ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/9 rup. 21-25
  • “Ubukiriro Ni Ubwa Yehova”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ubukiriro Ni Ubwa Yehova”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ntuz’Uvyikubite Imbere”
  • Indirimbo z’Uguhayagiza Igihugu Ni Iki?
  • Nuvyirinde Ubigiranye Ukwubaha
  • ‘Guma Ufise Ijwi ryo mu Mutima Ritakwagiriza Ikibi’
  • “Kugira Ineza Kuri Bose”
  • Kuramutsa ibendera, amatora n’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova birinda kugira uruhara mu misi mikuru y’igihugu?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/9 rup. 21-25

“Ubukiriro Ni Ubwa Yehova”

MU BIHE haba hari amagume mu gihugu, canke haba hari indyane mu mahanga, abanyagihugu bahanga amaso intwaro ngo abe ari yo ibaronsa umutekano. Intwaro ku ruhande rwazo zica zongereza imigambi yo gutuma abanyagihugu bazishigikira. Uko imigambi nk’iyo irushiriza kuremesha agatima k’ugukunda igihugu, ni ko harushiriza kuba imisi mikuru ijanye n’ugukunda igihugu kandi ikagirwa kenshi.

Mu gihe hari ingorane zihutirwa mu gihugu, ivy’ugukunda igihugu kenshi biratuma abantu bagira agatima ko kwunga ubumwe, bakumva bagize inguvu, bigashobora no gutuma haba ugusenyera ku mugozi umwe, n’ukwitwararika ivyo ubwabo bakeneye. Ariko rero, nk’uko ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (The New York Times Magazine) kibivuga, “gukunda igihugu ni ikintu gihinduka bukwi na bukwi nk’uko biri no ku kanyengetera ako ari ko kose, kubera ko iyo [ugukunda igihugu] kuramutse guseruwe mu buryo burenze, gushobora kuvamwo ibintu bidashimishije.” Kwerekana ko umuntu akunda igihugu vyoshobora guhindukamwo ibikorwa bishobora kurengera akarimbi uburenganzira bw’umunyagihugu be n’umwidegemvyo wo gusenga w’abanyagihugu bamwebamwe bo muri ico gihugu. Abakirisu b’ukuri ni bo canecane bahura n’umukazo wo kudohoka ku vyo bemera. Bavyifatamwo gute igihe ibintu nk’ivyo vyiganje aho baba? Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zibafasha gukorana ubukerebutsi no kuguma batadohoka ku Mana?

“Ntuz’Uvyikubite Imbere”

Rimwe na rimwe, kuramutsa ibendera ry’igihugu biracika bwo buryo abantu benshi bakunda guseruriramwo inyiyumvo bafise z’ugukunda igihugu. Mugabo, amabendera usanga akenshi ariko ibishushanyo vy’ibintu biri kw’ijuru, nk’inyenyeri, eka mbere n’ibintu biri kw’isi. Imana yaraseruye ukuntu ibona ivy’ukwunamira ibintu nk’ivyo igihe yategeka abasavyi bayo iti: “Ntukibāzire igishushanyo, cank’igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; ntuz’uvyikubite imbere, ntuz’ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’Imana [isaba gusengwa yonyene].”​—Kuvayo 20:4, 5.

Kuramutsa ibendera ry’Igihugu canke kuripfukamira vyoba mu vy’ukuri biteye kubiri n’itegeko risaba ko dusenga Yehova Imana wenyene gusa? Ni ivy’ukuri ko Abisirayeli ba kera bari bafise ‘utubendera’ ya miryango yabo uko igabuwemwo gutatu yakoranira iruhande ikadukikuza igihe bari mu bugaragwa. (Guharūra 2:1, 2) Mu gusigura amajambo y’Igiheburayo akoreshwa kuri utwo tubendera, inkoranyabumenyi ya McClintock na Strong ivuga iti: “Mugabo rero, nta na rimwe muri ayo majambo y’Igiheburayo riserura iciyumviro ijambo ‘akabendera’ ari ryo bendera rizana mu mizirikanyi yacu.” Bisubiye, utubendera tw’Abisirayeli ntitwabonwa ko ari tweranda, eka mbere nta birori na bimwe bijanye n’ikoreshwa ryatwo vyagirwa. Twakoreshwa gusa bwa bimenyetso, tukerekana aho abantu bategerezwa gukoranira.

Ibishushanyo vy’abakerubi vyari mw’ihema no mu rusengero rwa Salomo ahanini vyakora bwa bigereranyo vy’abakerubi bo mw’ijuru. (Kuvayo 25:18; 26:1, 31, 33; 1 Abami 6:23, 28, 29; Abaheburayo 9:23, 24) Kuba abantu muri rusangi batigeze babibona, ni icerekana yuko ivyo bishushanyo vy’abakerubi bitari bikwiriye gusengwa, be n’uko abamarayika ubwabo badakwiye gusengwa.​—Ab’i Kolosayi 2:18; Ivyahishuriwe 19:10; 22:8, 9.

Rimbura kandi ca gishushanyo c’inzoka cari gikozwe mu muringa, kimwe umuhanuzi Musa yakora mu gihe Abisirayeli bari bamaze igihe gitoyi mu bugaragwa. Ico gishushanyo canke ico kigereranyo, cakora bwa kimenyetso kikaba kandi cari gifise insobanuro menyeshakazoza. (Guharūra 21:4-9; Yohana 3:14, 15) Nticasengwa canke ngo gikoreshwe mu gusenga. Ariko rero, hashize ibinjana inyuma y’igihe ca Musa, Abisirayeli baratanguye gukora ibitabereye mu gusenga ico kigereranyo nyene, mbere bakanacosereza imibavu. Ni co gituma Umwami w’Ubuyuda Hezekiya yakimenaguye gicika ubuvunji.​—2 Abami 18:1-4.

Amabendera y’ibihugu yoba ari ibimenyetso gusa bifise igikorwa kinaka kirumara? Agereranya iki? Umwanditsi J. Paul Williams yavuze ati: “Ikimenyetso nyamukuru c’ugukunda igihugu kigaragaza ukwizera kandi gisengwa cane ni ibendera.” Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopedia Americana) ivuga iti: “Ibendera ni ryeranda nka kurya kw’umusaraba.” Ibendera ni ikimenyetso c’Igihugu. Ni co gituma kuryunamira canke kuriramutsa ari ibirori vy’idini biha Igihugu icubahiro kigera kure. Igikorwa nk’ico cerekana ko ubukiriro bwitirirwa Igihugu, ivyo na vyo bikaba biteye kubiri n’ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ugusenga ibigirwamana.

Ivyanditswe bivuga bitomora biti: “Ubukiriro ni ubwa Yehova.” (Zaburi 3:8, NW) Ubukiriro ntibukwiye kwitirirwa inzego z’abantu canke ibimenyetso vyabo. Intumwa Paulo yakebuye Abakirisu bagenziwe ati: “Abo nkunda, ni muhunge gusenga ibigirwamana.” (1 Ab’i Korinto 10:14) Abakirisu bo mu ntango ntibagize uruhara mu vyo gusenga Igihugu. Daniel P. Mannix mu gitabu ciwe (Those About to Die), avuga ibi: “Abakirisu baranse . . . gushikanira igiheko c’umwami w’abami [w’Umuroma]​—muri iki gihe bikaba vyongana no kwanka kuramutsa ibendera.” Ni na kwo bimeze ku Bakirisu b’ukuri muri kino gihe. Kugira ngo bibande kuri Yehova bimwe biherejeko, baririnda kuramutsa ibendera ry’igihugu ico ari co cose. Babigenjeje gutyo, baba bashize Imana mu kibanza ca mbere, muri ico gihe nyene bakaguma bubaha intwaro n’abazirongoye. Nkako, baratahura ibanga bafise ryo kugamburukira “abakuru ba rutura” bo mu vy’intwaro. (Abaroma 13:1-7, NW) Ariko none, Ivyanditswe bibona gute ivy’ukuririmba indirimbo ziranga ugukunda igihugu, nk’indirimbo z’uguhayagiza igihugu?

Indirimbo z’Uguhayagiza Igihugu Ni Iki?

Inkoranyabumenyi imwe (The Encyclopedia Americana) ivuga iti: “Indirimbo z’uguhayagiza igihugu ni amajambo aserura inyiyumvo y’ugukunda igihugu kandi akenshi akaba arimwo ivy’ugusaba ko Imana yoyobora kandi igakingira abanyagihugu canke abategetsi babo.” Ururirimbo rw’uguhayagiza igihugu ku bwa ngingo, ni ururirimbo rwo gushemeza igihugu canke isengesho riturwa ku bwaco. Urwo ruririmbo mu bisanzwe rusaba ko igihugu gisagamba mu vy’ubutunzi kandi ko kiramba. Abakirisu b’ukuri boba bakwiye kwiyunga mu nyiyumvo nk’izo ziranga ugusenga?

Umuhanuzi Yeremiya yabaye mu bantu bivugisha ko basukurira Imana. Yamara, Yehova yamutegetse ati: “Nta co usengera ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ubasengere, kandi ntubanyingingire: kuko ntazokwumva.” (Yeremiya 7:16; 11:14; 14:11) Ni kubera iki Yeremiya yahawe iryo tegeko? Kubera ko ikibano cabo cari cuzuye ubusuma, ubwicanyi, ubusambanyi, kurahira ibinyoma, be n’ugusenga ibigirwamana.​—Yeremiya 7:9.

Yezu Kirisitu yarasize akarorero igihe yavuga ati: “Ndabasabira; sinsabira ab’isi, ariko nsabira abo wampaye.” (Yohana 17:9) Ivyanditswe bivuga yuko “isi yose iri muri wa Mubi,” kandi ko ‘isi iriko irashira.’ (1 Yohana 2:17; 5:19) Abakirisu b’ukuri none boshobora gute gusenga basaba ugusagamba be n’ukuramba kw’urunkwekwe nk’urwo babishizeko umutima?

Ego ni ko, si indirimbo zose z’uguhayagiza igihugu zirimwo ugutakambira Imana. Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopædia Britannica) ivuga iti: “Inyiyumvo indirimbo z’uguhayagiza igihugu ziserura zirahindagurika, zihera ku masengesho aturwa ku bw’umwami zigashika ku vy’ukwerekeza ku ntambara z’igihugu zihambaye canke imigumuko . . . gushika no ku guserura inyiyumvo ziranga ugukunda igihugu.” Mugabo none, abantu barondera guhimbara Imana boba vy’ukuri bashobora kwigina intambara canke amahinduka agirwa n’igihugu ico ari co cose? Ku vyerekeye abasenga b’ukuri, Yesaya yabuye ati: “Inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero.” (Yesaya 2:4) Intumwa Paulo yanditse ati: “Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri, kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ivyo mu buryo bg’umubiri.”​—2 Ab’i Korinto 10:3, 4.

Indirimbo z’uguhayagiza igihugu akenshi ziserura inyiyumvo z’ukwiratira igihugu canke kugishira hejuru. Ubwo buryo bwo kubona ibintu ntibushingiye ku Vyanditswe. Mu nsiguro yariko ashikiriza muri Areyopago, intumwa Paulo yavuze ati: “[Yehova Imana] yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose.” (Ivyakozwe 17:26) Intumwa Petero yavuze ati: “Imana [nti]robanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

Kubera ugutahura Bibiliya bafise, abenshi barifatira ingingo yo kutagira uruhara mu vyo kuramutsa ibendera no mu vyo kuririmba indirimbo ziranga ugukunda igihugu. Mugabo, bavyifatamwo gute igihe bashikiwe n’ibintu bituma bahangana imbonankubone n’ivyo bibazo?

Nuvyirinde Ubigiranye Ukwubaha

Mu twigoro Umwami Nebukadinezari wa Babiloni ya kera yagize kugira ngo akomeze ubumwe bw’inganji yiwe, yarahagaritse igishushanyo c’izahabu amahero mu kiyaya c’i Dura. Yaciye aringaniza ibirori vy’ukugikwangura, ivyo akaba yabitumiyemwo ivyegera vyiwe, abaganwa, abagabisha, abajanama bakuru, be n’abandi bategetsi bakuru. Ijwi ry’umuziki rivuze, abari bahakoraniye bose bategerezwa guca bikubita hasi bagasenga nya gishushanyo. Mu bategerezwa kuba ari ho bari, harimwo imisore itatu y’Abaheburayo, Shaduraka, Meshaki na Abedunego. Abo basore none berekanye gute ko batariko bagira uruhara muri ivyo birori vy’idini? Umuziki utanguye hanyuma abari bakoraniye ngaho bakikubita imbere ya nya gishushanyo, ba Baheburayo batatu bagumye bihagarariye.​—Daniyeli 3:1-12.

Muri kino gihe, amabendera akenshi bayaramutsa bahagaze, bagoroye amaboko, canke bagakubita isarudi ukuboko kumaditse ku ruhanga canke gufashe ku mutima. Rimwe na rimwe, umuntu arashobora guhagarara mu buryo bumwebumwe budasanzwe. Mu bihugu bimwebimwe, abana kw’ishure bitegwa ko bapfukamira ibendera kandi bakarisoma. Abakirisu b’ukuri bahagaze batekereje mu gihe abandi baramutsa ibendera, baba bagaragaje ko ari abarorerezi bubaha.

Tuvuge iki mu gihe ibirori bijanye n’ibendera bigirwa ku buryo no guhagarara gusa biba ari ikimenyamenya c’uko umuntu abigizemwo uruhara? Nk’akarorero, dufate ko umunyeshure umwe kw’ishure kanaka atowe kugira aserukire ishure ryose, maze akaramutsa ibendera ku kibuga aho rimanitswe, abandi banyeshure na bo bikaba vyitezwe ko bahagarara neza barihanga amaso bari mw’isomero. Guhagarara vyonyene mu gihe nk’ico biba bisigura ko wemera yuko nya munyeshure ahagaze imbere y’ibendera ariko akora bwa wuserukira umwumwe wese muri mwebwe mu kuramutsa ibendera. Guhagarara mu buryo na bumwe vyokwerekana rero ko ugize uruhara muri ivyo birori. Igihe bimeze ukwo, abipfuza kuba abarorerezi bubaha boguma bicaye batekereje. Bite ho igihe abo mw’isomero baba bari basanzwe bahagaze igihe ibirori nk’ivyo bitanguye? Muri ico gihe, ntivyoba vyerekana ko twabigizemwo uruhara hamwe twoguma duhagaze.

Dufate ko umuntu batamusavye kuramutsa ibendera, ariko bakamusaba gusa kurigumya haba mu gihe c’idefire, mw’isomero canke ahandi hantu kugira ngo abandi bashobore kuriramutsa. Aho ‘guhunga ugusenga ibigirwamana’ nk’uko bitegekwa mu Vyanditswe, ivyo mu vy’ukuri vyoba bisobanura ko ari we ari imboneza nya mboneza muri ivyo birori. Ni ko biri no mu gihe umuntu agiye mu madefire aranga ugukunda igihugu. Kubera ko kugira ibintu nk’ivyo vyoba bisigura gushigikira ikintu giterwa iteka muri iyo defire, Abakirisu b’ukuri baravyirinda bivuye ku mutima.

Igihe indirimbo z’uguhayagiza igihugu ziririmbwa, mu bisanzwe ikintu cose umuntu ategerezwa gukora kugira yerekane ko afise inyiyumvo nk’izo nya rurimbo ruserura ni uguhaguruka. Mu bihe nk’ivyo, Abakirisu baguma bicaye. Ariko rero, niba bari basanzwe bahagaze igihe ururirimbo rw’uguhayagiza igihugu ruririmbwa, ntibikenewe ko baca bicara. Si nk’aho ari bo boba bahisemwo kugira ngo bahagararire nya ruririmbo. Ku rundi ruhande, niba vyitezwe ko umugwi kanaka uhaguruka maze ukaba ari wo uririmba, ico gihe uhagurutse gusa ku bwo kugaragaza icubahiro mugabo nturirimbe, ntikwoba ari ukugira uruhara mu nyiyumvo ziserurwa muri nya ruririmbo.

‘Guma Ufise Ijwi ryo mu Mutima Ritakwagiriza Ikibi’

Amaze kudondora ivy’uko ibintu vyakozwe n’abantu bisengwa ata co bishobora gukora, umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Ababikora bazo[cika nk]a vyo, mbere n’ūvyizigira wese.” (Zaburi 115:4-8) Ni ivyibonekeza rero yuko akazi kose karimwo uguhingura ibintu bisengwa, tudasize inyuma amabendera y’igihugu abasavyi ba Yehova batokemera. (1 Yohana 5:21) Ibindi bintu bijanye n’akazi birashobora kandi kwaduka igihe Abakirisu berekana mu buryo buranga icubahiro ko badasenga yaba ibendera canke ico rigereranya, ariko ko basenga Yehova gusa.

Nk’akarorero, umukoresha ashobora gusaba umukozi wiwe kuduza canke kumanura ibendera rimanitswe ahari inyubakwa. Kuba umuntu yobigira canke atobigira bivana n’uko abona ukuntu ibintu vyifashe. Niba kuduza ibendera canke kurimanura ari umuce w’ibirori bidasanzwe bigirwa abantu bahagaze bahanze amaso ibendera canke bariramutsa, gukora ico kintu rero nta ho vyoba bitaniye n’ukugira uruhara muri ivyo birori.

Ku rundi ruhande, niba ata birori bijana n’ukuduza ibendera canke kurimanura, ivyo bikorwa rero nta ho vyoba bitaniye no gukora iyindi mirimo nk’ugutegura inyubakwa kugira ikoreshwe, kwugurura no kwugara inzugi be n’ukwugurura be n’ukwugara amadirisha. Mu bihe nk’ivyo, ibendera ni ikimenyetso gusa c’Igihugu, kandi kuriduza canke kurimanura, nk’uko bisanzwe bigenda no mu bindi bikorwa, ni ikintu umuntu ubwiwe yifatira ingingo yishimikije ivyo ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya rimubwira. (Ab’i Galatiya 6:5) Hari aho ijwi ryo mu mutima rya nya muntu ryomusunikira ku gusaba umuhagarikizi wiwe ko uwundi mukozi ari we yokwuriza ibendera akongera akarimanura. Uwundi Mukirisu ashobora kwiyumvamwo yuko ijwi ryiwe ryo mu mutima ryomurekurira kuduza ibendera no kurimanura mu gihe ata birori bijana na vyo bigirwa. Ingingo iyo ari yose yofatwa yaba iyihe, abasenga b’ukuri bakwiye “[kugira] imitima itarimw’ijwi ri[ba]giriza ikibi” imbere y’Imana.​—1 Petero 3:16.

Nta na hamwe bibujijwe mu Vyanditswe gukorera mu nyubakwa za Leta canke kuba umuntu ari muri zo, nk’amazu abajejwe kuzimya umuriro bakoreramwo, inyubakwa zo mu gisagara Leta ikoreramwo, be n’amashure, aho usanga bamanika ibendera ry’igihugu. Ibendera rishobora kandi kuboneka ku bidodo vya posita, ku muduga ahandikwa inomero ziwuranga, canke ibindi bintu bihingurwa n’intwaro. Gukoresha ibintu nk’ivyo ubwavyo ntibituma umuntu aja mu bagira uruhara mu bikorwa vy’ukwihebera igihugu. Ikintu gihambaye hano, si ukuba hari ibendera canke ikimeze nka ryo, ahubwo igihambaye ni ukuntu umuntu yifata imbere yaryo.

Amabendera akenshi aramanikwa ku madirisha, ku nzugi, ku miduga, ku meza canke ku bindi bintu. Impuzu ziriko amabara aranga ibendera zirashobora kandi kugurwa. Mu bihugu bimwebimwe, kwambara impuzu nk’izo ntivyemewe n’amategeko. Naho kuzambara kutoba ari ukurenga kw’itegeko, vyokwerekana iki ku vyerekeye impagararo umuntu afise ku biraba isi? Ku vyerekeye abayoboke biwe, Yezu Kirisitu yavuze ati: “S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” (Yohana 17:16) Ikintu umuntu adakwiye kwirengagiza ni ingaruka ikintu nk’ico coshobora kugira ku bo basangiye ukwemera. Vyoba vyokomeretsa ijwi ryo mu mutima rya bamwebamwe? Vyoba bishobora gutuma umwiyemezo wabo wo kuguma bashikamye mu kwizera ugoyagoya? Paulo yahanuye Abakirisu ati: “Murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ibigwisha [“abandi,” NW].”​—Ab’i Filipi 1:10.

“Kugira Ineza Kuri Bose”

Kubera ko ukuntu iyi si imeze kugenda kwononekara muri bino “bihe bigoye,” inyiyumvo z’ugukunda igihugu zisa n’izibandanya kwongerekana. (2 Timoteyo 3:1) Ese abakunda Imana batokwigera bibagira yuko ubukiriro ari ubwa Yehova gusa. Arakwiriye ko tumwibandako we musa. Igihe intumwa za Yezu zasabwa gukora ikintu kidahuye n’ivyo Yehova agomba, zavuze ziti: “Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.”​—Ivyakozwe 5:29.

Intumwa Paulo yanditse ati: “Umushumba w’Umwami wacu ntakwiye gutongana, arikw akwiye kugira ineza kuri bose.” (2 Timoteyo 2:24) Ni co gituma Abakirisu bihatira kuba indemeshamahoro, kwubaha kandi bakitonda bongera biheka kw’ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, mu kwifatira ingingo zijanye n’ukuramutsa ibendera be n’ukuririmba ururirimbo rw’uguhayagiza igihugu.

[Ifoto ku rup. 23]

Abaheburayo batatu bariyemeje guhitamwo guhimbara Imana ariko babigiranye icubahiro

[Ifoto ku rup. 24]

Umukirisu akwiye kuvyifatamwo gute mu gihe c’ibirori bijanye n’ugukunda igihugu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika