ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/9 rup. 11-16
  • Ibimazi vy’Ugushemeza Bihimbara Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibimazi vy’Ugushemeza Bihimbara Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ku bw’Inyigisho n’Uguhumurizwa Kwacu
  • Nushikane Ibimazi Bityoroye Kandi Bidahumanye
  • Nushikane Ibimazi vy’Ugushemeza n’Umutima Wawe Wose
  • Nunezerwe Imigenderanire Ugirana n’Imana be n’Abantu
  • Imihezagiro Myinshi Iva Kuri Yehova Iraturindiriye
  • Ibimazi Vyahimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Igira kuri vya bintu vy’ishimikiro vyerekeye ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Dushikane ibimazi bihimbara Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Dushikanire Yehova ibimazi tutiziganya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/9 rup. 11-16

Ibimazi vy’Ugushemeza Bihimbara Yehova

“Mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana.”​—ABAROMA 12:1.

1. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye agaciro kagereranye k’ibimazi mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa?

“IVYAGEZWE ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahīngūrisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka.” (Abaheburayo 10:1) Aho, mw’ijambo ryibonekeje, intumwa Paulo yemeza yuko ibimazi vyose vyashikanwa mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa ata gaciro gahoraho vyari bifise mu vyerekeye ubukiriro bw’umuntu.​—Ab’i Kolosayi 2:16, 17.

2. Ni kuki atari ivy’impfagusa kugerageza gutahura ido n’ido ry’amayagwa ari muri Bibiliya yerekeye amashikanwa be n’ibimazi vyo mu Vyagezwe?

2 Ivyo vyoba bisobanura yuko amayagwa yo mu bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya yerekeye amashikanwa n’ibimazi atagira agaciro ku Bakirisu bo muri iki gihe? Mu vy’ukuri, mu kiringo kirenga gatoyi umwaka, abantu banditswe mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu mashengero yo kw’isi yose y’Ivyabona vya Yehova baherutse gusoma ivyo bitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya. Bamwebamwe barihase kugira ngo basome bongere batahure ido n’ido ry’ibintu vyose. None utwigoro twabo twose twoba twapfuye ubusa? Mu vy’ukuri ivyo ntibishobora kuba ari ukwo biri, kubera “ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.” (Abaroma 15:4) Ikibazo rero ni iki: Ni ‘inyigisho’ iyihe n’“uguhumurizwa” ukuhe dushobora gukura muri ayo mayagwa yo mu Vyagezwe yerekeye amashikanwa n’ibimazi?

Ku bw’Inyigisho n’Uguhumurizwa Kwacu

3. Ni ikintu ikihe c’ishimikiro dukeneye?

3 Naho tudasabwa gushikana ibimazi nya bimazi mu buryo bwashinzwe n’Ivyagezwe, turacakeneye cane ico ibimazi vyakoze ku rugero runaka ku bw’Abisirayeli, ni ukuvuga guharirwa ivyaha vyacu no gutoneshwa n’Imana. Kubera ko tutagishikana ibimazi nya bimazi, dushobora gute kuronka ivyiza nk’ivyo? Amaze kwerekana ivyo ibimazi vy’ibitungwa bihajije, Paulo amenyesha ati: “Hamwe [Yezu] yaza mw isi, avuga, at’Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, ariko wanteguriye umubiri. Ibimazi vyoshejwe bidasonōye, n’ibimazi vy’ivyaha, ntivyaguhimbaye: Mperako ndavuga, nt’Ehe ndaje, (mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe) nzanywe no gukora ivy’ugomba, Mana.”​—Abaheburayo 10:5-7.

4. Paulo yerekeza gute Zaburi 40:6-8 kuri Yezu Kirisitu?

4 Mu gusubiramwo ibiri muri Zaburi 40:6-8, Paulo yerekana yuko Yezu ataje kubandanya ivy’“ibimazi n’amashikanwa,” “ibimazi vyoshejwe . . . n’ibimazi vy’ivyaha,” ivyo vyose mu gihe Paulo yandika bikaba bitari bicemerwa n’Imana. Ahubwo, Yezu yaje afise umubiri wateguwe na Se wiwe wo mw’ijuru, uwari umeze neza na neza nk’umwe Imana yategura igihe yarema Adamu. (Itanguriro 2:7; Luka 1:35; 1 Ab’i Korinto 15:22, 45) Kubera yari Umwana w’Imana atagira agasembwa, Yezu yari afise uruhara rwa rwa “rubuto” rw’umugore, nk’uko vyavuzwe imbere y’igihe mw’⁠Itanguriro 3:15. Yoteye intambwe yo ‘gukomeretsa Shetani ku mutwe,’ naho Yezu ubwiwe ‘yokomerekejwe ku gitsintsiri.’ Muri ubwo buryo, Yezu yabaye uburyo bwatanzwe na Yehova ku bw’ubukiriro bw’abantu, uwo abantu bafise ukwizera bo guhera mu gihe ca Abeli bari biteze.

5, 6. Ni uburyo burushirije ubuhe bwo kwegera Imana buboneka ku bw’Abakirisu?

5 Mu kuvuga ivyerekeye urwo ruhara rudasanzwe Yezu yagize, Paulo avuga ati: “Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.” (2 Ab’i Korinto 5:21) Amajambo ngo “yamuhinduye icaha” ashobora kandi guhindurwa ngo ‘yamuhinduye ishikanwa ritangirwa ivyaha.’ Intumwa Yohani ivuga iti: “Uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ivyacu twenyene, ariko n’iy’ivy’abari mw isi bose.” (1 Yohana 2:2) Ni co gituma, mu gihe Abisirayeli bari bafise uburyo bw’igihe gito bwo kwegera Imana biciye ku bimazi vyabo, Abakirisu bo bafise ishimikiro rirushirije ryo kwegera Imana​—ni ukuvuga ikimazi ca Yezu Kirisitu. (Yohana 14:6; 1 Petero 3:18) Igihe twizeye inkuka y’incungu yatanzwe n’Imana tukongera tukayigamburukira, na twebwe turashobora guharirwa ivyaha vyacu maze tukagira ubutoni n’umuhezagiro vy’Imana. (Yohana 3:17, 18) Iryo none si isoko ry’uguhumurizwa? Dushobora gute rero kugaragaza yuko twizera iyo nkuka y’incungu?

6 Amaze gusigura yuko Abakirisu bafise ishimikiro rirushirije ry’ukwegera Imana, nk’uko tubisoma mu Baheburayo 10:22-25, intumwa Paulo yerekana uburyo butatu dushobora kugaragarizamwo ukwizera be n’ugukenguruka kwacu intunganyo y’Imana iranga urukundo. Naho inkeburo ya Paulo yerekejwe ahanini ku bafise “[inzira] yo gushikanwa ahera,” ari bo Bakirisu basizwe bafise umuhamagaro w’ijuru, nta mazinda abantu bose barakeneye gushira ku mutima amajambo yahumetswe ya Paulo nimba bashaka kwungukira ku kimazi Yezu yatanze c’impongano.​—Abaheburayo 10:19.

Nushikane Ibimazi Bityoroye Kandi Bidahumanye

7. (a) Abaheburayo 10:22 hagaragaza gute ivyagirwa mu gutanga ikimazi? (b) Ni ibiki vyategerezwa gukorwa kugira ngo umuntu yiyemeze yuko ikimazi cemerwa n’Imana?

7 Ubwa mbere, Paulo ahimiriza Abakirisu ati: “Twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.” (Abaheburayo 10:22) Imvugo yakoreshejwe aha ata kwihenda yerekana ivyakorwa n’ibimazi vy’ikigereranyo vyo mu gihe c’Ivyagezwe. Ivyo birabereye kubera yuko kugira ngo ikimazi cemerwe, categerezwa gushikanwa bivuye ku mvo nziza vyongeye kikaba ikintu gityoroye kandi kidahumanye. Igitungwa catangwako ikimazi cava mu busho canke mu mukuku, ni ukuvuga ko ivyo bikoko vyaba bityoroye, kandi vyaba “[bi]tagira agasembwa,” bitagira agahonzi. Igihe ikimazi caba gikuwe mu nyoni, categerezwa kuba intunguru canke ivyana vy’inuma. Igihe ivyo vyose bishikijwe, “ni ho [categerezwa kwe]merwa kumubera impongano.” (Abalewi 1:2-4, 10, 14; 22:19-25) Ishikanwa ry’ifu ntiryagiramwo umwambiro, uwari ikigereranyo c’ubwononekare; eka ntiryajamwo ubuki, bigasa n’uko bwasobanura amake y’ivyamwa, ayakunda gutuma ibintu vyambirwa. Igihe ibimazi​—vyaba ibitungwa canke ifu​—vyashikanwa ku gicaniro, umunyu, uwuzigama ibintu, warongerwamwo.​—Abalewi 2:11-13.

8. (a) Umuntu atanga ishikanwa yasabwa iki? (b) Dushobora kwiyemeza gute yuko ugusenga kwacu kwemerwa na Yehova?

8 Bite ho ku vyerekeye umuntu yaba atanze iryo shikanwa? Ivyagezwe vyavuga yuko uwo ari we wese yaza imbere ya Yehova yategerezwa kuba atyoroye kandi adahumanye. Umuntu yaba yahumanye bivuye ku mvo iyo ari yo yose, ubwa mbere yategerezwa gushikana ikimazi atangiye icaha canke ic’impongano kugira ngo agarukane impagararo ityoroye imbere ya Yehova kugira ngo ikimazi ciwe co kwoswa canke ic’ishimwe gishobore kwemerwa na we. (Abalewi 5:1-6, 15, 17) Kubera ico, twoba dutahuye akamaro k’ukwama nantaryo dufise impagararo ityoroye imbere ya Yehova? Nimba dushaka ko ugusenga kwacu kwemerwa n’Imana, dutegerezwa kwihutira kwikosora igihe cose turenze ku vyagezwe vy’Imana. Dukwiye kudatebagana kwikora ku buryo bwatanzwe n’Imana kugira ngo dufashwe​—ni ukuvuga “abashingantahe b’ishengero” be n’“impongano y’ivyaha vyacu,” Yezu Kirisitu.​—Yakobo 5:14; 1 Yohana 2:1, 2.

9. Ni itandukaniro nyamukuru irihe ryari hagati y’ibimazi vyaherezwa Yehova be n’ivyaherezwa imana z’ikinyoma?

9 Ugushimika ku vy’ukudahumana mu buryo ubwo ari bwo bose, mu vy’ukuri, ryari ryo tandukaniro nyamukuru hagati y’ibimazi vyashikanirwa Yehova n’ivyashikanirwa imana z’ikinyoma, bishikanywe n’abantu bo mu mahanga yari akikije Isirayeli. Mu kuvuga ivy’uyu muce w’ibimazi vyo mu Vyagezwe vya Musa kibitandukanya n’ibindi, igitabu kimwe kigira giti: “Turashobora kubona yuko ata kuragura kurimwo canke ugupfumura; nta vy’ugusaragurika mw’idini, kwitemagura, canke ubumaraya bweranda, imihamuro y’ivyirondoka irimwo ivy’ugukabura inambu y’umubiri n’ukudandahirwa ikaba yari ibujijwe icese; eka nta n’ugutanga abantu kw’ibimazi; habe n’ibimazi bitangirwa abapfuye.” Ivyo vyose bikwegera ivyiyumviro ku kintu kimwe: Yehova ni mweranda, kandi ntarenza uruho rw’amazi ku caha canke ku bwononekare bw’uburyo ubwo ari bwo bwose canke ngo avyemere. (Habakuki 1:13) Uburyo bw’ukumusenga be n’ibimazi aherezwa bitegerezwa kuba bityoroye kandi bidahumanye​—mu buryo bw’umubiri, bw’inyifato runtu, be no mu buryo bw’impwemu.​—Abalewi 19:2; 1 Petero 1:14-16.

10. Dukurikije inkeburo ya Paulo yanditse mu Baroma 12:1, 2, ni ukwisuzuma ukuhe dukwiye kugira?

10 Twihweje ivyo, twari dukwiye kwisuzuma mu mice yose y’ubuzima kugira ngo twiyemeze yuko umurimo turangurira Yehova wemerwa na we. Ntidukwiye kwigera twiyumvira yuko mu gihe tugira uruhara kanaka mu makoraniro y’Abakirisu be no mu gikorwa, ibindi twokora mu buzima bwacu ataco bitwaye. Ntidukwiye kandi kwiyumva yuko ukugira uruhara mu bikorwa vya gikirisu hari ukuntu bituma tutagikenera gukurikiza amategeko y’Imana mu yindi mice y’ubuzima bwacu. (Abaroma 2:21, 22) Ntidushobora kwitega guhezagirwa no gutoneshwa n’Imana mu gihe tworeka ikintu ico ari co cose kidatyoroye canke gihumanye mu nyonga ziwe ngo canduze ivyiyumviro vyacu canke ibikorwa dukora. Nugumize mu muzirikanyi amajambo ya Paulo agira ati: “Ndabahanūra kubg’imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.”​—Abaroma 12:1, 2.

Nushikane Ibimazi vy’Ugushemeza n’Umutima Wawe Wose

11. Imvugo ngo “ukwatura” ivugwa mu Baheburayo 10:23, irimwo iki?

11 Mu kwandikira Abaheburayo, Paulo ubukurikira yerekeza ivyiyumviro ku muce uhambaye w’ugusenga kw’ukuri agira ati: “Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’uwasezeranye ar’uwo kwizerwa.” (Abaheburayo 10:23) Imvugo ngo “ukwatura” urudome ku rundi risobanura “kwigaya,” kandi Paulo aranavuga ivy’“ikimazi co gu[shemez]a.” (Abaheburayo 13:15) Ivyo biratwibutsa ubwoko bw’ikimazi ba bagabo nka Abeli, Nowa na Aburahamu bashikanye.

12, 13. Umwisirayeli ni igiki yaba yemeye icese igihe yashikana ikimazi co kwoswa, kandi ni igiki dushobora gukora kugira ngo tugaragaze agatima nk’ako nyene?

12 Igihe Umwisirayeli yashikana ikimazi co kwoswa, vyagirwa “ari we avyishakiye imbere ya Yehova.” (Abalewi 1:3, NW) Akoresheje ikimazi nk’ico, yaba yatuye ata gahato, canke yemeye icese, imihezagiro myinshi ya Yehova be n’ubuntu bwiwe mvarukundo yagiriye abantu biwe. Niwibuke yuko umuce wibonekeje w’ikimazi co kwoswa wari uw’uko iryo shikanwa ryose uko ringana ryaherengeterezwa ku gicaniro​—kikaba ari ikigereranyo kibereye c’ukwibanda ku Mana no kuyiyegurira mu buryo bwuzuye. Mu buryo bujanye n’ubwo, turagaragaza ukwizera kwacu inkuka y’incungu be n’ugukura ubwatsi ku bw’iyo ntunganyo igihe dushikanira Yehova n’umutima ukunze kandi n’ubugingo bwacu bwose “ikimazi co [gushemeza] . . . , ni co mbuto z’iminwa.”

13 Naho Abakirisu badashikana ibimazi nya bimazi​—ni ukuvuga ibitungwa canke ibimera​—barafise ibanga ryo gushingira intahe inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa ba Yezu Kirisitu. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Woba utagisha uturyo tubonetse two kugira uruhara rwo kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ku mugaragaro kugira ngo abantu benshi kuruta bashobore kumenya ibintu vy’igitangaza Imana ibikiye abantu bagamburuka? Woba n’umutima ukunze umara umwanya wawe n’inguvu zawe mu kwigisha abashimishijwe no mu kubafasha kuba abigishwa ba Yezu Kirisitu? Umwete wacu mu kugira uruhara mu gikorwa, nka kumwe kw’umubabwe umota neza w’ishikanwa ryo kwoswa, urahimbara Imana.​—1 Ab’i Korinto 15:58.

Nunezerwe Imigenderanire Ugirana n’Imana be n’Abantu

14. Amajambo ya Paulo ari mu Baheburayo 10:24, 25 afitaniye isano gute n’iciyumviro c’ikimazi c’ishimwe?

14 Mu kurangiza, Paulo yerekeza ivyiyumviro ku bucuti tugiranira n’Abakirisu bagenzi bacu igihe dusenga Imana. Agira ati: “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko [“turemeshanye,” NW], kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.” (Abaheburayo 10:24, 25) Imvugo ngo “turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza,” “gukoranira hamwe,” be n’“ukuremeshanya” zose zitwibutsa ico ishikanwa ry’ishimwe muri Isirayeli ryakora ku bw’abantu b’Imana.

15. Ni isano irihe tubona riri hagati y’ikimazi c’ishimwe n’amakoraniro y’Abakirisu?

15 Imvugo “amashikanwa y’ishimwe” rimwe na rimwe ihindurwa ngo “amashikanwa y’amahoro.” Ijambo ry’Igiheburayo rihindurwa ngo “amahoro” aha riri mu bwinshi, kumbure rigasobanura yuko umuntu agize uruhara mu bimazi nk’ivyo bivamwo ukugiranira amahoro n’Imana be n’ukugiranira amahoro n’abo bahurikiye hamwe mu gusenga. Ku biraba ikimazi c’ishimwe, incabwenge imwe ivuga iti: “Ico mu vy’ukuri cari ikiringo c’ukugiranira imigenderanire y’agahimbare na ya Mana y’Isezerano, aho yishira hasi kugira ngo abe Umushitsi wa Isirayeli mu gihe c’ugufungura ibimazi, naho nantaryo yama ari yo ibakira.” Ivyo biratwibutsa umuhango wa Yezu ugira uti: “Aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo.” (Matayo 18:20) Igihe cose twitavye ikoraniro ry’Abakirisu, turakura ivyiza ku kwifatanya n’abandi mu buryo bwubaka, ku nyigisho ziremesha, be no ku ciyumviro c’uko Umukama wacu Yezu Kirisitu ari muri twebwe. Ivyo bituma ikoraniro ry’Abakirisu riba igihe giteye umunezero vy’ukuri kandi gikomeza ukwizera.

16. Dufise ikimazi c’ishimwe mu muzirikanyi, ni igiki gituma amakoraniro y’Abakirisu aba ayateye umunezero bidasanzwe?

16 Ku kimazi c’ishimwe, ibinure vyose​—ni ukuvuga ibikikuje amara, amafyigo, agashami gatoyi k’igitigu, be n’imirya hamwe n’igitsembe c’intama cuzuye ibinure​—vyarashikanirwa Yehova mu kwoswa, mu gutuma bizana umubabwe ku gicaniro. (Abalewi 3:3-16) Ikinure cafatwa nk’igihimba kiryoshe kandi ciza kuruta c’igikoko. Kugishikana ku gicaniro vyagereranya uguha Yehova ikintu ciza kuruta. Igituma amakoraniro y’Abakirisu atera umunezero bidasanzwe ni uko tutaronka inyigisho gusa, mugabo kandi dushemeza Yehova. Ivyo tubigira mu kugira uruhara mu kuririmba bivuye ku mutima, mu gutega yompi, be no mu gutanga insasanuro igihe bishoboka​—tukabigira twicishije bugufi mugabo tukigora uko dushoboye kwose. Umwanditsi wa Zaburi yatangaje ati: “Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, muririmbire ishimwe ryiwe mw ikoraniro ry’abakunzi biwe.”​—Zaburi 149:1.

Imihezagiro Myinshi Iva Kuri Yehova Iraturindiriye

17, 18. (a) Ni ibimazi bihambaye ibihe Salomo yatanze mu gihe c’ukwinjira urusengero rw’i Yeruzalemu? (b) Ni imihezagiro iyihe abantu baronse bivuye ku birori vyabaye mu gihe co kwinjira urusengero?

17 Mu gihe c’ukwinjira urusengero rw’i Yeruzalemu, mu kwezi kw’indwi kw’umwaka w’1026 B.G.C., Umwami Salomo yashikanye “ibimazi [bihambaye] imbere y’Uhoraho,” ibigizwe n’“ibimazi vyo kwoswa n’amashikanwa y’amafu n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.” Ikigeretse ku vyo yashikanye bwa mashikanwa y’amafu, inka 22.000 be n’intama 120.000 vyaratanzweko ibimazi kuri ico gihe.​—1 Abami 8:62-65.

18 Woba ushobora kwiha ishusho y’ayo ivyo vyatwaye be n’ibikorwa vyakozwe kuri ivyo birori vy’agahebuza? Yamara, imihezagiro Isirayeli yaronse biboneka ko yaruse kure n’iyo ico vyatwaye. Iyo misi mikuru irangiye, Salomo “[yar]aseze[ye] abantu, baramuhezagira, basubira i wabo banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ivyiza vyose Uhoraho yagiriye umusavyi wiwe Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.” (1 Abami 8:66) Mu vy’ukuri, nk’uko Salomo yabivuze, “umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo.”​—Imigani 10:22.

19. Ni igiki dushobora gukora kugira ngo turonke imihezagiro myinshi iva kuri Yehova muri iki gihe no mu bihe bidahera?

19 Tubayeho mu gihe “igitūtu c’ivyiza bizoza” casubiriwe n’“ishusho bgite y’ivyo vyiza.” (Abaheburayo 10:1) Yezu Kirisitu, afise uruhara rw’Umuherezi Mukuru ahambaye mu buryo bw’ikigereranyo, yaramaze kwinjira mw’ijuru ubwaho kandi yarashikanye agaciro k’amaraso yiwe bwite ngo abe impongano ku bw’abantu bose bagaragaza ukwizera inkuka yiwe. (Abaheburayo 9:10, 11, 24-26) Hishimikijwe iyo nkuka ihambaye, kandi mu gushikanira Imana n’umutima wacu wose ibimazi vyacu vy’ugushemeza bityoroye kandi bidahumanye, na twebwe nyene turashobora gutera tuja imbere “[tu]nezerewe, [du]himbawe mu mitima ya[cu],” duhanze amaso imbere imihezagiro myinshi iva kuri Yehova.​—Malaki 3:10.

Wokwishura Gute?

• Ni inyigisho n’uguhumurizwa ukuhe dushobora gukura ku nkuru zo mu Vyagezwe zerekeye ibimazi n’amashikanwa?

• Ni ikintu ca mbere ikihe gisabwa kugira ngo ikimazi cemerwe, kandi ivyo bifise insobanuro iyihe kuri twebwe?

• Ni igiki dushobora gushikana kigereranywa n’ishikanwa ryo kwoswa umuntu yatanga avyishakiye?

• Ni mu buryo ki amakoraniro y’Abakirisu ashobora kugereranywa n’ishikanwa ry’ishimwe?

[Ifoto ku rup. 14]

Kugira ngo umurimo wacu wemerwe na Yehova, dutegerezwa kuba tudahumanye mu buryo ubwo ari bwo bwose

[Ifoto ku rup. 15]

Turemera icese ubuntu bwa Yehova igihe tugira uruhara mu gikorwa

[Ifoto ku rup. 16]

Inkuka y’incungu ya Yezu yatanzwe na Yehova ku bw’ubukiriro bw’abantu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika