Woba Ufise “Ivyiyumviro vya Kristo?”
“Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima . . . nk’uko Kristo Yesu agomba.”—ABAROMA 15:5.
1. Yezu yadondowe gute n’abahinguzi b’utugenegene benshi bo mu Bitwa Abakirisu, kandi ni kubera iki ukwo atari ukwerekana Yezu nk’uko yari?
“NTARIGERA aboneka ariko aratwenga na rimwe.” Ukwo ni ko Yezu adondowe mu cete bavuga babesha yuko canditswe n’umutegetsi umwe wa kera w’Umuroma. Ico cete, icamenyekanye uko kimeze guhera nko mu kinjana ca 11, ngo caragize akosho ku bahinguzi b’utugenegene benshi.a Ku mashusho atari make, Yezu aboneka nk’umuntu w’amaganya asa n’uwutigera amwenyura. Ariko ukwo si ukwerekana Yezu nk’uko yari ameze, uwo Injili zerekana nk’umuntu w’igishika, w’umutima mwiza afise inyiyumvo zigera kure.
2. Twotsimbataza gute “guhūza imitima ya[cu], nk’uko Kristo agomba,” kandi ni ibiki bizodufasha kubigira?
2 Mu buryo butomoye, kugira ngo tumenye Yezu nyakuri, dutegerezwa kwuzuza imizirikanyi yacu n’imitima yacu ugutahura nyakuri kw’ukuntu Yezu vy’ukuri yari ameze igihe yari ngaha kw’isi. Reka rero tuganire inkuru zimwezimwe zo mu Njili ziduha ugutahura “ivyiyumviro vya Kristo,” ni ukuvuga inyiyumvo ziwe, ukuntu yumva ibintu, ivyiyumviro vyiwe hamwe n’ukuntu yazirikana. (1 Ab’i Korinto 2:16) Uko tubiganira, nimuze turimbure ukuntu twotsimbataza “[u]guhūza imitima ya[cu], nk’uko Kristo Yesu agomba.” (Abaroma 15:5) Gutyo, twoshobora kurushiriza kuronka ivyagombwa bikwiye mu buzima bwacu hamwe no mu migenderanire tugiriranira n’abandi, kugira ngo dukurikire akarorero yaduhaye.—Yohana 13:15.
Yari Yoroshe Kwegera
3, 4. (a) Ibintu vyari vyifashe gute mu nkuru yanditswe muri Mariko 10:13-16? (b) Yezu yavyakiriye gute igihe abigishwa babuza abana bato kumwegera?
3 Abantu bumva bakwegerwa kuri Yezu. Mu bihe bitandukanye, abantu bari bafise imyaka itandukanye na kahise gatandukanye baramwegera n’umwidegemvyo. Rimbura ikintu cabaye canditswe muri Mariko 10:13-16. Cabaye nk’amaja mu mpera z’igikenurwa ciwe, igihe yariko agenda i Yeruzalemu ubwa nyuma, kugira ngo ahangane n’urupfu rubabaza.—Mariko 10:32-34.
4 Niwihe ishusho ya nya bintu. Abantu batanguye kuzana abana, ushizemwo n’inzoya kugira ngo Yezu abahezagire.b Mugabo abigishwa bagerageje kubuza nya abana kuza kuri Yezu. Kumbure abigishwa biyumvira yuko Yezu ategerezwa kuba adashaka ko abana bamugora muri ayo mayinga y’ubutigu. Ariko bari bihenze. Yezu abonye ivyo abigishwa bariko baragira, ntivyamuryohera. Yezu ahamagara abana ngo baze aho ari, mu kuvuga ati: “Reka utwo twana tunyegere, ntimutubuze.” (Marko 10:14, UB) Maze agira ikintu gihishura inyifato iranga ikibabarwe n’urukundo vy’ukuri. Iyo nkuru ivuga iti: “Hanyuma, abapfumbatiye, arabahezagira abagaranzurirako ibiganza.” (Marko 10:16, UB) Biribonekeza yuko abo bana bumvise bimererewe neza igihe Yezu yabapfumbatira mu maboko yiwe abitwararika.
5. Inkuru dusanga muri Mariko 10:13-16 itubwira iki ku vyerekeye ukuntu Yezu yari ameze?
5 Iyo nkuru ngufi iratubwira ibitari bike ku kuntu Yezu yari ameze. Wabonye yuko yari umuntu yoroshe kwegera. Naho yari afise ikibanza gihambaye mw’ijuru, ntiyatera ubwoba canke ngo ashire hasi abantu b’abanyagasembwa. (Yohana 17:5) None ivyo vyovyo ntibifise ico bisobanura kuba n’abana bumva bisanze iyo bari kumwe na we? Nta mazinda ko batokwumvise bakwegerewe n’umuntu akanyaraye, atagira umunezero, atigera amwenyura canke ngo atwenge! Abantu bafise imyaka itandukanye baregera Yezu kubera bumva ko yari umunyagishika, umuntu yitwararikana, kandi bari bizigiye yuko atobirukanye.
6. Ni gute abakurambere bashobora gutuma ubwabo barushiriza kuba aboroshe kwegera?
6 Twihweje iyi nkuru, turashobora kwibaza duti: ‘Noba mfise ivyiyumviro vya Kirisitu? Noba noroshe kwegera?’ Muri ibi bihe bigoye, intama z’Imana zikeneye abungere boroshe kwegera, abantu bameze nk’“aho kwikinga umuyaga.” (Yesaya 32:1, 2; 2 Timoteyo 3:1) Bakurambere, mu gihe mutsimbataje ukwitaho abavukanyi banyu bimwe bivuye ku mutima kandi mukitanga mubikunze, bazokwumva ko mubitwararitse. Bazobibonera ku kuntu mu maso hanyu hameze, bavyumvire ku rugero rw’ijwi mukoresha, bongere babibonere mu nyifato yanyu iranga ubuntu. Mwene ico gishika be n’ubwo bwitwararitsi nyakuri birashobora kuzana ukwizigiranira gutuma abandi boroherwa kubegera, ushizemwo n’abana. Umuvukanyikazi umwe w’Umukirisu arasigura igituma yashoboye kwugurukira umukurambere umwe, avuga ati: “Yamvugishanya ikibabarwe be n’imbabazi. Ahandiho, kumbure sinoshoboye kugira ijambo mvuga. Yatumye numva ntekaniwe.”
Kwubahiriza Abandi
7. (a) Yezu yerekanye gute ko yubahiriza abandi? (b) Ni igiki coba caratumye Yezu ahumura umuntu umwe w’impumyi intambwe ku yindi?
7 Yezu yarubahiriza abandi. Yaritwararika inyiyumvo z’abandi. Akubise ijisho gusa abagowe, vyaramukora ku mutima rwose bigatuma abakurako uwo mubabaro. (Matayo 14:14) Vyongeye ntiyirengagiza aho ubushobozi bw’abandi bugera hamwe n’ivyo bakeneye. (Yohana 16:12) Igihe kimwe abantu bamuzaniye umuntu w’impumyi hanyuma binginga Yezu ngo amukize. Yezu yarahumuye uwo muntu, ariko yabigize intambwe ku yindi. Ubwa mbere, uwo mugabo yabona abantu mu buryo gusa budatomoye. “Yabona ibisa n’ibiti bigendagenda.” Maze, Yezu aramuhumura bimwe bishitse. Ni kuki yakijije uwo muntu intambwe ku yindi? Ivyo bishobora kuba vyabaye kugira ngo bitume umuntu yari asanzwe ari mu muzimiza kudashoka agwa igihumura agiye abona giturumbuka umuco w’izuba hamwe n’isi irimwo ibintu vyinshi.—Mariko 8:22-26.
8, 9. (a) Ni ibiki vyaciye bishika mu nyuma y’aho Yezu n’abigishwa biwe bamariye kwinjira mu ntara y’i Dekapoli? (b) Nudondore ukuntu Yezu yakijije umuntu w’igipfamatwi.
8 Rimbura kandi ikindi kintu cashitse inyuma ya Pasika yo mu 32 G.C. Yezu n’abagishwa bari binjiye mu ntara y’i Dekapoli, mu buseruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya. Bidatevye ishengero ryinshi ryabasanzeho, hanyuma rizanira Yezu abantu benshi barwaye hamwe n’ibimuga, na we arabakiza bose. (Matayo 15:29, 30) Biri n’ico bivuze kuba Yezu yarobanuyemwo umugabo umwe kubw’ukumwubahiriza bimwe bidasanzwe. Mariko umwanditsi w’Injili, ari na we wenyene yanditse ico kintu cabaye, arigana uko vyagenze.—Mariko 7:31-35.
