Umuhezagiro wa Yehova Uradutungisha
“Umu[hezagiro] w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo.”—IMIGANI 10:22.
1, 2. Ni kuki ubuhirwe butajana n’ubutunzi?
UGUKURIKIRANA amaronko ni vyo vyiganje mu buzima bw’abantu amamiliyoni muri iki gihe. Ariko ibintu vy’umubiri vyoba bituma bagira ubuhirwe? Ikinyamakuru kimwe (The Australian Women’s Weekly) kivuga giti: “Sinshobora kwibuka igihe abantu babaye abijiriwe nk’ubu ku vyerekeye amatungo yabo.” Congerako giti: “Ntivyumvikana. Tubwirwa yuko Australiya ari igihugu cifashe neza mu vy’ubutunzi, be n’uko ubuzima butari bwigere bumera neza kuruta uko buri ubu. . . . Mugabo, ukubona ko ibintu bitazogenda neza ni kwo kwiganje mu gihugu. Abagabo cokimwe n’abagore nyene, bumva yuko hari ikintu kibuze mu buzima bwabo mugabo ntibashobore kumenya ico ari co.” Ese ukuntu Ivyanditswe bivuga ukuri mu kudoma urutoke ku vy’uko yaba ubuhirwe canke ubuzima bitava ku bintu dufise!—Umusiguzi 5:10; Luka 12:15.
2 Bibiliya yigisha yuko ubuhirwe burushirije buzanwa n’umuhezagiro w’Imana. Ku bijanye n’ivyo, mu Migani 10:22 havuga hati: “Umu[hezagiro] w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo.” Umubabaro kenshi uzanwa n’ubutunzi umuntu aronse mu buryo bw’umwina. Intumwa Paulo rero ntiyihenze mu kugabisha ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.”—1 Timoteyo 6:9, 10.
3. Ni kuki abasavyi b’Imana bashikirwa n’ibigeragezo?
3 Ku rundi ruhande, imihezagiro itagiramwo umubabaro ishikira abantu bose ‘baguma bumvira Uhoraho.’ (Gusubira mu Vyagezwe 28:2) Yamara rero, hari aboshobora kubaza bati: ‘Nimba umuhezagiro wa Yehova ata mubabaro uvangwamwo, ni kuki abasavyi b’Imana benshi bacumukura?’ Bibiliya irahishura yuko ibigeragezo bidushikira Imana ari yo ibireka mugabo ku bwa ngingo vyanduruka kuri Shetani, ku runkwekwe rwiwe rubi no ku kuba turi abanyagasembwa. (Itanguriro 6:5; Gusubira mu Vyagezwe 32:4, 5; Yohana 15:19; Yakobo 1:14, 15) Yehova ni we soko ry’‘ingabirano nziza yose itunganye.’ (Yakobo 1:17, UB) Kubera ico, imihezagiro yiwe ntiyigera itera umubabaro. Reka rero turimbure zimwezimwe mu ngabirano zitunganye Imana itanga.
Ijambo ry’Imana Ni Ingabirano y’Agaciro Ntangere
4. Ni umuhezagiro uwuhe be n’ingabirano y’agaciro ntangere iyihe abasavyi ba Yehova binovora muri iki “gihe c’iherezo”?
4 Ubuhanuzi bwa Daniyeli buvuga ibiraba “igihe c’iherezo” buti: “[Ubumenyi nyakuri] buzogwira.” Ariko rero, aya majambo akurikira aratuma ivyo turushiriza kubitegera, agira ati: “Nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura.” (Daniyeli 12:4, 10) Ibaze ivyo bintu! Ijambo ry’Imana, na canecane ubuhanuzi, rivugwa hakoreshejwe ubukerebutsi bw’Imana ku buryo abanyakibi badashobora gutahura insobanuro nyakuri yaryo, mu gihe abasavyi ba Yehova bo babutahura. Umwana w’Imana yasenze avuga ati: “Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.” (Luka 10:21) Ese ukuntu ari umuhezagiro kugira ingabirano y’agaciro ntangere y’Ijambo ry’Imana ryanditse, ari ryo Bibiliya, no kuba turi mu bantu Yehova yahaye ubukerebutsi bwo mu buryo bw’impwemu!—1 Ab’i Korinto 1:21, 27, 28; 2:14, 15.
5. Ubukerebutsi ni iki, kandi dushobora kuburonka gute?
5 Ntitwociye mu kajisho namba mu buryo bw’impwemu iyo tutaronka “ub[ukerebutsi] buva mw’ijuru.” (Yakobo 3:17) Ubukerebutsi ni ubushobozi bwo gukoresha ubumenyi be n’ugutahura kugira ngo utorere umuti ingorane, wirinde canke wikingire ingeramizi, ushikire intumbero wishingiye canke kugira ngo utange impanuro zifise ishingiro. None ubukerebutsi buva ku Mana tuburonka gute? Mu Migani 2:6 havuga hati: “Uhoraho atanga ub[ukerebutsi], mu kanwa kiwe havamw’ukumenya no gutahura.” Egome, Yehova azoduhezagira mu kuduha ubukerebutsi nitwabandanya kubusaba mw’isengesho, nk’uko nyene yahaye Umwami Salomo “umutima w’ub[ukerebutsi] wo gutahura.” (1 Abami 3:11, 12; Yakobo 1:5-8) Kugira ngo turonke ubukerebutsi, dutegerezwa kandi kuguma twumvira Yehova mu kwiga no mu gushira mu ngiro Ijambo ryiwe ubudahorereza.
6. Ni kuki ari ingendo iranga ubukerebutsi gushira mu ngiro amategeko y’Imana be n’ingingo ngenderwako zayo mu buzima bwacu?
6 Uturorero nyamukuru tw’ubukerebutsi buva ku Mana tubusanga mu mategeko yo muri Bibiliya no mu ngingo ngenderwako ziri muri yo. Ivyo biratugirira akamaro mu mice yose, haba ku mubiri, mu bwenge, mu kanyengetera no mu buryo bw’impwemu. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye bikwiriye ati: “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ubgenge. Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima, ivyo Uhoraho yageze n’ibitanduye, bihwejesha amaso. Ukwubaha Uhoraho kuratunganye, kwamah’ibihe bidashira, amateka y’Uhoraho n’ay’ukuri, aragororotse rwose. N’ivyo kwifuzwa kuruta izahabu, naho zoba izahabu nyinshi zitarimw’inkamba.”—Zaburi 19:7-10; 119:72.
7. Ni ibiki biva mu gukengera ingingo mfatirwako z’Imana zigororotse?
7 Ku rundi ruhande, abakengera ingingo mfatirwako zigororotse z’Imana ntibagira ubuhirwe be n’umwidegemvyo barondera. Impera n’imperuka, baribonera yuko Imana idacokorwa, kubera umuntu ico abiba ari co azokwimbura. (Ab’i Galatiya 6:7) Abantu amamiliyoni bakengera ingingo ngenderwako za Bibiliya bariko barimbura ingaruka z’agahomerabunwa nk’ugutwara inda batabishaka, indwara zisesemye canke bakizizirwa n’ibintu bisinzikaza. Badahinduye ingendo yabo y’ubuzima bimwe bigaragaza ukwigaya, inzira yabo amaherezo izobashikana ku rupfu, kumbure basanganguwe n’Imana.—Matayo 7:13, 14.
8. Ni kuki abakunda Ijambo ry’Imana bahiriwe?
8 Ariko rero, abakunda Ijambo ry’Imana kandi bakarishira mu ngiro, barashikirwa n’imihezagiro myinshi ubu no muri kazoza. Barumva neza yuko ivyagezwe vy’Imana vyabahaye umwidegemvyo, barahimbawe vy’ukuri kandi bararindiranye igishika igihe bazokurwako icaha be n’ingaruka zaco zitera urupfu. (Abaroma 8:20, 21; Yakobo 1:25) Ico cizigiro ni ntakekeranywa kubera gishingiye ku ngabirano iranga urukundo ihambaye kuruta izindi Imana iha umuryango w’abantu, ni ukuvuga inkuka y’incungu y’Umwana wiwe w’ikinege Yezu Kirisitu. (Matayo 20:28; Yohana 3:16; Abaroma 6:23) Ingabirano kaminuza nk’iyo iremeza urukundo rugera ibwina Imana ifitiye abantu, kandi ni icemeza c’uko imihezagiro itagira iherezo izohabwa abantu bose baguma bumvira Yehova.—Abaroma 8:32.
Turakura Ubwatsi ku bw’Ingabirano y’Impwemu Yera
9, 10. Twungukira gute ku ngabirano y’impwemu yera ya Yehova? Tanga akarorero.
9 Iyindi ngabirano iranga urukundo y’Imana dukwiye gukenguruka ni impwemu yayo yera. Ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., intumwa Petero yahimirije abantu amasinzi bari i Yeruzalemu ati: “Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire [y’ubuntu], ari yo [m]pwemu [y]era.” (Ivyakozwe 2:38) Muri iki gihe, Yehova araha impwemu yera abasavyi biwe biyeguye basenga bayisaba kandi bashaka gukora ivyo agomba. (Luka 11:9-13) Mu bihe vya kera, iyo nguvu ikomeye kuruta mu vyaremwe vyose, ni ukuvuga impwemu yera y’Imana, ari zo nguvu zikora akazi, yararonkeje ububasha abagabo n’abagore bafise ukwizera, ushizemwo n’Abakirisu bo mu ntango. (Zekariya 4:6; Ivyakozwe 4:31) Irashobora kubikora no kuri twebwe, naho nyene twebwe abasavyi ba Yehova twoshobora guhura n’intambamyi canke amagume bikomakomeye.—Yoweli 2:28, 29.
10 Rimbura akarorero ka Laurel, uwafashwe n’ubukangwe maze akamara imyaka 37 ari mu cuma gifasha amahaha guhema.a Naho yari mu bimugerageza bimwe bihebuje, yarakoreye Imana n’umwete gushika ku gupfa. Uko imyaka yagenda irarengana, Yehova yarahezagiye cane Laurel. Nk’akarorero, Laurel yarashoboye gufasha abantu batari munsi ya 17 baragira ubumenyi nyakuri bwerekeye ukuri kwa Bibiliya, naho nyene yategerezwa kuguma muri iyo mashini amasaha 24 ku musi! Uko ivyiwe vyari vyifashe biratwibutsa amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Iyo mbaye umunyantege nke [ni] ho ndushiriza kugira ubushobozi.” (2 Ab’i Korinto 12:10) Egome, ukuroranirwa ukwo ari kwo kwose dushobora kugira mu kwamamaza inkuru nziza ntikuva ku bushobozi bwacu bwite no ku bubasha bwacu bwite, ahubwo kuva ku mfashanyo Imana iduha biciye ku mpwemu yera, iyo na yo ikaba iyiha abaguma bumvira ijwi ryayo.—Yesaya 40:29-31.
11. Ni kamere izihe impwemu y’Imana yama mu bambara “wa muntu musha”?
11 Mu gihe tugamburutse tukumvira Imana, impwemu yayo irama muri twebwe kamere y’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ukugira neza, ingeso nziza, ukwizera, ubugwaneza n’ukwirinda. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ivyo ‘vyamwa vy’impwemu’ biri mu bigize “wa muntu musha” Abakirisu bambara ugasubirira ingeso z’umwina, zisa n’iz’ibikoko bashobora kuba bahora bagaragaza. (Abanyefeso 4:20-24; Yesaya 11:6-9) Kamere ihambaye cane muri ivyo vyamwa ni urukundo, na rwo rukaba ari “umugozi utagira agasembwa wunga ubumwe.”—Ab’i Kolosayi 3:14, NW.
Urukundo rwa Gikirisu Ni Ingabirano Dukwiye Gushima
12. Tabita n’abandi Bakirisu bo mu kinjana ca mbere bagaragaje gute urukundo?
12 Urukundo rwa gikirisu ni iyindi ngabirano ihimbaye iva kuri Yehova, ingabirano bikwiriye ko dushima. Igengwa n’ingingo ngenderwako, mugabo ikarangwa n’urukundo rwinshi ku buryo rukwegera abizera kurushiriza gufatana mu nda kuruta mbere n’uko ubucuti bwo mu buryo bw’umubiri bushobora kubigira. (Yohana 15:12, 13; 1 Petero 1:22). Nk’akarorero, rimbura Tabita, umukenyezi w’Umukirisukazi mwiza wo mu kinjana ca mbere. “Yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi,” canecane akabigirira abapfakazi bo mw’ishengero. (Ivyakozwe 9:36) Abo bagore bashobora kuba bari bafise incuti, mugabo Tabita yashatse gukora ivyo ashoboye vyose kugira ngo abafashe yongere abaremeshe. (1 Yohana 3:18) Ese ukuntu ari akarorero keza Tabita yasize! Urukundo rwa kivukanyi rwarasunikiye Purisikila na Akwila ku “[gu]heba iyabo mitwe” ku bwa Paulo. Urukundo kandi rwaravyuriye umutima Epafura, Luka, Onesiforo n’abandi, wo gufasha iyo ntumwa mu gihe yari ipfungiwe i Roma. (Abaroma 16:3, 4; 2 Timoteyo 1:16; 4:11; Filemoni 23, 24) Egome, Abakirisu bameze gutyo muri iki gihe ‘barafitaniye urukundo,’ akaba ari ingabirano ihimbaye iva ku Mana ibaranga ko ari abigishwa b’ukuri ba Yezu.—Yohana 13:34, 35.
13. Dushobora kwerekana gute yuko dukenguruka bimwe bigera ibwina ikivukano cacu ca gikirisu?
13 Woba ushima urukundo rugaragazwa mw’ishengero rya gikirisu? Woba ukura ubwatsi ku bw’ikivukano cacu co mu vy’impwemu, gikwiye ku mubumbe wose? Ivyo na vyo nyene ni ingabirano zihimbaye kandi zitungisha ziva mw’ijuru. Dushobora gute kwerekana yuko tuziha agaciro? Mu kurangurira Imana umurimo mweranda, mu kugira uruhara ku makoraniro ya gikirisu, no mu kugaragaza urukundo be n’ibindi vyamwa vy’impwemu y’Imana.—Ab’i Filipi 1:9; Abaheburayo 10: 24, 25.
“Abantu b’Ingabirano”
14. Ni ibiki bisabwa Umukirisu nimba ashaka gukora ari umukurambere canke umukozi w’ishengero?
14 Abagabo bakirisu bipfuza gukorera abo bahurikiye hamwe mu gusenga bwa bakurambere canke abakozi b’ishengero bafise intumbero nziza. (1 Timoteyo 3:1, 8) Kugira ngo umuvukanyi akwize ibisabwa ku bw’utwo duteka, ategerezwa kuba ari umuntu yitwararika ivy’impwemu, azi neza Ivyanditswe kandi afise umwete mu busuku bwo mu ndimiro. (Ivyakozwe 18:24; 1 Timoteyo 4:15; 2 Timoteyo 4:5) Ategerezwa kugaragaza ukwicisha bugufi, ukwifata ruto be n’ukwihangana kubera ko abantu b’ubwibone, bishima canke bahahamira ubukuru bataronka imihezagiro iva ku Mana. (Imigani 11:2; Abaheburayo 6:15; 3 Yohana 9, 10) Nimba yubatse, akwiye kuba ari serugo arangwa n’urukundo kandi ashoboye kuganza neza urugo rwiwe rwose. (1 Timoteyo 3:4, 5, 12) Kubera aha agaciro ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu, umuntu nk’uyo araronka umuhezagiro uva kuri Yehova.—Matayo 6:19-21.
15, 16. Ni bande bagaragaza ko ari “abantu b’ingabirano”? Tanga uturorero.
15 Mu gihe abakora ari abakurambere mw’ishengero bihatira kuba abamamazanjili, abungere n’abigisha, baraduha imvo zumvikana zo gushima “abantu b’ingabirano” nk’abo. (Abanyefeso 4:8, 11, NW) Abungukira ku murimo uranga urukundo abakurambere b’abizerwa bakora, bashobora kutama nantaryo baserura ugukenguruka babafitiye, mugabo Yehova arabona ibintu vyose bakora. Ntazokwibagira urukundo berekana ku bw’izina ryiwe mu gusukurira abasavyi biwe.—1 Timoteyo 5:17; Abaheburayo 6:10.
16 Rimbura ivyerekeye umukurambere umwe akora agatama yagendeye umwigeme w’Umukirisu yari agiye kubagwa ubwonko. Hari umugenzi umwe wo mu muryango wabo yanditse ati: “Uwo mukurambere yari n’umutima mwiza cane, agashigikirana rwose kandi akitwararikana cane. Yarasavye uruhusha kugira ngo ature isengesho Yehova turi kumwe. Ariko arasenga, se [uwutari Icabona ca Yehova] yararize asevagura, maze umuntu wese yari muri ico cumba c’ibitaro arakorora amosozi. Ese ukuntu iryo sengesho umukurambere yatuye ryari ryuzuye ikibabarwe, kandi urukundo Yehova yagaragaje mu kumurungika mu gihe nk’ico!” Ikindi Cabona yari arwaye yavuze ivyerekeye abakurambere bamugendeye ati: “Igihe baza bagana igitanda canje mu cumba c’abaremvye cane (muri réanimation), nari nzi yuko icoba cose kuva ico gihe, noshoboye kucihanganira. Numvise ndemye kandi mfise amahoro.” Hari umuntu n’umwe yoshobora kugura ukwitwararikwa kuranga urukundo nk’ukwo? Namba! Ni ingabirano iva ku Mana, iboneka biciye mw’ishengero rya gikirisu.—Yesaya 32:1, 2.
Ingabirano y’Ubusuku bwo mu Ndimiro
17, 18. (a) Ni ingabirano iyihe y’umurimo Yehova yaronkeje abasavyi biwe bose? (b) Ni imfashanyo iyihe Imana yatanze kugira ngo dushobore kurangura ubusuku bwacu?
17 Nta teka rihambaye kuruta twohabwa n’umuntu n’umwe riruta iryo gukorera Yehova, Musumbavyose. (Yesaya 43:10; 2 Ab’i Korinto 4:7; 1 Petero 2:9) Naho ari ukwo, agateka ko kugira uruhara mu busuku turangura ku mugaragaro bose bokaronka, baba abato canke abakuze, abagabo canke abagore bipfuza vy’ukuri gukorera Imana. Woba ukoresha iyo ngabirano y’agaciro? Bamwebamwe barashobora kugonanwa kubera bumva yuko batabereye, mugabo ibuka yuko Yehova aha impwemu yera abamukorera, kandi ikahatubera ku kintu ico ari co cose twoba tubuze.—Yeremiya 1:6-8; 20:11.
18 Yehova igikorwa co kwamamaza Ubwami yakijeje abasavyi biwe bicisha bugufi, atari abantu bafise impengamiro yo kwishima kandi biheka ku bushobozi bwabo bwite. (1 Ab’i Korinto 1:20, 26-29) Abantu bicisha bugufi, bifata ruto baremera icese ko hari ivyo badashobora kandi bakagendera ku mfashanyo Imana ibaha mu gihe barangura ubusuku bwo mu ndimiro. Barakenguruka kandi imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu atanga abicishije ku “mubgiriza wo kwizigirwa.”—Luka 12:42-44; Imigani 22:4.
Ubuzima bwo mu Rugo Burimwo Agahimbare Ni Ingabirano Nziza
19. Ni ibiki vyotuma turoranirwa mu kurera abana?
19 Umubano w’abubatse be n’ubuzima bwo mu rugo burimwo agahimbare ni ingabirano ziva ku Mana. (Rusi 1:9; Abanyefeso 3:14, 15) N’abana nyene ni ‘ingabire ziva kuri Yehova’ z’agaciro, bakazanira umunezero abavyeyi berewe mu kubinjizamwo kamere zishimwa n’Imana. (Zaburi 127:3) Nimba uri umuvyeyi, nugume wumvira ijwi rya Yehova mu kumenyereza abana bawe bakiri bato ukurikije uko Ijambo ryiwe rivuga. Ababigira nta nkeka Yehova arabafata mu mugongo akongera akabahezagira cane.—Imigani 3:5, 6; 22:6; Abanyefeso 6:1-4.
20. Ni igiki cofasha abavyeyi usanga abana babo batera umugongo ugusenga kw’ukuri?
20 Naho abavyeyi batinya Imana bagira utwigoro n’umutima wabo wose, kumbure bamwebamwe mu bana babo barahitamwo gutera umugongo ugusenga kw’ukuri igihe bakuze. (Itanguriro 26:34, 35) Ivyo birashobora kubabaza cane abavyeyi. (Imigani 17:21, 25) Ariko rero, aho gutana n’agati ikizigizigi cose, vyofasha abavyeyi kwibuka wa mugani wa Yezu werekeye umwana w’igishushungwe. Naho uwo mwana yataye i muhira agakurikirana ingendo yo kwigira ibiro biteze, mu nyuma yaragarutse kwa se, na we amwakirana umunezero n’urukundo. (Luka 15:11-32) Uko vyoba kwose, abavyeyi b’Abakirisu b’abizerwa barashobora gushira amazinda yuko Yehova abatahura, abitwararikana urukundo, be n’uko abafata mu mugongo igihe cose.—Zaburi 145:14.
21. Ni nde dukwiye kwumvira, kandi kuki?
21 Umwe wese rero muri twebwe namenye ikintu gihambaye vy’ukuri mu buzima bwacu. Twoba turiko turakurikirana ibihinda vy’umubiri mu buryo buranga umwina, ivyo bikaba vyoshobora kudutera umubabaro bikawutera n’imiryango yacu? Canke twoba turiko turakurikirana ‘ingabirano nziza zitunganye’ ziva kuri ‘Data Muremyi w’icitwa umuco cose?’ (Yakobo 1:17, UB) Shetani ‘se w’ibinyoma,’ ashaka ko twiruhisha turondera ubutunzi bw’ivy’umubiri maze tukabura ubuhirwe n’ubuzima vyompi. (Yohana 8:44; Luka 12:15) Naho ari ukwo, Yehova ni we atwitwararika vy’ukuri kandi adushakira ineza. (Yesaya 48:17, 18) Nimuze rero tugume twumvira Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo kandi twame nantaryo ‘duhimbarwa’ na we. (Zaburi 37:4) Mu gihe dukurikiranye ingendo nk’iyo, ingabirano z’agaciro ntangere be n’imihezagiro myinshi Yehova atanga bizodutungisha—kandi ivyo nta mubabaro na mukeyi bizoba birimwo.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero 1993 urupapuro rwa 18-21.
Woba Uvyibuka?
• Ubuhirwe burushirije umuntu ashobora kubusanga he?
• Ni ingabirano zimwezimwe izihe Yehova aha abasavyi biwe?
• Ni kuki ubusuku bwo mu ndimiro ari ingabirano?
• Ni ibiki abavyeyi bashobora gukora kugira ngo baronke umuhezagiro uva ku Mana mu gihe barera abana babo?
[Ifoto ku rup. 14]
Woba werekana ko ukenguruka ingabirano Imana yatanze y’Ijambo ryayo ryanditse?
[Ifoto ku rup. 15]
Naho yari mu bihe bigoye gute, Laurel Nisbet yarakoreye Imana abigiranye umwete
[Amafoto ku rup. 16]
Nka kumwe kwa Tabita, Abakirisu bo mu gihe ca none barazwi cane ku bw’ibikorwa bakora biranga urukundo
[Ifoto ku rup. 17]
Abakurambere b’Abakirisu baritwararikana urukundo abo basangiye ukwemera