ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/8 rup. 29-32
  • Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impwemu Ni Iki?
  • “Umukungugu Ni Wo Uzosubiramwo”
  • Umushaha Ari wo Mpwemu “Ugasubira ku Mana”
  • Icizigiro Kidakekeranywa
  • Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?
    Woba ufise umutima w’ubwenge udapfa?
  • Bigendera Gute Abacu Bapfuye?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Imizimu Si Ibintu Vyabaye kw Isi Canke Vyahapfiriye
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Abantu boba vy’ukuri bafise muri bo ikintu kitaboneka kandi kidahwera?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/8 rup. 29-32

Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?

INTUMWA Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka.” (2 Timoteyo 3:16) Egome, Bibiliya ni igitabu c’ukuri kiva ku Mana y’ukuri, Yehova.​—Zaburi 83:18.

Kubera yuko Yehova ari we Muremyi w’ibintu vyose, ushizemwo n’abantu, arazi neza uko bitugendera iyo dupfuye. (Abaheburayo 3:4; Ivyahishuriwe 4:11) Vyongeye mw’Ijambo ryiwe ryahumetswe, ari ryo Bibiliya, yaratanze inyishu z’ukuri kandi zishika ku nyota ku bibazo vyerekeye ubuzima bw’inyuma y’ugupfa.

Impwemu Ni Iki?

Muri Bibiliya, amajambo yahinduwe ngo “impwemu” asigura canecane “impemu.” Mugabo ivyo ntibirimwo gusa igikorwa co guhema. Nk’akarorero, umwanditsi wa Bibiliya Yakobo avuga ati: “Umubiri utarimw’impwemu uba upfuye.” (Yakobo 2:26) Impwemu rero ni kirya gituma umubiri ukora.

Iyo nguvu ikoresha umubiri ntishobora gusa kuba ari impemu zinyuragira mu mahaha. Kubera iki? Kubera yuko umuntu aretse guhema, ubuzima buguma mu tugingo ngengabuzima tw’umubiri igihe gitoyi, nk’“iminuta nk’ingahe,” nk’uko igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kibivuga. Kubera iyo mvo, utwigoro two guhembura umuntu turashobora kuroranirwa. Mugabo igihe ka gasase k’ubuzima kazimye mu tugingo ngengabuzima tw’umubiri, utwigoro twose two kugarura ubuzima tuba impfagusa. Impemu zose ziri kw’isi, nta n’akagingo ngengabuzima na kamwe zishobora gusubiza kazima. Impwemu rero ni inguvu y’ubuzima itaboneka, ni ukuvuga agasase k’ubuzima gatuma utugingo ngengabuzima be n’umuntu biguma ari bizima. Iyo nguvu y’ubuzima ibungabungwa n’uguhema.​—Yobu 34:14, 15.

Mbega iyo mpwemu yoba ikorera mu bantu gusa? Bibiliya iradufasha gushika ku ciyumviro c’ukuri kuri ivyo. Umwami w’inkerebutsi Salomo yaremeye icese yuko abantu n’ibikoko “vyose [“bifise impwemu imwe,” NW], yongera abaza ati: “Impwemu z’umuntu iyo zimuvuyemwo, ni nde yomenya ko zidūga? Cank’impwemu z’igikōko iyo zikivuyemwo ko zimanuka mu kuzimu?” (Umusiguzi 3:19-21) Rero, ibikoko cokimwe n’abantu bivugwa yuko bifise impwemu. None ivyo bishoboka gute?

Impwemu, ari yo nguvu y’ubuzima, ishobora kugereranywa n’umuyagankuba unyuragira mu mashini canke mu gikoresho kinaka. Uwo muyagankuba utaboneka ushobora gukora ibintu bitandukanye, bivuye ku bwoko bw’igikoresho uha inguvu. Nk’akarorero, ishiga ry’ikizungu rirashobora gukorwa kugira ngo ritange ubushuhe, orodinateri igakorwa kugira ngo itange amakuru na televiziyo igahingurwa kugira ngo yerekane amashusho isohore n’amajwi. Yamara, uwo muyagankuba ntiwigera ufata akaranga k’igikoresho ukoresha. Uguma gusa ari inguvu. Muri ubwo buryo nyene, iyo nguvu y’ubuzima ntifata namba akaranga k’ibiremwa ikoresha. Nta kamere ifise, nta bushobozi bwo kwiyumvira ifise. Abantu n’ibikoko “bafise impwemu imwe.” (Umusiguzi 3:19, NW) Ku bw’ivyo, igihe umuntu apfuye impwemu yiwe ntibandanya kubaho mu kandi karere ari ikiremwa c’impwemu.

None abapfuye bamerewe gute? Kandi nya mpwemu biyigendera gute iyo umuntu apfuye?

“Umukungugu Ni Wo Uzosubiramwo”

Igihe umuntu wa mbere Adamu yagambarara ibwirizwa ry’Imana n’ibigirankana, Imana yamubwiye iti: “Kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19) Adamu yari he imbere yuko Yehova amurema mu mukungugu? Emwe nta na hamwe yari! Muri make ntiyariho. Igihe rero Yehova Imana yavuga yuko Adamu ‘yosubiye mw ivu,’ yashaka kuvuga yuko Adamu yopfuye maze agasubira gucika ivu. Adamu ntiyokwimuriwe mu karere k’impwemu. Adamu apfuye yociye asubira gucika uwutariho. Igihano ciwe kwari ugupfa, ni ukuvuga ukutabaho, ntikwari ukwimurirwa mu kandi karere.​—Abaroma 6:23.

Tuvuge iki ku bandi bantu bapfuye? Uko abapfuye bamerewe kuratomorwa neza mu Musiguzi 9:5, 10, aho dusoma ngo: “Abapfuye nta co baba bakizi, . . . [N]ta gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu.” Urupfu rero ni imero y’ukutabaho. Umwanditsi wa Zaburi yanditse yuko igihe umuntu apfuye, “impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.”​—Zaburi 146:4.

Biragaragara yuko abapfuye batariho. Ntibashobora kumenya ikintu na kimwe. Ntibashobora kukubona, kukwumva canke kukuvugisha. Ntibashobora no kugufasha canke ngo bakugirire nabi. Mu vy’ukuri ntibikenewe ko utinya abapfuye. Ariko umuntu impwemu “zimuvamwo” gute iyo apfuye?

Umushaha Ari wo Mpwemu “Ugasubira ku Mana”

Bibiliya ivuga yuko iyo umuntu apfuye, “umushaha usubira ku Mana yawutanze.” (Umusiguzi 12:7) Ivyo vyoba bisigura yuko impwemu uko yakabaye igenda nya kugenda mu kirere igashika aho Imana iri? Haba n’intete! Uburyo Bibiliya ikoreshamwo iryo jambo ngo “ugasubira,” ntibusaba kugenda nya kugenda uva ahantu ukaja ahandi. Nk’akarorero, Abisirayeli b’ibihemu babwiwe bati: “Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize.” (Malaki 3:7) ‘Ukugaruka’ kwa Isirayeli kuri Yehova kwasigura guhindukira bagaheba ingendo mbi maze bagasubira guhuza n’inzira igororotse y’Imana. Hanyuma ‘ukugaruka’ kwa Yehova kuri Isirayeli kwasigura ko yosubiye kwitwararika abasavyi biwe akabatonesha. Kuri bompi, ‘guhindukira’ vyarimwo inyifato, ntikwari ukugenda nya kugenda bava mu karere kanaka ngo baje mu kandi.

Mu buryo nk’ubwo, iyo umuntu apfuye, igihe impwemu ‘isubira’ ku Mana ntigenda nya kugenda iva kw’isi ija mu karere ko mw’ijuru. Igihe inguvu y’ubuzima ivuye mu muntu, Imana yonyene ni yo iba ifise ubushobozi bwo kuyimusubiza. Impwemu rero “[i]subira ku Mana” mu buryo bw’uko kuri nya muntu, icizigiro ico ari co cose co kuzosubira kubaho muri kazoza, kiba gihagaze ku Mana yonyene.

