ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/12 rup. 3-5
  • Ni Kuki Ivyahishuriwe Bica Abantu Ivutu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Kuki Ivyahishuriwe Bica Abantu Ivutu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inkuru y’Ukuntu Ivyahishuriwe Vyatanguye Guca Abantu Ivutu
  • Vyoba Bikwiriye ko Umuntu Acika Ivutu Kubera Ivyahishuriwe?
  • Ivyahishuriwe—Tubitinye Canke Tuvyizigire?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Isi yoba yimirije gukurwaho? Bibiliya yoba ivuga ko isi izovaho buhere?
    Ibindi biganiro
  • “Amakuru y’Akamwemwe” yo mu Vyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ivyahishuwe: Insozero ihimbaye!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/12 rup. 3-5

Ni Kuki Ivyahishuriwe Bica Abantu Ivutu?

“ABAKIRISU batava ku vyiyumviro vya kera baramaze imyaka mirongo babura ko hegereje itituka [kanaka] ry’ikibano cose uko kingana. Ubu ikibajoreza ni uko ivyo bintu bidafatanwa uburemere gusa, mugabo kandi ko biriko birakwiragizwa n’abantu nyene bahoze babitwengera mw’ijigo, ni ukuvuga abahinga mu vya orodinateri, abarongoye ubuzi be n’abanyapolitike.” Ivyo bivugwa na Damian Thompson akaba ari umwanditsi w’ivyerekeye amadini mu kinyamakuru Time. Yemeza yuko ubwoba bw’uko mu mwaka w’2000 orodinateri zo kw’isi yose zizokwama, “bwahinduye cane abantu baterekwa ivy’idini bacika abemera imilenari ata wabiziga,” bagatinya iyaduka ry’ivyago nk’ “uruhagarara rw’abantu ikivunga, ukudakora kw’intwaro, akajagari gaterwa n’ugukena kw’ibifungurwa, indege ziseka amagorofa maremare.”

Iciyongera kuri ayo maganya akwiye hose, ni ibikorwa bihungabanya umutekano vy’imigwi inyuranye mitomito y’utudini ikunda kuvugwa ko ari “iyihishura agatikizo.” Muri Nzero 1999, mu kiganiro cari gifise umutwe uvuga ngo “Yeruzalemu be n’Ingunga z’Ivyahishuriwe,” ikinyamakuru kimwe c’Igifaransa gisohoka ku musi ku musi, Le Figaro, cavuze giti: “Inzego zijejwe umutekano [zo muri Isirayeli] zigereranya ko hari abantu bemera ivy’imilenari barenga ijana bari ku Musozi wa Elayono canke mu micungararo yawo, barindiriye ukugaruka kwa Yezu canke isangangurwa ry’isi.”

Igitabu kimwe, 1998 Britannica Book of the Year, kirimwo raporo idasanzwe ku biraba “Utudumbi Tubura Umusi w’Urubanza.” Mu tudumbi kivuga, harimwo utwigisha kwiyahura nka Heaven’s Gate (Irembo ry’Ijuru), Temple du peuple (Urusengero rw’Abanyagihugu), na Ordre du Temple solaire, (Urutonde rwo mu Rusengero rw’Izuba), be na Aum Shinrikyo (Ukuri Kaminuza), ari na ko katunganije ca gitero ciha inkumbi c’umwuka w’ubumara cagirwa mw’ibarabara ry’indarayi ry’i Tokyo rica mu kuzimu mu 1995, kigahitana abantu 12 congera gikomeretsa ibihumbi. Mu guca ku mayange ivy’iyo raporo, Martin E. Marty, umwigisha w’ivy’idini kuri Kaminuza y’i Chicago yanditse ati: “Iyinjira mu mwaka w’2000 riranyura ubwenge—kandi nta nkeka ko rigira ico rihinduye ku bwoko bwose bw’ubuhanuzi n’imihari. Bimwebimwe vyoshobora gucika ibiteye akaga. Kizoba ari igihe tudakwiye gufata minenegwe.”

Inkuru y’Ukuntu Ivyahishuriwe Vyatanguye Guca Abantu Ivutu

Ivyahishuriwe ni izina ry’igitabu ca nyuma ca Bibiliya canditswe amaja mu mpera z’ikinjana ca mbere G.C. Kubera ko ico gitabu cuzuyemwo ubuhanuzi be n’imvugo y’ibigereranyo bikomakomeye, iryo jambo ryahavuye ryerekezwa ku bwoko bw’ivyandikano vyari biriho imbere cane yuko igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe candikwa. Ibigereranyo vy’ibitito biri muri ivyo vyandikano vyatanguriye mu Buperesi bwa kera, eka mbere n’imbere yaho. Ni co gituma igitabu kimwe, The Jewish Encyclopedia, kivuga ivyerekeye “ukuntu vyinshi mu biri mu bitito vyashizwe muri ivyo vyandikano [vy’Abayuda bivuga ivy’isangangurwa ry’isi] bigaragaramwo ivyiyumviro vy’Abanyababiloni.”

Ivyandikano vy’Abayuda bivuga ivy’isangangurwa ry’isi vyaragwiriye kuva mu ntango z’ikinjana ca kabiri B.G.C. gushika ku mpera z’ikinjana ca kabiri G.C. Mu gusigura igituma ivyo vyandikano vyariho, incabwenge mu vya Bibiliya umwe yanditse ati: “Abayuda igihe cose bakigaburamwo ibiringo bibiri. Hariho iki kiringo ca none, kikaba ari kibi bihebuje . . . Ni co gituma Abayuda bitega ko ivyo bintu vyogize iherezo. Hariho ikiringo kiraririye kuza cobaye ciza cose, ari co gihe c’ugusagamba c’Imana cosasagayemwo amahoro, ubutunzi n’ubugororotsi . . . None iki kiringo turimwo cohindutse gute ikiraririye kuza? Abayuda baremera yuko iryo hinduka ritokwigeze rizanwa n’inzego zashinzwe n’abantu, ari na co gituma bahanga amaso yuko Imana ubwayo ibijamwo. . . . Umusi w’ukuza kw’Imana witwa Umusi w’Umukama kandi cobaye ari igihe gikomeye c’iterabwoba n’isangangura n’urubanza ari vyo vyobaye nk’ibise bishikana ku kiringo gishasha. Ivyandikano vyose vyanditsemwo ivy’isangangurwa ry’isi biravuga ivyo bintu.”

Vyoba Bikwiriye ko Umuntu Acika Ivutu Kubera Ivyahishuriwe?

Igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kiravuga ivy’ “intambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose,” ari yo Harumagedoni, aho inkozi z’ikibi zizosangangurwa hagaca hakurikira ikiringo c’imyaka igihumbi (citwa rimwe na rimwe Imilenari) aho Shetani azotabwa mu gisumanyenzi kandi Kirisitu agacira imanza abantu. (Ivyahishuriwe 16:14, 16; 20:1-4) Muri ca Kiringo co Hagati na Hagati, ubwo buhanuzi bwatahurwa nabi n’abantu bamwebamwe kubera ko “Mutagatifu” Augustino w’ Umugatolika (354-430 G.C.) yari yaravuze yuko Imilenari yatanguye kw’ivuka rya Kirisitu, n’uko izokurikirwa na rwa Rubanza rwa Nyuma. Augustino bigaragara ko atari yarazirikanye neza ivy’ibihe, mugabo uko umwaka w’1000 wegereza ubwoba bwarongerekanye mu bantu. Abatohozakahise ntibemeranya ku vyerekeye urugero ivyo vyahishuriwe vyaciye abantu ivutu muri ico kiringo co hagati na hagati. Yamara, naho ubwo bwoba bwari bukwiye hose, nta nkeka yuko abantu basanze ata shingiro bufise.

No muri iki gihe nyene, hari ubwoba bushingiye ku vy’idini canke ku bindibindi bw’uko umwaka w’2000 canke uw’2001 uzobamwo isangangurwa ry’isi riteye ubwoba. Mugabo, ubwo bwoba bwoba bufise ishingiro? Kandi, ubutumwa buri mu gitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe bwoba ari ikintu co gutinya, canke ahubwo bwoba ari ikintu dukwiye kwizigira? Turagusavye ngo ubandanye gusoma.

[Picture Credit line on page 3]

Maya/Sipa Press

[Ifoto ku rup. 4]

Ubwoba bw’Ivyahishuriwe bwatekeye abantu muri vya bihe vyo hagati na hagati basanze ata shingiro bwari bufise

[Picture Credi Line on page 4]

© Cliché Bibliothèque Nationale de France, Paris

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika