ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/10 rup. 30-31
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ivyo bijanye
  • Woba Warinjiye mu Karuhuko k’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Akaruhuko k’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Hariho igihe co gukora n’ico kuruhuka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/10 rup. 30-31

Ibibazo vy’Abasomyi

Ni “uburuhukiro” ubuhe buvugwa mu Baheburayo 4:9-11, kandi umuntu “[a]shika mur’ubgo buruhukiro” gute?

Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere ati: “Haracarih’uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana. Kuk’ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo. Nuko tugire umwete wo gushika mur’ubgo buruhukiro.”​—Abaheburayo 4:9-11.

Igihe Paulo yavuga ivy’uko Imana yaruhutse ibikorwa vyayo, biboneka ko yariko yerekeza ku bivugwa mw’⁠Itanguriro 2:2, aho dusoma duti: “Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze.” Ni kuki Yehova yatanguye “[ku]ruhuka ku musi ugira indwi”? Mu vy’ukuri, si kubera yuko yari akeneye kugarura utuguvu ku bw’“ibikorwa vy[iwe] vyose yakoze.” Umurongo ukurikira uravyerekana neza uti: “Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza: kukw ari wo Imana yaruhukiyekw ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze.”​—Itanguriro 2:3; Yesaya 40:26, 28.

“Umusi w’indwi” wari umusi utandukanye n’uwundi musi uwo ari wo wose muri iyo misi itandatu yari iheze, mu buryo bw’uko wari umusi Imana yahezagiye kandi ikawugira mweranda, ni ukuvuga umusi yageneye canke yahebeye umugambi kanaka udasanzwe. Uwo mugambi wari uwuhe? Imbere y’aho, Imana yari yarahishuye umugambi ifise ku vyerekeye umuryango w’abantu hamwe n’isi. Imana yabwiye umugabo n’umugore ba mbere iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.” (Itanguriro 1:28) Naho Imana yahaye umuryango w’abantu hamwe n’isi intango nziza, vyofashe igihe kugira ngo isi yose yuzure kandi ihinduke iparadizo yuzuye umuryango w’abantu utagira agasembwa, nk’uko vyari mu mugambi w’Imana. Ni co gituma, Imana yaruhutse ku “musi ugira indwi,” ireka gukora ibindi bikorwa vy’irema vyo kw’isi, kugira ngo areke ivyo yari yaramaze kurema bigwire mu buryo buhuje n’ukugomba kwiwe. Mu mpera y’uwo “musi,” ivyo Imana yari yaragabiye vyose bizoba atari umugani. Ubwo buruhukiro buzomara igihe kingana iki?

Dusubiye kuri ya majambo Paulo yavuga mu Baheburayo, turabona yuko yadoma urutoke ku vy’uko “ha[kiriho] uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana,” kandi yahimirije Abakirisu bagenziwe gukora uko bashoboye kwose kugira ngo “[ba]shik[e] mur’ubgo buruhukiro.” Ivyo vyerekana yuko igihe Paulo yandika ayo majambo, “umusi w’indwi” w’uburuhukiro bw’Imana, uwari umaze nk’imyaka 4.000 utanguye, wari ukiriko urabandanya. Umugambi w’Imana werekeye umuryango w’abantu hamwe n’isi ntuzorangira utarangutse bimwe bishitse ku mpera y’Ingoma ya Yezu Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, Yezu akaba ari nawe “Mwami w’isabato.”​—Matayo 12:8; Ivyahishuriwe 20:1-6; 21:1-4.

Kubera Paulo yari afise ico cizigiro ciza igitangaza mu muzirikanyi, yarasiguye ukuntu umuntu yoshobora gushika mu buruhukiro bw’Imana. Yanditse ati: “Ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe.” Ivyo bitwereka yuko naho umuryango w’abantu wari ufise intango nziza, wose uko ungana ntiwashitse mu buruhukiro bw’Imana. Ivyo kwari ukubera yuko Adamu na Eva batamaze igihe kirekire bubahiriza uburuhukiro bw’Imana ku “musi w’indwi” mu kwemera indinganizo yagize ku bwabo. Mu gishingo c’ivyo, baragararije maze bashaka kwigenga ntibisunga Imana. Mu vy’ukuri, batwawe n’imigabo ya Shetani aho kwemera ubuyobozi burangwa urukundo bw’Imana. (Itanguriro 2:15-17) Ico vyavuyemwo, baratakaje icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo. Kuva ico gihe, umuryango wose w’abantu wajakariye icaha n’urupfu.​—Abaroma 5:12, 14.

Ubugarariji bw’umuryango w’abantu ntibwatangiriye umugambi w’Imana. Umusi wayo w’uburuhukiro urabandanya. Ariko rero, Yehova yarashizeho intunganyo iranga urukundo, na yo akaba ari incungu, biciye ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu, kugira ngo abantu bose bayemera bafise ukwizera bashobore kwitega kubohorwa no kuruhuka umuzigo w’icaha n’urupfu. (Abaroma 6:23) Ni co gituma Paulo yahimirije Abakirisu bagenzi we ‘kuruhuka ibikorwa vyabo.’ Bari bakeneye kwemera intunganyo Imana yashizeho yo kuronka ubukiriro, kandi ntibagerageze kwironderera kazoza kabo mu nzira yabo bwite, nk’uko Adamu na Eva babigize. Bari bakeneye kandi kwirinda gukurikirana ibikorwa vyabo bwite vy’ukwikura mu kabaregwa.

Umuntu yikuyemwo ivyo gukurikirana ibintu vy’ubwikunzi canke ivy’isi kugira ngo akore ivyo Imana igomba mu vy’ukuri biraruhura. Yezu yatanze ubu butumire: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu. Kukw ingata yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse.”​—Matayo 11:28-30.

Ikiganiro ca Paulo cerekeye uburuhukiro bw’Imana be n’ukuntu umuntu yoshobora kubushikamwo mu vy’ukuri cari isoko ry’indemesho ku Bakirisu b’Abaheburayo i Yeruzalemu, abari bihanganiye uruhamo rwinshi be n’ugucokorwa bahorwa ukwizera kwabo. (Ivyakozwe 8:1; 12:1-5) Muri ubwo buryo nyene, amajambo ya Paulo arashobora kuba isoko ry’indemesho ku Bakirisu muri iki gihe. Kubera dutahura yuko iranguka riri hafi ry’umuhango w’Imana wo guhindura isi iparadizo irongowe n’Ubwami bwayo bugororotse, na twebwe dukwiye kuruhuka ibikorwa vyacu bwite hanyuma dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dushike muri ubwo buruhukiro.​—Matayo 6:10, 33; 2 Petero 3:13.

[Amafoto ku rup. 31]

Umuhango Imana yatanze werekeye iparadizo yo kw’isi uzoranguka ku mpera y’umusi w’uburuhukiro wayo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika