Imihezagiro y’Ubwami Irashobora Kuba Iyawe
INTUMWA w’Umukirisu Paulo yari azi kuvuga neza zimwezimwe mu ndimi nkurunkuru zo mu gihe ciwe. Yari yarize amashure yogereranywa na kaminuza yo muri iki gihe. Yari afise uduteka twose n’uburenganzira bwose bihabwa uwufise ubwenegihugu bw’Umuroma. (Ivyakozwe 21:37-40; 22:3, 28) Ivyo vyemezo vyotumye ashobora gucika umutunzi n’umuntu rurangiranwa. Yamara rero, yavuze ati: “Ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw ar’ubuhombe kubga Kristo . . . ndavyiyumvira kw ar[i umwavu], kugira ngo ndonke Kristo.” (Ab’i Filipi 3:7, 8) Ni kuki Paulo yavuze ibintu nk’ivyo?
Paulo uwahoze azwi ko ari Sauli w’i Taruso akaba kandi yari azwi ko ari uwuhama “abakurikira [Ya N]zira,” yaracitse uwemera amaze kwerekwa Yezu yazutse kandi yaninahajwe. (Ivyakozwe 9:1-19) Kuri Paulo, ivyo bintu vyamushikiye ari mu nzira ija i Damasiko vyatumye adakeka na gato ko Yezu yari we Mesiya yasezeranywe, canke Kirisitu, umutegetsi wo muri kazoza wa bwa Bwami bwasezeranywe. Vyarazanye kandi ihinduka rikomeye mu ngendo y’ubuzima ya Paulo, nk’uko vyerekanwa n’amajambo akomeye yavuzwe aho haruguru. Mu yandi majambo, kubera ko Paulo yari inziraburyarya kandi akagira umutima utagiramwo ubugunge, yarigaye.—Ab’i Galatiya 1:13-16.
Muri Bibiliya, irivuga “kwigaya” kenshi rihindurwa rikuwe mw’ijambo ry’Ikigiriki risobanura ijambo ku rindi ngo “kumenya inyuma y’igihe,” nk’uko bihushanye no “kumenya imbere y’igihe.” Ni co gituma kwigaya bisaba ko umuntu ahindura umuzirikanyi, inyifato canke umugambi, agatera akagere inzira yahozemwo akazibona ko zidaheza akanyota. (Ivyakozwe 3:19; Ivyahishuriwe 2:5) Ku biraba Paulo, ntiyaretse ngo ivyo bintu vy’agakura vyari bibaye mu nzira ija i Damasiko ngo bigume gusa ari ikintu cashitse kinyurira canke mbere kibe ivyo bakunda kwita kubonekerwa. Kuri we kwari ugukangurirwa kubona yuko inzira y’ubuzima yahoramwo, atazi Kirisitu, yari ubusa. Yaratahuye kandi yuko kugira ngo yungukire ku bumenyi aherutse kwubura bwerekeye Kirisitu, ategerezwa kugira ico akoze kugira ngo agorore ingendo yiwe y’ubuzima.—Abaroma 2:4; Abanyefeso 4:24.
Ihinduka Ryazanye Imihezagiro
Ubumenyi Paulo yari afise imbere y’aho ku vyerekeye Imana ahanini bwari bwavuye ku kadumbi k’Abafarizayo yarimwo. Ivyo bemera vyari birimwo filozofiya n’imigenzo vyinshi vy’abantu. Kubera imyikeko ishingiye ku madini, umwete n’utwigoro vya Paulo vyakoreshwa nabi. Naho yiyumvira yuko yariko akorera Imana, mu vy’ukuri yariko arayirwanya.—Ab’i Filipi 3:5, 6.
Amaze kuronka ubumenyi nyakuri bwerekeye Kirisitu n’uruhara afise mu mugambi w’Imana, Paulo yarashoboye kubona yuko yari ahanganye n’ihitamwo rinaka: Yoba yari akwiye kuguma ari Umufarizayo maze akabandanya kugira igiti n’icubahiro, canke yoba yari akwiye guhindura ingendo y’ubuzima bwiwe maze agatangura gukora ikintu cose cari gikenewe kugira ngo ashobore kwemerwa n’Imana? Igihimbaye ni uko Paulo yahisemwo neza, kuko yavuze ati: “Ubutumwa bgiza [ntibu]ntera isoni, [ni] ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.” (Abaroma 1:16) Paulo yacitse umwamamaji w’umunyamwete w’inkuru nziza yerekeye Kirisitu n’Ubwami.
Haheze imyaka itari mike, Paulo yabwiye Abakirisu bagenziwe ati: “Jeho kubganje sinibgira yuko mmaze kugifata, arikw ico nkora n’iki kimwe gusa, nibagira ibir’inyuma, kandi nshingīra ibir’imbere, mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru.” (Ab’i Filipi 3:13, 14) Paulo yarungukiye ku nkuru nziza kubera yuko yahevye n’umutima ukunze ivyahora bimwigiza kure y’Imana maze akurikirana n’umutima wiwe wose intumbero zari zijanye n’umugambi w’Imana.
Wewe Wokoze Iki?
Kumbure umaze igihe gito gusa wumvise inkuru nziza y’Ubwami. Icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo itagiramwo agasembwa coba kigukwegera? Ntawotangazwa n’uko cogukwegera, kubera yuko twese dufise icipfuzo mvukanwa co kubaho no kwinovora ubuzima mu mahoro n’umutekano. Bibiliya ivuga yuko Imana yashize “ivyiyumviro vy’ibihoraho” mu mitima yacu. (Umusiguzi 3:11) Urumva rero ko ari ibisanzwe kuri twebwe kwizigira ko hari igihe abantu bazoshobora kubaho ibihe bidahera mu mahoro n’ubuhirwe. Kandi ico ni co inkuru nziza y’Ubwami itanga.
Ariko rero, kugira ngo ico cizigiro ntikibe umugani, urakeneye gushakashaka maze ukamenya ico iyo nkuru nziza yerekeye. Intumwa Paulo yakebuye ati: “Mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” (Abaroma 12:2) Rero, nka kurya kwa Paulo, umaze kuronka ubumenyi n’ugutahura, utegerezwa kugira ihitamwo.
Ku rundi ruhande, ushobora kuba umaze kugira ibintu bimwebimwe wemera vyerekeye kazoza kawe. Niwibuke yuko Sauli yari asanzwe yifitiye ivyiyumviro vyiwe ku vyerekeye ukugomba kw’Imana imbere yuko acika intumwa Paulo. Mugabo aho kwitega ihishurirwa ryo ku gitangaro rivuye ku Mana, ni kuki none utotereza amaso kuri ico kibazo ufise ico ushaka gushikako? Niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri nzi ivyo Imana igomba ku vyerekeye umuryango w’abantu n’isi? Ni icemeza ikihe nshobora gutanga kugira ngo nshigikire ivyo nemera? Icemeza ntanze coba gishobora kugaragara ko ari co kiramutse gisuzumwe hishimikijwe Ijambo ry’Imana, Bibiliya?’ Nta co utakaza uramutse usuzumye muri ubwo buryo ivyo wemera mw’idini. Kukaba nkako, ukwiye gushaka kubigira kubera yuko Bibiliya iduhimiriza iti: “Mugerageze vyose, mugumye ivyiza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:21) Nakare, mbega si ukwemerwa n’Imana guhambaye kuruta?—Yohana 17:3; 1 Timoteyo 2:3, 4.
Abarongozi b’amadini boshobora kuduha umuhango wa kazoza gahoraho. Mugabo atari gusa mu gihe uwo muhango woba ushingiye ku nyigisho za Bibiliya, ntuzodufasha kuronka imihezagiro y’Ubwami bw’Imana. Muri ya Nsiguro yiwe rurangiranwa yo ku Musozi, Yezu yabuye mu buryo bukomeye ati: “Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.”—Matayo 7:21.
Urabona ukuntu Yezu yashimitse ku gukora ivyo Se agomba bwa kintu gituma umuntu aronka imihezagiro y’Ubwami bw’Imana. Mu yandi majambo, ikintu cosa n’ikigaragaza ukwubaha Imana si ngombwa ngo kibe ari co cemerwa na yo. Kukaba nkako, Yezu yabandanije avuga ati: “Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe? Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.” (Matayo 7:22, 23) Biratomoye ko ikintu gihambaye ari uko turaba neza yuko dutahura tutihenda ico ari co vy’ukuri inkuru nziza y’Ubwami maze tugaca dukora ibintu mu buryo buhuje na yo.—Matayo 7:24, 25.
Imfashanyo Iraboneka
Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka irenga 100 bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Biciye ku bisohokayandikiro no kw’ijambo ryo ku munwa, bariko barafasha abantu bo hirya no hino kw’isi kuronka ubumenyi ntagakosa bw’ico ari co Ubwami, imihezagiro buzozana be n’ico umuntu ategerezwa gukora kugira ngo aronke imihezagiro nk’iyo.
Turakuremesheje kwakiriza yompi ubutumwa buriko buramamazwa n’Ivyabona vya Yehova. Mu kwemera no mu kwitabira inkuru nziza, urashobora kuronka imihezagiro ihambaye atari muri iki gihe gusa, mugabo no muri kazoza igihe Ubwami bw’Imana buzotegeka isi yose.—1 Timoteyo 4:8.
Nugire ico ukoze ubu, kubera yuko imihezagiro y’Ubwami bw’Imana iri hafi!
[Amafoto ku rup. 7]
Biciye ku bisohokayandikiro no kw’ijambo ryo ku munwa, Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana