Urafise Uburenganzira bwo Kwemera
Nta nkeka urashima uburengazira ufise bwo kwemera ivyo ushaka vyose. N’umuntu wundi wese arashima ubwo burenganzira. Bivuye ku gukoresha ubwo burengazira, abantu amamiliyaridi atandatu baba kw’isi baragiye mu vy’ukwemera ibintu bitandukanye bitangaje. Nka kurya ivyaremwe dusanga bitandukanye ku mabara, ku buryo bibumvye, ku bibigize, ku kanovera, ku kamoto be no kw’ijwi, kenshi na kenshi ivyo abantu bemera bitandukanye biratuma ubuzima burushiriza kuba ubushimishije, ubuhimbaye kandi burimwo akanyamuneza. Mu vy’ukuri amatandukaniro nk’ayo arashobora gutuma ubuzima burushiriza kuryoha.—Zaburi 104:24.
ARIKO ukwiyubara kurakenewe. Ibintu bimwebimwe abantu bemera ntibitandukanye gusa, ahubwo kandi birimwo ingeramizi. Nk’akarorero, mu ntango y’ikinjana ca 20, abantu bamwebamwe barashitse ku kwemera yuko Abayuda be n’abo mw’ishirahamwe rimwe ryitwa Franc-maçons bari bashinze imigambi yo “gukuraho Ubukirisu maze bagashinga intwaro yo kw’isi yose itwarwa n’urunani rwabo.” Ivyo bemeye babikuye mw’itaragiti imwe yahimiriza ivy’ukwanka Abayuda yari ifise umutwe uvuga ngo Protocols of the Learned Elders of Zion (Ivyapfunditswe n’Abakurambere Bize b’i Siyoni). Iyo taragiti yavuga yuko muri iyo migambi harimwo ugushigikira amakori arenze urugero, uguhimiriza ihingurwa ry’ibirwanisho, ukuremesha ishingwa ry’ihinguriro rinini rimwe rihagarikira ayandi yose kugira ngo ‘ubutunzi bw’Abanyamahanga bushobore gutemba mu kanya isase.’ Mu vyavuzwe harimwo n’ivy’ugutunganya indero mu mashure kugira ngo ‘bahindure Abanyamahanga nk’ibikoko bitiyumvira,’ mbere n’ukwubaka amabarabara y’indarayi aca mu kuzimu kugira afatanye imirwa mikuru kugira ngo abo bakurambere b’Abayuda bashobore ‘guhasha ababarwanya abo ari bo bose mu kubica n’agasya n’akarenge.’
Mugabo ntiwumve, ivyo vyari ibinyoma bigenewe kuvyura inyiyumvo z’ukwanka Abayuda. Mark Jones wo kw’iratiro rimwe ry’ivya kera ryo mu Bwongereza (British Museum) avuga ati: ‘Ico cete kirimwo ivyiyumviro abantu biremeye carakwiragiye kuva mu Burusiya,’ ari ho cabonetse ari bwo bwa mbere mu kiganiro co mu kinyamakuru kimwe mu 1903. Cashikiriye ikinyamakuru co muri Londres (The Times) kw’igenekerezo rya 8 Rusama mu 1920. Haheze umwaka urenga, ico kinyamakuru (The Times) carashize ku kabarore ico cete ko ari ubuhumvyi. Muri uwo mwanya wahaciye, ivyononekara vyari vyononekaye. Jones avuga ati: ‘Ibinyoma nk’ivyo, kubihagarika biragoye.’ Igihe abantu bamaze kuvyakira, baca bemera ibintu vyuzuye igono, birimwo ishano kandi biteye ingeramizi, kenshi na kenshi bikagira inkurikizi z’agahomerabunwa nk’uko ivyabaye mu kinjana ca 20 vyavyerekanye.—Imigani 6:16-19.
Ukwemera Kurahushanye n’Ukuri
Birumvikana, umuntu ntiyemera ibitari vyo igihe gusa havuzwe ibinyoma n’ibigirankana. Rimwe na rimwe, tuba gusa twiyumviriye ibintu ukutari kwo. Ni abantu bangahe bapfuye hatari bwagere bivuye ku gukora ikintu bemera yuko cari ciza? Ikindi kandi, kenshi turemera ikintu kubera gusa dushaka kucemera. Umuporofeseri umwe avuga yuko mbere n’abanyasiyansi “kenshi bakunda cane ibintu ubwabo bikuriye mu mutwe.” Ivyo bemera bituma batabona neza uko ibintu biri. Ico gihe barashobora kumara ubuzima bwabo bwose bata umwanya bariko baragerageza gushigikira ivyiyumviro bitari vyo.—Yeremiya 17:9.
Ibintu nk’ivyo vyarabaye mu vyo abantu bemera mu madini, ahari ibintu injojo bidahuza. (1 Timoteyo 4:1; 2 Timoteyo 4:3, 4) Umuntu umwe arizera Imana bimwe bikomeye, uwundi akavuga yuko uwo muntu apfa kwemera ibintu bitagira akamaro. Umwe ashigikira yuko ufise umutima w’ubwenge ubandanya kubaho iyo upfuye, uwundi akemera yuko igihe upfuye ureka kubaho wese uko wakabaye. Biragaragara yuko inyigisho zidahuza nk’izo zidashobora zose kuba iz’ukuri. Ntiyoba none ari ingendo iranga ubukerebutsi, umenye neza yuko ivyo wemera ari ivy’ukuri koko, atari gusa ivyo ushaka kwemera? (Imigani 1:5) Ivyo ushobora kubigenza gute? Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ico kibazo.
[Ifoto ku rup. 3]
Ikiganiro casohotse mu 1921 gishira ku kabarore ‘Ivyapfunditswe n’Abakurambere Bize b’i Siyoni’