Dufashe Abandi Bagende nk’Uko Bibereye Yehova
“[Ntidu]hengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo . . . mugende nk’uko bibereye [Yehova], mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose.” —AB’I KOLOSAYI 1:9, 10.
1, 2. Ni igiki canecane gishobora kuba isoko ry’umunezero n’ugushira akanyota?
“TUBA kw’itongo mu gikonteneri. Kubera tuguma tworoheje ubuzima bwacu, turaronka umwanya munini gusumba wo gushikira abantu n’inkuru nziza. Twararonse umuhezagiro munini wo kugira agateka ko gufasha abantu benshi kwegurira ubuzima bwabo Yehova.”—Bivugwa n’ababukanye babiri, bakaba ari abasuku b’igihe cose muri Afirika y’Epfo.
2 Ntiwokwemera none ko gufasha abandi bizana umunezero? Bamwebamwe baragerageza badahorereza gufasha abarwaye, ba ntahonikora, canke inyakamwe—bigatuma bumva bashize akanyota. Abakirisu b’ukuri barazi badakeka yuko bahaye abandi ubumenyi bwerekeye Yehova Imana na Yezu Kirisitu biba ari ibigize imfashanyo ihambaye kuruta bashobora gutanga. Ivyo vyonyene ni vyo bishobora gushikana abandi ku kwemera incungu ya Yezu, gutsimbataza ubucuti bwiza n’Imana, hanyuma maze bakaja mu murongo w’abazohabwa ubuzima budahera.—Ivyakozwe 3:19-21; 13:48.
3. Ni imfashanyo nyabaki bikwiriye ko twitwararika?
3 Ariko rero, tuvuge iki ku vyerekeye gufasha abasanzwe basukurira Imana, bariko barakurikira “[Y]a Nzira”? (Ibikorwa vy’Abatumwa 19:9, UB) Nta nkeka ko ubitwararitse mu buryo buhambaye kuruta ibindi bihe vyose, mugabo ushobora kuba utabona ingene ushobora gukora ibirushirije canke kubandanya ubafasha. Canke uko ivyawe vyifashe bishobora gusa n’ibigutangira mu vy’ukubafasha, bigatuma umunezero wari kuhakura ugabanuka. (Ivyakozwe 20:35) Ku biraba iyo mice yompi, turashobora kugira ivyo twigiye ku gitabu c’Ab’i Kolosayi.
4. (a) Ibintu vyari vyifashe gute igihe Paulo yandikira Abakolosayi? (b) Epafura yabigizemwo uruhara gute?
4 Igihe intumwa Paulo yandikira Abakirisu b’i Kolosayi, yari apfunzwe icamaso i Roma, naho yashobora kwakira abashitsi. Nk’uko ushobora kuvyitega, Paulo yakoresheje umwidegemvyo muke afise kugira ngo yamamaze ivyerekeye Ubwami bw’Imana. (Ivyakozwe 28:16-31) Abakirisu bagenzi ba Paulo barashobora kumugendera, kumbure bamwebamwe mbere bagapfunganwa na we rimwe na rimwe. (Ab’i Kolosayi 1:7, 8; 4:10) Umwe muri bo yari Epafura, umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamwete yava mu gisagara c’i Kolosayi i Furugiya, mu ntara y’amataba yo mu buseruko bwa Efeso muri Aziya Ntoyi (Turukiya y’ubu). Epafura yarakoreshejwe mu gushinga ishengero ry’i Kolosayi, yongera arakorera amashengero yo mu micungararo y’i Lawodikiya n’i Hiyerapoli. (Ab’i Kolosayi 4:12, 13) Ni kuki Epafura yafashe urugendo kugira aje kuraba Paulo i Roma, kandi ni igiki dushobora kwigira ku kuntu Paulo yavyakiriye?