9 Uwo mugabo cari igipfamatwi kandi ntiyari ashoboye kuvuga neza. Yezu ashobora kuba yarabonye ukuntu yari yagize umutima uhagaze hamwe n’ukubura ico afata n’ico areka. Yezu maze yaciye akora ikintu casa n’ikidasanzwe. Yatwaye uwo mugabo ku ruhande, kure y’iryo shengero, aramwihereranya. Maze Yezu akoresha ibimenyetso bimwebimwe kugira amenyeshe uwo muntu ico yagira akore. “Agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi.” (Mariko 7:33) Ubukurikira, Yezu araba mw’ijuru hanyuma yitsa umutima mu gusenga. Ivyo bikorwa vyibonekeje vyobwiye uwo muntu biti: ‘Ivyo ngiye kugukorera ni kubw’ububasha buvuye ku Mana.’ Amaherezo, Yezu yavuze ati: “Zibūka.” (Mariko 7:34) Avuze iryo, uwo muntu arazibuka amatwi, kandi aca arashobora kuvuga nk’uko bisanzwe.
10, 11. Twokwubahiriza gute inyiyumvo z’abandi mw’ishengero? Mu muryango na ho?
10 Ese ukuntu Yezu yubahiriza abandi! Yaritwararika inyiyumvo zabo kandi ukwo kuntu yabasonera ashizemwo n’impuhwe kwatumye akora mu buryo bwubahiriza inyiyumvo zabo. Kubera turi Abakirisu, twoba tugize neza dutsimbataje kandi tukagaragaza ivyiyumviro vya Kirisitu muri ivyo. Bibiliya iradukebura iti: “Mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima.” (1 Petero 3:8) Ivyo mu vy’ukuri bidusaba kuvuga no gukora twubahiriza inyiyumvo z’abandi.
11 Mw’ishengero, turashobora kwerekana ko twubahiriza inyiyumvo z’abandi mu kububaha, mu kubafata nk’uko natwe twoshima ko badufata. (Matayo 7:12) Muri ivyo harimwo no kuba maso ku vyo tuvuga hamwe no ku kuntu tubivuga. (Ab’i Kolosayi 4:6) Niwibuke yuko ‘amajambo asunitswe n’impwemu ameze nk’ugucumita kw’inkota.’ (Imigani 12:18) Mu muryango hoho bite? Umugabo n’umugore bakundana vy’ukuri baritwararika umwe wese inyiyumvo z’uwundi. (Abanyefeso 5:33) Baririnda amajambo aryagagurana, ukunegurana kw’urudacika, hamwe n’ukunebagurana kuvuna umutima, ivyo vyose bikaba bishobora gukomeretsa inyiyumvo zitoroha kuvura. N’abana barafise inyiyumvo, kandi abavyeyi b’abanyarukundo ivyo ntibavyirengagiza. Igihe bikenewe ko bahanwa, mwene abo bavyeyi babigira mu buryo bubahiriza agateka k’abana babo kandi bakabarinda icotuma bamaramara bidakenewe.c (Ab’i Kolosayi 3:21) Igihe twubahiriza abandi gutyo, tuba tugaragaje yuko dufise ivyiyumviro vya Kirisitu.
Kwizigira Abandi n’Umutima Ukunze
12. Ni mu buryo ki Yezu yabona abigishwa biwe ku burimbane kandi ata kwibesha?
12 Yezu abigishwa biwe yababona ku burimbane, ata kwibesha. Yari azi neza yuko ari abanyagasembwa. Nakare, yarashobora gusoma mu mitima y’abantu. (Yohana 2:24, 25) Naho ari ukwo, ntiyababonamwo ukuba ari abanyagasembwa gusa, ariko yababonamwo kamere nziza bafise. Vyongeye yarabona ko abo bagabo bari n’ico bazovamwo, bakaba bari abantu Yehova yakwegereye. (Yohana 6:44) Ukwo kuntu Yezu yabona neza abigishwa biwe kwaribonekeje mu migenderanire yari afitaniye na bo no mu kuntu yabafata. Kimwe coco, yarabizigira n’umutima ukunze.
13. Yezu yerekanye gute ko yizigira abigishwa biwe?
13 Yezu yagaragaje gute ko abizigira? Igihe yava kw’isi, yashinze ibanga riremereye abigishwa biwe basizwe. Yabashize mu minwe ibanga ryo kwitwararika inyungu z’Ubwami bwiwe kw’isi yose. (Matayo 25:14, 15; Luka 12:42-44) Igihe yarangura igikorwa ciwe, yarerekanye mbere no mu tuntu dutoduto, mu buryo butadudurirako, yuko abizigira. Igihe yagwiza imfungurwa ku gitangaro kugira ngo agaburire ishengero, yashinze ibanga abigishwa biwe ryo kugabura izo mfungurwa.—Matayo 14:15-21; 15:32-37.
14. Wokwigana gute muri make inkuru yanditswe muri Mariko 4:35-41?
14 Rimbura kandi inkuru yanditswe muri Mariko 4:35-41. Ico gihe Yezu hamwe n’abigishwa biwe buriye ubwato hanyuma babusoza bagana mu buseruko hakurya y’Ikiyaga c’i Galilaya. Inyuma y’akanya gatoyi bahagurutse, Yezu yiryamira mu gihimba c’inyuma c’ubwato, asinzira umukondorazosi. Ariko rero bidatevye, haza “inkubi ikomeye y’umuyaga.” Mwene izo nkubi zarakunda gushika mu Kiyaga c’i Galilaya. Kubera ko uburinganire bwaco buri hasi (nko ku metero 200 munsi y’inivo y’inyanza), umuyaga waho urashushe cane kuruta uwo mu micungararo, bigatuma haba ivurungana ry’ikirere. Uretse ivyo, imiyaga ikaze iravumburanya mu mubande wa Yorodani ivuye ku Musozi Herumoni uherereye mu buraruko. Itûrûye gatoyi hashobora guca haduka iyindi nkubi itema itongora. Zirikana ibi: Nta gukeka Yezu yari azi ivy’izo nkubi zikunda kuhaba, kuko yakuriye i Galilaya. Yamara, yari yisinziririye mu mahoro, yizigiye ubuhinga bw’abigishwa biwe, bamwe muri bo bakaba bari abarovyi.—Matayo 4:18, 19.
15. Twoshobora gute kwigana umutima ukunze Yezu yari afise wo kwizigira abigishwa biwe?
15 Twoshobora kwigana umutima ukunze Yezu yagize wo kwizigira abigishwa biwe? Bamwe basanga bigoye gushinga abandi amabanga. Bategerezwa nantaryo kwama babari ku gakanu. Boshobora kwiyumvira bati: ‘Nimba nshaka yuko ikintu gikorwa neza, ntegerezwa kucikorera!’ Ariko mu gihe dushaka kwikorera akantu kose, twohakwa kuba turiko turinaniza, kandi kumbure tukaba turiko dutakaza umwanya twari kumarana n’umuryango wacu. Kanatsinda, mu gihe tudashinga abandi udukorwa be n’amabanga bibereye, twoshobora kuba turiko turababuza kuronka ubumenyi bw’utuntu n’utundi hamwe n’ukumenyerezwa bakeneye. Vyoba biranga ubwitonzi twize kwizigira abandi, tukabashinga ibintu. Turakwiye kwibaza duti: ‘Noba mfise ivyiyumviro vya Kirisitu kuri ico kintu? Noba nshinga abandi udukorwa tumwetumwe ndabikunze, nkabizigira yuko bazokora uko bashoboye kwose?’
Yaragaragaje ko Yizera Abigishwa Biwe
16, 17. Mw’ijoro rya nyuma yamaze ry’ubuzima bwiwe kw’isi, Yezu yasubirije umutima mu nda intumwa ziwe gute naho yari azi yuko baza kumuta?
16 Yezu yarerekanye ko abona neza abigishwa mu bundi buryo buhambaye. Yarabamenyesheje yuko abizeye. Ivyo vyaribonekeje bimwe bitomoye mu majambo asubiriza umutima mu nda yabwiye intumwa ziwe mw’ijoro rya nyuma yamaze ry’ubuzima bwiwe bwo kw’isi. Raba uko vyagenze.
17 Wari umugoroba w’akazi kenshi kuri Yezu. Yarahaye intumwa ziwe akarorero keza ko kwicisha bugufi mu kuboza ibirenge. Mu nyuma, yatanguje ingaburo yo ku mugoroba yobaye icibutso c’urupfu rwiwe. Maze, mu ntumwa ibere ryarongeye kuyaga, bahazuka ngo bamenye uwoba ari mukuru muri bo. Mu kwihangana yamana, Yezu ntiyabakankamiye, ahubwo yarazirikanye hamwe na bo. Yababwiye ivyari bigiye kuba ati: “Mwebwe mwese mur’iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z’umukuku zisanzare.” (Matayo 26:31; Zekariya 13:7) Yari azi yuko abagendanyi biwe ba somambike bomutaye mu gihe nyene yobaye abakeneye. Mugabo, ntiyabaneguye. Ahubwo riho yababwiye ati: “Ariko ni namara kuzurwa, nzobītangira imbere kuja i Galilaya.” (Matayo 26:32) Egome, yarabemereye yuko naho bomutaye we atobataye. Ico kigeragezo c’agacavutu kimaze kurengana, yosubiye kubonana na bo.