Nk’akarorero rimbura ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye urupfu rwa Yezu Kirisitu. Luka umwanditsi w’injili yigana ati: “Yezu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize [“impwemu yanje,” NW]. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna.” (Luka 23:46) Aho impwemu ya Yezu imuviriyemwo, ntiyaciye ifata inzira ija mw’ijuru. Yezu ntiyazuwe mu bapfuye imbere y’umusi ugira gatatu. Kandi hari hagisigaye iyindi misi 40 imbere y’uko aduga mw’ijuru. (Ivyakozwe 1:3, 9) Ariko rero igihe Yezu yapfa, yarashize impwemu yiwe mu maboko ya Se abigiranye ukwizigira, akaba yari yizigiye bimwe bishitse ububasha Yehova afise bwo kumusubiza muzima.

Egome, Imana irashobora gusubiza umuntu muzima. (Zaburi 104:30) Ese ukuntu ivyo biduha ivyizigiro bihambaye!

Icizigiro Kidakekeranywa

Bibiliya ivuga iti: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva [“z’icibutso,” NW] bose bazokwumvira ijwi [rya Yezu], bakazivamwo.” (Yohana 5:28, 29) Egome, Yezu Kirisitu yaratanze umuhango w’uko abo bose Yehova yibuka bazozurwa, ari kwo gusubizwa bazima. Muri abo hazoba mu vy’ukuri harimwo abasavyi ba Yehova bakurikiranye ingendo igororotse. Ariko hari abandi bantu amamiliyoni n’amamiliyoni bapfuye batarerekana ko bogamburutse ingingo mfatirwako z’Imana zigororotse. Bashobora kuba batamenye ivyo Yehova asaba canke barabuze umwanya uhagije wo kugira amahinduka akenewe. Abantu nk’abo na bo nyene bari mu bo Imana yibuka kandi bazozurwa, kubera Bibiliya ivuga iti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.”​—Ivyakozwe 24:15.

Muri iki gihe, isi yuzuyemwo inzankano n’umuryano, ubukazi n’ugusesa amaraso, ugutosekara kw’ibidukikije be n’indwara. Mu gihe abapfuye bosubizwa bazima kw’isi imeze gutya, nta nkeka ko ubuhirwe bogira bwoba ubw’akanya gato. Ariko Umuremyi yatanze umuhango yuko vuba agiye kurangiza iki kibano co muri iyi isi kiyoborwa na Shetani wa Murwanizi. (Imigani 2:21, 22; Daniyeli 2:44; 1 Yohana 5:19) Ikibano c’Abantu bagororotse, ni ukuvuga “isi nsha,” ico gihe izobaho koko bimwe vy’igitangaza.​—2 Petero 3:13.

Muri ico gihe “uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.” (Yesaya 33:24) Mbere n’umubabaro uterwa n’urupfu uzokurwaho, kubera Imana “izohanagura amasozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” (Ivyahishuriwe 21:4) Ese ukuntu ico ari icizigiro ku bari “mu mva [“z’icibutso,” NW]!

Yehova niyakura ububisha kw’isi, ntazorandurana abagororotsi n’ababisha. (Zaburi 37:10, 11; 145:20) Kukaba nkako, “ishengero ryinshi” ry’abantu “bo mu mahanga yose n’amoko yose n’imiryango yose n’indimi zose” bazorokoka wa “mubabaro mwinshi” uzosangangura iyi si mbi ya none. (Ivyahishuriwe 7:9-14) Ku bw’ivyo, hari amasinzi n’amasinzi bazoba bahari kugira ngo bahe ikaze abapfuye bazuka.

Woba ushashaye gusubira kubona abawe? Woba ushaka kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi? Utegerezwa rero kwironsa ubumenyi ntagakosa bw’ivyo Imana igomba be n’imigambi yayo. (Yohana 17:3) Ico Yehova agomba ni uko “abantu [“b’uburyo bwose,” NW] bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri.”​—1 Timoteyo 2:3, 4.

[Ifoto ku rup. 29]

“Ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo”

[Ifoto ku rup. 30]

Impwemu ishobora kugereranywa n’umuyagankuba

[Ifoto ku rup. 32]

Izuka rizozana umunezero wamaho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika