Nidushemeze Yehova ku bw’Ibikorwa Vyiwe Bihambaye!
“Ubugingo bganje butazira Umwami Imana . . . kukw Iy’ubushobozi inkoreye ibikomeye.”—LUKA 1:46-49.
1. Mu buryo bukwiriye, dushemeza Yehova ku bw’ibikorwa ibihe bihambaye?
YEHOVA arakwiriye gushemezwa kubera ibikorwa vyiwe bihambaye. Igihe umuhanuzi Musa yigana ivyerekeye ibohorwa rya Isirayeli bakava mu Misiri, yatangaje ati: “Amaso yanyu yiboneye ivyo vyose bihambaye Uhoraho yakoze.” (Gusubira mu Vyagezwe 11:1-7) Mu buryo busa n’ubwo, igihe umumarayika Gaburiyeli yamenyesha ko Yezu agiye kuvuka ku mwigeme w’isugi Mariya, Mariya yavuze ati: “Ubugingo bganje butazira Umwami Imana . . . kukw Iy’ubushobozi inkoreye ibikomeye.” (Luka 1:46-49) Kubera turi Ivyabona vya Yehova, turamushemeza ku bw’ibikorwa bihambaye, nka kwa kubohoza Isirayeli mu buja bwo mu Misiri na kwa kuntu Umwana wiwe mukundwa yasamwa biciye ku gitangaro.
2. (a) “Umugambi w’ibihe bidahera” w’Imana usobanura iki ku muryango w’abantu ugamburuka? (b) Ni ibiki Yohani yiboneye mw’izinga rya Patimo?
2 Vyinshi mu bikorwa bihambaye vya Yehova vyamye bijana n’“umugambi w’ibihe bidahera” (NW) wo guhezagira umuryango w’abantu ugamburuka, abicishije kuri Mesiya no ku ntwaro yiwe ya cami. (Abanyefeso 3:8-13) Igihe ya ntumwa Yohani yari igeze mu zabukuru yemererwa gutereza amaso mu rugi yeretswe rwuguruye rwo mw’ijuru, uwo mugambi wariko uratsimbatara intambwe ku yindi. Yumvise ijwi rimeze nk’iry’inzamba rivuga riti: “Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.” (Ivyahishuriwe 4:1) Mu gihe yari yangajwe akajanwa n’intwaro ya Roma mw’izinga rya Patimo ahorwa “Ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu,” Yohani yararonse “uguhishur[w]a [guciye] kuri Yesu Kristo.” Ivyo intumwa Yohani yabonye kandi yumvise vyarahishuye vyinshi ku vyerekeye umugambi w’ibihe bidahera w’Imana, gutyo bitanga umuco wo mu vy’impwemu be n’indemesho zije hageze ku bw’Abakirisu b’ukuri bose.—Ivyahishuriwe 1:1, 9, 10.
3. Ni bande bagereranywa na ba bakurambere 24 Yohani yabonye mw’iyerekwa?
3 Acishije muri urwo rugi rwari rwuguruye rwo mw’ijuru, Yohani yarabonye abakurambere 24, bari bicaye ku ntebe z’ubwami kandi bambaye ingori nk’abami. Barakubise inkoro hasi imbere y’Imana bavuga bati: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.” (Ivyahishuriwe 4:11) Abo bakurambere bagereranya Abakirisu bose basizwe bazutse bari mu kibanza co hejuru Imana yari yarabasezeraniye. Baravyurirwa umutima wo gushemeza Yehova kubera ibikorwa bihambaye yakoze bijanye n’irema. Natwe nyene turatangazwa n’ibimenyamenya vy’“[u]bushobozi . . . budashira n’ubumana” vya Yehova. (Abaroma 1:20) Kandi, uko turushiriza kwiga ivyerekeye Yehova, ni ko turushiriza kugira imvo zo kumushemeza kubera ibikorwa vyiwe bihambaye.
Tumenyekanishe Ibikorwa vyo Gushimwa vya Yehova!
4, 5. Tanga uturorero tw’ukuntu Dawidi yashemeza Yehova.
4 Dawidi umwanditsi wa Zaburi yarashemeje Imana ku bw’ibikorwa vyayo bihambaye. Nk’akarorero, Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho aba i Siyoni mumuririmbire ishimwe; mukwize mu mahanga ibikorwa vyiwe. Uhoraho, ngirira ikigongwe; urābe umubabaro mbabazwa n’abanyanka, ni wewe undūgana, ukankūra mu marembo y’urupfu, kugira ngo nerekanire ishimwe ryawe ryose mu marembo y’umukobga w’i Siyoni.” (Zaburi 9:11, 13, 14) Dawidi amaze guha umuhungu wiwe Salomo imigero y’urusengero, yarahezagiye yongera arashemeza Imana mu kuvuga ati: “Uhoraho ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’inganji n’igitinyiro n’ivyawe . . . ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose. None rero, Mana yacu, turagukengurukiye, duhimbaje izina ryawe ry’icubahiro.”—1 Ngoma 29:10-13.
5 Ivyanditswe biradutera akamo ubudahengeshanya, emwe, biraduhimiriza gushemeza Imana, nk’uko Dawidi yayishemeje. Igitabu ca Zaburi kirimwo amajambo menshi aserura ugushemeza Imana, kandi nk’ica kabiri c’izo ndirimbo citirirwa Dawidi. Nantaryo yama ashemeza Yehova yongera amukurira ubwatsi. (Zaburi 69:30) Vyongeye, kuva mu bihe vya kare, integuro y’imiziki ya Dawidi be n’iy’abandi yarakoreshejwe mu gushemeza Yehova.
6. Ni gute Amazaburi yahumetswe agaragara ko ari ngirakimazi kuri twebwe?
6 Ese ukuntu Amazaburi ari ngirakimazi ku basenga Yehova! Igihe dushaka gukurira ubwatsi Imana ku bw’ibikorwa vyose bitangaje yakoze, imizirikanyi yacu irashobora guhindukirira amajambo aryoheye ugutwi dusanga mu Mazaburi. Nk’akarorero, mu gitondo tucikangura, twoshobora kuvyurirwa umutima wo guserura amajambo asa n’aya ngo: “Ni vyiza gushima Uhoraho, no kuririmbira izina ryawe ishimwe, ewe Usumba vyose: kwerekana imbabazi zawe mu gitondo, n’ingen’ur’umwizigirwa uko bgīje . . . Kuko wewe Uhoraho, wannejereje kubg’igikorwa cawe wakoze.” (Zaburi 92:1-4) Igihe dutsinze ikintu cahoze gitangira iterambere ryacu mu vy’impwemu, twoshobora kugira akamenyero ko guserura umunezero n’ugukura ubwatsi mw’isengesho, nka kurya nyene umwanditsi wa Zaburi yabigize igihe yaririmba ati: “Ni muze, turirimbire Uhoraho: tuvugirize impundu igitandara c’agakiza kacu. Tuje mu nyonga ziwe tumushima, tumuvugirize impundu n’indirimbo.”—Zaburi 95:1, 2.
7. (a) Ni igiki gikwiye ko tubona ku vyerekeye indirimbo nyinshi zikoreshwa n’Abakirisu? (b) Ni ikintu kimwe ikihe gituma dushika kare ku makoraniro kandi tukahaguma kugeza ahere?
7 Kenshi turaterera mw’ijwi indirimbo zo gushemeza Yehova, mu makoraniro y’ishengero, mu materaniro no mu mahwaniro. Birakwiye ko tubona yuko nyinshi muri zo zishingiye ku vyiyumviro vyahumetswe bivuye mu gitabu c’Amazaburi. Ese ukuntu duhimbawe kubona dufise icegeranyo co mu gihe ca none c’indirimbo zeza umutima zo gushemeza Yehova! Kuririmbira amashemezo Imana ni kimwe mu bintu vyiza bituma dushika kare ku makoraniro yacu, kandi tukahaguma kugeza ahere, gutyo tukifatanya n’abandi basenga Yehova mu kumushemeza biciye ku ndirimbo no kw’isengesho.
“Shemeze Ya, Mwa Bantu!”
8. Ijambo “Haleluya” risobanura iki?
8 Gushemeza Yehova ni imvugo iri mw’ijambo “Haleluya,” ikaba ari imvugo yo mu Giheburayo isobanura “Shemeze Ya, mwa bantu.” Nk’akarorero, muri Zaburi 135:1-3 (NW), tuhasanga ubu butumire buranga igishika, bushimika bugira buti: “Shemeze Ya, mwa bantu! Nimushemeze izina rya Yehova, nimushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova. Mwebwe muhagaze mu nzu ya Yehova, mu bigo vy’inzu y’Imana yacu. Shemeze Ya, kuko Yehova ameze neza.”
9. Ni igiki kidusunikira ku gushemeza Yehova?
9 Uko twitegereje ibikorwa bitangaje vya Yehova vy’irema be n’ibikorwa yakoze ku bwacu, ishimwe rivuye ku mutima rica ridusunikira ku kumushemeza. Igihe tuzirikanye ku bintu vy’igitangaza Yehova yakoreye igisata ciwe mu bihe vyaheze, imitima yacu ica idusunikira ku kumushemagiza. Kandi uko tuzirikana ku mihango y’ibintu bihambaye Yehova akiraririye gukora, duca turondera uburyo bwo guserura ishemezo n’ugukura ubwatsi.
10, 11. Ni gute ukubaho kwacu kuduha imvo yo gushemeza Imana?
10 Ukubaho kwacu kuraduha imvo yo gushemeza Ya. Dawidi yaririmvye ati: “Ndagushimira [Yehova] yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo umutima wanje urabizi neza.” (Zaburi 139:14) Egome “[twa]remwe uburyo butangaje” kandi turafise ingabirano z’agaciro, nk’ukubona, kwumva n’ubushobozi bwo kwiyumvira. Ku bw’ivyo none, ntidukwiye kuyobora ubuzima bwacu ku buryo dushemeza Umuremyi wacu? Paulo yaraseruye iciyumviro nk’ico igihe yandika ati: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose [“kuninahaza,” NW] Imana.”—1 Ab’i Korinto 10:31.
11 Ibintu vyose tuzobikora ku bw’ukuninahazwa kwa Yehova niba vy’ukuri tumukunda. Yezu yavuze yuko ibwirizwa rya mbere ari iri: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.” (Mariko 12:30; Gusubira mu Vyagezwe 6:5) Nta nkeka ko dukwiye gukunda Yehova no kumushemeza kubera ari we Muremyi wacu akaba na we Mutanzi ‘w’ingabirano nziza yose itunganye.’ (Yakobo 1:17, UB; Yesaya 51:13; Ivyakozwe 17:28) Kanatsinda, ubushobozi bwacu bwo kuzirikana, ububasha dufise mu vy’impwemu be n’ingoga z’umubiri dufise—ni ukuvuga kamere zose n’ububasha bwose dufise—biva kuri Yehova. Kubera yuko ari we Muremyi wacu, arakwiriye ko tumukunda kandi tumushemeza.
12. Wiyumva gute ku vyerekeye ibikorwa bihambaye vya Yehova be n’amajambo yo muri Zaburi 40:5?
12 Ibikorwa bihambaye vya Yehova biraduha imvo zidaharurwa zo kumukunda no kumushemeza! Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga birenze uko vyoharūrwa.” (Zaburi 40:5) Dawidi ntiyashobora guharura ibikorwa bitangaje vya Yehova vyose, eka na twebwe ntitwobishobora. Mugabo, nimuze nantaryo dushemeze Imana igihe duseruriwe igikorwa gihambaye ico ari co cose mu vyo yakoze.
Ibikorwa Bifitaniye Isano n’Umugambi w’Ibihe Bidahera w’Imana
13. Icizigiro cacu kijanye gute n’ibikorwa bihambaye vy’Imana?
13 Icizigiro cacu ca kazoza kirajanye n’ibikorwa bihambaye kandi bikwiriye gushimwa bijanye n’umugambi w’ibihe bidahera w’Imana. Inyuma ya bwa bugarariji bwo muri Edeni, Yehova yarashikirije ubuhanuzi bwa mbere burimwo icizigiro. Mu gutangaza urubanza yakatiye ya nzoka, Imana yavuze iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’[u]mugore, no hagati y’[“urubuto,” NW] rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Itanguriro 3:15) Icizigiro c’Urubuto rwasezeranywe rwa wa mugore, caragumye mu mitima y’abantu b’abizerwa inyuma yaho Yehova akoreye igikorwa gihambaye, mu kuzigama Nowa n’umuryango wiwe bakarokoka wa Mwuzure wakwiye ku mubumbe wose ugakuraho isi y’ababisha. (2 Petero 2:5) Imihango menyeshakazoza yahawe abagabo bafise ukwizera nka Aburahamu na Dawidi yaratumye abantu barushiriza gutahura ivyo Yehova yoranguye biciye kuri urwo Rubuto.—Itanguriro 22:15-18; 2 Samweli 7:12.
14. Ni akahe karorero kaminuza k’ibikorwa bihambaye Yehova yakoze ku neza y’umuryango w’abantu?
14 Ikintu kaminuza cagaragaje yuko Yehova ari umwe akora ibikorwa bihambaye ku neza y’umuryango w’abantu, cabaye igihe yatanga Umwana wiwe w’ikinege—ni ukuvuga rwa Rubuto rwasezeranywe, Yezu Kirisitu—akaba inkuka y’incungu. (Yohana 3:16; Ivyakozwe 2:29-36) Iyo ncungu yashizeho ishingiro ryo kwuzura n’Imana. (Matayo 20:28; Abaroma 5:11) Yehova yakoranirije abatanguye kwuzura na we mw’ishengero rya gikirisu, iryashinzwe kuri Pentekote yo mu 33 G.C. Babifashijwemwo n’impwemu yera, baramamaje inkuru nziza hirya no hino, berekana ukuntu urupfu n’izuka vya Yezu vyugururira umuryango w’abantu ugamburuka uburyo bwo kuronka imihezagiro y’ibihe bidahera bayoborwa n’ubutegetsi bw’Ubwami bwo mw’ijuru bw’Imana.
15. Ni gute Yehova yakoze ibintu mu buryo butangaje muri iyi misi turimwo?
15 Muri iki gihe cacu, Yehova yarakoze mu buryo butangaje mu gutororokanya aba nyuma bo mu Bakirisu basizwe. Imiyaga y’isangangura yarazibiwe kugira ngo amasigarira yo muri ba bandi 144.000 bashobore kudomwako ikimenyetso, abo na bo bakaba bazoganza na Kirisitu mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 7:1-4; 20:6) Imana yararavye neza ko Abakirisu basizwe bahabuzwa bakava mu mvuto za “Babuloni Hahambaye,” ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 17:1-5) Iryo habuzwa ryo mu 1919 n’ukurindwa n’Imana amasigarira y’abasizwe yiboneye kuva ubwo, vyatumye bashobora gukora iki? Vyatumye bashobora guca ibibatsi mu gushinga intahe ya nyuma, imbere y’uko Yehova azana iherezo ku runkwekwe rw’ibintu rurangwa n’ububisha rwa Shetani, kuri ya “marushwa ahambaye” ariko aregereza yihuta.—Matayo 24:21; Daniyeli 12:3; Ivyahishuriwe 7:14.
16. Ni ibiki biriko biraba bivuye ku gikorwa co kwamamaza Ubwami kirangurwa kw’isi yose mu gihe ca none?
16 Ivyabona vya Yehova basizwe baragiye imbere babigiranye umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami kw’isi yose. Ico vyavuyemwo ni uko igitigiri kirushiriza kugwira c’“izindi ntama” ubu bariko baracika abasenga Yehova. (Yohana 10:16) Turanezerezwa n’uko abagwaneza bo kw’isi bagifise akaryo ko kwifatanya natwe mu gushemeza Yehova. Abakiriza yompi ubutumire bwo “kuza,” bari mu murongo w’abazozigamwa bakarokoka ya marushwa ahambaye, bafise icizigiro co kuzoshemeza Yehova ibihe bidahera.—Ivyahishuriwe 22:17.
Ibihumbi n’Ibihumbi Bariko Basegenyukira ku Gusenga kw’Ukuri
17. (a) Yehova ariko ararangura gute ibikorwa bihambaye mu bijanye n’umurimo wacu w’ukwamamaza? (b) Muri Zekariya 8:23 hariko hararanguka gute?
17 Muri iki gihe, Yehova ariko arakora ibikorwa bihambaye kandi bikwiriye gushimwa mu bijanye n’umurimo wacu wo kwamamaza. (Mariko 13:10) Mu myaka iheruka, ‘yaruguruye inzugi zijana ku murimo.’ (1 Ab’i Korinto 16:9) Ivyo vyaratumye inkuru nziza ishobora kwamamazwa mu vyibare amahanga aho abansi b’ukuri bari bahoze bakubera intambamyi. Abahoze bari mu mwijima wo mu vy’impwemu ubu bariko baritabira ubutumire bwo gusenga Yehova. Bariko bararangura aya majambo menyeshakazoza agira ati: “Uku ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, ati Mur’iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.” (Zekariya 8:23) Uwo muntu abo “bantu cumi” babwira ayo majambo, agereranya Abayuda bo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga amasigarira y’Abakirisu basizwe yo mu gihe ca none. Kubera yuko igitigiri cumi gishobora kugereranya ikintu cuzuye mu bintu vyo kw’isi, abo “bantu cumi” bagereranya “ishengero ryinshi,” iryanywanishijwe na “Israeli y’Imana,” (UB) bose hamwe bakaba bagize “umukuku umwe.” (Ivyahishuriwe 7:9, 10; Ab’i Galatiya 6:16) Ese ukuntu ari umunezero kubona ubu abantu benshi barangura umurimo mweranda basenyera ku mugozi umwe ari abasenga Yehova Imana!
18, 19. Ni ikimenyamenya ikihe kiriho c’uko Yehova ariko arahezagira igikorwa co kwamamaza?
18 Turezwa umutima n’uko abantu ibihumbi mirongo—eka mbere ibihumbi amajana—bariko barakiriza yompi ugusenga kw’ukuri mu bihugu vyahora vyiganziwe n’idini y’ikinyoma, ku buryo vyasa n’uko abantu batokwigeze bemera inkuru nziza. Tereza akajisho ku gitabu ca vuba kuruta ca Annuaire des Témoins de Jéhovah (Igitabu c’Umwaka c’Ivyabona vya Yehova), wibonere ibihugu muri iki gihe bitanga raporo y’abamamaji b’Ubwami bari hagati y’100.000 n’1.000.000. Ivyo ni icemeza gikomeye c’uko igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko kirahezagirwa na Yehova.—Imigani 10:22.
19 Kubera turi abasavyi ba Yehova, turashemeza tukongera tugakurira ubwatsi Data wa twese wo mw’ijuru kubera yaduhaye intumbero nyakuri mu buzima, igikorwa kizana impera mu murimo wiwe, be n’ukubona kazoza mu buryo buteye igomwe. Tubaho turindiranye igishika iranguka ry’imihango yose y’Imana kandi twiyemeje ‘kwizigamira mu rukundo rw’Imana, twiteze ubuzima budashira.’ (Yuda 20, 21) Ese ukuntu dufise akanyamuneza ko kubona yuko ishengero ryinshi rishemeza Imana ubu rigeze ku bantu nk’6.000.000! Amasigarira y’abasizwe yifatanije na bagenzi babo bo mu zindi ntama, bigaragara ko bafise umuhezagiro uva kuri Yehova, bariyungunganije bari mu mashengero nk’91.000 ari mu bihugu 235. Twese turafungurirwa neza mu vy’impwemu bivuye ku twigoro tudatezura twa “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45, NW) Ishirahamwe rya gitewokarasi ritera rija imbere ricungerewe mu buryo burangwa n’urukundo, ririko rirayobora umurimo w’Ubwami biciye ku biro vy’amashami 110 y’Ivyabona vya Yehova. Turakurira ubwatsi Yehova kuba yaravyuriye abasavyi biwe umutima wo ‘kumutera iteka bakoresheje ibintu vyabo vy’igiciro.’ (Imigani 3:9, 10) Bica bituma igikorwa cacu co kwamamaza kw’isi yose kibandanya, harimwo n’ukwubaka amahinguriro y’ibitabu, amazu ya Beteli n’ay’abamisiyonari, Ingoro z’Ubwami n’iz’Amateraniro mu gihe bikenewe.
20. Kuzirikana ku bikorwa vya Yehova bihambaye kandi vyo gushimwa, bikwiye kudukora ku mutima gute?
20 Ntitwoshobora kuvuga ibikorwa vyose bihambaye kandi bikwiriye gushimwa Data wa twese wo mw’ijuru yakoze. Mugabo, umuntu wese afise umutima ugororotse, vyoba bishoboka ko areka kwifatanya n’isinzi ry’abantu bashemeza Yehova? Eka data! Rero, abakunda Imana bose nibatere akamo n’umunezero bati: “[“Shemeze Ya, mwa bantu!” NW] Mw ijuru ni mushime Uhoraho: ni mumushimire ahasumba ijuru. Yemwe mwa bamarayika biwe mwese, ni mumushimire: . . . Namwe misore n’inkumi; namwe batāma n’abana: [nimu]shime izina ry[a Yehova], kukw izina ryiwe ryonyene ari ryo rishizwe hejuru: ubukuru bgiwe buri hejuru y’isi n’ijuru.” (Zaburi 148:1, 2, 12, 13) Egome, muri iki gihe no mu bihe bidahera, nimuze dushemeze Yehova kubera ibikorwa vyiwe bihambaye!
Wokwishura Gute?
• Ibikorwa bimwebimwe vya Yehova bikwiriye gushimwa ni ibihe?
• Ni kuki wumva usunikiwe ku gushemeza Yehova?
• Icizigiro cacu gifitaniye isano gute n’ibikorwa bihambaye vy’Imana?
• Yehova ariko arangura gute ibikorwa bikwiriye gushimwa mu bijanye n’igikorwa co kwamamaza Ubwami?
[Ifoto ku rup. 8]
Woba wifatanya n’abandi n’umutima wawe wose mu ndirimbo zo gushemeza Yehova?
[Amafoto ku rup. 11]
Turanezerezwa n’uko abagwaneza bagifise akaryo ko kwifatanya natwe mu gushemeza Yehova