntibatore umuntu yitoje mw’itora kanaka, Icabona ca Yehova wese arifatira ingingo ishingiye kw’ijwi ryo mu mutima ryiwe ryamenyerejwe na Bibiliya, be no ku kuntu atahura ibanga rimwega ku Mana no kuri Leta. (Matayo 22:21; 1 Petero 3:16) Mu kwifatira iyo ngingo, Ivyabona bararimbura ibintu bitari bike.
Ica mbere, Yezu Kirisitu yavuze ibi bikurikira ku vyerekeye abayoboke biwe: “[Si] ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” (Yohana 17:14) Ivyabona vya Yehova ntibafata minenegwe iyo ngingo. Kubera “atar’ab’isi,” ntibagira aho bahagaze mu vya politike vy’isi.—Yohana 18:36.
Ubwa kabiri, intumwa Paulo yiyerekejeko avuga yuko ari “icariho” (NW) caserukira Kirisitu ku bantu bo mu gihe ciwe. (Abanyefeso 6:20; 2 Ab’i Korinto 5:20) Ivyabona vya Yehova baremera yuko Kirisitu Yezu ubu ari Umwami yimitswe w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, kandi nka kurya kw’ivyariho, bategerezwa gutangaza ivyo bintu mu mahanga. (Matayo 24:14; Ivyahishuriwe 11:15) Ivyariho bitegwako yuko batagira aho bahagaze mu bibera mu bihugu barungitswemwo, kandi ntibavyisukemwo. Kubera ko Ivyabona vya Yehova baserukira Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, bumva ko bafise ibanga nk’iryo nyene ryo kutisuka mu vya politike vy’ibihugu babamwo.
Ikintu ca gatatu tworimbura ni uko abagira uruhara mu gutora umuntu ngo ashingwe amabanga kanaka bashobora kuzobazwa ivyo akora. (Gereranya na 1 Timoteyo 5:22.) Abakirisu bakwiye kurimbura bitonze nimba bashaka kwiremeka iryo banga.
Ica kane, Ivyabona vya Yehova baraha agaciro kanini ubumwe bwabo bwa gikirisu. (Ab’i Kolosayi 3:14) Igihe amadini yisutse mu vya politike, ico bivamwo kenshi ni amacakubiri mu banywanyi bayo. Mu kwigana Yezu Kirisitu, Ivyabona vya Yehova baririnda kwisuka mu vya politike, kandi gutyo bakaba bazigamye ubumwe bwabo bwa gikirisu.—Matayo 12:25; Yohana 6:15; 18:36, 37.
Ica gatanu ari na co ca nyuma, ukuba Ivyabona vya Yehova batisuka mu vya politike birabaha umwidegemvyo wo kuganira n’abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye vya politike, babazaniye ubutumwa buhambaye bw’Ubwami.—Abaheburayo 10:35.
Ivyabona vya Yehova bafatiye ku ngingo zishingiye mu Vyanditswe zidondaguwe aho haruguru, mu bihugu vyinshi barifatira ingingo yo kudatora mu matora y’ivya politike, kandi umwidegemvyo bafise wo gufata iyo ngingo burashigikirwa n’amategeko y’ico gihugu. Twovuga iki none mu gihe itegeko risaba ko abanyagihugu batora? Igihe ibintu vyifashe ukwo, Icabona wese ni we yegwa no gufata ingingo ijanye n’ijwi ryiwe ryo mu mutima kandi ishingiye kuri Bibiliya yerekeye uko yovyifatamwo muri ico gihe. Nimba umuntu ahisemwo kuja ku kazu k’itora, iyo ni ingingo aba yifatiye. Ico akora muri ako kazu kiba kiri hagati yiwe n’Umuremyi wiwe.
Inomero y’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) yo ku wa 1 Ruheshi 1951, ku rupapuro rw’137 n’138, yavuze iti: “Aho Kayisari agobera abantu gutora . . . [Ivyabona] barashobora kuja ku matora kandi bakinjira mu tuzu tw’amatora. Muri utwo tuzu ni ho basabwa gushirira ikimenyetso ku gakarata canke kwandika aho bahagaze. Abatora udukarata twabo badukoresha ico bashaka. Ngaho rero mu nyonga z’Imana ni ho ivyabona vyayo bategerezwa gukorera ibijanye n’amabwirizwa yayo no mu buryo buhuje n’ukwizera kwabo. Ntidufise ibanga ryo kubabwiriza ico bokoresha ako gakarata.”
Vyogenda bite mu gihe umugabo atizera afise umukenyezi w’Umukirisu ashimitse ko uwo mukenyezi yitaba itora? Arorohera umugabo wiwe nka kurya Abakirisu borohera abakuru batwara. (Abanyefeso 5:22; 1 Petero 2:13-17) Nimba yokwumvira umugabo wiwe maze akaja mu kazu k’itora, iyo ni ingingo ubwiwe yifatira. Nta n’umwe akwiye kumunegura.—Gereranya n’Abaroma 14:4.
Twovuga iki ku gihugu aho ivy’ugutora bidasabwa n’amategeko, mugabo hagize abataja ku tuzu tw’amatora bakagirirwa inzika—kumbure bagashobora kuba mu kaga ko kugirirwa nabi ku mubiri? Canke twovuga iki mu gihe hari abantu, naho amategeko atobagobera gutora, bohanwa bikomeye mu buryo bunaka baramutse batagiye ku tuzu tw’amatora? Muri ivyo bihe no mu bindi bisa n’ivyo, Umukirisu akwiye kwifatira ingingo yiwe bwite. “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro.”—Ab’i Galatiya 6:5.
Harashobora kuba abantu batsitazwa, igihe babona yuko mu gihe c’amatora mu gihugu cabo hari Ivyabona vya Yehova bamwe baja ku tuzu tw’amatora abandi ntibagende. Barashobora kuvuga bati: ‘Ivyabona vya Yehova ntibavuga rumwe.’ Ariko rero, abantu bakwiye kumenya yuko mu bintu nk’ibi vyerekeye ijwi ryo mu mutima ry’umwe wese, zina Mukirisu wese akwiye kwifatira ingingo imbere ya Yehova Imana.—Abaroma 14:12.
Mu bihe bitandukanye ingingo Ivyabona vya Yehova bokwifatira umwe wese ku giti ciwe yaba iyihe, bariyubara kugira bazigame ukutagira aho bahagaze kwabo kwa gikirisu n’umwidegemvyo wabo wo kuvuga. Mu bintu vyose, biheka kuri Yehova Imana kugira ngo abakomeze, abahe ubwenge, yongere abafashe kwirinda kudohoka ku kwizera kwabo mu buryo ubwo ari bwo bwose. Gutyo, bagaragaza ko bizigira amajambo umwanditsi wa Zaburi yavuze agira ati: “[N]i wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira: nuko kubg’izina ryawe unje imbere, undōngōre.”—Zaburi 31:3.