“Inkēngērwa” Yavuyemwo “Igihumbi”
“Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye.”—YESAYA 60:22.
1, 2. (a) Ni kuki umwiza utwikiriye isi muri iki gihe? (b) Umuco wa Yehova ugenda urushiriza gute kurasira abasavyi biwe?
“UMWIZA uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga: arik’Uhoraho azokurasira, kand’ubgiza bgiwe buzokubonekako.” (Yesaya 60:2) Ayo majambo aradondora neza ukuntu ibintu vyifashe kw’isi kuva mu 1919. Abitwa Abakirisu barateye akagere ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu Kirisitu ari umwami, we “muco w’isi.” (Yohana 8:12; Matayo 24:3) Bivuye kuri ya “nzigo nyinshi” ya Shetani, we kizigenza w’“abaganza iyi si y’umwiza,” ikinjana ca 20 cari igihe c’ubunyamaswa burengeje, kiyogeramwo ibintu vyinshi kuruta ikindi gihe cose co muri kahise k’umuntu. (Ivyahishuriwe 12:12; Abanyefeso 6:12) Abantu benshi baba mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu.
2 N’aho ari ukwo, hari umuco urasa muri iki gihe. Yehova ‘ararasira umuco’ abasavyi biwe, ari bo ya masigarira y’abasizwe baserukira kw’isi wa “mugore” wiwe wo mw’ijuru. (Yesaya 60:1, NW) Kuva canecane igihe babohorewe bakava mu bunyagano bwa Babiloni mu 1919, abo baraciye ibibatsi vy’ubuninahazwa bw’Imana bongera ‘barareka umuco wabo urabonesha imbere y’abantu.’ (Matayo 5:16) Guhera mu 1919 gushika mu 1931, umuco w’Ubwami wagiye urushiriza kurasa uko abo baza baribohora imigozi y’ivyiyumviro vya Babiloni. Barongerekanye bashika ku bihumbi mirongo uko Yehova yagenda arangura isezerano ryiwe rigira riti: “Sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama [ziri mu ruhongore], bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.” (Mika 2:12) Mu 1931, ubuninahazwa bwa Yehova ku basavyi biwe bwararushirije mbere kugaragara igihe bemera izina Ivyabona vya Yehova.—Yesaya 43:10, 12.
3. Vyagaragaye gute ko umuco wa Yehova worasiye abandi uretse abasizwe?
3 Yehova yoba yorasiye umuco amasigarira ya bwa “busho buto” gusa? (Luka 12:32) Ekaye. Inomero y’Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) yo ku wa 1 Nyakanga 1931 yadomye urutoke ku wundi mugwi. Mu nsiguro nziza ya Ezekiyeli 9:1-11, yerekanye yuko wa mugabo yari afise agahembe k’umwanditsi karimwo wino avugwa muri iyo mirongo agereranya amasigarira y’abasizwe. Ni bande bashirwako ikimenyetso ku ruhanga n’uyo “mugabo”? Ni “izindi ntama” bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo. (Yohana 10:16; Zaburi 37:29) Mu 1935, uwo mugwi ugizwe n’“izindi ntama” waramenyekanye yuko ari bo rya “shengero ryinshi . . . bo mu mahanga yose” intumwa Yohani yabonye mu vyo yeretswe. (Ivyahishuriwe 7:9-14) Kuva mu 1935 gushika ubu, itororokanywa ry’ishengero ryinshi ni ryo ryitwararitswe cane.
4. “Abami” n’“amahanga” bivugwa muri Yesaya 60:3 ni ibiki?
4 Ico gikorwa c’itororokanya kirakikirizwako mu buhanuzi bwa Yesaya igihe buvuga buti: “Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe.” (Yesaya 60:3) “Abami” bavugwa ngaha ni bande? Ni amasigarira ya bamwe 144.000, abaraganwa na Yezu Kirisitu Ubwami bwo mw’ijuru bakaba kandi baragiye imbere mu gikorwa co gushinga intahe. (Abaroma 8:17; Ivyahishuriwe 12:17; 14:1) Muri iki gihe, ibihumbi bikeyi bisigaye muri ya masigarira y’abasizwe bararutwa cane n’ “amahanga,” abo bakaba ari ba bandi bafise icizigiro c’isi baza kuri Yehova kugira ngo bigishwe kandi bagatumira abandi ngo na bo babigenze gutyo.—Yesaya 2:3.
Abasuku ba Yehova b’Abanyamwete
5. (a) Ni ibintu ibihe vyerekana yuko umwete w’abasavyi ba Yehova utagabanutse? (b) Ni ibihugu ibihe vyagize iyongerekana ryibonekeje mu 1999? (Raba igicapo ku rupapuro 27 gushika 30.)
5 Ese umwete Ivyabona vya Yehova bo mu gihe ca none bagaragaje muri iki kinjana cose ca 20! Kandi naho imikazo yaguma yongerekana, umwete wabo ntiwagabanutse uko umwaka w’2000 wegereza. Baracabandanya kudafata minenegwe ibwirizwa rya Yezu rigira riti: “Muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa.” (Matayo 28:19, 20) Igitigiri c’abamamaji b’inkuru nziza bakoze mu mwaka w’umurimo urangiza iki kinjana ca 20 cashitse ku gitigiri gishasha c’abamamaji 5.912.492. Igitigiri gitangaje c’amasaha yose hamwe bamaze baganiriza abandi ivyerekeye Imana n’imigambi yayo cari amasaha 1.144.566.849. Basubiriye kugendera abashimishwa incuro 420.047.796 bongera barongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zigera ku 4.433.884 ku buntu. Ese ukuntu ari igikorwa c’akaroruhore gikoranwa umwete!
6. Ni indinganizo nshasha iyihe yagiriwe abatsimvyi, kandi ivyo vyakiriwe gute?
6 Mu kwa Nzero kw’umwaka uheze, Inama Nyobozi yaramenyesheje ihinduka ry’amasaha abatsimvyi basabwa gushitsa. Benshi baraboneye akaryo kuri ivyo mu kwinjira mu rutonde rw’abatsimvyi b’intahorereza canke b’abafasha. Nk’akarorero, mu mezi ane ya mbere yo mu 1999, ibiro vy’ishami ryo mu Buholande ryaronse amafomu yo gusaba ubutsimvyi bw’intahorereza arengeye incuro zine ayo ryaronse muri ico kiringo nyene co mu mwaka w’imbere y’uwo. Ghana ishikiriza iyi raporo: “Kuva aho rya hangiro rishasha ry’amasaha asabwa abatsimvyi ryatangura gushirwa mu ngiro, urutonde rw’abatsimvyi b’intahorereza bacu rwariyongereye ubudahengeshanya.” Mu mwaka w’umurimo w’1999, igitigiri c’abatsimvyi kw’isi yose carashitse ku 738.343—akaba ari ikimenyamenya c’igitangaza c’ “ishaka ry’ibikorwa vyiza.”—Tito 2:14.
7. Yehova yahezagiye gute igikorwa abasavyi biwe bakorana umwete?
7 Yehova yoba yarahezagiye ico gikorwa gikoranwa umwete? Egome. Abicishije kuri Yesaya, avuga ati: “Unamura amaso yawe weraguze, urābe, bose bakoraniye hamwe baza kuri wewe; abahungu bawe bazoza baturutse kure, n’abakobga bawe bazoza bateruwe mu kwaha.” (Yesaya 60:4) “Abahungu” n’“abakobga” batororokanijwe baracakorera Imana n’umwete. Kandi muri iki gihe izindi ntama za Yezu ziriko ziratororokanirizwa ku ruhande rw’“abahungu” n’“abakobwa” basizwe ba Yehova mu bihugu no mu mazinga bigera ku 234.
“Igikorwa Ciza Cose”
8. Ivyabona vya Yehova bakora ibihe ‘bikorwa vyiza’?
8 Abakirisu bafise ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no gufasha abashimishwa gucika abigishwa. Mugabo “[bafise ibikwiye] ngo [b]akore igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3:17, ni twe tubihiritse.) Ni co gituma babigiranye urukundo babungabunga imiryango yabo, bakakirana, bakongera bakagarukira ku barwayi. (1 Timoteyo 5:8; Abaheburayo 13:16) Ikindi, hari abitanga bavyishakiye bakagira uruhara nko mu maporoje yo kwubaka Ingoro z’Ubwami—kikaba na co nyene ari igikorwa gishinga intahe. Mu gihugu ca Togo, inyuma y’iyubakwa ry’ingoro imwe, abahagarikizi b’idini ry’aho hantu rishingiye ku vy’ibitangaro bashatse kumenya igituma Ivyabona vya Yehova bashoboye kwiyubakira inyubakwa zabo bwite mu gihe iryo dini ritegerezwa guhera abantu baryubakira! Igihugu ca Togo kivuga yuko iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami zimeze neza ryagize ingaruka nziza ku bantu bo muri iyo micungararo ku buryo bamwebamwe bagerageza gupanga canke kwubaka inzu mu turere ingoro zigiye kwubakwamwo.
9. Ivyabona vya Yehova bagize iki igihe ivyago vyatera?
9 Rimwe na rimwe ubundi bwoko bw’igikorwa ciza burakenerwa. Ibihugu vyinshi mu mwaka w’umurimo uheze vyaratewe n’ivyago, kandi kenshi na kenshi aba mbere mu kuja gutabara baba ari Ivyabona vya Yehova. Nk’akarorero, igice kinini ca Honduras carayogejwe n’inkuruma yataziriwe Mitch. Bidatevye ishami ryarashinze amakomite yo gutabara vyihutirwa kugira ngo aringanize ivyo kugarukira abantu. Ivyabona bo muri Honduras n’ibindi bihugu vyinshi vyaratanze ivyambarwa, ibifungurwa, imiti, be n’ibindi bintu vya nkenerwa. Amakomite y’Ubwubatsi y’Akarere yarakoresheje ubuhinga bwayo mu gusubira kwubaka amazu. Bidatevye, abavukanyi bacu bari bashikiwe n’ico cago bariko barafashwa gusubira mu dukorwa twabo twa misi yose. Muri Equateur, Ivyabona vya Yehova baragarukiye abavukanyi babo igihe isegenya rikomeye ryasambura amazu amwamwe. Aho uwujejwe intwaro umwe amariye kwitegereza uburyo ngirakimazi bavyifashemwo, yavuze ati: “Iyo ngira uyu mugwi nokoze ibitangaza! Abantu nkamwe bari bakwiye kuba mu mihingo yose yo kw’isi.” Ibikorwa vyiza nk’ivyo birashemeza Yehova Imana kandi ni ikimenyamenya c’uko dufise “kwubaha Imana kugira ikimazi muri vyose.”—1 Timoteyo 4:8.
“[Baza] Baguruka nk’Igicu”
10. Naho igitigiri c’abasizwe kiguma kigabanuka, ni kuki izina rya Yehova ririko riramamazwa kuruta ikindi gihe cose?
10 Ubu Yehova abaza ati: “Aba ni ba nde [baza] baguruka nk’igicu, kandi nk’inuma zisubira mu turyango tw’ivyari vyazo? N’ababa ku kiyaga banyiteze, amāto y’i Tarushishi ni yo abītangiye imbere, azanye abahungu bawe abakūye kure . . . Abanyamahanga bazokwubaka inzitiro zawe, n’abami babo bazogukorera.” (Yesaya 60:8-10) Abatanguye kwitabira ‘ukurasa umuco’ kwa Yehova bari “abahungu” biwe, ni ukuvuga Abakirisu basizwe. Maze haca haza “abanyamahanga,” bakaba ari ishengero ryinshi batadohoka mu gukorera abavukanyi babo basizwe, bakurikira ubuyobozi bwabo mu kwamamaza inkuru nziza. Ni co gituma naho igitigiri c’abasizwe kiguma kigabanuka, izina rya Yehova ririko riramamazwa hirya no hino kw’isi kuruta ikindi gihe cose.
11. (a) Ni ibiki bikiriko birabandanya, kandi vyavuyemwo iki mu 1999? (b) Ni ibihugu ibihe mu 1999 vyabayemwo ibitigiri vyibonekeje vy’ababatijwe? (Raba igicapo ku rupapuro 27 gushika 30.)
11 Ico bivamwo ni uko abantu amamiliyoni bariko barasegenyuka “nk’inuma zisubira mu turyango tw’ivyari vyazo,” baronkera ubuhungiro mw’ishengero rya gikirisu. Uko umwaka utashe ibihumbi amajana bariyongerako, kandi inzira ni umuharuro no ku bandi benshi. Yesaya avuga ati: “Amarembo yawe azokwama yuguruye, ntazokwugarirwa ku murango canke mw ijoro, kugira ngw abantu bakuzanire ubutunzi bg’amahanga.” (Yesaya 60:11) Mu mwaka uheze, abantu 323.439 barabatijwe bwa kigereranyo c’uko biyeguriye Yehova, kandi ntarugara amarembo. “Ivy’igiciro vyo mu mahanga yose,” ari bo abagize ishengero ryinshi, barashwabaduka bayacamwo. (Hagayi 2:7) Nta bashaka kuva mu mwiza basubizwa inyuma. (Yohana 12:46) Abo bose tubipfurije kutigera batakaza ugukenguruka umuco kwabo!
Intatinya Igihe Bahanganye n’Ukurwanywa
12. Abakunda umwiza bagerageje gute kuzimya umuco?
12 Abakunda umwiza baranka umuco wa Yehova. (Yohana 3:19) Bamwe mbere baragerageza kuzimya uyo muco. Ivyo twama tuvyiteze. Na Yezu nyene, we “muco w’ukuri, wākira umuntu wese” yaracokowe, ararwanywa maze amaherezo aricwa n’abo basangiye igihugu. (Yohana 1:9) Mu kinjana ca 20 cose, Ivyabona vya Yehova na bo baratyekejwe, baratabwa mu mvuto, igikorwa cabo kirabuzwa, mbere n’ukwicwa baricwa mu gihe baca ibibatsi vy’umuco wa Yehova babigiranye ukwizigira. Mu myaka ya vuba, abaturwanya bakoresheje ivy’ugukwiragiza ibinyoma biciye mu nzego menyeshamakuru ku vyerekeye abaca ibibatsi vy’umuco w’Imana. Bamwe bashaka gutuma abantu bemera yuko Ivyabona vya Yehova babageramiye, gutyo bakaba bakwiye gutangirwa canke kubuzwa. Abaturwanya nk’abo boba bararoraniwe?
13. Gushikiriza n’ubugenge inkuru z’imvaho zerekeye igikorwa cacu ku nzego menyeshamakuru vyatanze iki?
13 Ekaye. Aho vyaba bikwiriye, Ivyabona vya Yehova baragiye ku nzego menyeshamakuru kugira basigure inkuru z’imvaho. Ico vyavuyemwo ni uko izina rya Yehova ryamenyekanishijwe cane mu binyamakuru no mw’isamirizi na televiziyo. Ivyo vyaragize ingaruka nziza ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Nk’akarorero, mu gihugu ca Danemarike hari ikiganiro co kuri televiziyo y’igihugu cari cerekeye “igituma ukwizera kw’Abanyadanemarike kuriko kuragabanuka.” Mu babajijwe ibibazo harimwo n’Ivyabona vya Yehova. Inyuma y’ivyo, hari umukenyezi umwe yabonye ico kiganiro yagize ati: “Abafise impwemu y’Imana baragaragara neza.” Yaratangurijwe inyigisho.
14. N’intuntu n’akantu, ni iki abaturwanya bazotegerezwa kwemera icese?
14 Ivyabona vya Yehova barazi yuko benshi muri iyi si bazobarwanya. (Yohana 17:14) Naho ari ukwo, barakomezwa n’ubu buhanuzi bwa Yesaya: “Abahungu b’abāguhahaza bazoza bakubite inkoro hasi imbere yawe, n’abāgukēngēra bīkubite imbere y’ibirenge vyawe, bakwite Umurwa w’Uhoraho, Siyoni h’Uwera w’Abisirayeli.” (Yesaya 60:14) N’intuntu n’akantu, bigiye kuba ngombwa ko abaturwanya bemera icese yuko mu vy’ukuri bariko bararwanya Imana ubwayo. Ni nde ashobora gutsinda urugamba nk’urwo?
15. Ivyabona vya Yehova “bonka amaberebere y’amahanga” gute, kandi ivyo vyagaragariye gute mu gikorwa cabo co kwigisha no kwamamaza inkuru nziza?
15 Yehova yongera gutanga isezerano agira ati: “Nzoguhindura ubgiza bginshi butazoshira . . . uzokwonka amaberebere y’amahanga, uzokwonka amabere y’abami, kand’uzomenya yuko jewe, Uhoraho, nd’Umukiza wawe n’Umucunguzi wawe.” (Yesaya 60:15, 16) Egome, Yehova ni we Mucunguzi w’abasavyi biwe. Baramutse bamwizigiye, bazokwamaho ‘ibihe bidashira.’ Kandi “[ba]zokwonka amaberebere y’amahanga” mu gukoresha ubutunzi bumwebumwe buhari mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri. Nk’akarorero, ugukoresha n’ubukerebutsi orodinateri hamwe n’ubuhanga mu vy’uguhanahana amakuru biratuma vyoroha gusohorera ica rimwe Umunara w’Inderetsi mu ndimi 121 na Réveillez-vous! mu ndimi 62. Hari porogarama kanaka ya orodinateri yatowe kugira ngo ifashe mu buhinduzi bwa ya Bibiliya Traduction du monde nouveau mu ndimi nshasha, kandi impinduro nk’iyo izana umunezero mwinshi. Igihe impinduro y’Igikorowasiya y’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya gikirisu yasohorwa mu 1999, abantu ibihumbi n’ibihumbi barakoroye amosozi y’umunezero. Umuvukanyi umwe ageze mu zabukuru yavuze ati: “Maze igihe kirekire cane ndindiriye iyi Bibiliya. Ubu ndashobora kwipfira mu mahoro.” Igitigiri ca Bibiliya Traduction du monde nouveau zisohoka, ari yose canke, igice zararenze imiliyoni 100 mu ndimi 34.
Ingingo Ngenderwako z’ivy’Ukwigenza Runtu Ziri Hejuru
16, 17. (a) Naho bigoye, ni kuki ari ngirakamaro kuguma tugendera mu ngingo ngenderwako ziri hejuru z’ivy’ukwigenza runtu za Yehova? (b) Ni ivyabaye ibihe vyerekana yuko urwaruka rushobora kwirinda kwanduzwa n’isi?
16 Yezu yavuze ati: “Ūkora ibibi wese yanka umuco.” (Yohana 3:20) Ku rundi ruhande, abaguma mu muco barakunda ingingo ngenderwako z’ivy’ukwigenza runtu ziri hejuru za Yehova. Yehova abicishije kuri Yesaya avuga ati: “Abantu bawe bazoba abagororotsi bose.” (Yesaya 60:21a) Bishobora kuba ibitoroshe kuguma umuntu akurikiza ingingo ngenderwako z’ivy’ubugororotsi mw’isi aho ubushurashuzi, ububeshi, umwina, be n’ubwibone vyabaye ndanse. Nk’akarorero, mu bihugu bimwebimwe, ubutunzi buriyongera ningoga na ningoga ku buryo vyoroshe guta inzira, umuntu akisuka mu kwiruka inyuma y’ubutunzi ata kindi abona. Ariko rero Paulo abura ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.” (1 Timoteyo 6:9) Ese ukuntu ari agacamutima igihe umuntu yisutse mu migambi y’ivy’ubucuruzi ku buryo ayihebera ibintu vy’ingirakamaro vy’ukuri, nk’ukwifatanya kw’Abakirisu, umurimo mweranda, ingingo zigenga ivy’ukwigenza runtu, be n’amabanga yo mu rugo!
17 Kubandanya kugendera mu ngingo ngenderwako z’ivy’ubugororotsi bishobora kuba bigoye canecane ku rwaruka, igihe benshi cane mu runganwe rwabo bisuka mu gufata ibiyayura umutwe no mu buhumbu. Muri Suriname, hari umukobwa w’imyaka 14 kw’ishure yasabwe n’umuhungu umwe w’uburanga ko boryamana. Yaranse, asigura yuko Bibiliya yihanikiriza ibintu nk’ivyo mu batubakanye. Abandi bakobwa bo kuri iryo shure baramutwenze bongera bagerageza kumuhata ngo yisubireko, bamubwira yuko umuntu uwo ari we wese yipfuza kuryamana n’uwo muhungu. N’aho nyene uyo mukobwa yararahiye ararengwa. Haciye imishamvu mikeyi, uwo muhungu bamutoye umugera wa SIDA maze arasinzikara. Uwo mukobwa yaranezerejwe n’uko yubahirije ibwirizwa rya Yehova ryo ‘kwirinda ubusambanyi.’ (Ivyakozwe 15:28, 29) Ivyabona vya Yehova baranezererwa cane urwaruka ruri muri bo ruhagarara rushikamye kubera ibigororotse. Ukwizera kwarwo be n’ukw’abavyeyi barwo ‘kuratera icubahiro,’ ari kwo kuryohora izina rya Yehova Imana.—Yesaya 60:21b.
Yehova Yaratumye Haba Iyongerekana
18. (a) Ni ikintu gihambaye ikihe Yehova yakoreye abasavyi biwe? (b) Ni ikimenyamenya ikihe c’uko iryo yongerekana rizobandanya, kandi ni ivyizigiro vyiza ibihe birindiriye abaguma bari mu umuco?
18 Yehova yararasiye umuco abasavyi biwe, arabahezagira, arabarongora yongera arabakomeza. Mu kinjana ca 20, barabonye iranguka ry’aya majambo ya Yesaya “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye. Jewe Uhoraho nzobishitsa n’ingoga, igihe cavyo kigeze.” (Yesaya 60:22) Guhera ku bari ku rushi mu 1919, “inkēngērwa” yarenze “igihumbi.” Kandi iryo yongerekana ntiriragera kurangira! Mu mwaka uheze abantu 14.088.751 baritavye ihimbazwa ry’Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Benshi muri abo ntibari Ivyabona bakora. Turanezerejwe nuko bitavye ivyo birori bihambaye kandi tubateye akamo ko kubandanya gutera imbere bagana umuco. Yehova aracarasa umuco mwinshi ku basavyi biwe. Umuryango winjira mw’ishirahamwe ryiwe uracuguruye. Nimuze rero twese twiyemeze kuguma mu muco wa Yehova. Ese imihezagiro ivyo bituzanira ubu! Kandi ese umunezero ivyo bizozana muri kazoza igihe ivyaremwe vyose bizoshemeza Yehova bikongera bikanezerezwa n’ubwiza bw’ubuninahazwa bwiwe!—Ivyahishuriwe 5:13, 14.
Woba Ushobora Kubisigura?
• Ni bande baciye ibibatsi vy’ubuninahazwa bwa Yehova muri iyi misi y’iherezo?
• Ni ibiki vyerekana yuko umwete w’abasavyi ba Yehova utagabanutse?
• Ni ibikorwa vyiza bimwebimwe ibihe Ivyabona vya Yehova bacurumbamwo?
• Naho hari ukurwanywa gukaze, twizigiye iki?
[Igicapo ku rup. 27-30]
RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO Y’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE W’1999
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
[Ifoto ku rup. 25]
Abantu baracasegenyuka baza mw’ishirahamwe rya Yehova
[Ifoto ku rup. 32]
Turafise agahimbare k’uko Yehova yagumije umuryango utaburuye ku bw’abakunda umuco