Nubibe Ubugororotsi, Wimbure Ubuntu-Mvarukundo bw’Imana
“UWIGIZE ishinga ku wundi bizomugirira nabi, arik’uwanka ivy’[ugukorana mu minwe] aba amahoro.” (Imigani 11:15) Ese ukuntu uwo mugani mugufi uremesha mu buryo bujijura ko igikorwa umuntu akora ari we akibazwa! Kwishinga umuntu yatse ideni utazi neza yuko azorisubiza uba wikwegeye ingorane. Wirinze ivyo gukorana mu minwe, muri Isirayeli ya kera kikaba cari ikimenyetso cerekana ko mwemeranije n’umuntu, uba wikinze kugwa mu mutego w’ivy’amahera.
Biratomoye ko ingingo ngenderwako ikora hano ari iyi: “Ic’umuntu abiba cose [n]i co azokwimbura.” (Ab’i Galatiya 6:7) Umuhanuzi Hoseya yavuze ati: ‘Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw [“ubuntu-mvarukundo,” NW] buri.’ (Hoseya 10:12) Ni vyo, ubivye ukugororoka mu gukora ibintu mu buryo Imana ishima urimbura ubuntu-mvarukundo bwayo. Kubera yakoresheje iyo ngingo ngenderwako akatari gake, Umwami Salomo wa Isirayeli araremesha mu buryo bukomeye ibikorwa bigororotse, imvugo igororotse be n’agatima kabereye. Dusuzumye twitonze amajambo yiwe aranga ubukerebutsi mu vy’ukuri azoturemesha kwibibira imbuto mu kugororoka.—Imigani 11:15-31.
Nubibe “Igikundiro,” Wimbure “Icubahiro”
Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Umugore w’[igikundiro] yamana icubahiro, kand’abagabo b’abahambazi bamana itunga.” (Imigani 11:16) Uwo murongo ushira ahabona itandukaniro riri hagati y’icubahiro kiramba umugore w’igikundiro, ni ukuvuga “umugore w’umugwaneza,” ashobora kuronka be n’ubutunzi bw’akanya gato umuntu w’umuhambazi aronka.—An American Translation.
Umuntu yoshobora gute kuronka igikundiro kivamwo icubahiro? Salomo yahanuye ati: “Ugumye ubgenge buroranye n’amakenga; ni ho bizobera . . . izosi ryawe ugushaza.” (Imigani 3:21, 22) Kandi umwanditsi wa Zaburi yaravuze ivyerekeye ‘igikundiro gisukwa mu minwa y’umwami.’ (Zaburi 45:1, 2) Vyemere, ubukerebutsi ngirakimazi, ubushobozi bwo kwiyumvira be n’ugukoresha neza ururimi biragira ico biterereye ku gaciro umuntu agira be n’igikundiro ciwe. Ivyo ni ko biri vy’ukuri ku vyerekeye umugore w’incabwenge. Akarorero kamwe ni aka Abigayili, umugore wa Nabali ikijuju. Yari “umunyabgenge, kandi yar’umunyakaranga,” vyongeye Umwami Dawidi yaramushimagije kubera “ubgenge” bwiwe.—1 Samweli 25:3, 33.
Umugore yubaha Imana afise akaranga nya karanga nta nkeka azoronka icubahiro. Azovugwa neza n’abandi. Nimba yubatse, azokwironkera icubahiro ku mugabo wiwe. Kukaba nkako, azotuma urugo rwose uko rungana rwubahwa. Kandi icubahiro ciwe si icubahiro c’akanya gato. “Kuvugwa neza kuruta kugira ubutunzi bginshi, kandi kuba rurangwa kuruta kugira ifeza n’izahabu.” (Imigani 22:1) Izina ryiza yihesha ku Mana rifise agaciro kamaho.
Ivyo biratandukanye n’ivy’umuntu w’umuhambazi. (Imigani 11:16) Umuntu w’umuhambazi ashirwa mu mugwi w’abantu babi no mu bantu banka abambaji ba Yehova. (Yobu 6:23; 27:13) Umuntu nk’uyo ‘ntashira Imana imbere yiwe.’ (Zaburi 54:3) Bivuye ku gukandamiza umuntu ataco azira no mu kumwungukirako mu buryo buranga ubwikunzi, umuntu nk’uyo “yotekeranya amafeza nk’umukungugu.” (Yobu 27:16) Yamara rero, haciye igihe yoshobora kuryama ntavyuke, kandi umusi uwo ari wo wose agira ngo arakanura woshobora kuba wo musi wiwe wa nyuma wo kubaho. (Yobu 27:19) Ubutunzi bwiwe bwose be n’ivyo yaranguye vyose ico gihe biraheza bigacika ubusa.—Luka 12:16-21.
Ese ukuntu ari icigwa gihambaye mu Migani 11:16 higisha! Mu kutwereka muri make ico igikundiro kivamwo be n’ico ubuhambazi buvamwo, umwami wa Isirayeli aduhimiriza kubiba ubugororotsi.
“Ubuntu-Mvarukundo” Buzana Impera
Mu kwigisha ikindi cigwa mu bijanye n’ubucuti abantu bagiranira, Salomo avuga ati: “Umun[tu “w’ubuntu-mvarukundo,” NW] agirira neza umutima wiwe ubgiwe, ariko ruburakigongwe agirira nabi umubiri wiwe ubgiwe.” (Imigani 11:17) Incabwenge imwe ivuga iti: “Iciyumviro kiri muri uwo mugani ni uko inyifato umuntu agaragaza imbere y’abandi, yaba nziza canke mbi, imugirako ingaruka atari yiteze.” Rimbura akarorero k’umugore umwe akiri muto yitwa Lisa.a Naho ata mutima mubi abigirana, yama acererwa ku masango ahana n’abandi. Ni ibisanzwe kuri we gucerwa iminuta 30 canke irenga ku masango yo guhurira hamwe n’abandi bamamaji b’Ubwami kugira basohokane mu gikorwa co kwamamaza. Lisa nta kamaro bimugirira. Yoba ashobora kuvuga nabi abandi mu gihe barambiwe no gutakaza umwanya w’agaciro maze bakirinda gusubira guhana na we amasango yo gusohokana?
Umuntu arondera ko ibintu biba ibitagiramwo agahaze, ni ukuvuga umuntu ashinga ingingo mfatirwako ziri hejuru cane mu buryo bukabije z’ibikwiye kurangurwa, na we nyene aba ariko arigirira nabi. Uwama nantaryo yihatira gushitsa imigambi adashobora gushikira, aba ariko yishira mu bintu vyoshobora kumuruhisha cane kandi bikamuvuna umutima. Ku rundi ruhande, turigirira neza igihe twishingira imigambi ishoboka kandi yumvikana. Kumbure ntidutahura ibintu n’ingoga cokimwe n’abandi, canke indwara kibure ubusaza bishobora kuba bituma hagira ivyo tudashobora. Nimuze ntitwigere tubabazwa n’ivyerekeye iterambere ryacu ryo mu vy’impwemu, mugabo twame nantaryo tubandanya kugaragaza ko dutegera ibintu mu bijanye n’uko hari ivyo tudashobora kurenza. Turagira ubuhirwe igihe ‘dukoze uko dushoboye kwose’ (NW) dukurikirije uko ubushobozi bwacu bungana.—2 Timoteyo 2:15; Ab’i Filipi 4:5.
Wa mwami w’inkerebutsi yarashishikaye gusigura ido n’ido ry’ukuntu umugororotsi yigirira neza mu gihe umuntu w’umuhambazi wewe yigirira nabi, avuga ati: “Umunyakibi aca ingero y’ibihendo, arik’ūbiba ubugororotsi aronka impēra y’ukuri. Ubugororotsi bushikana umuntu ku bu[zima], arik’ūkurikirana ikibi aba yikwegera urupfu. Abagoreka mu mitima n’igisesema k’Uhoraho, arikw abatunganya mu nzira baramuhimbara. Vy’ukuri, umunyakibi akazobura guhanwa! Arik’uruvyaro rw’abagororotsi ruzorokorwa.”—Imigani 11:18-21.
Iyo mirongo irashimika mu buryo butandukanye kuri iki ciyumviro c’ishimikiro: Nubibe ubugororotsi maze wimbure impera yabwo. Umunyakibi arashobora kuja mu vyo kubesha canke gukina akamari kugira ngo aronke ikintu atabiriye akuya. Kubera ko ingero nk’izo ari iz’ikinyoma, arashobora kuvunika umutima. Umuntu akora igikorwa ciwe n’umwete araronka impera y’ukuri bigatuma ata co yinona. Kubera ashimwa n’Imana, uwo muntu ata kimwagira aba ari mu murongo w’abafise icizigiro co kuzoronka ubuzima. Mugabo umuntu mubi bizomugendera gute? “Vy’ukuri” mu kugira imigambi y’ubuguranyi, umunyakibi ntazobura guhanwa. (Imigani 2:21, 22) Ese ukuntu ari inkeburo nziza yo kubiba ubugororotsi!
Ubwiza Nyabwo ku Muntu w’Inkerebutsi
Salomo arabandanya ati: “Umugore w’akazuru gusa arikw ata[gira ubukerebutsi], ameze nk’impeta y’izahabu yambitswe ingurube mu zuru.” (Imigani 11:22) Impeta zo ku zuru vyari ibisharizo bimenyerewe mu bihe vya Bibiliya. Impeta y’izahabu yo ku zuru yambikwa izuru bayicishije ku ruhande rw’izuru canke barinze gutobora igice gitandukanya imyenge y’izuru ku buryo yaboneka bitagoranye ko ari igisharizo ku mugore. Ese ukuntu bitoba bibereye ko igisharizo ciza nk’ico coja ku zuru ry’ingurube! Ni na ko biri no ku bwiza bw’inyuma umuntu afise ariko akaba abuze ‘ubukerebutsi.’ Igisharizo ntikibera uwo muntu namba, yaba umugore canke umugabo. Kiba kiri aho bidakwiriye, ni ukuvuga ko kitaryohera ijisho na gato.
Ikizwi coco ni uko kwitwararika ukuntu abandi batubona ari ibisanzwe. Mugabo none ni kuki twohagarika umutima birenze urugero canke tukiyumva nabi turavye uko dusa mu maso canke uko umubiri wacu umeze? Hari ibintu vyinshi bigize umubiri wacu tudafiseko ububasha. Kandi ukuntu dusa si co kintu gihambaye. None si ivy’ukuri yuko abantu batari bake dushima kandi dutamarira basa ugusanzwe? Ubwiza bw’umubiri si co kintu nyamukuru kizana ubuhirwe. Ikintu vy’ukuri gihambaye ni ubwiza bw’imbere mu mutima burangwa na kamere ziramba z’ukwubaha Imana. Nimuze rero tube inkerebutsi dutsimbataze mwene izo kamere.
“Umutima Urekura Uzototahara”
Umwami Salomo avuga ati: “Ivyo abagororotsi bifuza bibazanira ivyiza gusa, arikw ivyo abanyakibi bishimira bibazanira kurakirwa.” Mu kwerekana ukuntu ivyo ari uko biri, yongerako ati: “Umwe atanga isābagire, akarushiriza kwunguka, uwundi yikumirakw ivyo yar’akwiye gutanga, bimukwegera ubukene.”—Imigani 11:23, 24.
Uko dukwiragiza n’umwete, ni ukuvuga duha abandi ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana, nta nkeka turaryohora ukuntu dutahura ubwacu “ubwaguke n’uburebure n’ubwira n’ubwimbike” bwaryo. (Abanyaefezi 3:18, UB) Ku rundi ruhande, umuntu adakoresha ubumenyi bwiwe, aba ari mu kaga ko gutakaza n’ubwo yari afise. Emwe, “ūbiba nke, azokwimbura bike, ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi.”—2 Ab’i Korinto 9:6.
Uwo mwami arabandanya ati: “Umutima urekura uzototahara [uzosagamba], kand’ūvomera abandi azovomerwa na we.” (Imigani 11:25) Igihe dukoresha umwanya wacu n’ubutunzi bwacu n’umutima mwiza kugira ngo duteze imbere ugusenga kw’ukuri, Yehova aratunezererwa. (Abaheburayo 13:15, 16) ‘Azotugomororera ingomero zo mw’ijuru, aducuncuburire umuhezagiro tubure aho tuwukwiza.’ (Malaki 3:10) Niwirabire honyene isagamba ryo mu vy’impwemu abasavyi biwe bafise muri iki gihe!
Salomo mu gutanga n’akandi karorero kerekana itandukaniro riri hagati y’ivyipfuzo vy’umugororotsi n’ivyipfuzo vy’umunyakibi, avuga ati: “Uwikumirakw impeke abantu bazomuvuma, arik’umuhezagiro uzoba k’ūzishōra.” (Imigani 11:26) Kugura ibidandazwa igihe ibiciro ari bitoyi hanyuma ukabibika, ukazobigurisha igihe vyakenye kandi ukabigurisha ku biciro binini birashobora kuzana inyungu. Naho harimwo inyungu gukoresha ibintu ku rugero no mu kubishingura, abantu muri rusangi baranka umuntu agira ibintu nk’ivyo abitumwe n’ubwikunzi. Ku rundi ruhande, umuntu yirinda kurondera inyungu z’umurengera ngo ni uko ibintu vyihutirwa vyabuze, abantu baramukunda.
Mu kuturemesha kubandanya kwipfuza ibintu bimeze neza, canke ibigororotse, uwo mwami wa Isirayeli avuga ati: “Ūrondera ivyiza inzirabgira aba arondeye gushimwa, arik’ūhahamira ikibi kizomugarukako. Uwizigira ubutunzi bgiwe azotemba, arikw abagororotsi bazototahara nk’ikibabi kiremvye.”—Imigani 11:27, 28.
Umugororotsi Arakundwa n’Abantu
Salomo mu kwerekana ukuntu igikorwa kiranga ubupfu kivamwo ingaruka mbi, avuga ati: “Ūtera urugo rwiwe imivurungano azoronka umuyaga kw iragi.” (Imigani 11:29a) Ikibi Akani yakoze ‘caramuteje umuvurungano,’ kandi we n’abagize urugo rwiwe bicishijwe amabuye. (Yosuwa, ikigabane c’7) Muri iki gihe, umutwe w’urugo rwa gikirisu n’abandi bo mu rugo rwiwe barashobora kwisuka mu kibi gituma bacibwa mw’ishengero rya gikirisu. Umugabo ubwiwe yananiwe kwisunga amabwirizwa y’Imana kandi akarekerana ikibi gikomeye mu rugo rwiwe, arateza umuvurungano inzu yiwe bwite. Kumbure we n’abandi bo mu rugo rwiwe baracibwa ntibabe bacifatanya n’Abakirisu kubera ari inkozi z’ikibi zitigaya. (1 Ab’i Korinto 5:11-13) None azohakura iki? Umuyaga gusa, ni ukuvuga ikintu kitagira agaciro na gatoyi.
Uwo murongo urabandanya uti: “Igipfu kizoba umushumba w’ūfise umutima w’ubgenge.” (Imigani 11:29b) Kubera ko umuntu w’igipfu atagira ubukerebutsi ngirakimazi, nta wushobora kumwizigira ngo amushinge ibanga rihambaye. Ikigeretseko, kuba atazi guhagarikira ibintu vyiwe bwite vyoshobora gutuma arongōrwa n’uwundi muntu mu buryo bunaka. Umuntu nk’uyo w’igipfu yoshobora nezaneza gucika “umushumba w’ūfise umutima w’ubgenge.” Biratomoye rero yuko bihambaye ko dutandukanya ibintu neza kandi tugakoresha ubukerebutsi ngirakimazi mu vyo tugira vyose.
Wa mwami w’inkerebutsi aradukura amazinda ati: “Imbuto y’umugororotsi n’igiti c’ubu[zima], kand’ūfise ubgenge a[rakundwa n’]abantu.” (Imigani 11:30) Ivyo biba gute? Emwe, biciye ku vyo avuga no ku kuntu yigenza, umuntu agororotse arashira ingaburo y’ivy’impwemu abandi. Bararemeshwa gukorera Yehova kandi impera n’imperuka bakazoronka ubuzima Imana ituma bushoboka.
‘Umunyavyaha Azogererwa Ibirushirije’
Ese ukuntu iyo migani twabonye idukebura mu buryo bujijura kubiba ubugororotsi! Mu gukoresha mbere mu bundi buryo iyo ngingo ngenderwako ivuga yuko “ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura,” Salomo avuga ati: “Rāba, umugororotsi azogererwa ibikwiranye na we mw isi: non’umunyakibi n’umunyavyaha ntibazorushiriza?”—Imigani 11:31.
Naho umuntu agororotse agira utwigoro kugira ngo akore ibigororotse, rimwe na rimwe arahumba. (Umusiguzi 7:20) Kandi kubera amakosa yiwe “azogererwa” mu guhanwa. Ariko none, tuvuge iki ku muntu w’umunyakibi ahitamwo n’ibigirankana ingendo mbi kandi ntagire akigoro ko kuja mu nzira igororotse? None ntakwiriye ‘kugererwa’ ibirushirije, ni ukuvuga igihano gikaze? Intumwa Petero yanditse ati: “K’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, ūtubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe?” (1 Petero 4:18) Nimuze rero twiyemeze kwama nantaryo twungukira mu kubiba imbuto mu kugororoka.
[Akajambo k’epfo]
a Hano hakoreshejwe irindi zina.
[Ifoto ku rup. 28]
“Igikundiro” catumye Abigayili aronka “icubahiro”
[Amafoto ku rup. 30]
‘Umunyakibi aca ingero y’ibihendo, umugororotsi akaronka impera y’ukuri’
[Ifoto ku rup. 31]
‘Nubibe vyinshi, wimbure vyinshi’