Imfashanyo Kirumara ku Bakolosayi
5. Ni kuki Paulo yandikiye ibiraho Abakolosayi?
5 Kugira ngo ashobore kuganira na Paulo ivyerekeye uko ishengero ry’i Kolosayi ryifashe, Epafura yagize urugendo rutoroshe aja i Roma. Yaratanze raporo ku vyerekeye ukwizera, urukundo, be no ku twigoro two kwamamaza inkuru nziza tw’abo Bakirisu. (Ab’i Kolosayi 1:4-8) Yamara, ategerezwa kandi kuba yaramubwiye ukuntu arajwe ishinga n’ivyerekeye utwosho tubi tugeramiye Abakolosayi mu vy’impwemu. Paulo yagize ico akoze mu kwandika ikete ryahumetswe ryabeshuza ivyiyumviro bimwebimwe abigisha b’ibinyoma bariko barakwiragiza. Yashimikiye canecane ku ruhara nyamukuru Yezu Kirisitu akwiye kugira.a Imfashanyo yabahaye yoba yagarukiye ku vy’ugushimangira ukuri kw’ishimikiro kwa Bibiliya? Ni gute kandi yoshoboye gufasha Abakolosayi, kandi ni ivyigwa ibihe dushobora kuhigira ku vyerekeye ugufasha abandi?
6. Paulo yashimikiye ku ki mw’ikete ryiwe yandikiye Abakolosayi?
6 Mu ntango y’ikete ryiwe, Paulo yarerekanye ubwoko bw’imfashanyo wosanga twirengagiza. Bwari uburyo bwo gutanga imfashanyo yari kirumara itangiwe kure, kubera Paulo na Epafura bari kure y’i Kolosayi. Paulo yemeje ati: “Dushima Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, twama tubasengera ubudasība [akajambo k’epfo, NW, “dusenga nantaryo”].” Egome, ayo yari amasengesho adomako basenga basabira Abakirisu b’i Kolosayi. Paulo yongeyeko ati: “Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’impwemu.”—Ab’i Kolosayi 1:3, 9.
7, 8. Amasengesho ubwacu dutura n’ayo dutura mw’ishengero kenshi ashiramwo n’ibiki?
7 Turazi yuko Yehova ari ‘Uwumva ivyo asabwa,’ ari co gituma dushobora kwizigira ko agabirije kwumva amasengesho yacu dutura mu buryo buhuje n’ukugomba kwiwe. (Zaburi 65:2; 86:6; Imigani 15:8, 29; 1 Yohana 5:14) Ariko rero, igihe dusenga dusabira abandi, amasengesho yacu aba ameze gute?
8 Turashobora kenshi kuzirikana no gusenga dusabira ‘bene Data bari mw’isi [yose].’ (1 Petero 5:9) Canke turashobora gutura Yehova ivy’Abakirisu hamwe n’abandi bari mu ntara yatewe n’ivyago canke n’ikiza. Igihe abigishwa bo mu kinjana ca mbere b’ahandi hantu bumva ivy’ikigoyi kiri i Yudaya, bategerezwa kuba baratuye amasengesho injojo yo gusabira abavukanyi babo n’imbere yuko barungika imfashanyo zo kubatabara. (Ivyakozwe 11:27-30) Muri iki gihe cacu, amasengesho yo gusabira ikivukano cose canke umugwi munini w’abavukanyi kenshi turayumva ku makoraniro y’Abakirisu, aho bikenewe ko benshi bayatahura kandi bagashobora kuvuga bati: “Amen.”—1 Ab’i Korinto 14:16.
Tuvuge Tudomako mw’Isengesho
9, 10. (a) Ni uturorero utuhe twerekana yuko gusenga usabira abantu kanaka bibereye? (b) Ni gute batuye isengesho ridomako ku bwa Paulo?
9 Yamara, Bibiliya iraduha uturorero tw’amasengesho basengeye abandi yari arushirije kuba ayadomako, aturiwe abantu kanaka. Zirikana ku nsasanuro ya Yezu yanditse muri Luka 22:31, 32. Yari akikujwe n’intumwa 11 b’abizerwa. Bose bokeneye gushigikirwa n’Imana mu bihe bigoye vyari bibari imbere, kandi Yezu yarasenze abasabira. (Yohana 17:9-14) Mugabo Yezu yarakuye Petero mu bandi, atakambirira mu buryo budasanzwe uwo mwigishwa. Utundi turorero: Elisa yarasenze kugira ngo Imana ifashe umugabo umwe kandodwa, ari we musuku wiwe. (2 Abami 6:15-17) Intumwa Yohani yarasenze kugira ngo Gayo agume amerewe neza mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu. (3 Yohana 1, 2) N’ayandi masengesho yarashimika ku migwi kanaka.—Yobu 42:7, 8; Luka 6:28; Ivyakozwe 7:60; 1 Timoteyo 2:1, 2.
10 Amakete ya Paulo ashira ahabona ikibazo c’amasengesho adomako. Yasavye yuko batura isengesho ku bwiwe canke bakaritura ku bwiwe hamwe no ku bw’abo bafatanije. Mu B’i Kolosayi 4:2, 3 dusoma duti: “Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima; kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngw Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.” Rimbura kandi utu tundi turorero: Abaroma 15:30; 1 Ab’i Tesalonike 5:25; 2 Ab’i Tesalonike 3:1; Abaheburayo 13:18.
11. Igihe Epafura yari i Roma yasenga asabira bande?
11 Ivyo ni ko vyari biri no ku wo bari bafatanije na Paulo i Roma. “Epafura w’i wanyu, . . . arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe.” (Ab’i Kolosayi 4:12) Ijambo ryahinduwe ‘kurwana’ rishobora gutanga iciyumviro c’“ukwihata,” nka kurya umuntu agira ikarashishi wo mu nkino za kera. Epafura yoba yariko gusa asenga asabira n’ubwira umugwi w’abizera bari kw’isi yose canke mbere asabira n’abasenga b’ukuri bari mu mihingo yose yo muri Aziya Ntoyi? Paulo yerekanye yuko Epafura yasengera neza na neza abari i Kolosayi. Epafura yari azi uko ivyabo vyifashe. Ntitubazi bose ku mazina, eka ntituzi ingorane bahura na zo, mugabo twiyumvire zimwezimwe zishoboka. Kumbure umusore Lino yariko ararwanya akosho k’amafilozofiya yiganje, Rufo na we ashobora kuba yari akeneye inkomezi zo kunanira ugukwegwakwegwa n’imigenzo yahoramwo mw’idini y’Abayuda. Kubera yari afise umugabo atizera, Perusi yoba yari akeneye ukwihangana n’ubukerebutsi kugira ngo arerere abana biwe mu Mukama, Asunkirito na we, uwari acumukujwe n’indwara idakira, yoba yarondera uguhumurizwa kurushirije? Egome, Epafura yari azi abo mw’ishengero aturukamwo, kandi yarabasengera n’ubwira kubera we hamwe na Paulo bashaka ko mwene abo bibanda ku Mana bagenda nk’uko bibereye Yehova.
12. Twoshobora gute kurushiriza kuba abavuga badomako mu masengesho yacu dutura mu mwiherero?
12 Woba ubona icitegererezo twokwisunga—uburyo twoshobora gufasha abandi? Nk’uko twabibonye, amasengesho aturwa icese ku makoraniro y’Abakirisu usanga kenshi ari muri rusangi, kubera abumviriji batandukanye baba bahari. Mugabo amasengesho dutura ubwacu n’ayo dutura mu muryango arashobora kuba adomako. Naho rimwe na rimwe dushobora gusaba Imana ngo iyobore yongere ihezagire abacungezi b’ingenzi bose canke abungere bo mu buryo bw’impwemu, ntidushobora none rimwe na rimwe kuvuga tudomako? Nk’akarorero, ni kuki utosenga usabira umucungezi w’umuzunguruko ariko aragendera ishengero ukukira canke umurongozi w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero urimwo, ubavuga mu mazina? Mu B’i Filipi 2:25-28 no muri 1 Timoteyo 5:23 harerekana ukuntu Paulo yitwararika amagara ya Timoteyo na Epafurodito umwe wese ukwiwe. Twoba dushobora kugaragariza ukwitwararika nk’ukwo nyene abarwaye tuzi amazina?
13. Ni ibintu nyabaki usanga ari ibibereye ko tubishira mu masengesho ubwacu dutura?
13 Ego ni ko, dutegerezwa kwirinda kwisuka mu bitari ivyacu, mugabo birabereye yuko amasengesho yacu agaragaza ko tubabaye vy’ukuri abo tuzi kandi twitwararika. (1 Timoteyo 5:13; 1 Petero 4:15) Umuvukanyi ashobora kuba yakuwe mu kazi, kandi tukaba tudashobora kumuha akandi. Yamara, mu masengesho ubwacu dutura turashobora kumuvuga mw’izina tukongera tugashimika ku ngorane afise. (Zaburi 37:25; Imigani 10:3) Twoba tuzi umuvukanyikazi w’umwirebange akuze cane atagira umugabo n’abana kubera yiyemeje kwabirwa “mu Mwami [gusa]”? (1 Ab’i Korinto 7:39) Mu masengesho yawe utura mu mwiherero, ni kuki utosaba Yehova ngo amuhezagire yongere amufashe kuguma ari intahemuka mu murimo wiwe? Nk’akandi karorero, abakurambere babiri bashobora kuba bahaye impanuro umuvukanyi yahuvye. Ni kuki umwe wese muri bo atomuvuga mw’izina rimwe na rimwe mu masengesho atura mu mwiherero?
14. Amasengesho adomako afitaniye isano gute n’ugufasha abandi?
14 Urafise uburyo bwinshi bwo gushobora gushira mu masengesho ubwawe utura abantu uzi ko bakeneye gufatwa mu mugongo na Yehova, guhumurizwa, ubukerebutsi hamwe n’impwemu yera canke kimwe cose mu vyamwa vyayo. Kubera ikirere kibatandukanya canke ibindi bintu, ushobora kwumva udashoboye gutanga imfashanyo y’ivy’umubiri canke ya buno nyene. Mugabo ntukibagire gusenga usabira abavukanyi n’abavukanyikazi bawe. Urazi yuko bashaka kugenda nk’uko bibereye Yehova, yamara bashobora kuba bakeneye vy’ukuri gufashwa kugira ngo babigire igihe kirekire. Urupfunguzo rwo kubafasha ni amasengesho utura.—Zaburi 18:2; 20:1, 2; 34:15; 46:1; 121:1-3.
Nukore Kugira ngo Ukomeze Abandi
15. Ni kuki dukwiye kwitwararika igihimba gisozera igitabu c’Ab’i Kolosayi?
15 Birumvikana yuko isengesho rituranywe ubwira kandi ridomako atari bwo buryo bwonyene bwo gufasha abandi, canecane abakuri hafi kandi ukunda. Igitabu c’Ab’i Kolosayi ivyo kirabitomora. Incabwenge nyinshi zivuga yuko Paulo amaze gutanga ubuyobozi mu vy’inyigisho hamwe n’impanuro nyakimazi, yongeyeko indamukanyo gusa canke intasho ziwe bwite. (Ab’i Kolosayi 4:7-18) Eka ntivyari ivyo gusa, turamaze kubona yuko ico gice ca nyuma c’ico gitabu kirimwo impanuro tudakwiriye kwirengagiza, kandi hariho ibindi twokwigira kuri ico gice.
16, 17. Dushobora kuvuga iki ku vyerekeye abavukanyi bavuzwe mu B’i Kolosayi 4:10, 11?
16 Paulo yanditse ati: “Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabgirizwa ivyiwe: ni yaramuka aje i wanyu muze mumwākīre. Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha: abo bonyene bo mu bākebge ni bo bakorana nanje kubg’ubgami bg’Imana, kandi [“bambereye imfashanyo ikomeza,” NW].”—Ab’i Kolosayi 4:10, 11.
17 Ngaho Paulo yagenekereje abavukanyi bamwebamwe bari bakwiriye kwitwararikwa. Yavuze yuko ari abo mu bakebwe, abaturuka mu Bayuda. I Roma hariyo Abayuda benshi bakebwe, kandi bamwebamwe ico gihe bari Abakirisu. Mugabo, abo Paulo yavuze baramubayeko. Bisa n’uko batatinyatinya kwifatanya n’Abakirisu baturuka mu Banyamahanga, kandi bategerezwa kuba barafatanije na Paulo babigiranye urweze mu kwamamaza mu Banyamahanga.—Abaroma 11:13; Ab’i Galatiya 1:16; 2:11-14.
18. Paulo yakeje gute bamwebamwe mu bari kumwe na we?
18 Raba ivyo Paulo yavuze agira ati: “Bambereye imfashanyo ikomeza.” Yakoresheje ijambo ry’Ikigiriki riboneka gusa iyo ncuro imwe muri Bibiliya. Abahinduzi benshi barihindura “inyiruro.” Ariko rero, hariho irindi jambo ry’Ikigiriki (pa·ra·ka·le’o) kenshi rikunda guhindurwa “inyiruro.” Paulo yakoresheje mwene iryo ahandi muri ryo kete nyene mugabo atari mu B’i Kolosayi 4:11.—Matayo 5:4; Ivyakozwe 4:36; 9:31; 2 Ab’i Korinto 1:4; Ab’i Kolosayi 2:2; 4:8.
19, 20. (a) Imvugo Paulo yakoresheje mu kuvuga ivyerekeye abavukanyi bamufasha i Roma isobanura iki? (b) Ni mu buryo ubuhe abo bavukanyi bashobora kuba barafashije Paulo?
19 Abo Paulo yavuze amazina bategerezwa kuba barakoze ikiruta gutanga uruhoza rwo ku munwa. Imvugo y’Ikigiriki ihindurwa ngo “imfashanyo ikomeza,” mu B’i Kolosayi 4:11, rimwe na rimwe yakoreshwa mu bisomwa vyo mw’isi ivuga ivy’umuti wo kugabanya amaganya. Impinduro imwe (New Life Version) isomwa uku: “Ese ukuntu bambereye imfashanyo!” Iyindi mpinduro (Today’s English Version) ikoresha imvugo ngo: “Bambereye imfashanyo ikomeye.” Abo bavukanyi b’Abakirisu baba hafi ya Paulo ni igiki bashobora kuba barakoze kugira ngo bamufashe?
20 Paulo yarashobora kwakira abashitsi, mugabo hariho ibintu vyinshi atashobora gukora, nk’ukugura ibintu nyamukuru akenera—imfungurwa n’ivyambarwa ku bw’urushana. Yoronse gute ibizingo vy’ukwigiramwo canke yoguze gute ibikoresho vyo kwandika? (2 Timoteyo 4:13) Ntiwoshobora none kwiyumvira ko abo bavukanyi bafashisha Paulo ivyo yakenera, mu kumugirira ibintu nyamukuru nko kumusumira canke kumugira ahantu? Ashobora kuba yarashaka kugenzura no kwubaka ishengero kanaka. Kubera yari apfunzwe, nta vyo yoshoboye, ari co gituma abo bavukanyi bashobora kuba baragendera abantu batumwe na Paulo, bakajana ubutumwa, bakamugarukanira amaraporo. Ese ukuntu bikomeza!
21, 22. (a) Ni kuki dukwiye kwitwararika amajambo ari mu B’i Kolosayi 4:11? (b) Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora gukurikiza akarorero k’abari kumwe na Paulo?
21 Ivyo Paulo yanditse vyerekeye ukuba “imfashanyo ikomeza,” birerekana ukuntu twoshobora gufasha abandi. Boshobora kuba bagenda nk’uko bibereye Yehova nko mu bijanye n’ingingo ngenderwako ziwe z’ivy’ukwigenza runtu, kwitaba amakoraniro ya gikirisu, no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Kubera ico, birakwiriye ko tubabwira utujambo two kubakengurukira. Ariko rero, twoba dushobora kugira vyinshi kuruta, mu kuba ‘imfashanyo zikomeza’ nk’uko abari kumwe na Paulo bari bari?
22 Nimba uzi umuvukanyikazi yakurikije mu buryo buranga ubukerebutsi 1 Ab’i Korinto 7:37, mugabo ubu akaba atagira umuryango umuri hafi, woba ushobora kumushira mu bintu bimwebimwe mugirira mu muryango, kumbure ukamutumira kugira ngo musangire akajumbu canke ngo ajemwo igihe muhurira hamwe n’abagenzi canke incuti? Bite ho ku vyerekeye ukumuha ikaze ngo afatane urugendo n’umuryango wawe igihe muja kw’ihwaniro canke mu karuhuko? Canke musabe aguherekeze mu gihe kibereye iyo ugiye gusuma ibifungurwa. Ni na kwo dushobora kugirira abapfakazi n’abapfakare, canke kumbure abadashobora gutwara ubu umuduga. Ushobora gusanga bihesha impera kwumviriza ivyabashikiye canke ukarahura ubwenge ku bumenyi bafise ku bintu bisanzwe nk’ugucagura ivyamwa vy’ubwoko bwiza canke impuzu z’abana. (Abalewi 19:32; Imigani 16:31) Ubucuti bushobora guca bwongerekana. Gutyo bokwumva borohewe kugusaba ngo ubafashe igihe bakeneye nk’imiti kanaka aho bayidandariza, canke ibintu nk’ivyo. Abavukanyi bari kumwe na Paulo i Roma bategerezwa kuba baratanze imfashanyo ngirakimazi, ikomeza nk’uko n’iyawe ishobora kuba iri. Muri ico gihe hamwe n’ubu nyene umuhezagiro wiyongereye ni wo utuma umugozi w’urukundo ukomezwa kandi twariyemeje dushikamye gusukurira Yehova turi kumwe tudahemuka.
23. Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe amaze umwanya akora iki?
23 Umwe wese muri twebwe arashobora kuzirikana ku bintu vyavuzwe muri iki kiganiro. Ni uturorero gusa, mugabo turashobora kutwibutsa ibihe nya bihe dushobora kurushiriza kuba “imfashanyo ikomeza” ku bavukanyi n’abavukanyikazi bacu. Ico turiko turavuga si uko dutsimbataza impengamiro z’ukuba abagiraneza. Iyo si yo yari intumbero y’abavukanyi bavuzwe mu B’i Kolosayi 4:10, 11. Bari abo “bakorana . . . kubg’ubgami bg’Imana.” Ico ubwaco ni co catuma umuntu akomezwa. Ese vyomera nk’ukwo nyene no kuri twebwe.
24. Ni imvo nyamukuru iyihe ituma dusengera abandi kandi turondera kubakomeza?
24 Turavuga abandi mu mazina mu masengesho yacu dutura mu mwiherero tukongera tukagira utwigoro two kubakomeza kubera ibi: Turemera yuko abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bashaka “[k]ugenda nk’uko bibereye [Yehova], [ba]munezereza muri vyose.” (Ab’i Kolosayi 1:10) Ico kintu kirafitaniye isano n’ikindi kintu Paulo yavuze igihe yandika ivyerekeye amasengesho ya Epafura yerekeye Abakolosayi, y’uko boshobora “guhagarara [ba]kwiye kandi [ba]fise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.” (Ab’i Kolosayi 4:12, NW) Ni gute ubwacu ivyo dushobora kubishikira? Reka tubirabe.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 1, urupapuro rwa 501-502, na “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile,” urupapuro rwa 226-229, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba Wabibonye?
• Ni gute twoshobora kurushiriza kuba rufasha mu masengesho yacu dutura mu mwiherero?
• Ni mu buryo ki Abakirisu bamwebamwe babereye Paulo ‘imfashanyo zikomeza’?
• Ni mu bihe nyabaki dushobora kuba ‘imfashanyo zikomeza’?
• Ni intumbero iyihe ituma dusengera abavukanyi n’abavukanyikazi bacu twongera turondera kubakomeza?
[Ifoto ku rup. 11]
Woba ushobora gushiramwo uwundi Mukirisu mu bihe usohokanye umuryango wawe?
[Abo dukesha ifoto]
Gitanzwe na Green Chimney’s Farm