ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/7 rup. 21-26
  • Nunezererwe Ukumenya Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nunezererwe Ukumenya Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Yarihishuriye Abantu bo mu Bihe vya Kera
  • Umuco Urushiriza Gukayangana
  • Dushime Ivyo Dufise
  • Ubutunzi Ntangere
  • Umwansi wa nyuma ari we rupfu azokurwaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Umugambi wa Yehova uzoranguka ata kabuza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye abantu?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyokumarira iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/7 rup. 21-26

Nunezererwe Ukumenya Yehova

“Hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga!”​—LUKA 11:28.

1. Ni ryari Yehova yatanguye kuganira n’abantu?

YEHOVA arakunda abantu kandi aritwararika cane ineza yabo. Ntibitangaje rero kubona aganira nabo. Ukwo kuganira kwatanguriye mw’itongo rya Edeni. Nk’uko mw’⁠Itanguriro 3:8 habivuga, igihe kimwe “c’akayaga ko ku kagoroba,” Adamu na Eva “b[ar]umv[ise] ijwi ry’Uhoraho Imana.” Bamwebamwe bavuga yuko ivyo vyerekana ko Yehova yari afise akamenyero ko kuganira na Adamu kuri ico gihe, kumbure akabigira imisi yose. Uko biri kwose, Bibiliya iratomora yuko Imana yari yarafashe umwanya utari uwo guha amabwirizwa gusa wa muntu wa mbere, ariko kandi wo kumwigisha ivyo yari akeneye kumenya, kugira ngo arangure amabanga yiwe.​—Itanguriro 1:28-30.

2. Ni gute wa mugabo n’umugore ba mbere biyonkoye ku buyobozi bwa Yehova, kandi vyavuyemwo iki?

2 Yehova yahaye Adamu na Eva ubuzima, kuganza ibikoko n’ugutegeka isi iyo iva ikagera. Hari ikintu kimwe gusa bari babujijwe: bategerezwa kutarya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi. Bohejwe na Shetani, Adamu na Eva baragambaraye ibwirizwa ry’Imana. (Itanguriro 2:16, 17; 3:1-6) Bahisemwo gukora uko bishakira, barifatira ingingo y’iciza n’ikibi. Mu kubigenza gutyo, ubwabo bariyonkoye ku buyobozi bw’Umuremyi wabo munyarukundo. Inkurikizi zabaye iz’agahomerabunwa kuri bo no ku ruvyaro rwabo rutari bwavuke. Adamu na Eva barashaje maze amaherezo barapfa ata cizigiro bafise c’izuka. Ababakomokako barazwe icaha n’inkurikizi yaco, ni ukuvuga urupfu.​—Abaroma 5:12.

3. Ni kuki Yehova yaganiriye na Kayini, kandi Kayini yavyakiriye gute?

3 Naho habaye ubugarariji muri Edeni, Yehova yarabandanije kuganira n’ibiremwa-bantu vyiwe. Kayini, umuhungu w’imfura wa Adamu na Eva, yari ageramiwe no gutsindwa n’icaha. Yehova yaramuburiye yuko yariko yerekeza mu kaga, maze amuhanura ‘gukora neza.’ Kayini yarateye akagere iyo mpanuro iranga urukundo, maze agandagura mwenewabo. (Itanguriro 4:3-8) Gutyo, abo bantu batatu batanguye kuba kw’isi bose barateye akagere ubuyobozi butomoye bwatanzwe n’umwe yabaha ubuzima, ya Mana iha abasavyi bayo amabwirizwa kugira ngo bashobore kuyungukirako ubwabo. (Yesaya 48:17) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarababaje Yehova!

Yehova Yarihishuriye Abantu bo mu Bihe vya Kera

4. Ku vyerekeye abakomoka kuri Adamu, Yehova yari yizigiye iki, kandi kubera ico ni ubutumwa ubuhe yatanze burimwo icizigiro?

4 Naho Yehova yari afise uburenganzira bwose bwo guhagarika kuganira n’abantu, ntavyo yagize. Yari yizigiye yuko bamwebamwe mu bakomoka kuri Adamu bokwumviye ubuyobozi bwiwe babigiranye ubukerebutsi. Nk’akarorero, igihe yariko asomera urubanza Adamu na Eva, Yehova yarabuye umuzo w’“urubuto” (NW) rworwanije ya Nzoka, ari yo Shetani wa Murwanizi. Mu nyuma, Shetani yofyonyowe ku mutwe agaca apfa. (Itanguriro 3:15) Ubwo buhanuzi bwari ubutumwa bunezereye burimwo icizigiro, ku “bumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.”​—Luka 11:28.

5, 6. Ni mu buryo ki Yehova yaganiriye n’abasavyi biwe imbere yo mu kinjana ca mbere mu G.C., kandi ni gute ivyo bavyungukiyeko?

5 Yehova yarabwiye ivyo agomba basokuruza b’abizerwa bo mu bihe vya kera, nka Nowa, Aburahamu, Isaka, Yakobo na Yobu. (Itanguriro 6:13; Kuvayo 33:1; Yobu 38:1-3) Mu nyuma, biciye kuri Musa yarashiriyeho ihanga rya Isirayeli icegeranyo cuzuye c’ivyagezwe. Ivyagezwe vya Musa baravyungukirako mu buryo bwinshi. Bivuye ku kuvyitondera, Isirayeli yaratandukanijwe n’ayandi mahanga yose iba igisata kidasanzwe c’Imana. Imana yarakuye amazinda Abisirayeli yuko, baramutse bagamburutse Ivyagezwe, atobahezagiye mu buryo bw’umubiri gusa ariko kandi ko yobahezagiye mu buryo bw’impwemu, akabagira ubwami bw’abaherezi, ihanga ryera. Ivyagezwe vyaranatanze amabwirizwa yerekeye imfungurwa n’intungamagara yatuma abantu bagira amagara meza. Ariko rero, Yehova yarabuye kandi ivyerekeye inkurikizi zibabaje zotewe n’ukugambarara.​—Kuvayo 19:5, 6; Gusubira mu Vyagezwe 28:1-68.

6 Mu nyuma, ibindi bitabu vyahumetswe vyarongewe ku bitabu vyemewe bigize Bibiliya. Inkuru za kahise zaravuze ivyerekeye ivyo Yehova yagiranira n’amahanga be n’abantu. Ibitabu birimwo imvugo yo gutazira biradondora mu buryo bwiza kamere ziwe. Ibitabu vy’ubuhanuzi vyarabuye ukuntu ivyo Yehova agomba bizoranguka muri kazoza. Abantu b’abizerwa bo mu bihe vya kera barize bitonze bongera barashira mu ngiro ivyo vyanditswe vyahumetswe. Umwe yanditse ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje.” (Zaburi 119:105) Ku bari bafise umutima ukunze wo kwumviriza, Yehova yaratanze inyigisho be n’umuco.

Umuco Urushiriza Gukayangana

7. Naho Yezu yakoze ibitangaro, ahanini yari azwiko iki, kandi kuki?

7 Mu kinjana ca mbere, imigwi y’amadini y’Abayuda yari yarongeye imigenzo y’abantu ku Vyagezwe. Ivyagezwe vyari vyakoreshejwe ukutariko, maze aho kuba isoko ry’umuco, vyacitse umuzigo kubera iyo migenzo. (Matayo 23:2-4) Ariko rero, mu kinjana ca 29 G.C., Yezu yaraserutse aba Mesiya. Ibanga yari ashinzwe ntiryari gusa iryo gutanga ubuzima bwiwe ku bw’umuryango w’abantu, ahubwo kandi ryari iryo “[gushingira] intahe ukuri.” Naho yakoze ibitangaro, ahanini yari azwi ko ari “Umwigisha.” Inyigisho yiwe yari imeze nk’imishwarara y’umuco irasira mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu wari utwikiriye imizirikanyi y’abantu. Yezu ubwiwe yavuze bikwiriye ati: “Jewe nd’umuco w’isi.”​—Yohana 8:12; 11:28; 18:37.

8. Ni ibitabu ibihe vyahumetswe vyanditswe mu kinjana ca mbere mu G.C., kandi ni gute Abakirisu bo mu ntango bavyungukiyeko?

8 Mu nyuma hongeweko Injili, ikaba ari inkuru zine zanditse z’ubuzima bwa Yezu, hongerwako n’igitabu c’Ivyakozwe, zikaba ari inkuru zerekeye ukuntu Ubukirisu bwakwiragiye henshi inyuma y’urupfu rwa Yezu. Hariho kandi amakete yahumetswe yanditswe n’abigishwa ba Yezu, hamwe n’igitabu c’ubuhanuzi c’Ivyahishuriwe. Ivyo vyanditswe, bishizwe hamwe n’Ivyanditswe vy’Igiheburayo, vyarujuje ibitabu vya Bibiliya vyemerwa ko vyahumetswe. Bafashijwe n’ico cegeranyo c’ibitabu vyahumetswe, Abakirisu boshoboye “gutahurira hamwe n’abera bose uburebure bg’ubgaguke n’ubg’amakika n’ubg’igihagararo n’ubg’amajepfo [bw’ukuri] ubg’ari bgo.” (Abanyefeso 3:14-18) Boshoboye kugira “ivyiyumviro vya Kristo.” (1 Ab’i Korinto 2:16) Naho ari ukwo, abo Bakirisu bo mu ntango ntibatahuye bimwe bishitse umuce wose w’imigambi ya Yehova. Intumwa Paulo yandikiye abo basangiye ukwemera ati: “Ubu turābira mu cirore ivyijiji.” (1 Ab’i Korinto 13:12) Mwene ico cirore cokwerekanye ivyijiji ariko atari ido n’ido ry’utuntu twose. Ugutahura neza Ijambo ry’Imana vyari bikiri ivyo muri kazoza.

9. Ni umuco uwuhe waje mu “misi y’iherezo”?

9 Muri iki gihe, tuba mu kiringo citwa “imisi y’iherezo,” ikiringo kirangwa n’“ibihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Umuhanuzi Daniyeli yabuye yuko muri iki gihe “ubgenge b[wo]gwir[iye].” (Daniyeli 12:4) Kubera ico, Yehova, we ahambaye mu vyo kumenyesha ibintu, yarafashije abantu b’imitima nziraburyarya gutahura insobanuro y’Ijambo ryiwe. Abantu amasinzi ubu baratahura yuko Kirisitu Yezu yimitswe mu majuru ataboneka, mu 1914. Barazi kandi yuko vuba agiye kurangiza ububisha bwose, hanyuma isi ayihindure iparadizo ikwiye kuri uwu mubumbe wose. Uwo muce uhambaye w’inkuru nziza y’Ubwami ubu uriko uramamazwa kw’isi iyo iva ikagera.​—Matayo 24:14.

10. Mu binjana n’ibindi, abantu bakiriye gute impanuro ya Yehova?

10 Egome, muri kahise kose, Yehova yaramenyesheje abantu bo kw’isi ivyo agomba be n’umugambi wiwe. Ivyanditswe muri Bibiliya biravuga abenshi bumvirije, bagashira mu ngiro ubukerebutsi buva ku Mana maze bagahezagirwa kubera ico. Biranavuga ivy’abandi bateye akagere impanuro iranga urukundo y’Imana, bakurikira ingendo ya Adamu na Eva ijana mu mahonero. Yezu ivyo yarabitangiye akarorero igihe yavuga ivyerekeye inzira zibiri z’ikigereranyo. Imwe ijana mu mahonero. Iyo nzira yagutse, icamwo abantu benshi batera akagere Ijambo ry’Imana. Iyindi nzira ijana mu buzima budahera. Naho ipfunganye, ni inzira y’abantu bakeyi bemera Bibiliya uko iri, ni ukuvuga Ijambo ry’Imana, kandi bakabaho bahuza na yo.​—Matayo 7:13, 14.

Dushime Ivyo Dufise

11. Kuba dufise ubumenyi bwerekeye Bibiliya kandi tukaba tuyizera, ni ikimenyamenya c’iki?

11 Woba uri mu bahisemwo inzira ijana mu buzima? Nimba uri mu bayihisemwo, nta nkeka uzoshima kuyigumamwo. Ushobora kubishikako gute? Nuzirikane ubudahengeshanya kandi ufise ugukenguruka, ku mihezagiro ukumenya ukuri kwa Bibiliya vyazaniye ubuzima bwawe. Kuba warakiriye neza inkuru nziza ni ikimenyamenya c’umuhezagiro w’Imana. Yezu ivyo yaravyerekanye igihe yasenga Se wiwe muri aya majambo agira ati: “Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.” (Matayo 11:25) Abarovyi be n’abatozakori baratahuye inyigisho za Yezu, mu gihe indongozi z’amadini zize amashure menshi zo zitabitahura. Yezu yongeye kuvuga ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye.” (Yohana 6:44) Nimba warashitse ku kumenya Bibiliya kandi ukemera inyigisho zayo ukanazikurikira, ico ni ikimenyamenya c’uko Yehova yagukwegereye. Iyo ni impamvu yotuma unezerwa.

12. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Bibiliya itanga umuco?

12 Ijambo ry’Imana ririmwo ukuri gutanga umwidegemvyo, kandi riratanga umuco. Ababaho bisunga ubumenyi bwa Bibiliya barabohowe imiziririzo, inyigisho z’ikinyoma be n’ukutamenya kwiganziye ubuzima bw’abantu amamiliyoni. Nk’akarorero, kumenya ukuri ku vyerekeye ubugingo bituma tutakigira ubwoba na gato bw’uko abapfuye bashobora kutugirira nabi, canke ko abacu dukunda bapfuye bariko baracumukura. Kumenya ukuri ku vyerekeye abamarayika b’ababisha biradufasha kwirinda ingorane z’ivy’ubupfumu. Inyigisho yerekeye izuka irahumuriza ababuze ababo bakunda. (Yohana 11:25) Ubuhanuzi bwa Bibiliya buratwereka aho tugeze mu rukurikirane rw’ibihe, bukanatuma twizigira imihango ya kazoza yatanzwe n’Imana. Burakomeza kandi icizigiro cacu co kubaho ibihe bidahera.

13. Ugushira mu ngiro Ijambo ry’Imana, bitwungura gute ku mubiri?

13 Ingingo ngenderwako z’Imana ziri muri Bibiliya ziratwigisha kubaho mu buryo butuma tuhungukira ku mubiri. Nk’akarorero, turiga kwirinda ingeso zohumanya imibiri yacu, nk’ukunywa itabi be n’ibindi bintu biyayura umutwe. Turamirira kure akaborerwe. (2 Ab’i Korinto 7:1) Kwumvira amategeko y’Imana y’ivyo kwigenza runtu, biraba uburinzi budukingira indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka. (1 Ab’i Korinto 6:18) Bivuye ku kwitondera impanuro Imana itanga yo kwirinda kuba inkunzi y’amahera, ntitwibuza amahoro yacu yo mu muzirikanyi, nk’uko benshi bayasenyuye mu gukurikirana amaronko. (1 Timoteyo 6:10) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe wagize ico wunguka ku mubiri bivuye ku gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana mu buzima bwawe?

14. Impwemu yera igira ico ikoze gute ku buzima bwacu?

14 Nimba tubaho twisunga Ijambo ry’Imana, turaronka impwemu yera ya Yehova. Turatsimbataza umutima nk’uwa Kirisitu, uwurangwa na kamere zikwegera nk’ikigongwe n’imbabazi. (Abanyefeso 4:24, 32) Impwemu y’Imana kandi irama muri twebwe ivyamwa vyayo, nk’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza n’ukwirinda. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Izo kamere zituma tugiranira n’abandi, ushizemwo n’abagize umuryango, ubucuti burangwa agahimbare kandi buri n’ico buvuze. Turaronka inkomezi z’imbere muri twebwe zidufasha guhangana n’amagume tubigiranye uburindutsi. Woba utahura ukuntu impwemu yera yagize ico ikoze ku buzima bwawe bukagira akarusho?

15. Uko duhuza ubuzima bwacu n’ivyo Imana igomba, tuvyungukirako gute?

15 Uko duhuza ubuzima bwacu n’ivyo Imana igomba, turakomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Turarushiriza kujijuka yuko adutahura kandi adukunda. Biciye ku bidushikira, turiga yuko adushigikira mu bihe vy’ingorane. (Zaburi 18:18) Turatahura yuko yumviriza vy’ukuri amasengesho yacu. (Zaburi 65:2) Turiheka ku buyobozi bwiwe, twizigiye yuko tuzobwungukirako. Vyongeye turafise icizigiro c’igitangaza c’uko mu gihe gikwiriye Imana izoshikana abantu bayo b’abizerwa ku kutagira agasembwa, maze ibahe ingabirano itanga y’ubuzima budahera. (Abaroma 6:23) Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.” (Yakobo 4:8) Woba warumvise yuko ubucuti ufitaniye na Yehova bwakomejwe uko uza uramwiyegereza?

Ubutunzi Ntangere

16. Ni amahinduka ayahe Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bagize?

16 Paulo yaribukije Abakirisu basizwe impwemu bo mu kinjana ca mbere yuko bamwebamwe muri bo bahora ari abasambanyi, abarenga ibigo, abamarana inambu n’abo basangiye igitsina, abasuma, abanyamwina, imborerwa, abatukana n’abanyazi. (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Ukuri kwa Bibiliya kwatumye bagira amahinduka akomakomeye; “[b]aruhagiwe.” Nugerageze kwiha ishusho y’ukuntu ubuzima bwawe bwobaye bumeze iyo utaronka ukuri wize muri Bibiliya gutanga umwidegemvyo. Nta nkeka ko ukuri ari ubutunzi ntangere. Ese ukuntu duhiriwe kuba Yehova aganira natwe!

17. Ni gute Ivyabona vya Yehova bafunguriwe mu buryo bw’impwemu ku makoraniro y’Abakirisu?

17 Ikigeretseko, iyumvire imihezagiro dufise mu kivukano cacu kigizwe n’amoko menshi! “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW) aratanga imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu mu gihe kibereye, ushizemwo Bibiliya, ibinyamakuru n’ibindi bisohokayandikiro vyo mu ndimi nyinshi cane. (Matayo 24:45-47) Mu makoraniro y’ishengero mu mwaka w’2000, Ivyabona vya Yehova barihweje ivyiyumviro bikurubikuru bivuye mu bitabu nyamukuru umunani vy’Ivyanditswe vy’Igiheburayo. Bararimbuye igitabu Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare, igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera hamwe n’Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Vyongeye, ukwizera kwabo kwarakomejwe n’inyigisho y’igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche! Ibiganiro vyinshi vy’Umunara w’Inderetsi na vyo nyene vyararimbuwe. Ikindi na co,abasavyi ba Yehova baragaburiwe hakoreshejwe inomero 12 z’Igikorwa Dukorera Ubwami, be n’insiguro z’icese zashikirizwa ku ndwi ku ndwi zishingiye ku biganiro bitandukanye vyo muri Bibiliya. Ese ukuntu ari ubutunzi bw’ubumenyi bwo mu buryo bw’impwemu bwashoboye gutangwa!

18. Ni mu buryo ubuhe dufashwa mw’ishengero ry’Abakirisu?

18 Kw’isi iyo iva ikagera amashengero arenga 91.000 aratanga imfashanyo be n’indemesho biciye ku makoraniro no ku guhurikira hamwe. Turungukira kandi ku gushigikirwa n’Abakirisu bagenzi bacu bahumuye, bafise umutima ukunze wo kudufasha mu buryo bw’impwemu. (Abanyefeso 4:11-13) Egome, twarungukiye cane ku kuronka ubumenyi bwerekeye ukuri. Ni umunezero kumenya Yehova no kumukorera. Ese ukuntu amajambo yanditswe n’umwanditsi wa Zaburi ari ay’ukuri. Agira ati: “Hahirwa ihanga rifise [“Yehova,” NW] kw Imana yaryo!”​—Zaburi 144:15.

Woba Uvyibuka?

• Ni bande Yehova yaganirije mu bihe vy’imbere y’Ubukirisu?

• Ni gute umuco wo mu buryo bw’impwemu warushirije gukayangana mu kinjana ca mbere? Muri ibi bihe vya none ho?

• Ukubaho umuntu yisunga ukumenya Yehova bizana imihezagiro iyihe?

• Ni kuki tunezererwa ubumenyi dufise bwerekeye Imana?

[Amafoto ku rup. 22]

Yehova yarabwiye ivyo agomba Musa, Nowa na Aburahamu

[Ifoto ku rup. 23]

Muri iki gihe cacu, Yehova yararasiye umuco kw’Ijambo ryiwe

[Amafoto ku rup. 24]

Iyumvire imihezagiro dufise mu kivukano cacu kigizwe n’amoko menshi!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika