ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/4 rup. 3-5
  • Inkuru Nziza y’Ubwami—Ni Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru Nziza y’Ubwami—Ni Iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami Ni Iki?
  • “Ubgami bgo mw Ijuru Buri Hafi”
  • Ivyo Yezu yigishije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Imihezagiro y’Ubwami Irashobora Kuba Iyawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/4 rup. 3-5

Inkuru Nziza y’Ubwami​—Ni Iki?

Mu mwaka uheze, mu bihugu 235 hirya no hino kw’isi, abantu 6.035.564 barimwo abato n’abakuze, baramaze amasaha 1.171.270.425 baganiriza abandi ibiyerekeye. Turetse kuyishikiriza mu majambo yo ku munwa, barasigiye abantu ibisohokayandikiro birenga imiliyoni 700 mu kuyamamaza bongera bayisigura. Baragabanganije kandi amakaseti yo kwumviriza n’ayo kuraba ibihumbi n’ibihumbi kugira ngo bayimenyekanishe. Iyo ni iki?

IYO ni inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Mu vy’ukuri, nta kindi gihe muri kahise k’abantu “iyi nkuru nziza y’ubwami” (NW) yari bwigere yamamazwa ku rugero tubona muri iki gihe.​—Matayo 24:14.

Abariko barakora iki gikorwa kirangurirwa kw’isi yose co kwamamaza no kwigisha, bose ni abishakire. Umuntu abiravye mu buryo butari ubw’idini, bashobora kuboneka nk’aho batazi neza ico gikorwa. Ni igiki none gituma bagira uburindutsi kandi bererwa? Ububasha bw’inkuru nziza y’Ubwami ni co kintu nyamukuru kibituma, kubera ari inkuru yerekeye imihezagiro izoza ku muryango w’abantu. Iyo ni imihezagiro abantu bose bipfuza cane​—ubuhirwe, kugira umwidegemvyo wo kuremururwa amagume yo mu vy’ubutunzi, intwaro nziza, amahoro n’umutekano be n’ikindi kintu abantu benshi babona ko kidashoboka, ni ukuvuga ubuzima budahera! Iyo vy’ukuri ni inkuru nziza ku bantu bariko barondera ico ubuzima busobanura n’intumbero yabwo. Egome, iyo mihezagiro yose be n’ibindi birashobora kuba ivyawe mu gihe wokwitabira ukongera ukakira neza itangazwa ry’inkuru nziza y’Ubwami.

Ubwami Ni Iki?

Ariko rero, ubwo Bwami buriko buratangazwa nk’inkuru nziza ni iki? Ni Ubwami abantu amamiliyoni bigishijwe gusenga basaba muri aya majambo azwi cane agira ati: “Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”​—Matayo 6:9, 10.

Ni bwa Bwami haciye igihe kirenga ibinjana 25 buvuzwe na wa muhanuzi w’Umuheburayo Daniyeli, igihe yandika ati: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”​—Daniyeli 2:44.

Nuko, ya nkuru nziza yerekeye Ubwami, canke intwaro itwarwa n’Imana izokuraho ububisha bwose maze itegeke isi yose mu mahoro. Izotuma wa mugambi Umuremyi yari afitiye umuryango w’abantu n’isi mu ntango utaba umugani.​—Itanguriro 1:28.

“Ubgami bgo mw Ijuru Buri Hafi”

Hafi imyaka 2.000 iheze, inkuru nziza y’Ubwami yatangajwe ku mugaragaro ari bwo bwa mbere n’umugabo yiyeguye yakwegera ivyiyumviro vya benshi bivuye ku kuntu yaboneka n’inyifato yiwe. Uwo mugabo yari Yohani Umubatizi, umuhungu w’umuherezi w’Umuyuda Zakariya be n’umukenyezi wiwe Elizabeti. Yohani yambara umwambaro ugizwe n’ubwoya bw’ingamiya, akawukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, nka kurya nyene kw’umuhanuzi Eliya, uwari ikigereranyo ciwe. Mugabo, ubutumwa bwiwe ni bwo bwakwegera ivyiyumviro vya benshi. Yatangaza ati: “Mwihane, kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi.”​—Matayo 3:1-6.

Abumviriza Yohani bari Abayuda, abavuga ko basenga Imana y’ukuri, Yehova. Uko bari ihanga, hari haciye imyaka nk’1.500 baronse Ivyagezwe vy’isezerano biciye kuri Musa. Urusengero rw’akaroruhore rwari rugihagaze i Yeruzalemu, aho ibimazi vyatangirwa hakurikijwe Ivyagezwe. Abayuda bumva ata mazinda bafise yuko ugusenga kwabo kwari kubereye mu nyonga z’Imana.

Ariko rero, abantu bamwebamwe bumvise ivyo Yohani avuga, baratanguye gutahura yuko idini ryabo ritari ico biyumvira ko riri. Imico kama na filozofiya vy’Abagiriki vyari vyaranyengetereye mu nyigisho z’idini y’Abayuda. Ivyagezwe vyatanzwe n’Imana biciye kuri Musa ico gihe vyari vyaratituwe, eka mbere bihindurwa ubusa n’inyigisho be n’imigenzo vyashinzwe n’abantu. (Matayo 15:6) Kubera bari barayobejwe n’abarongozi babo b’idini bakomantaye imitima kandi b’imburakigongwe, abenshi ntibari bagisenga Imana mu buryo yemera. (Yakobo 1:27) Bari bakeneye kwigaya ivyaha bacumuye ku Mana no kw’isezerano ry’Ivyagezwe.

Muri ico gihe, Abayuda benshi bari biteze iseruka rya Mesiya yasezeranywe, ari we Kirisitu, gutyo bamwebamwe bariko bijijanya imitima ku biraba Yohani bati: ‘Kumbure yoba ari Kristo?’ Ariko rero, Yohani yarahakanye yuko ari we, ahubwo riho yabayoboye ku wundi muntu, uwo yavuze ivyiwe ati: “Ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’inkweto ziwe.” (Luka 3:15, 16) Mu kudondora Yezu ku bigishwa biwe, Yohani yatangaje ati: “Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw isi.”​—Yohana 1:29.

Iyo mu vy’ukuri yari inkuru nziza, kubera yuko ku bwa ngingo Yohani yariko yereka abantu bose inzira ijana mu buzima n’agahimbare​—ari yo Yezu, “ukūrah’icaha c’abari mw isi.” Kubera yuko abantu bose bakomoka kuri Adamu na Eva, bavuka batwazwa umukazo n’icaha be n’urupfu. Mu Baroma 5:19 hasigura hati: “Nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe [Adamu] kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’umwe [Yezu] kuzotuma benshi bacika abagororotsi.” Yezu, nka kurya kw’umwagazi w’ikimazi, yari agenewe ‘gukuraho icaha’ maze agatuma ivy’abantu vyagenda biba bibi bihinduka bikagenda biba vyiza. Bibiliya isigura iti: “Ingero y’icaha [ni] urupfu; arikw ingabire y’Imana [ni] ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.”​—Abaroma 6:23.

Kubera yari Umuntu atagira agasembwa​—nkako, akaba yari umuntu ahambaye kuruta ababayeho bose​—Yezu yaratanguye kwamamaza inkuru nziza. Inkuru ya Bibiliya yo muri Mariko 1:14, 15 itubwira iti: “Yohana amaze gushirwa mw ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababgira ubutumwa bgiza bg’Imana, at’Igihe kirashitse, ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane mwemere ubutumwa bgiza.”

Abitabiriye ubutumwa bwa Yezu maze bakagaragaza ukwizera mu nkuru nziza barahezagiwe cane. Yohana 1:12 havuga hati: “Abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe.” Kubera bari abana, canke abahungu b’Imana, bari mu murongo w’abazoronka impera y’ubuzima budahera.​—1 Yohana 2:25.

Mugabo, agateka ko kuronka imihezagiro y’Ubwami ntikagarukiye ku bantu bo mu kinjana ca mbere. Nk’uko twamaze kubivuga, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa yongera yigishwa mw’isi yose ibako abantu muri iki gihe. Ku bw’ivyo, imihezagiro y’Ubwami iracashobora kuboneka. Utegerezwa gukora iki none kugira ngo uronke imihezagiro nk’iyo? Ikiganiro gikurikira kiraza kubisigura.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika