ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/3 rup. 13-17
  • Woba Uvyurirwa Umutima nka Yezu wo Kugira Ico Ukoze?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Uvyurirwa Umutima nka Yezu wo Kugira Ico Ukoze?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yaravyuriwe Umutima wo Kuronsa Abantu Ivyo Bakeneye mu vy’Impwemu
  • Yarahimirije Abandi Gushinga Intahe
  • Nutsimbataze Ivyiyumviro vya Kirisitu Muri iki Gihe
  • «Bimutera ikigongwe»
    “Ingo unkurikire”
  • «Kumenya urukundo rwa Kristu»
    Niwiyegereze Yehova
  • Niwigane impuhwe za Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ubusuku turangura ni igikorwa kiranga imbabazi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/3 rup. 13-17

Woba Uvyurirwa Umutima nka Yezu wo Kugira Ico Ukoze?

“Abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere: atangura kubigisha.”​—MARIKO 6:34.

1. Ni kuki ari ibitahurika kuba abantu bagaragaza kamere zihimbaye?

MU NKURU ya kahise yose, abantu benshi baragaragaje kamere zihimbaye. Urashobora gutahura igituma. Yehova Imana arafise urukundo, ubuntu, ubutanzi bwa cane, hamwe n’izindi kamere dushima cane, kandi arazigaragaza. Abantu baremwe mw’ishusho y’Imana. Gutyo turashobora gutahura igituma benshi boshoboye kwerekana urugero runaka rw’urukundo, ubuntu, imbabazi hamwe n’izindi kamere z’Imana, nk’uko nyene nyinshi zikoreshwa n’ijwi ryo mu mutima. (Itanguriro 1:26; Abaroma 2:14, 15) Mugabo, woba woshobora kubona yuko bamwe boroherwa cane no kugaragaza izo kamere kuruta abandi.

2. Ni ibikorwa vyiza bimwebimwe ibihe abantu bashobora gukora, kumbure biyumvira yuko bariko bigana Kirisitu?

2 Kumbure woba uzi abagabo n’abagore kenshi bagendera abarwaye canke bakabafasha, bagaragariza imbabazi abamugaye, canke bagira inda nziza mu gufasha abakene. Niwiyumvire kandi abantu bavyurirwa ingiro n’imbabazi kugira batange ubuzima bwabo mu gukorera mu bigo vy’abarwaye imibembe canke mu marerero y’impfuvyi, abakora bavyishakiye mu bitaro canke mu mazu y’ugufashirizamwo ba ntahonikora, kibure abantu bagwa bavyuka kugira ngo basahirize abatagira aho baba canke impunzi. Bisa n’uko bamwebamwe muri bo biyumva yuko bariko barigana Yezu, we yasigiye akarorero Abakirisu. Dusoma mu Njili yuko Kirisitu yakijije abarwaye akagaburira n’abashonje. (Mariko 1:34; 8:1-9; Luka 4:40) Urukundo, ikibabarwe n’imbabazi Yezu yagaragaje ni ivyerekana “ivyiyumviro vya Kristo,” akaba na we yigana Se wiwe wo mw’ijuru.​—1 Ab’i Korinto 2:16.

3. Kugira ngo tugire uburimbane mu kubona ibikorwa vyiza Yezu yakoze, dukeneye kurimbura iki?

3 Mugabo, woba umaze kubona ko muri iki gihe benshi mu bo urukundo hamwe n’imbabazi vya Yezu vyakoze ku mutima birengagiza ibintu nyamukuru ari vyo vyiyumviro vya Kirisitu? Ivyo turashobora kubitahura mu kurimbura twitonze ikigabane ca 6 ca Mariko. Tuhasoma yuko abantu bazaniye Yezu abarwaye kugira ngo abakize. Mu majambo ahakikuje, turahigira kandi yuko Yezu amaze kubona yuko abantu ibihumbi n’ibihumbi baje kuri we bari bashonje, yarabagaburiye ku gitangaro. (Mariko 6:35-44, 54-56) Gukiza abarwaye no kugaburira abashonje vyari ibintu vyibonekeje bigaragaza imbabazi ziranga urukundo, ariko none, ubwo bwoba ari bwo buryo nyamukuru Yezu yafashijemwo abandi? Kandi dushobora gute kwigana neza cane akarorero kiwe katagira amahinyu k’urukundo, ubuntu, hamwe n’imbabazi, nk’uko nawe nyene yiganye Yehova?

Yaravyuriwe Umutima wo Kuronsa Abantu Ivyo Bakeneye mu vy’Impwemu

4. Ibintu vyagenze gute mu nkuru ya Mariko 6:30-34?

4 Ubwa mbere na mbere, Yezu yumvira impuhwe abari bamukikije kubera ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Ivyo bintu bari bakeneye ni vyo vyari bihambaye kuruta ivyo bari bakeneye vy’umubiri. Rimbura inkuru yo muri Mariko 6:30-34. Ikintu cabaye canditse ngaho cabereye ku nkengera y’Ikiyaga c’i Galilaya, begereje igihe ca Pasika yo mu 32 G.C. Intumwa zari zinezerewe cane, kandi zari zibitumwe n’imvo nziza. Bamaze kuzunguruka rimwe ahantu hatari hanini, baza kuri Yezu, nta nkeka bashashaye kumubwira ivyo babonye. Mugabo, ishengero ryaciye rikorana. Ryari rinini cane ku buryo Yezu n’intumwa batashoboye no gufungura canke kuruhuka. Yezu yabwiye intumwa ati: “Ni muze mwebge mwenyene ahiherereye mu gahinga, muruhuke gatoya.” (Mariko 6:31) Burira ubwato, kumbure hakaba hari hafi y’i Kaperinawumu, barabusoza bagana hakurya y’Ikiyaga c’i Galilaya ahantu h’agacerere. Ariko ishengero ryarirutse rijanye inkōkoro y’Ikiyaga, ritanga ubwato gushikayo. Yezu yavyakiriye gute? Yoba yarababaye kubera ko akaruhuko kiwe bakavuruze? Habe n’intete!

5. Yezu yiyumvise amerewe gute ku vyerekeye ishengero ryaje kuri we, kandi yaciye abagirira iki?

5 Yezu yarakozwe ku mutima aho aboneye iryo shengero ry’abantu ibihumbi n’ibihumbi, ushizemwo abarwaye, ryari rimurindiranye umushasharo. (Matayo 14:14; Mariko 6:44) Mu gushimikira ku kintu cavyuriye imbabazi Yezu hamwe no ku kuntu yavyakiriye, Mariko yanditse ati: “Abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere: atangura kubigisha vyinshi.” (Mariko 6:34) Yezu yabonye ikigwi kinini c’abantu. Yabonye abantu bakenye mu vy’impwemu. Bari bameze nk’intama zasabagiye zitagira gifasha, zitagira umwungere wo kuziyobora mu bwatsi buremvye, canke wo kuzikingira. Yezu yari azi yuko ba barongozi b’idini b’imitima ikanyaraye, abitwa ko bari kuba ari abungere bitwararika, mu vy’ukuri barakengera abantu ba nyarucari kandi ntibitwararike ivyo bakeneye mu vy’impwemu. (Ezekiyeli 34:2-4; Yohana 7:47-49) Yezu yobafashe mu buryo buhushanye n’ubwo, mu kubagirira iciza gihambaye cose gishoboka. Yatanguye kubigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana.

6, 7. (a) Injili zihishura yuko Yezu yashira imbere iki mu kuronsa abantu ivyo bakeneye? (b) Yezu yamamaza inkuru nziza kandi akigisha abitumwe n’iki?

6 Raba urukurikirane hamwe n’iciyumviro gikwiye gushirwa imbere, bigaragarira mu yindi nkuru isa n’iyo. Iyo yanditswe na Luka, uwari umuganga kandi yitwararika cane amagara y’abandi. “Ishengero . . . riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ubgami bg’Imana, kand’abāgomba kuvūrwa arabakiza.” (Luka 9:11, ni twe tubihiritse; Ab’i Kolosayi 4:14) Naho Luka atama abivuga gutyo mu nkuru yose avuga yerekeye igitangaro, muri ico gihe inkuru yahumetswe ya Luka ni igiki yerekana ubwa mbere? Ni ivy’uko Yezu yigishije abantu.

7 Ivyo mu vy’ukuri birahuye n’ivyashimikiweko dusanga muri Mariko 6:34. Uwo murongo urerekana bimwe bitomoye ukuntu Yezu ari uwa mbere yavyuriwe canecane umutima wo kugaragaza impuhwe afise. Yarigishije abantu, abaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Imbere yaho mu gikenurwa ciwe, Yezu yavuze ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe.” (Luka 4:43) Ariko rero, twoba twihenze mu gihe twiyumviriye yuko Yezu yamenyekanishije ubutumwa bw’Ubwami abitumwe gusa no kwiyumvamwo ko ari ibwirizwa, nk’aho igikorwa yategerezwa gukora co kwamamaza yoba yapfa kugikora buheze umwuga. Oyaye, imbabazi ziwe zirangwa n’urukundo yari afitiye abantu cari ikintu nyamukuru camuvyurira kubabwira inkuru nziza. Ikintu ciza agaheta Yezu yashobora gukora, haba mbere no ku barwaye, abaruhijwe n’amadayimoni, abakene, canke abashonje, kwari ukubafasha kumenya, kwemera no gukunda ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Ukwo kuri ni kwo kwari guhambaye kuruta vyose kubera uruhara Ubwami bufise mu kuzokwemeza ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, no mu kuronsa abantu imihezagiro yamaho.

8. Yezu yabona gute ivyerekeye ukwamamaza inkuru nziza n’ukwigisha?

8 Ukwamamaza inkuru nziza n’umwete kwa Yezu ku vyerekeye Ubwami, ni yo yari imvo nyamukuru yatumye aza kw’isi. Hasigaye gatoyi ngo igikenurwa ciwe kw’isi gihere, Yezu yabwiye Pilato ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ukuri wese yumva ijwi ryanje.” (Yohana 18:37) Turamaze kubona mu biganiro bibiri biri imbere y’iki yuko Yezu yari umuntu afise inyiyumvo z’ikibabarwe: yari umuntu yitwararika, yegereka, yubahiriza abandi, abizigira, kandi na canecane akundana. Turakeneye gutegera neza iyo mice ya kamere ziwe nimba mu vy’ukuri dushaka gutahura ivyiyumviro vya Kirisitu. Birahambaye kandi ko tumenya yuko mu vyiyumviro vya Kirisitu harimwo ikibanza ca mbere yaha ukwamamaza inkuru nziza hamwe n’ukwigisha.

Yarahimirije Abandi Gushinga Intahe

9. Ukwamamaza inkuru nziza no kwigisha vyari bifise ikibanza ca mbere kuri bande?

9 Ikibanza ca mbere cashirwa ku kwamamaza inkuru nziza no ku kwigisha, bikaba nk’uburyo bwo kugaragaza urukundo hamwe n’imbabazi, ntivyari ivya Yezu wenyene. Yarahimirije abayoboke biwe kwigana imvo zamutuma kubikora, ivyo yashira imbere be n’ibikorwa yakora. Nk’akarorero, Yezu amaze gutora intumwa ziwe 12, zabwirizwa gukora iki? Muri Mariko 3:14, 15 hatubwira hati: “Atoranya icumi na babiri bo kubana na we, maze ngw abatume kwigisha, no kugira ububasha bgo gusenda abadayimoni.” (Ni twe tubihiritse.) Woba ubonye ikintu na kimwe intumwa zari gushira imbere?

10, 11. (a) Igihe Yezu yarungika intumwa, ni igiki yababwiye gukora? (b) Ku vyerekeye ukurungika izo ntumwa, ni igiki yashimikiyeko?

10 Mu nyuma, Yezu yarashoboje abo 12 gukiza abandi no gusenda abadayimoni. (Matayo 10:1; Luka 9:1) Yaciye abarungika kuja mu “ntama zazimiye zo mu muryango wa Isirayeli.” Gukora iki? Yezu yabategetse ati: “Uko mugenda kwose mwigishe, mut’Ubgami bgo mw ijuru buri hafi. Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni.” (Matayo 10:5-8; Luka 9:2) None mu vy’ukuri bakoze iki? “Baragenda, [1] bigisha kw abantu bakwiye kwihana. [2] Basenda abadayimoni benshi, basīga amavuta abarwaye benshi, barakira.”​—Mariko 6:12, 13.

11 Kubera ukwigisha atari kwo kwama kuvugwa ubwa mbere, none ukuzirikana urwo rutonde tubonye aho haruguru kwoba ari ukurenza urugero mu vyo kuraba ivyashirwa imbere canke imvo vyakoranwa? (Luka 10:1-8) Ntidukwiye gukengera incuro ukwigisha kuvugwa imbere y’ukuvuga ivy’ugukiza. Muri ivyo, rimbura imirongo ihakikuje. Imbere gatoyi yuko arungika izo ntumwa 12, Yezu yari yakozwe ku mutima n’ukuntu iryo shengero ryari rimerewe. Dusoma uku: “Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose. Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere. Maz’abgira abigishwa biwe, at’Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”​—Matayo 9:35-38.

12. Ibitangaro Yezu yakoze hamwe n’intumwa vyashobora kumara uwundi mugambi uwuhe w’inyongera?

12 Kubera ukuba kumwe na we, intumwa zarashobora kwinjirwamwo n’ivyiyumviro vya Kirisitu bimwebimwe. Barashoboye gutahura yuko ukuba abanyarukundo n’abanyembabazi nyabo ku bantu, vyarimwo n’ukwamamaza be n’ukwigisha ivyerekeye Ubwami, ivyo vyari kuba umuce nyamukuru w’ibikorwa vyabo vyiza. Duhujije n’ivyo, ibikorwa vyiza vyo kugirira neza amagara y’umuntu, nk’ugukiza abarwaye, vyari n’ico bimaze kinini kuruta ugufasha aboro gusa. Nk’uko ushobora kuvyibaza, abantu bamwebamwe boshobora gukwegerwa n’ugukizwa hamwe n’ibifungurwa bitanzwe ku gitangaro. (Matayo 4:24, 25; 8:16; 9:32, 33; 14:35, 36; Yohana 6:26) Mugabo, turetse ugufasha ku mubiri, ivyo bikorwa mu vy’ukuri vyaratuma ababibonye bamenya yuko Yezu yari Umwana w’Imana akaba na “wa muntu avugishwa n’Imana” Musa yari yaravuze.​—Yohana 6:14; Gusubira mu Vyagezwe 18:15.

13. Ubuhanuzi bwo mu Gusubira mu Vyagezwe 18:18 bwashimikira ku ruhara uruhe rwogizwe na “wa muntu avugishwa n’Imana” yoje?

13 Ni kuki vyari n’ico bivuze kuba Yezu yari “wa muntu avugishwa n’Imana”? Mbega hoho, uruhara nyamukuru rwari rwaravuzwe ko uwo muntu yoranguye ni uruhe? Mbega nya “muntu avugishwa n’Imana” yoraswe kubera ugukora ibitangaro vyo gukiza canke kubera ukuronsa imfungurwa abashonje abitumwe n’imbabazi? Mu Gusubira mu Vyagezwe 18:18 habuye hati: “Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe [Musa]; . . . nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.” Naho rero izo ntumwa zize kugira inyiyumvo z’ikibabarwe no kuzigaragaza, boshoboye gushika ku ciyumviro c’uko ivyiyumviro vya Kirisitu vyari kugaragarizwa kandi mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. Ico ni co cobaye ikintu ciza agaheta boshoboye gukorera abantu. Muri ubwo buryo, abarwayi n’abakene boshoboye kuharonkera inyungu zamaho, atari gusa izigarukira ku buzima bugufi umuntu amara canke zikagarukira ku gufungura rimwe canke kabiri.​—Yohana 6:26-30.

Nutsimbataze Ivyiyumviro vya Kirisitu Muri iki Gihe

14. Ni mu buryo ki mu kwamamaza inkuru nziza kwacu harimwo kugira ivyiyumviro vya Kirisitu?

14 Nta n’umwe muri twebwe yobona ivyiyumviro vya Kirisitu nk’ikintu cari ntangere mu kinjana ca mbere, kuri Yezu no ku bigishwa biwe ba mbere, abo intumwa Paulo yanditseko ibikurikira: “Twebge dufise ivyiyumviro vya Kristo.” (1 Ab’i Korinto 2:16) Kandi ntitwobura kwiyemerera yuko tubwirizwa kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Yamara, ni ngirakamaro ko tuzirikana ku bidutuma twebwe gukora ico gikorwa. Ntibikwiye kuba bitumwe gusa n’ukwumva ko ari ibwirizwa. Ugukunda Imana ni imvo ya mbere ituma tugira uruhara mu gikenurwa, kandi kumera nka Yezu vy’ukuri harimwo ukwamamaza inkuru nziza no kwigisha tubitumwe n’imbabazi.​—Matayo 22:37-39.

15. Ni kuki imbabazi ari umuce ubereye w’igikenurwa cacu turangurira ku mugaragaro?

15 Ego ni ko, nantaryo ntivyama vyoroshe kwumvira imbabazi abo tudasangiye ukwemera, na canecane igihe duhuye n’abatanegwa ubutumwa, ababwanka canke baburwanya. Yamara, mu gihe twotakaza urukundo n’imbabazi tugirira abantu, twoshobora kuba dutakaje ikintu gihambaye gituma tugira uruhara mu gikenurwa ca gikirisu. None ni mu buryo ki twotsimbataza imbabazi? Turashobora kugerageza kubona abantu nk’uko Yezu yababona, nk’“[a]bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Matayo 9:36) None uko si ko abantu benshi bameze muri iki gihe? Mu vy’impwemu, abungere b’idini y’ikinyoma ntibabitayeho, kandi babagize impumyi. Ico vyavuyemwo, ntibazi ivyerekeye ubuyobozi dusanga muri Bibiliya canke ivy’ubuzima bwo mw’Iparadizo Ubwami bw’Imana bugiye kuzana kuri iyi si tubako. Ingorane zo mu buzima bwa misi yose, harimwo n’ubukene, amatati yo mu rugo, indwara n’urupfu, bahangana na zo batagira icizigiro c’Ubwami. Turafise ico bakeneye: ni inkuru nziza irokora ubuzima yerekeye Ubwami bw’Imana ubu bwashinze imizi mw’ijuru!

16. Ni kuki dukwiye kugira ishaka ryo kubwira abandi inkuru nziza?

16 Igihe uzirikanye ibintu vyo mu buryo bw’impwemu abantu bagukikuje bakeneye, umutima wawe none ntutuma wumva ushaka gukora ivyo ushoboye vyose kugira ngo ubabwire ivyerekeye umugambi uranga urukundo rw’Imana? Egome, igikorwa cacu ni igikorwa kiranga imbabazi. Igihe twumvira impuhwe abantu nk’uko Yezu yabigira, bizogaragarira ku rugero rw’ijwi dukoresha, ku kuntu mu maso hacu hameze, no ku kuntu twigisha. Ivyo vyose bizotuma ubutumwa bwacu buba ubukwegera cane ku “bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera.”​—Ivyakozwe 13:48, NW.

17. (a) Ni uburyo bumwebumwe ubuhe dushobora kugaragazamwo urukundo n’imbabazi dufitiye abandi? (b) Ni kuki atari uguhitamwo gusa hagati yo gukora ibikorwa vyiza canke kugira uruhara muri ca gikenurwa kirangurirwa ku mugaragaro?

17 Birumvikana ko urukundo n’imbabazi tugira bikwiye kubonekera mu ngendo yose y’ubuzima bwacu. Muri ivyo harimwo ukugirira umutima mwiza ba ntahonikora, abagwaye hamwe n’aboro, mu kubagirira ibishoboka dushoboye kugira ngo tubaruhure amagorwa barimwo. Birimwo kugira utwigoro mu vyo tuvuga no mu vyo dukora kugira ngo tumare umubabaro abatuntujwe n’ukubura ababo bakunda. (Luka 7:11-15; Yohana 11:33-35) Yamara, mwene ukwo kugaragaza urukundo, ubuntu, hamwe n’imbabazi ntibitegerezwa gucika co kintu ibikorwa vyacu vyiza vyoshimikirako, nk’uko biri ku bantu bamwebamwe batabara imbabare. Utwigoro tuvamwo ivyiza biramba kuruta ni udutewe na mwene izo kamere ziva ku Mana, ariko tukagaragarizwa mu kugira uruhara muri ca gikorwa c’Abakirisu co kwamamaza inkuru nziza no mu kwigisha. Niwibuke ivyo Yezu yavuze ku vyerekeye indongozi z’idini y’Abayuda, ati: “Mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.” (Matayo 23:23) Kuri Yezu ntikwari uguhitamwo iki canke kirya, nko gufashisha abantu ivyo bakeneye vy’umubiri canke kubigisha ibintu vyo mu buryo bw’impwemu bitanga ubuzima. Yezu yabikoze vyompi. Mugabo, biraboneka yuko igikorwa ciwe co kwigisha ari co cari agaheta kubera ko iciza yaba aranguye cobaye imfashanyo y’ibihe bidahera.​—Yohana 20:16.

18. Ukurimbura kwacu ivyiyumviro vya Kirisitu gukwiye kutuvyurira kugira iki?

18 Ese ukuntu dushobora gukura ubwatsi kuba Yehova yaraduhishuriye ivyiyumviro vya Kirisitu! Biciye ku Njili, turashobora gushika ku kumenya neza kuruta ivyiyumviro, inyiyumvo, kamere be n’ibikorwa vya wa muntu ahambaye kuruta ababayeho bose, tukamenya n’ivyo yashira imbere y’ibindi. Twebwe dukwiye gusoma, tukazirikana ivyo Bibiliya iduhishurira ku vyerekeye Yezu, kandi tukabishira mu ngiro. Niwibuke, nimba vy’ukuri dushaka gukora nka Yezu, dutegerezwa ubwa mbere kwiga kwiyumvira, kugira inyiyumvo hamwe no kubona ibintu nk’uko yabibona, tukabigira gushika aho ubushobozi bwacu bugera bw’abanyagasembwa. Nimuze rero twiyemeze gutsimbataza no kwerekana ivyiyumviro vya Kirisitu. Nta bundi buryo bwiza kuruta bwo kubaho, nta bundi buryo bwiza kuruta bwo gufata abantu neza, eka nta bundi buryo bwiza kuruta buriho twebwe hamwe n’abandi twoshobora kwiyegereza wa wundi Yezu yagaragaza bimwe bitagira akanenge, ni ukuvuga ya Mana yacu yuzuye ikibabarwe, Yehova.​—2 Ab’i Korinto 1:3; Abaheburayo 1:3.

Wokwishura Gute?

• Bibiliya idusigurira neza gute ukuntu Yezu kenshi atirengagiza ivyo abantu bakeneye?

• Yezu yashimikiye ku ki mu vyo yategetse abayoboke biwe?

• Dushobora gute kugaragaza “ivyi- yumviro vya Kristo” mu vyo dukora?

[Ifoto ku rup. 16]

Ni iciza ikihe gihambaye kuruta vyose Abakirisu bashobora gukorera abandi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika