Uburyo Uhitamwo Ingingo Ugenderako
WOBA uri umuntu agendera ingingo? Canke woba ubona ko indero runtu hari ukuntu yataye igihe? Ikitoharirwa co, ni uko umuntu wese arongorwa n’ingingo ngenderwako z’uburyo bunaka, akazemera ko zihambaye. Nk’uko inyizamvugo imwe (The New Shorter Oxford English Dictionary) ibivuga, ingingo ngenderwako ishobora gusobanurwa yuko ari “icegeranyo c’amategeko umuntu yishingira mu biraba igikorwa ciza.” Ingingo ngenderwako ziragira akosho ku ngingo dufata zikongera zikagira ico zikoze ku ntumbero dufata mu buzima. Ingingo ngenderwako zishobora gukora nk’indangamerekero.
Nk’akarorero, Yezu yahimirije abigishwa biwe kwitondera rya Tegeko ry’Agakura dusanga muri Matayo 7:12, mu kugira ati: “Ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.” Abayoboke ba Confusius bakurikiza ingingo ngenderwako zataziriwe li na jen, zikaba zerekeye kamere z’ukugira ubuntu, ukwicisha bugufi, kwubaha n’ukudahemuka. N’abantu mbere badahurumbira ivy’idini usanga bafise ibintu bashira imbere canke inyobozo zigenga uburyo bigenza.
Dukwiye Guhitamwo Ingingo Ngenderwako Bwoko Ki?
Ariko rero, vyoba vyiza tugumije mu muzirikanyi ko ingingo ngenderwako zishobora kuba nziza canke zikaba mbi. Nk’akarorero, abantu basigaye basunikwa n’ingeso y’ukwikwegerako barushiriza kuba benshi. Kwikwegerako ni yo ngendo abantu benshi bahitamwo, igihe bataye ingeso nziza. Kwaba ari kwo bisobanurwa canke atari ukwo, ukwo kwikwegerako ni ikimenyamenya c’ubwikunzi, kenshi bukajana n’ukutagira ico umuntu yibanga mu guhahamira amaronko. Hari umugabo ari mu barongoye Televiziyo imwe yo mu Bushinwa yavuze ati: “Dufise ingingo ngenderwako zibiri zonyene. Imwe ni kwironsa ivyo twipfuza, iyindi ni kwirundaniriza amahera.”
Ingeso yo kwikwegerako ishobora gukora nk’isumaku. None isumaku igira ico ikoze gute ku ndangamerekero? Igihe ivyo bibiri biri hafi na hafi, agashinge k’iyo ndangamerekero karata amerekero yako. Muri ubwo buryo nyene, ingeso yo kwikwegerako irashobora kuvuruga indangamerekero yo mu vy’inyifato runtu y’umuntu, ari yo mategeko agenga inyifato nziza, mu gutuma ivyipfuzo vyiwe bija imbere y’ikindi kintu cose.
Mbega vyogutangaza kumenya yuko ukwikwegerako atari ikintu gitanguye ejobundi? Ubwo buryo bwo kubona ubuzima bwahereye mw’itongo ry’i Edeni, igihe abavyeyi bacu ba mbere batera akagere ingingo mfatirwako z’ukuntu bokwigenza zashinzwe n’Umuremyi wacu. Ivyo vyarononye indangamerekero yabo yo mu vy’inyifato runtu. Kubera yuko bakomotse kuri Adamu na Eva, abantu baravurugwa no kubona ubuzima muri ubwo buryo nyene, akaba ari ukwikwegerako.—Itanguriro 3:6-8, 12.
Iyo nyifato birigaragaza ko yimonogoje canecane muri iki kiringo ubuhanuzi bwa Bibiliya bwita “imisi y’iherezo,” irangwa n’“ibihe bigoye.” Abantu benshi ni “abikunda gusa.” Ntibitangaje kuba turi mu mukazo wo kwigana ako gatima ko kwikwegerako.—2 Timoteyo 3:1-5.
Kumbure ushobora gusanga wemeranya n’ivyo umusore umwe yitwa Olaf yavuze igihe yandikira rimwe mu mashami y’i Buraya y’Ivyabona vya Yehova ati: “Biragoye cane kuguma umuntu ashikamye mu vy’inyifato runtu, canecane kuri twebwe abakiri bato. Turabinginze muzogume mutwibutsa ko bikenewe kwumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya.”
Olaf yagaragaje ko afise ubukerebutsi mu kuntu abona ibintu. Twaba turi bato canke dukuze, ingingo ngenderwako ziva ku Mana zirashobora kudufasha kuguma twigenza neza. Zirashobora kandi gutuma dushobora kunanira ingeso y’ukwikwegerako. Niba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora kugufasha vy’ukuri, turakwinginze urimbure ikiganiro gikurikira.
[Ifoto ku rup. 4]
Abantu benshi muri iki gihe ntibanegwa ivyo abandi bakeneye