18. I Galilaya, Yezu yahaye abigishwa biwe ikihe gikorwa kiremereye kandi intumwa zagishishikaye gute?
18 Yezu ntiyayaze amasigaracicaro. Mu nyuma, i Galilaya, Yezu yazutse yarabonekeye intumwa 11 z’intahemuka, bigasa n’uko bari bakoraniye hamwe n’abandi benshi. (Matayo 28:16, 17; 1 Ab’i Korinto 15:6) Ngaho, Yezu yabahaye igikorwa-banga kiremereye, mu kubabwira ati: “Nuko ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry[’im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Igitabu c’Ivyakozwe n’Intumwa kiratwereka ku mugaragaro yuko intumwa zashishikaye ico gikorwa. Barahagarikiye ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu kinjana ca mbere badahemuka.—Ivyakozwe 2:41, 42; 4:33; 5:27-32.
19. Ivyo Yezu yakoze inyuma y’izuka ryiwe bitwigisha iki ku vyerekeye ivyiyumviro vya Kirisitu?
19 None iyo nkuru ihishura ibintu itwigisha iki ku vyerekeye ivyiyumviro vya Kirisitu? Yezu yari yarabonye intege nke z’intumwa ziwe, yamara ‘yarabakunze gushika kw’iherezo.’ (Yohana 13:1) Naho bari bafise utunenge, yarabamenyesheje yuko abizeye. Urabona yuko Yezu atabizeranye uburyarya. Ukubizera hamwe n’ukubizigira yari yarabagaragarije nta nkeka vyarabakomeje kugira ngo biyemeze gushitsa igikorwa yabashinze gukora.
20, 21. Twokwerekana gute ko tubona neza abo dusangiye ukwizera?
20 Twogaragaza gute ivyiyumviro vya Kirisitu muri ivyo? Ntukabe uwutizigira abo musangiye ukwizera. Nimba wiyumvira ko bafise intege nke, imvugo n’ingiro vyawe bizobihishura. (Luka 6:45) Ariko rero, Bibiliya itubwira yuko urukundo “rwizera vyose.” (1 Ab’i Korinto 13:7) Urukundo rurizigira, ntirwihebura. Aho gusambura rurubaka. Urukundo n’indemesho birashika abantu ku mutima kuruta iterabwoba. Turashobora kwubaka abandi no kubaremesha mu kubereka ko tubizeye. (1 Ab’i Tesalonike 5:11) Nimba tubona neza abavukanyi bacu nka kumwe kwa Kirisitu, tuzobafata mu buryo bububaka kandi tubakuremwo iciza kirushirije.
21 Gutsimbataza no kugaragaza ivyiyumviro vya Kirisitu biraruta gupfa kwigana ibintu bimwebimwe Yezu yakoze. Nkuko vyerekanywe mu kiganiro giheze, nimba vy’ukuri dushaka gukora cokimwe na Yezu, dutegerezwa kubanza kwiga kubona ibintu nk’uko yabibona. Injili ziradufasha kubona uwundi muce wa kamere yiwe, ivyiyumviro vyiwe hamwe n’inyiyumvo yari afise ku vyerekeye igikorwa yari yarashinzwe, nk’uko ikiganiro gikurikira kibivuga.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri ico cete, nyene kumushushanya arerekana uko bibaza ku kuntu Yezu yasa, ushizemwo ibara ry’umushatsi, ubwanwa be n’amaso. Edgar J. Goodspeed, umuhinduzi wa Bibiliya, asigura yuko iryo shushanya “ryari rigenewe gutuma abantu bemera uburyo yerekanwa mu bitabu bishushanijemwo ukuntu Yezu ubwiwe asa.”
b Biboneka ko abo bana bari bafise imyaka itandukanye. Ijambo ryahinduwe ngaho ngo “abana bato” ni ryo ryakoreshejwe ku gakobwa ka Yayiro k’imyaka 12. (Mariko 5:39, 42; 10:13) Mugabo mu nkuru imeze nk’iyo, Luka akoresha ijambo rikoreshwa no ku nzoya.—Luka 1:41; 2:12; 18:15.
c Raba ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Woba Wubaha Agateka Kabo?” mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1998.
Woshobora Kubisigura?
• Yezu yavyifashemwo gute igihe abigishwa bagerageza kubuza abana kuza aho ari?
• Ni mu buryo ubuhe Yezu yerekanye ko yubahiriza abandi?
• Twokwigana gute umutima ukunze Yezu yari afise wo kwizigira abigishwa biwe?
• Twokwigana gute ukwizigira Yezu yagaragarije intumwa ziwe?
[Ifoto ku rup. 10]
Abana bumva bamerewe neza bari kumwe na Yezu
[Ifoto ku rup. 11]
Yezu abandi yabafatana impuhwe
[Ifoto ku rup. 12]
Abakurambere boroshe kwegera ni umuhezagiro