Nitube Abimbuzi Banezerewe!
“Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”—MATAYO 9:37, 38.
1. Ni igiki kidufasha gukomera ku muheto mu gukora ivyo Imana igomba?
IYO twibutse umusi twabatirijweko ngo tube mu basavyi ba Yehova, haba haciye imyaka mikeyi canke myinshi, bishobora gusa nk’aho vyabaye ejo. Gushemeza Yehova vyacitse co kintu ca mbere mu buzima bwacu twamweguriye. Igihe twacungura umwanya ubereye kugira ngo dufashe abandi ngo bumve kandi kumbure bemere ubutumwa bw’Ubwami, ikintu caturaza ishinga kuruta wari umurimo utera umunezero turangurira Yehova. (Abanyefeso 5:15, 16) Gushika uyu musi, turabona yuko umwanya wiruka mu gihe ‘dufise vyinshi dukora mu Mwami.’ (1 Ab’i Korinto 15:58) Naho duhura n’ingorane, umunezero tugira mu gukora ivyo Yehova agomba ni wo uzodusunika.—Nehemiya 8:10.
2. Ni igiki kigira ico giterera ku munezero turonka mu gikorwa c’iyimbura co mu buryo bw’ikigereranyo?
2 Uko turi Abakirisu, turi mu gikorwa c’iyimbura co mu buryo bw’ikigereranyo. Ugutororokanya abantu ku bw’ubuzima budahera, Yezu Kirisitu yabigereranije n’iyimbura. (Yohana 4:35-38) Kubera turiko turagira uruhara mu gikorwa nk’ico c’iyimbura, turaza kuremeshwa nitwasuzuma umunezero abimbuzi b’Abakirisu bo mu ntango bagize. Turaja kwihweza ibintu bitatu bigira ico biterera ku munezero turonkera mu gikorwa c’iyimbura co muri iki gihe. Ivyo bintu ni (1) ubutumwa bwacu bw’icizigiro, (2) ukuntu twererwa mu kurondera abantu, hamwe (3) n’agatima ko kuremesha amahoro tugaragaza mu kwimbura.
Barungitswe Kuba Abimbuzi
3. Abayoboke ba Yezu bo mu ntango bagize umunezero mu vyerekeye iki?
3 Ese ukuntu ubuzima bw’abimbuzi bo mu ntango, na canecane ubwa za ntumwa za Yezu 11 z’intahemuka, bwahindutse ku musi umwe wo mu 33 G.C., igihe baja ku musozi i Galilaya guhura na Kirisitu yazutse! (Matayo 28:16) “Bene Data basāga amajana atanu,” bashobora kuba ariho bari bari ico gihe. (1 Ab’i Korinto 15:6) Ibanga Yezu yabashinze barigumiza ku muzirikanyi. Yababwiye ati: “Ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Naho bahuye n’uruhamo rukaze, baragize umunezero mwinshi mu gikorwa c’iyimbura uko babona amashengero y’abayoboke ba Kirisitu aza arashingwa ahantu henshi. Mu nyuma ‘ubutumwa bwiza bwariko buravugwa mu baremwe bose bo musi y’ijuru.’—Ab’i Kolosayi 1:23; Ivyakozwe 1:8; 16:5.
4. Abigishwa ba Kirisitu barungitswe ibintu vyifashe gute?
4 Mu ntango y’ubusuku bwiwe i Galilaya, Yezu yarahamagaje za ntumwa 12 maze azirungika canecane ngo zije kuvuga ziti: “Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” (Matayo 10:1-7) We ubwiwe “[yar]agendagen[ze] mu bisagara vyose [vy’i Galilaya] no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara zose n’ubumuga bgose.” Yezu yarumviye akagongwe ishengero “kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Matayo 9:35, 36) Vyaramukoze ku mutima cane, maze abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa [Yehova Imana] arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.” (Matayo 9:37, 38) Yezu yarabonye ko hakenewe abimbuzi cokimwe n’uko yabibonye i Yudaya igihe ubusuku bwiwe kw’isi bwari busigaje gusa amezi atandatu. (Luka 10:2) Muri ivyo bihe vyompi, yararungitse abayoboke biwe gukora igikorwa c’iyimbura.—Matayo 10:5; Luka 10:3.
Ubutumwa Bwacu bw’Icizigiro
5. Ni ubutumwa bwoko ki tumenyekanisha?
5 Kubera turi abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none, turitabirana umunezero akamo duterwa ko kuba abimbuzi. Ikintu kimwe kigira ico giterera cane ku munezero tugira ni uko dushira ubutumwa bw’icizigiro abantu bavunitse umutima kandi bishwe n’intuntu. Nka kumwe kw’abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere, ese ukuntu ari agateka dufise ko kumenyekanisha inkuru nziza, akaba ari ubutumwa nyakuri bw’icizigiro, ku bantu “bagowe basābagiye nk’intama zitagira umwungere!”
6. Ni umurimo uwuhe intumwa zagiyemwo mu kinjana ca mbere?
6 Hagati mu kinjana ca mbere, intumwa Paulo yari afise vyinshi akora mu kwamamaza inkuru nziza. Kandi igikorwa ciwe c’iyimbura nta nkeka caragira ico kivamwo, kubera ko igihe yandikira Abakirisu b’i Korinto nko mu 55 G.C., yavuze ati: “Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgākīra, kandi mukabuhagararamwo.” (1 Ab’i Korinto 15:1) Intumwa be n’abandi Bakirisu bo mu ntango bari abimbuzi b’abanyamwete. Naho Bibiliya itatubwira igitigiri c’intumwa zarokotse vya bintu bihambaye vyarangirana n’isangangurwa rya Yeruzalemu mu 70 G.C., turazi yuko imyaka 25 inyuma y’aho, intumwa Yohani yari akiriko aramamaza.—Ivyahishuriwe 1:9.
7, 8. Ni ubutumwa ubuhe bw’icizigiro abasavyi ba Yehova bariko batangaza ubu bavyihutira kuruta ikindi gihe ico ari co cose?
7 Inyuma y’ivyo, haje ibinjana vy’ukuganza kw’abakuru b’amadini y’Abiyita Abakirisu, ni ukuvuga “wa muntu w’umugarariji” akaba n’umuhakanyi. (2 Ab’i Tesalonike 2:3) Ariko rero, amaja mu mpera z’ikinjana ca 19, abarondera guhuza ubuzima bwabo n’Ubukirisu bwo mu ntango barakiriye ubutumwa bw’ icizigiro, bamenyekanisha Ubwami. Kukaba nkako, guhera ku nomero ya mbere y’iki kinyamakuru (yo muri Mukakaro 1879), umutwe waco wamye urimwo amajambo avuga ngo: “Umenyekanisha Ukuhaba kwa Kirisitu,” “Umenyekanisha Ubwami bwa Kirisitu” canke “Utangaza Ubwami bwa Yehova.”
8 Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bwashinzwe mu minwe ya Yezu Kirisitu mu 1914, kandi ubu turiko turatangaza ubutumwa bw’icizigiro tuvyihutira kuruta ikindi gihe cose cigeze kubaho. Kubera iki? Kubera ko mu mihezagiro ubutegetsi bw’Ubwami buzozana harimwo iherezo ryegereje ry’urunkwekwe rwa none rubi rwa Shetani. (Daniyeli 2:44) Hari ubundi butumwa bwoza ari bwiza kuruta ubwo? Vyongeye ni umunezero uwuhe twoshobora kuronka uruta uwo kugira uruhara mu gutangaza ubwo Bwami imbere yuko ya “marushwa ahambaye” yaduka?—Matayo 24:21; Mariko 13:10.
Ukuntu Twererwa mu Kurondera Abantu
9. Yezu yategetse abigishwa biwe, kandi abantu bakiriye gute ubutumwa bw’Ubwami?
9 Ikindi kintu gituma tugira umunezero mu gikorwa cacu c’iyimbura ni ukuntu twererwa mu kurondera abacika abigishwa maze bakifatanya natwe muri ico gikorwa. Mu mwaka wa 31 no mu wa 32 G.C., Yezu yabwirije abigishwa biwe ati: “Igisagara cose cank’imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye.” (Matayo 10:11) Nk’uko vyerekanwa n’ukuntu bakira ubutumwa bw’Ubwami, si abantu bose bari babereye. Naho ari ukwo, abigishwa ba Yezu baramamaje inkuru nziza babigiranye umwete ahantu hose abantu bashobora kuba bari.
10. Paulo yabandanije gute kurondera ababereye?
10 Yezu amaze gupfa akongera akazuka, ukurondera ababereye kwarabandanije mu buryo bukomeye. Paulo yarafashije Abayuda kuzirikana bari mu masinagogi yabo, yongera arazirikana n’abantu bari mu kaguriro i Atenayi. Igihe yashinga intahe kuri Areyopago muri ico gisagara co mu Bugiriki, “abagabo bamwe b[ari]fatan[ije] na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, [hamwe] n’umugore yitwa Damari, n’abandi hamwe na bo.” Aho Paulo yaja hose, yari kandi intangakarorero mu kwamamaza “imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.”—Ivyakozwe 17:17, 34; 20:20.
11. Ni uburyo ubuhe bwo kurangura ubusuku bwakoreshejwe mu myaka yahera?
11 Mu myaka mirongo irangiza ikinjana ca 19, Abakirisu basizwe baragiye mu vyo kurondera bashize amanga ababereye. Mu kiganiro kimwe cari gifise umutwe uvuga ngo “Basīzwe kugira ngo Bamamaze” co mu Munara w’Inderetsi w’i Siyoni (mu Congereza) wo muri Mukakaro na Myandagaro 1881 havuze hati: “Ukwamamaza inkuru nziza . . . ku ‘bagwaneza’ kuriko kurabandanya, ni ukuvuga abantu bafise umutima ukunze kandi bashobora kwumviriza, kugira ngo muri bo haboneke abagize umubiri wa Kirisitu, abaraganwa na we.” Abimbuzi b’Imana kenshi na kenshi bahura n’abantu nk’abo igihe baba bavuye mu misa maze abo bimbuzi bakabaha amataragiti arimwo ubutumwa bushingiye ku Vyanditswe bugenewe gutuma ababibereye bavyakira neza. Kimaze kurimbura citonze ukuntu ubwo buryo bwo gushinga intahe ari ngirakimazi, Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 15 Rusama 1903, warahimirije abimbuzi kugabanganya ayo mataragiti “inzu ku yindi, ku y’Iyinga mu gitondo.”
12. Ni mu buryo ki twatumye igikorwa cacu co kwamamaza kirushiriza kuba kirumara? Tanga akarorero.
12 Muri iyi myaka iheruka, twaranguye ubusuku bwacu mu gushikira abantu mu bindi bibanza atari gusa mu ngo zabo. Ivyo vyaragaragaye ko ari ngirakimazi mu bihugu aho ivy’ubutunzi be n’ukwirukira ivy’ukwinezereza bituma abantu bataba bari i muhira mu mwanya dukunda kubagendera. Igihe Icabonakazi umwe wo mu Bwongereza be na mugenziwe bihweza ukuntu ingenzi ziza zirasubira inyuma mw’ibisi zihejeje gusama akayaga ku nkengera y’ikiyaga, baragize umutima rugabo wo kwinjira muri ayo mabisi maze bashikiriza izo ngenzi amakopi y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Mu kwezi kumwe, bagabanganije amakopi 229. Bigana bati: “Ntidutinya gushinga intahe ku nkengera z’ikiyaga, mu vyibare bigirirwamwo ubucuruzi, canke ngo dutinye iyindi ngorane iyo ari yo yose twohura na yo, kubera tuzi yuko Yehova yama nantaryo ari kumwe natwe.” Baraciye inzira y’ibinyamakuru, baratanguza inyigisho ya Bibiliya, kandi bompi baragira uruhara mu murimo w’ubutsimvyi bwo gufasha.
13. Ni ibiki ubu bisabwa ko duhindura mu busuku bwacu mu bibanza bimwebimwe?
13 Mu gihe tukibandanya kurondera ababereye, mu mihingo imwimwe vyokenerwa ko turimbura twitonze ico twohindura ku busuku bwacu. Naho Ivyabona benshi bamenyereye kuja kwamamaza inzu ku yindi ku misi y’iyinga mu gitondo, mu turere tumwetumwe babona yuko ukugendera abantu hakiri kare i muhira ataco bivamwo kubera abahaba bashobora kuba baruhutse. Bivuye ku guhindura urutonde rwabo, Ivyabona benshi ubu babandanya kubarondera umusi witereye, kumbure bakabigira inyuma y’amakoraniro ya gikirisu. Kandi ukwo kurondera mu vy’ukuri kwaragaragaye ko kwimbuka. Mu mwaka uheze igitigiri c’abamamaji b’Ubwami kw’isi yose congerekanye ibice 2,3 kw’ijana. Ivyo biratera iteka Nyen’ivyimburwa kandi bigatera umunezero imitima yacu.
Nuzigame Amahoro mu Gikorwa c’Iyimbura
14. Dushikiriza ubutumwa bwacu dufise agatima akahe, kandi kuki?
14 Iyindi mvo ituma tugira umunezero ifitaniye isano n’agatima ko kuremesha amahoro tugaragaza mu gikorwa c’iyimbura. Yezu yavuze ati: “Mucinjira mu nzu muyiramutse; nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako.” (Matayo 10:12, 13) Indamukanyo y’Igiheburayo be n’ijambo rihuye na yo rikoreshwa mu Kigiriki co muri Bibiliya, vyompi bitanga iciyumviro kivuga ngo: ‘Ese vyokugendera neza.’ Ako gatima ni ko gatuma tubona abantu mu buryo bunaka, mu gihe twamamaza inkuru nziza. Icizigiro cacu ni ic’uko bazokwakira neza ubutumwa bw’Ubwami. Ku babwakira neza, hariho icizigiro c’uko bashobora gusubiza hamwe n’Imana mu gihe bigaye ivyaha vyabo, bagahindukira, maze bagakora ivyo igomba. Amahoro y’Imana na yo, abashikana ku buzima budahera.—Yohana 17:3; Ivyakozwe 3:19; 13:38, 48; 2 Ab’i Korinto 5:18-20.
15. Dushobora gute kuzigama agatima karanga amahoro igihe duhuye n’abavyakira nabi mu gikorwa cacu co kwamamaza?
15 Dushobora gute kuzigama amahoro yacu mu gihe duhuye n’abavyakira nabi? Yezu yabwirije ati: “[Nya nzu] ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako.” (Matayo 10:13) Inkuru ya Luka ivuga ivy’ukurungika abigishwa 70 irimwo amajambo ya Yezu agira ati: “Ni yaba irimw’umunyamahoro, amahoro yanyu azoba kuri we: ni bitāmera birtyo, azobagarukako.” (Luka 10:6) Igihe twegera abantu tubashiriye inkuru nziza, tubigira dukeye mu maso kandi mu buryo buranga ko turi abanyamahoro. Nyenurugo avyakiriye nk’utabinezwe, akavyanka, canke akavuga amajambo ataranga ubuntu ivyo vyonyene bituma ubutumwa bwacu bw’amahoro ‘butugarukako.’ Ariko nta na kimwe muri ivyo kitubuza amahoro, na yo akaba ari kimwe mu vyamwa vy’impwemu yera ya Yehova.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.
Umugambi Mwiza ku Bimbuzi
16, 17. (a) Ni intumbero iyihe tuba dufise igihe dusubira kugendera abantu? (b) Dushobora gute gufasha abafise ibibazo vyerekeye Bibiliya?
16 Twebwe abimbuzi turahimbarwa no kugira uruhara mw’itororokanywa ry’abantu ku bw’ubuzima budahera. Kandi ese ukuntu tugira umunezero igihe umuntu twamamajeko avyakiriye neza, ashaka kumenya ibindi vyinshi, kandi akagaragaza ko ari “umunyamahoro”! Kumbure arafise ibibazo vyinshi vyerekeye Bibiliya gutyo tukabona ko bidashoboka kuvyishura vyose tumugendeye rimwe. Kubera ko tuhamaze igihe kirekire ari bwo bwa mbere tumugendeye vyoba bitabereye, ni igiki gishobora none gukorwa? Turashobora kugira umugambi nk’umwe haciye nk’imyaka 60 usabwe.
17 “Ivyabona vya Yehova bose bakwiye kwitegurira kurongora inyigisho z’akarorero muri Bibiliya.” Ayo majambo aseruka mu gice ca gatatu c’urukurikirane rw’udutabu turimwo ubuyobozi twitwa twasohowe guhera mu 1937 gushika mu 1941. Habandanije hagira hati: “Abamamaji b’[Ubwami] bose bakwiye kuba abanyamwete mu gusahiriza mu buryo bwose bushoboka abantu bafise umutima ukunze, berekana ko bashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami. Abo bantu barakwiye gusubira kugenderwa, tukishura ibibazo bitandukanye . . . , hanyuma tugatanguza inyigisho y’akarorero . . . vuba bishoboka.” Egome, intumbero yacu mu gusubira kugendera abantu ni iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana no kuyirongora ubudahorereza.a Gufata umuntu yashimishijwe nk’umugenzi be no kumwitwararika mu buryo buranga urukundo biratuvyurira umutima wo kwitegura neza no kurongora iyo nyigisho mu buryo kirumara.
18. Dushobora gute gufasha abashasha gucika abigishwa ba Yezu Kirisitu?
18 Tubifashijwemwo n’igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera be n’udutabu nka Ni Ibiki Imana Idusaba?, turashobora kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana mu buryo kirumara kandi gutyo tugashobora kugira uruhara mu gusahiriza abaherutse gushimishwa kugira bacike abigishwa. Mu gihe turondera kwigana wa Mwigisha Mukuru, Yezu Kirisitu, birashoboka ko mwene abo batohoji ba Bibiliya bazokwigira no ku buryo tugaragaza ko turi abanyamahoro, abanyamunezero, abatagira uburyarya, no ku kuntu twubaha ingingo mfatirwako za Yehova be n’ubuyobozi bwiwe. Igihe dufasha abashasha mu kwishura ibibazo vyabo, nimuze kandi dukore uko dushoboye kwose kugira ngo tubigishe ukuntu bashobora kwishura abababaza ibibazo. (2 Timoteyo 2:1, 2; 1 Petero 2:21) Twebwe abimbuzi bo mu buryo bw’ikigereranyo, nta nkeka turashobora kugira umunezero kubona incahagati y’inyigisho za Bibiliya zo ku mihana 4.766.631 zararongowe kw’isi yose muri uyu mwaka w’umurimo uheze. Turanezerwa canecane mu gihe ubwacu turi muri abo bimbuzi bagira uruhara mu gikorwa co kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana.
Nubandanye Kunezererwa Iyimbura
19. Ni kuki mu gihe c’ubusuku bwa Yezu n’inyuma y’aho gatoyi hariho imvo nziza zo kunezererwa iyimbura?
19 Mu gihe c’ubusuku bwa Yezu n’inyuma yaho gatoyi, hariho imvo nziza zo kunezererwa iyimbura. Benshi ico gihe barakiriye neza inkuru nziza. Umunezero wabaye mwinshi canecane kuri Pentekote yo 33 G.C., kubera ko abantu nk’3.000 ico gihe bemeye ubuyobozi bwa Petero, bararonka impwemu yera ya Yehova, maze bacika abo mu bagize ihanga ry’Imana rya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Mu vy’ukuri, ibitigiri vyabo vyaguma vyongerekana kandi umunezero ukagwira uko “Imana [y]abongera[ko] imisi yose abama barakizwa.”—Ivyakozwe 2:37-41, 46, 47; Ab’i Galatiya 6:16; 1 Petero 2:9.
20. Ni ibiki bituzanira umunezero mwinshi mu gikorwa cacu c’iyimbura?
20 Muri ico gihe, ubuhanuzi bwa Yesaya bwariko bugaragara ko ari ubw’ukuri. Bugira buti: “[Yehova] wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’abantu banezerwa bagabanganye iminyago.” (Yesaya 9:3) Naho ubu tubona yuko iryo ‘hanga ryagwiriye’ ry’abasizwe risa n’iryakwiye, umunezero wacu urongerekana uko twihweza ukuntu igitigiri c’abandi bimbuzi congerekana ku mwaka ku mwaka.—Zaburi 4:7; Zekariya 8:23; Yohana 10:16.
21. Ni ibiki twihweza mu kiganiro gikurikira?
21 Nta nkeka turafise imvo zumvikana zo kuguma tunezererwa igikorwa c’iyimbura. Ubutumwa bwacu bw’icizigiro, ukurondera ababereye be n’agatima dufise ko kuremesha amahoro, ivyo bintu vyose biratuzanira umunezero twebwe abimbuzi. Naho ari ukwo, bituma benshi baturwanya mu buryo bukaze. Ivyo vyarashikiye intumwa Yohani. Yarapfungiwe mw’izinga rya Patimo “bam[uho]ra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.” (Ivyahishuriwe 1:9) None rero, dushobora gute kuzigama umunezero wacu igihe duhanganye n’uruhamo be n’ukurwanywa? Ni igiki kizodufasha kwihanganira agatima gakomantaye k’abantu benshi dushikiriza inkuru nziza ubu? Ikiganiro cacu gikurikira kiratanga imfashanyo yo mu Vyanditswe mu kwishura ivyo bibazo.
[Akajambo k’epfo]
a Mu ntango inyigisho zaringanizwa mu turere imigwi y’abantu bashimishijwe yashobora gutororokaniramwo. Ariko rero bidatevye, inyigisho zaranagiriwe umuntu umwumwe ukwiwe be n’imiryango.—Raba igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu urupapuro 574, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura Gute?
• Igikorwa c’iyimbura c’ikigereranyo ni iki?
• Ni ubutumwa bwoko ki dutangaza?
• Ni kuki turoranirwa mu kurondera abigishwa?
• Tuzigama gute amahoro mu gikorwa c’iyimbura?
• Ni kuki tubandanya kunezererwa iyimbura?
[Amafoto ku rup. 10]
Kwamamaza mu kinjana ca 1 no mu ca 20
[Amafoto ku rup. 11]
Nka kumwe kwa Paulo, abimbuzi bo mu gihe ca none baragerageza gushikira abantu aho bari ho hose
[Ifoto ku rup. 11]
Niwamamaze inkuru nziza ufise agatima keza