Nurinde Umutima Wawe
“Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubu[zima] bududubiriza.”—IMIGANI 4:23.
1, 2. Ni kuki dukeneye kurinda umutima wacu?
UMUTAMA umwe aba mw’izinga rya Karayibe yarasokorotse aho yari yikinze igihuhusi. Aravye ivyononekaye mu micungararo, yaje abona uruti rw’inganzamarumbu rwari rumaze imyaka mirongo ruhagaze hafi y’imbere y’urugo rwiwe rwahenutse. Yaratangaye ati: ‘Ivyo bishoboka bite, kubona uduti dutoduto turi mu micungararo ata co twabaye?’ Aravye igishitsi c’ico giti caguye yaciye aronka inyishu. Intimatima y’ico giti casa n’uko umenga ntikinyiganyiga yari yarabunzwe, ico kivumbuzi kikaba cari gishize ahabona iryo bungwe ritaboneka.
2 Ese ukuntu ari agahomerabunwa igihe umusavyi w’ukuri aboneka ko yashinze imizi ashikamye mu kubaho rukirisu ahitanywe n’ikigeragezo c’ukwizera. Bibiliya iravuga mu buryo bukwiriye yuko “imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo.” (Itanguriro 8:21) Ivyo bisobanura yuko tutagumye turi maso, ko n’umutima mwiza bihebuje ushobora kugeragezwa gukora ikibi. Kubera ko ata mutima w’umuntu n’umwe w’umunyagasembwa watewe urucanco ruwukingira kwononekara, dukeneye gufatana uburemere iyi mpanuro igira iti: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubu[zima] bududubiriza.” (Imigani 4:23) None tworinda gute umutima wacu w’ikigereranyo?
Ni Ngombwa ko Umuntu Awusuzuma Ubudahorereza
3, 4. (a) Ni ibibazo ibihe vyoshobora kubazwa ku vyerekeye umutima nya mutima? (b) Ni ibiki bizodufasha gusuzuma umutima wacu w’ikigereranyo?
3 Mu gihe ugiye ku muganga kugira ngo agusuzume, ashobora gusuzuma umutima wawe. Mbega amagara yawe muri rusangi, ushizemwo n’umutima, yoba yerekana yuko uronka ingaburo zikwiye? Umutima wawe utera gute? Umutima wawe woba utera neza kandi ukomeye? Woba ugira umwimenyerezo ukwiye? Umutima wawe woba utwarwa n’imyitwarariko idakenewe?
4 Nimba umutima nya mutima ukenera gusuzumwa ubudahorereza, bite ho ku vyerekeye umutima wawe w’ikigereranyo? Yehova arawusuzuma. (1 Ngoma 29:17) Ni co gituma natwe dukwiye kuwusuzuma. Gute? Mu kwibaza utubazo nk’utu: Umutima wanje woba uronka imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu zikwiye biciye ku kwiyigisha no ku kwitaba amakoraniro ubudahorereza? (Zaburi 1:1, 2; Abaheburayo 10:24, 25) Ubutumwa bwa Yehova bwoba ari bwo nshirako umutima wanje nka kurya kw’“umuriro uhīshije uburimbi mu magufa yanje,” bukansunikira ku kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa? (Yeremiya 20:9; Matayo 28:19, 20; Abaroma 1:15, 16) Noba mvyurirwa umutima wo kwitanga n’inguvu zose, nkagira uruhara mu muce kanaka w’ubusuku bw’igihe cose igihe bishoboka? (Luka 13:24) Umutima wanje w’ikigereranyo ndawushira ku bintu bimeze gute? Noba ndondera kwifatanya n’abafise imitima yunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri? (Imigani 13:20; 1 Ab’i Korinto 15:33) Ese twokwihutira kubona agahaze ako ari ko kose maze tugaca tugakosora ubwo nyene.
5. Ni intumbero ngirakimazi iyihe ibigeragezo vy’ukwizera bishobora gufasha?
5 Kenshi turahura n’ibigeragezo vy’ukwizera. Ivyo biraduha uturyo two kubona uko umutima wacu umeze. Musa yabwiye Abisirayeli bari hafi yo kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano ati: “Mu bugaragwa, Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.” (Gusubira mu Vyagezwe 8:2) None kenshi ntidutangazwa n’inyiyumvo tugaragaza, ivyipfuzo dushira ahabona be n’uko twifata igihe duhanganye n’ibintu canke ibigeragezo tutari twiteze? Ibigeragezo Yehova areka bikaba mu vy’ukuri birashobora gutuma tubona aho tugoyagoya, bikaduha akaryo ko kugira ivyo turyohoye. (Yakobo 1:2-4) Ese tutokwigera tunanirwa kuzirikana ku kuntu twakira ibigeragezo kandi ukwo kuzirikana tukagufatanya n’isengesho!
Amajambo Tuvuga Ahishura Iki?
6. Ibiganiro dukunda kuganira bishobora guhishura iki ku vyerekeye umutima wacu?
6 Dushobora gute kumenya ivyo twabitse mu mutima wacu? Yezu yavuze ati: “Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n’umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ribi: ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.” (Luka 6:45) Ivyo kenshi tuvuga birerekana neza ivyo umutima wacu ugabiye. Twoba kenshi tuvuga ivyerekeye amaronko be n’ivyo isi imaze gushikako? Canke ibiyago vyacu kenshi vyoba bishimikira ku bintu vy’impwemu be n’imigambi yo mu vya gitewokarasi? Aho kuja turavuga amakosa y’abandi, twoba duhengamira ku kuyarenzako tubigiranye urukundo? (Imigani 10:11, 12) Twoba duhengamira ku kuvuga cane abantu be n’ibitagenda neza mu buzima bwabo mugabo tukavuga gake ivy’impwemu be n’inyifato runtu? Ivyo ntivyoba ari ikimenyetso c’uko turiko turisuka mu vy’abandi bidakwiriye?—1 Petero 4:15.
7. Ku vyerekeye ukurinda umutima wacu, ni icigwa ikihe dushobora gukura ku nkuru yerekeye bene wabo na Yozefu cumi?
7 Rimbura ivyabaye mu muryango umwe wagutse. Abahungu bakuru cumi ba Yakobo ‘ntibabarira neza’ mwenewabo w’umuhererezi Yozefu. Kubera iki? Bari bamufitiye ishari kubera ari we muhungu se wabo yakunda. Mu nyuma, igihe Yozefu yahezagirwa akarota inzozi zivuye ku Mana, bikemeza yuko yari afise ubutoni kuri Yehova, “barushiri[je] kumwanka.” (Itanguriro 37:4, 5, 11) N’ubunyamaswa n’akantu, baragurishije mwenewabo ajanwa mu bunyagano. Ico gihe, mu kugerageza gupfuka ikibi bakoze, barahenze se wabo kugira ngo yiyumvire yuko Yozefu yishwe n’igikoko co mw’ishamba. Bene wabo na Yozefu cumi, barananiwe kurinda umutima wabo ico gihe. Nimba twihutira kunegura abandi, ico nticoba ari ikimenyamenya c’uko tugirira abandi igono canke ishari mu mutima wacu? Dukeneye kuba maso kugira ngo dusuzume ivyo tuvuga kandi twihutire kurandurana n’imizi impengamiro zitabereye.
8. Ni ibiki bizodufasha gusuzuma umutima wacu mu gihe dushikiwe no kuvuga ikinyoma?
8 Naho “Imana itabasha kubesh[a],” abantu b’abanyagasembwa bo bafise impengamiro yo kubesha. (Abaheburayo 6:18) Umwanditsi wa Zaburi yidodomvye ati: “Abantu bose n’abanyabinyoma.” (Zaburi 116:11) N’intumwa Petero yarihakanye Yezu incuro zitatu abigira arinze kubesha. (Matayo 26:69-75) Biragaragara yuko dutegerezwa kuba maso kugira ngo twirinde ibinyoma, kubera Yehova yanka “ururimi rw’ibinyoma.” (Imigani 6:16-19) Nimba twarigeze kuvuga ikinyoma, vyoba vyiza turimbuye icabitumye. Vyoba vyatumwe n’ugutinya umuntu? Vyoba vyatumwe n’ugutinya igihano? Kumbure vyoba vyatumwe n’uko dushaka gukingira izina ryacu canke kumbure ubwikunzi ni bwo bwabaye umuzi w’iyo ngorane? Icoba carabitumye cose, ese ukuntu bibereye ko tuzirikana kuri ico kibazo, tukemera twicishije bugufi agasembwa kacu, maze tugasaba ko Yehova aduharira, tukarondera ko adufasha gutsinda ubugoyagoye! “Abashingantahe b’ishengero” bashobora kuba ari bo bantu babereye kuruta boshobora gutanga iyo mfashanyo.—Yakobo 5:14.
9. Amasengesho yacu ashobora guhishura iki ku vyerekeye umutima wacu?
9 Mu kwishura intakambo y’Umwami akiri muto Salomo, amusaba ubukerebutsi n’ubumenyi, Yehova yavuze ati: “Ivyo kw ari vyo biri mu mutima wawe, ukaba udasavye ubutunzi cank’ibintu, cank’icubahiro . . . nuk’ubgenge n’ugutahura urabihawe, kandi nzoguha n’ubutunzi n’ibintu n’icubahiro.” (2 Ngoma 1:11, 12) Salomo yaba yasaba ibi canke ntabisabe, Yehova yari azi ibiri mu mutima wiwe. Ivyo tuyagira Imana bihishura iki ku vyerekeye umutima wacu? Amasengesho yacu yoba ahishura yuko tunyotewe ubumenyi, ubukerebutsi n’ugutahura? (Imigani 2:1-6; Matayo 5:3) Ivy’Ubwami vyoba ari vyo biri mu mutima wacu? (Matayo 6:9, 10) Nimba amasengesho yacu yacitse ibintu dupfa kuvuga gusa, ico coba ari ikintu cerekana ko dukeneye gufata umwanya wo kuzirikana ku vyo Yehova yakoze. (Zaburi 103:2) Abakirisu bose babwirizwa kuba maso kugira ngo bamenye neza ico amasengesho yabo ahishura.
Ivyo Dukora Bivuga Iki?
10, 11. (a) Ni hehe ukurenga ibigo n’ubusambanyi bitangurira? (b) Ni igiki kizodufasha kudakora ‘ubusambanyi mu mutima’?
10 Barayamaze ngo imvugo irutwa n’ingiro. Mu vy’ukuri ivyo dukora birahishura ukuntu tumeze imbere muri twebwe. Nk’akarorero, mu bijanye n’inyifato runtu, kurinda umutima ntibisaba gusa kwirinda gukora ubusambanyi canke kurenga ibigo. Muri ya nsiguro yiwe yo ku musozi, Yezu yavuze ati: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.” (Matayo 5:28) Dushobora gute kwirinda ubusambanyi no mu mutima wacu?
11 Umwe sokuruza w’umwizerwa Yobu yarahaye akarorero abagabo n’abagore b’Abakirisu. Nta nkeka Yobu yari asanzwe agirana ibintu n’abagore bakiri bato mbere akabafasha n’ubugwaneza mu gihe baba bakeneye gusahirizwa. Mugabo iciyumviro co kugiranira na bo imigambi y’ivy’urukundo vyari kure y’uwo mugabo w’intahemuka. Kubera iki? Kubera yari yaragize umwiyemezo ushikamye wo kudashinga ijisho abagore mu buryo bwo kubipfuza. Yavuze ati: “Nasezeranye isezerano n’amaso yanje; none noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme?” (Yobu 31:1) Ese twogiranira isezerano n’amaso yacu nk’iryo nyene maze tukarinda umutima wacu.
12. Woshira mu ngiro gute Luka 16:10 mu gihe urinda umutima wawe?
12 Umwana w’Imana yavuze ati: “Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.” (Luka 16:10) Yamara rero, turakeneye gusuzuma ukuntu twigenza no mu tuntu dusa na dutoyi two mu buzima bwa misi yose, eka n’ivyo tugirira aha twenyene i muhira iwacu. (Zaburi 101:2) Mu gihe twicaye mu nzu yacu, turiko turarorera televiziyo, canke turaba Internet, twoba turaba neza ko duhuza n’inkeburo yo mu Vyanditswe igira iti: “Ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera: cank’ibiteye isoni, cank’amagambo y’ubupfu, cank’ibitwenza bibi, kukw ivyo bitabereye.” (Abanyefeso 5:3, 4) Vyongeye tuvuge iki ku vyerekeye ubukazi bushobora kwerekanwa kuri televiziyo no mu bikino vya videwo? Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Uhoraho asuzuma abagororotsi: arik’umunyakibi n’ūkunda umuryano, umutima wiwe urabanka.”—Zaburi 11:5.
13. Ni ukwiyubara ukuhe twogira igihe tuzirikana ku biva mu mutima wacu?
13 Yeremiya yatugabishije ati: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa.” (Yeremiya 17:9) Ukwo kuntu umutima wihenda gushobora kwibonekeza igihe twisigura ku makosa twakoze, igihe dufatira mu rwara udusembwa, igihe twisigura ku tunenge dukomeye tw’akamere muntu yacu canke igihe turenza urugero mu vyo dukora. Umutima wibesha kandi urashobora kubamwo udutima tubiri, ni ukuvuga akarimi gasosa kavuga ibi, ariko ivyo ukora bikaba ibindi. (Zaburi 12:2; Imigani 23:7) Ese ukuntu bihambaye yuko tuvugisha ukuri mu gihe dusuzuma ibiva mu mutima!
Ijisho Ryacu Ryoba Riremuruye?
14, 15. (a) Ijisho “riremuruye” ni iki? (b) Kugumana ijisho riremuruye bidufasha gute kurinda umutima?
14 Yezu yavuze ati: “Itara ry’umubiri ni ijisho.” Yongeyeko ati: “Ijisho ryawe iy’ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n’umuco.” (Matayo 6:22) Ijisho riremuruye ritumbera umugambi umwe, canke intumbero imwe, nta kirisamaza ngo riwuveko. Mu vy’ukuri, ijisho ryacu rikwiye kwitunira ku “[k]ubanz[a] [k]witwararik[a] ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo.” (Matayo 6:33) Ni ibiki bishobora gushikira umutima wacu w’ikigereranyo mu gihe ijisho ryacu ritagumye riremuruye?
15 Rimbura ikibazo c’ukuronka icorirenza. Kuronsa umuryango wacu ivyo ukenera ni igisabwa ku Mukirisu. (1 Timoteyo 5:8) Mugabo bite ho mu gihe tugeragejwe n’icipfuzo co kurondera ibigezweko, vyiza kuruta ibindi kandi vyirukirwa na benshi mu bijanye n’imfungurwa, ivyambarwa, uburaro n’ibindi? Ivyo mu vy’ukuri ntivyotuma umutima n’umuzirikanyi biba ibija vyavyo, bigatuma dusengana imitima ibiri? (Zaburi 119:113; Abaroma 16:18) Ni kuki twotwarwa n’ukwitwararika ivyo umubiri ukenera ku buryo ubuzima bwacu buzirikana gusa ivy’umuryango, ivy’ubucuruzi be n’ivy’amaronko? Niwibuke impanuro yahumetswe igira iti: “Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bu[zima], ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose.”—Luka 21:34, 35.
16. Ni impanuro iyihe Yezu yatanze ku vyerekeye ijisho, kandi kubera iki?
16 Ijisho ni umuhora ukomeye mu vyo guha amakuru umuzirikanyi be n’umutima. Ivyo ryitunirako birashobora kwosha mu buryo bukomeye ivyiyumviro vyacu, akanyengetera kacu be n’ivyo dukora. Yezu yarakoresheje imvugo ngereranyo yerekeza ku bubasha ikigeragezo co kubona gishobora kugira maze avuga ati: “Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho rimwe, hak’umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu.” (Matayo 5:29) Umuntu ategerezwa kurinda ijisho akaribuza kuguma riraba ibintu bibi. Nk’akarorero, ntiyoreka ngo rigume riraba amayagwa agenewe kuvyura inambu y’umubiri canke ivyipfuzo bibi.
17. Gushira mu ngiro Ab’i Kolosayi 3:5 bidufasha gute kurinda umutima?
17 Birumvikana yuko kubona atari co gihimba conyene kidufasha kumenya ibidukikije. Ibindi bihimba nk’ugukorakora be n’ukwumva biragira uruhara rwavyo, kandi dukeneye kwiyubara no ku bindi bihimba vy’umubiri bijanirana na vyo. Intumwa Paulo yakebuye ati: “Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana.”—Ab’i Kolosayi 3:5.
18. Ni intambwe izihe dukwiye gutera ku vyerekeye ivyiyumviro bitabereye?
18 Icipfuzo kibi gishobora kuva ku bintu bihishijwe mu muzirikanyi wacu. Kugumiza umuzirikanyi ku bintu nk’ivyo kenshi birakomeza icipfuzo kibi, bikosha umutima. “Maz’ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha.” (Yakobo 1:14, 15) Benshi baremera icese yuko ukwo ari kwo kenshi ivy’ukwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene biba. Ese ukuntu bihambaye yuko tuguma twuzuza umuzirikanyi wacu ukwitwararika ivy’impwemu! (Ab’i Filipi 4:8) Kandi mu gihe iciyumviro kitabereye kije mu muzirikanyi, dukwiye kwihatira kukiwukuramwo.
‘Nukorere Yehova n’Umutima Utunganye’
19, 20. Twokwererwa gute mu gukorera Yehova dufise umutima utunganye?
19 Mu busaza bwiwe, Umwami Dawidi yabwiye umuhungu wiwe ati: “Mwana wanje Salomo, ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye kand’ukunze; kuk’Uhoraho asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose.” (1 Ngoma 28:9) Salomo ubwiwe yasenze asaba “umutima w’ubgenge.” (1 Abami 3:9) Yamara rero, yararwanye urugamba rwo kuzigama uwo mutima mu buzima bwiwe bwose.
20 Nimba dushaka kwererwa muri ivyo, ntidukeneye kugira umutima uhimbara Yehova gusa, mugabo kandi dukeneye kuwuzigama. Kugira ngo ivyo tubishikeko, dutegerezwa kuzigama ivyibutswa vy’Ijambo ry’Imana ku mutima wacu, ni ukuvuga ‘imbere mu mutima.’ (Imigani 4:20-22) Dukwiye kandi kugira akamenyero ko gusuzuma umutima wacu, tukazirikana tujanisha n’isengesho ku co ivyo tuvuga be n’ivyo dukora bihishura. Ukuzirikana nk’ukwo kwogira agaciro akahe tutaronderanye ubwira Yehova kugira ngo adufashe dukosore ubugoyagoye ubwo ari bwo bwose tubonye? Vyongeye ese ukuntu bihambaye ko tuguma turi maso ku vyo twihereza biciye ku bihimba vyacu bidufasha kumenya ibidukikije! Ivyo tubigize, turafise ikidukura amazinda yuko “amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima ya[cu] n’ivyiyumviro vya[cu] muri Kristo Yesu.” (Ab’i Filipi 4:6, 7) Egome, nimuze twiyemeze kurinda umutima wacu kuruta uko tworinda ikindi kintu cose twongere dukorere Yehova n’umutima utunganye.
Woba Uvyibuka?
• Ni kuki bihambaye kurinda umutima?
• Gusuzuma ivyo tuvuga bidufasha gute kurinda umutima wacu?
• Ni kuki dukwiye kuguma dufise ijisho “riremuruye”?
[Amafoto ku rup. 18]
Kenshi tuganira ivyerekeye iki igihe turi mu murimo wo mu ndimiro, ku makoraniro no muhira?
[Amafoto ku rup. 20]
Ijisho riremuruye nta kirisamaza