ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/12 rup. 3-4
  • Bibiliya—Yarakundwa Maze Irabuzwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya—Yarakundwa Maze Irabuzwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyiyumviro Biharawe n’Abantu Benshi
  • Érasme
    Be maso!—2016
  • Ibirimwo
    Be maso!—2016
  • Nukurikire Icitegererezo c’Abami
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/12 rup. 3-4

Bibiliya​—Yarakundwa Maze Irabuzwa

“Nipfuza yuko ibitabu vyeranda vyohindurwa mu ndimi zose.” Ivyo ni vyo vyanditswe na Desiderius Erasmus, incabwenge y’Umuholande ishimwa cane yo mu kinjana ca 16.

ICIZIGIRO c’indoto Erasmus yari afise cari ic’uko umuntu wese yoshoboye gusoma no gutahura Ivyanditswe. Ariko rero, abarwanya Bibiliya bariyamirije bimwe bikomeye mwene ico ciyumviro. Kukaba nkako, i Buraya muri ico gihe hari ahantu h’ingeramizi ikomeye kuruta ku muntu uwo ari we wese naho yaba ashaka kumenya na gato ibiri muri Bibiliya. Mu Bwongereza itegeko rimwe ryarashinzwe n’inama nshingamateka, iryategeka yuko “Uwo ari we wese asoma Ivyanditswe mu Congereza akwiye kwakwa itongo, ivyo atunze hamwe n’ubuzima . . . kandi yuko, nimba babandanije kunana, canke bakabisubiramwo bamaze kubabarirwa, ubwa mbere bakwiye kumanikwa kubera bahemukiye umwami, hanyuma maze bagaturirwa kubera ukwiyonkora ku Mana.”

Mu Buraya hagati, abaperereji ba Gatolika barahize bimwe bikomeye utudumbi “tw’abiyonkoye,” nk’Abavodwa b’Abafaransa, baba ari bo canecane bahamwa kubera akamenyero kabo ko kwigisha “ibiri mu njili no mu mabaruwa hamwe no mu bindi vyanditswe vyeranda, . . . kubera ko cazira kikaziririzwa ku batari abamenyeshamana kwigisha no gusigura ivyanditswe vyeranda.” Igitigiri c’abagabo n’abagore badaharurika barakanagijwe bongera baricwa kubera ko bakunda Bibiliya. Barahatswe guhabwa ibihano ruhasha kuruta mu gihe gusa bodonda rya sengesho rya Dawe wa twese canke ya Mabwirizwa Cumi no kuvyigisha abana babo.

Mwene ukwo gukunda cane Ijambo ry’Imana kwarabandanije kuguma mu mitima y’abantu benshi bagira ingendo mu mato baja kugerera muri Amerika yo mu Buraruko. Igitabu kimwe (A History of Private Life​—Passions of the Renaissance) kivuga yuko muri Amerika ya kare, “ugusoma hamwe n’idini vyari bifatanye cane, bishinga imico kama ishingiye yose ku kumenya neza Bibiliya.” Kukaba nkako, insiguro imwe yasohowe i Boston mu 1767 yasaba ibi: “Mube abanyamwete mu gusoma ivyanditswe vyeranda. Buri gitondo na buri mugoroba mutegerezwa gusoma ikigabane kimwe ca Bibiliya yanyu.”

Dukurikije ivyavuzwe n’Umugwi w’Abashakashatsi wa Barna wo muri Ventura, i Kalifoniya, Abanyamerika barenga 90 kw’ijana barifitiye incahagati ya Bibiliya zitatuzitatu. Ariko rero, itohoza rimwe riherutse ryerekana yuko naho ngaho Bibiliya igisonerwa cane, “kumara umwanya bayisoma, bayiga no kuyikurikiza . . . ni ikintu co muri kahise.” Benshi ntibazi ibirimwo mu buryo bwimbitse. Umwanditsi umwe w’ikinyamakuru yavuze ati: “Iciyumviro c’uko [Bibiliya] yoba igishoboye kugira ico ikoze ku ngorane hamwe no ku biraje ishinga abantu muri iki gihe, ni imbonekarimwe.”

Ivyiyumviro Biharawe n’Abantu Benshi

Iciyumviro abantu benshi bafise ni ic’uko dushobora kuroranirwa mu buzima biciye gusa ku bwenge no ku gufashanya kw’abantu. Bibiliya ifatwa gusa nka kimwe mu bitabu vyinshi vyerekeye ivyiyumviro vy’idini be n’ivyashikiye abantu ubwabo, atari igitabu c’ivyabaye koko kandi c’ukuri.

None abantu benshi bavyifatamwo gute ku vyerekeye ibibazo birushiriza kwongerekana bisobanganye kandi bitesha umutwe mu buzima? Mu vyo bakora bagenza itima, nta nyobozo canke uburongozi bukomeye bagira mu vy’ukwigenza runtu no mu vy’idini. Bacitse nk’ubwato butagira ingafe, ‘bazungazungishwa n’imipfunda, ngo bajanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo.’​—Abanyefeso 4:14.

Gutyo dutegerezwa kwibaza duti: Bibiliya coba ari igitabu kindi gusa c’idini? Canke coba vy’ukuri ari Ijambo ry’Imana, kirimwo amayagwa ngirakimazi kandi ya nkenerwa? (2 Timoteyo 3:16, 17) Vyoba bikwiriye ko Bibiliya tuyihweza? Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ivyo bibazo.

[Ifoto ku rup. 3]

Desiderius Erasmus

[Abo dukesha ifoto]

Bikuwe mu gitabu Deutsche Kulturgeschichte

[Ifoto ku rup. 4]

Abavodwa ni bo canecane bahamwe kubera bigisha ibiva mu Vyanditswe

[Abo dukesha ifoto]

Stichting Atlas van Stolk, Rotterdam

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika