ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/7 rup. 24-29
  • Tubibe Imbuto z’Ukuri kw’Ubwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tubibe Imbuto z’Ukuri kw’Ubwami
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu​—Umubivyi w’Ukuri kw’Ubwami
  • Abamarayika Bamenyesha Amakuru y’Akamwemwe
  • Turarangura Uruhara Rwacu Tubishashaye
  • Igikorwa c’Imana y’Ukuri
  • Twajejwe Ubutunzi
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ingene abamarayika bashobora kugufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/7 rup. 24-29

Tubibe Imbuto z’Ukuri kw’Ubwami

“Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko.”​—UMUSIGUZI 11:6.

1. Ni mu buryo ki Abakirisu bariko barabiba imbuto muri iki gihe?

UBURIMYI bwari bufise uruhara runini mu kibano c’Abaheburayo ba kera. Ni co gituma Yezu, uwamaze mu Gihugu c’Isezerano ubuzima bwose yagize ari umuntu, yashize ibiganiro vyerekeye uburimyi mu bigereranirizo yatanze. Nk’akarorero, yasanishije ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana n’ukubiba imbuto. (Matayo 13:1-9, 18-23; Luka 8:5-15) Gushika iki gihe, twaba tuba mu kibano c’uburimyi canke atari ic’uburimyi, kubiba imbuto z’ivy’impwemu muri ubwo buryo ni igikorwa gihambaye kuruta Abakirisu bakora.

2. Igikorwa cacu c’ukwamamaza inkuru nziza gihambaye ku rugero rungana iki, kandi ni ibintu bimwebimwe ibihe biriko birakorwa muri iki gihe kugira ngo kiranguke?

2 Ni agateka gahambaye kugira uruhara mu kubiba ukuri kwa Bibiliya muri iki gihe c’iherezo. Mu Baroma 10:14, 15 harerekana neza akamaro k’ico gikorwa mu kugira hati: “Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe? Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza!” Ntivyari bwigere biba ibihambaye gutya ko tubandanya kurangura ico gikorwa twashinzwe n’Imana tubona ko ibintu bizogenda neza. Kubera iyo mvo, Ivyabona vya Yehova baritunira bimwe vyuzuye mu vy’uguhingura no gukwiragiza mu ndimi 340 Bibiliya hamwe n’ibifasha kwiga Bibiliya. Itegurwa ry’ayo mayagwa risaba abantu bitanga bavyishakiye barenga 18.000, ku cicaro gikuru cabo no ku biro vy’amashami biri mu bihugu bitandukanye. Kandi Ivyabona bagera hafi ku miliyoni zitandatu baragira uruhara mu vy’ugukwiragiza ivyo bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya hirya no hino kw’isi.

3. Ni ibiki biriko birarangurwa biciye kw’ibibwa ry’ukuri kw’Ubwami?

3 Ni ivyamwa ibihe biva muri ico gikorwa kitoroshe? Nk’uko vyari biri mu misi ya mbere y’ubukirisu, benshi muri iki gihe bariko baraza mu kuri. (Ivyakozwe 2:41, 46, 47) Ariko rero, igihambaye cane kuruta igitigiri kinini c’abamamaji b’Ubwami baba baherutse kubatizwa ni uko ukwo gushinga intahe guhambaye guterera agacumu k’ubumwe ku kuninahazwa kw’izina rya Yehova be no ku gusubizwa agateka kiwe bwa Mana yonyene y’ukuri. (Matayo 6:9) Bitayeko, ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana buriko buraryohora ubuzima bw’abantu benshi kandi burashobora kubashikana ku bukiriro.​—Ivyakozwe 13:47.

4. Intumwa zitwararika ku rugero rungana iki abantu zishikiriza ubutumwa bwiza?

4 Intumwa zari zizi neza agaciro ntangabuzima k’inkuru nziza, kandi zaragirira ikibabarwe abo zashikiriza ubutumwa bwiza. Ivyo bigaragarira mu majambo intumwa Paulo yavuze igihe yandika ati: “Ni ko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose.” (1 Ab’i Tesalonike 2:8) Mu kugaragariza abantu ubwitwararitsi nyakuri nk’ubwo, Paulo hamwe n’izindi ntumwa, barigana Yezu hamwe n’abamarayika bo mw’ijuru, abafise uruhara runini muri ico gikorwa c’ukurokora ubuzima. Nimuze twihweze uruhara ruhambaye abo basavyi b’Imana bo mw’ijuru bafise mw’ibibwa ry’ukuri kw’Ubwami, kandi nimuze turabe n’ukuntu uturorero twabo tuturemesha kurangura uruhara rwacu.

Yezu​—Umubivyi w’Ukuri kw’Ubwami

5. Igihe Yezu yari kw’isi ni igikorwa ikihe yamamwo ubwa mbere na mbere?

5 Yezu, Umuntu atagira agasembwa, yari afise ububasha bwo guha abantu bo mu gihe ciwe ibintu vyinshi vyiza vyo mu buryo bw’umubiri. Nk’akarorero, yari gushobora gukuraho vyinshi mu vyiyumviro vyerekeye ubuvuzi vyo mu gihe ciwe bitari vyo, canke yari gushobora kwongereza ugutahura kw’umuntu mu vyerekeye ubundi buhinga. Yamara, yaratomoye kuva agitangura igikorwa ciwe yuko ibanga yari yashinzwe ari iry’ukwamamaza inkuru nziza. (Luka 4:17-21) Kandi igikorwa ciwe kiri hafi kurangira yasiguye ati: “Iki ni co navukiye kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohana 18:37) Urumva rero ko yama mu gikorwa c’ukubiba imbuto z’ukuri kw’Ubwami. Kwigisha abo mu gihe ciwe ivyerekeye Imana n’imigambi Yayo vyari bihambaye kuruta izindi nyigisho izo ari zo zose Yezu yoshoboye kubaha.​—Abaroma 11:33-36.

6, 7. (a) Ni isezerano ryibonekeje irihe Yezu yagize imbere y’iduga ryiwe mw’ijuru, kandi ariko arirangura gute? (b) Inyifato ya Yezu ku vyerekeye igikorwa co kwamamaza inkuru nziza igira ico ikoze gute kuri wewe ubwawe?

6 Yezu yivuze akikiriza ko ari we Mubivyi w’ukuri kw’Ubwami. (Yohana 4:35-38) Yarakwiragiza imbuto z’inkuru nziza uko akaryo kose kabonetse. Mbere n’igihe yariko aracikanira ku giti, yaramamaje inkuru nziza yerekeye iparadizo yo kw’isi izoza. (Luka 23:43) Vyongeye, ukwitwararika kwiwe bimwe bigera kure ivy’uko inkuru nziza yamamazwa ntikwaheranye n’urupfu rwiwe rwo ku giti c’ukubabarizwako. Imbere y’iduga ryiwe mw’ijuru, yabwirije intumwa ziwe kubandanya kubiba imbuto z’ukuri kw’Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Maze Yezu aca atanga umuhango udasanzwe. Yavuze ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.”​—Matayo 28:19, 20.

7 Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yagize isezerano ryo gushigikira, kurongora no kurinda igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza “imisi yose gushitsa ku muhero w’isi.” (Ni twe tubihiritse.) Gushika muri iki gihe cacu, Yezu ubwiwe arabandanya kwitwararika igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. Ni we Murongozi wacu, ajejwe ibibwa ry’ukuri kw’Ubwami. (Matayo 23:10) Kubera ari we Mutwe w’ishengero rya gikirisu, ni we azogira ico abazwa na Yehova ku vy’iki gikorwa co kw’isi yose.​—Abanyefeso 1:22, 23; Ab’i Kolosayi 1:18.

Abamarayika Bamenyesha Amakuru y’Akamwemwe

8, 9. (a) Abamarayika bagaragaje gute ko nantaryo bitwararika vy’ukuri ivyerekeye abantu? (b) Ni mu buryo ki vyovugwa yuko turi akabarore ku bamarayika?

8 Igihe Yehova yarema isi, abamarayika ‘bāririmbiye hamwe . . . basēsereza impundu.’ (Yobu 38:4-7) Kuva ico gihe, ivyo biremwa vyo mw’ijuru vyaragaragaje ko vyitwararika cane ivyerekeye abantu. Yehova yarabakoresheje mu gushikiriza abantu ibintu Imana imenyesha. (Zaburi 103:20) Ivyo bishika canecane mu bijanye n’ikwiragizwa ry’inkuru nziza muri iki gihe cacu. Mu vyahishuwe intumwa Yohani yahawe, yabonye “umumarayika . . . aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubabarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze kukw igihe c’amateka yayo gishitse.”​—Ivyahishuriwe 14:6, 7.

9 Bibiliya ivuga ko abamarayika ari ‘[impwemu] zagenewe kumukorera, zihora zirungikwa gufasha abazotorana ubukiriro.’ (Abahebreyi 1:14, UB) Mu gihe abamarayika bashitsa ibikorwa vyabo babishashaye, bararonka akaryo ko kutwihweza no kwihweza igikorwa cacu. Nka kumwe twoba turi ku mukiruruko habona, turangura igikorwa cacu imbere y’abarorerezi bo mw’ijuru. (1 Ab’i Korinto 4:9) Ese ukuntu bituma tuzirikana kandi bishika ku mutima kumenya yuko tutariko dukora twenyene bwa babivyi b’ukuri kw’Ubwami!

Turarangura Uruhara Rwacu Tubishashaye

10. Impanuro nyakimazi iri mu Musiguzi 11:6 ishobora gushirwa mu ngiro gute ku biraba igikorwa cacu c’ukwamamaza inkuru nziza?

10 Ni kuki Yezu n’Abamarayika bitwararika igikorwa cacu? Yezu yaratanze imvo imwe, igihe yavuga ati: “Ndababgire, . . . haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’umunyavyaha umwe yihannye.” (Luka 15:10) Na twebwe nyene turagira uruhara muri ukwo kwitwararika abantu mu buryo nyakuri. Kubera ico, turakora uko dushoboye kwose kugira dukwiragize imbuto z’ukuri kw’Ubwami ahantu hose. Amajambo yo mu Musiguzi 11:6 arashobora gukoreshwa ku biraba igikorwa cacu. Ngaho Bibiliya idukebura iti: “Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ibi cank’ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.” Ico tutobura kuvuga coco n’uko umuntu yemeye ubutumwa bwacu, hashobora kuba hari amajana canke mbere n’ibihumbi baba babuteye akagere. Mugabo nka kumwe kw’abamarayika, turanezerwa iyo n’“umunyavyaha umwe” wewe yakiriye ubutumwa bw’ubukiriro.

11. Ikoreshwa ry’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya rishobora kuba kirumara ku rugero rungana iki?

11 Hakenewe vyinshi mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. Ikintu kimwe gihambaye gifasha muri ico gikorwa ni ibintu bicapuwe bivuga ibishingiye kuri Bibiliya bikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova. Mu buryo bunaka, ivyo bisohokayandikiro na vyo nyene bisa n’imbuto zikwiragizwa aho ari ho hose. Ntituzi aho bizokwererwa. Rimwe na rimwe igisohokayandikiro gishobora guhanahanwa imbere yuko umuntu agisoma. Yezu n’abamarayika barashobora mbere kuyobora ibintu mu bihe bimwebimwe kugira ngo ivyo bishike ku bw’ineza y’abantu b’imitima igororotse. Rimbura ivyabaye bimwebimwe vyerekana ukuntu Yehova ashobora gutuma himbuka ikintu kitari citezwe kandi c’igitangaza akoresheje ibisohokayandikiro vyasigiwe abantu.

Igikorwa c’Imana y’Ukuri

12. Ni mu buryo ki ikinyamakuru ca kera cafashije umuryango umwe gushika ku kumenya Yehova?

12 Mu 1953, Robert na Lila hamwe n’abana babo bavuye mu gisagara kinini bimukira mu nyubakwa ishaje yo hagati mu gihugu i Pennsylvanie, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Haciye igihe gito bayimukiyemwo, Robert yafashe ingingo yo kwubaka aho kwogera na surwumwe munsi y’ingazi hubakiye. Amaze kwimura ibibaho bitari bike, yasanze inyuma y’uruhome imbeba zararundarunze ubunywenywe bw’impapuro, ibibarara vy’imise, hamwe n’irindi sakamburira. Ngaho hagati y’ivyo vyose, hariyo ikinyamakuru kimwe (L’Âge d’Or). Robert yashimishijwe canecane n’ikiganiro cavuga ivy’ukurera abana. Yarakozwe ku mutima n’ubuyobozi butomoye, bushingiye kuri Bibiliya butangwa muri ico kinyamakuru ku buryo yabwiye Lila yuko bagiye kwifatanya n’“idini risohora ico kinyamakuru (L’Âge d’Or).” Haciye imishamvu mikeyi, Ivyabona vya Yehova bararamukije, mugabo Robert yababwiye yuko umuryango ushimishwa gusa n’“idini risohora kinyamakuru L’Âge d’Or.” Ivyo Vyabona vyasiguye yuko ico kinyamakuru (L’Âge d’Or) ico gihe cari gisigaye citwa Réveillez- vous! Robert na Lila baratanguye kwigana Bibiliya ubudahorereza n’ivyo Vyabona, hanyuma amaherezo barabatizwa. Na bo barabivye imbuto z’ukuri mu bana babo kandi vyavuyemwo vyinshi. Muri iki gihe, abarenga 20 mu bagize uwo muryango, ushizemwo abana ba Robert na Lila bose uko ari indwi, ni abasavyi ba Yehova Imana babatijwe.

13. Ni igiki catumye umugabo n’umugore bubakanye b’i Porto Rico batsimbataza ugushimishwa na Bibiliya?

13 Haraciye nk’imyaka 40, William na Ada, umugabo n’umugore bubakanye bo muri Porto Rico badashimishwa n’ukwiga Bibiliya. Igihe cose Ivyabona vya Yehova badodora ku rugi rwabo, uwo mugabo n’umugore wiwe bigira nk’abatari i muhira. Umusi umwe William yagendeye aho bazigama ivyuma vyakoze kugira agure ikintu cari gikenewe mu gusanura ibintu i muhira. Agira ahave, yabonye igitabu c’urwatsi rutoto kirambitse mu kintu kinini batamwo imyavu. Cari igitabu citwa Religion (Idini) casohowe n’Ivyabona vya Yehova mu 1940. William yaratahanye ico gitabu kandi yarahimbawe no gusoma ivyerekeye itandukaniro riri hagati y’idini y’ikinyoma n’idini y’ukuri. Ivyabona vya Yehova baramukije ubukurikira, William na Ada barumvirije n’akanyamuneza ubutumwa bwabo hanyuma batangura kwigana na bo Bibiliya. Inyuma y’amezi nk’angahe, barabatijwe kw’iteraniro mpuzamakungu ryari ryataziriwe ngo Ivyo Imana Igomba ryabaye mu 1958. Kuva ico gihe, baramaze gufasha abantu barenga 50 kuba abo mu muryango wacu wa kivukanyi.

14. Nk’uko vyerekanwa n’icabaye kimwe, ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibilya bishobora gushika ku ki?

14 Karl yari amaze imyaka 11 gusa kandi hari ukuntu yakubagana. Bisa n’uko kuri we yama nantaryo ari mu ngorane. Se wiwe, uwari umupasitori w’Umumetodiste w’Umudagi, yari yamwigishije yuko abantu babi baturirirwa mu muriro udahera bamaze gupfa. Ni co gituma Karl yatinya cane umuriro udahera. Umusi umwe mu 1917, Karl yarabonye mw’ibarabara urupapuro rwanditseko ibintu hanyuma ararutora. Igihe yarusoma, ntiyatevye kwitwararika ikibazo kivuga giti: “Umuriro udahera ni iki?” Urwo rupapuro rwari urw’ugutumira abantu ku nsiguro yerekeye umuriro udahera, ihagarikiwe n’Abatohoji ba Bibiliya, abazwi muri iki gihe bwa Vyabona vya Yehova. Haciye nk’umwaka, amaze kwiga incuro zitari nke Bibiliya, Karl yarabatijwe gutyo aba umwe mu Batohoji ba Bibiliya. Mu 1925, yaratumiwe gukora ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova​—aho akibandanya gukorera. Umwuga w’Umukirisu umaze imyaka irenga mirongo umunani watanguranye n’agapapuro kari mw’ibarabara.

15. Ni igiki Yehova ashobora kugira iyo abona ko bibereye?

15 Ego ni ko, umuntu buntu nta bushobozi afise bwo kumenya nimba abamarayika baragize uruhara muri ivyo vyabaye, n’ukuntu nya ruhara boba barabigizemwo rungana. Mugabo, ntidukwiye kwigera dukekeranya yuko Yezu n’abamarayika bafise uruhara ruboneka mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza kandi yuko Yehova ashobora kuyobora ibintu uko abona bibereye. Ivyo vyabaye hamwe n’ibindi vyinshi birerekana ivyiza ibisohokayandikiro vyacu bishobora kuzana iyo tubisigiye abantu.

Twajejwe Ubutunzi

16. Ni igiki dushobora kwigira ku majambo ari mu 2 Ab’i Korinto 4:7?

16 Intumwa Paulo yavuze ivy’“ubutunzi mu nzavya z’ibumba.” Ubwo butunzi ni igikorwa twashinzwe n’Imana co kwamamaza inkuru nziza, hanyuma inzavya z’ibumba ni abantu Yehova yajeje ubwo butunzi. Kubera ko abo bantu ari abanyagasembwa kandi bakaba bafise aho bagarukiriza, Paulo abandanya kuvuga yuko ikiva mu gushingwa ibanga nk’iryo ni uko “ubushobozi buhebuje bub[a] ubg’Imana, butavuye kuri twebge.” (2 Ab’i Korinto 4:7) Egome, turashobora kwizigira ko Yehova azoduha ububasha dukeneye budushoboza kurangura ico gikorwa dufise.

17. Ni ibiki bizodushikira uko tubiba imbuto z’ukuri kw’Ubwami, kandi ni kuki naho ari uko dukwiye kuguma tubona ko ibintu bizogenda neza?

17 Kenshi na kenshi bisaba ko tugira utwigoro. Bishobora kuba bitera ubuyega canke bitoroshe gukorera mu turere tumwetumwe. Hariho uduce usanga abantu benshi basa n’aho batanegwa ivyacu, mbere bakabirwanya. Utwigoro twinshi turashobora kugirwa muri utwo duce bisa n’uko ataco tuzovamwo. Mugabo, akigoro kose twogira ntikoba ari ak’ubusa igihe hari vyinshi bihanamiwe. Niwibuke yuko imbuto ubiba zishobora kuronsa abantu ubuhirwe ubu hamwe n’ubuzima budahera muri kazoza. Amajambo yo muri Zaburi 126:6 yaragaragaye ko ari ay’ukuri incuro nyinshi. Agira ati: “N’ah’umuntu agenda arira, asohoye imbuto, azogarukana akanyamuneza, azanye imbambo ziwe z’ivyimburwa.”

18. Dushobora kuba maso gute ku gikorwa cacu, kandi ni kuki dukwiye kuba maso?

18 Nimuze dukoreshe akaryo kose kabereye kugira tubibe imbuto z’ukuri kw’Ubwami n’umutima ukunze. Ntitwigere twibagira yuko, naho ari twe dutera kandi tukavomera izo mbuto, ari Yehova atuma zikura. (1 Ab’i Korinto 3:6, 7) Yamara, nka kumwe Yezu n’abamarayika barangura uruhara rwabo muri ico gikorwa, Yehova yiteze ko turangura igikorwa cacu bimwe vyuzuye. (2 Timoteyo 4:5) Nimuze tube maso ku vyo twigisha, ku nyifato yacu, hamwe no ku mushasharo dufise mu gikorwa. Kubera iki? Paulo yishura ati: “Ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.”​—1 Timoteyo 4:16.

Twize Iki?

• Ni mu buryo ki igikorwa cacu c’ukubiba kigira ingaruka nziza?

• Ni mu buryo ki Yezu Kirisitu n’abamarayika bafise uruhara mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza muri iki gihe?

• Ni kuki dukwiye kugira umutima ukunze bwa babivyi b’ukuri kw’Ubwami?

• Igihe duhuye n’abatanegwa ibintu canke baturwanya mu gikorwa cacu, ni igiki gikwiye gutuma dukomera ku muheto?

[Ifoto ku rup. 25]

Nka kumwe kw’abarimyi bo muri Isirayeli ya kera, Abakirisu muri iki gihe bakwiragiza imbuto z’ukuri kw’Ubwami babigiranye umutima ukunze

[Ifoto ku rup. 26]

Ivyabona vya Yehova barahingura bakongera bagakwiragiza ibisohokayandikiro vy’ubwoko butandukanye bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi 340

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika