Reka Abamamaji b’Ubwami Batuyagire
Umudari w’Agashimwe ku bw’Ingoro y’Ubwami
UBUSHIKIRANGANJI bw’Ibidukikije muri Finilande bwataziriye umwaka w’2000 “Umwaka w’Ugushariza Ibidukikije.” Umwe mu babiteguye yavuze yuko “intumbero y’ico civugo c’umwaka kivuga ivyo gushariza ibidukikije ari iyo kutwibutsa twese yuko kuba dukikujwe n’ahantu hatotahaye bigira ico bikoze ku buzima bwacu bwa misi yose no ku kumererwa neza kwacu.”
Ku wa 12 Nzero 2001, ikete rirungitswe n’Ishirahamwe ryo muri Finilande Rijejwe Ibikorwa vy’Ugushariza Ibidukikije, ryarashitse ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Finilande. Iryo kete ryasigura yuko Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’i Tikkurila yatangiwe kamwe mu dushimwe tw’imidari yitiriwe icivugo c’umwaka cerekeye ugushariza ibidukikije, kubera ukuntu ibiyikikije vyari vyaratunganijwe neza, n’ubusitani bwayo bukaba bwari bwateguwe mu buryo bw’akaroruhore. Nya kete ryabandanije rivuga yuko “haba mu ci canke mu rushana, ikibanza gikikuje iyo Ngoro muri rusangi kiguma gihimbaye, giteye igomwe, kandi gitunganije neza.”
Uwo mudari wahawe Ivyabona vya Yehova mw’Ihoteri yitwa Rosendahl y’i Tampere muri Finilande, mu birori vyari vyitabwe n’abahinga mu bijanye n’ico kibazo be n’abadandaza 400. Nya Shirahamwe ryo muri Finilande Rijejwe Ibikorwa vy’Ugushariza Ibidukikije ryarasohoye mu nzego zo kumenyesha amakuru itangazo ryavuga riti: “Mu mihingo itandukanye y’igihugu, Ingoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova mu bihe nka vyose zama nantaryo zateguwe mu buryo buteye igomwe. Ibidukikije vyitwararitswe ntibibura gutera igomwe umuntu aba ariko yirenganira. Ingoro y’Ubwami y’i Tikkurila ni akarorero kamwe k’ubusitani usanga bwose bwakaka. Iyo nyubakwa be n’imbuga nini vyose hamwe ubiravye birangwa itekane be n’ukutarenza urugero.”
Muri Finilande, hari Ingoro z’Ubwami 233, nyinshi muri zo zikaba zikikujwe n’ubusitani buryoheye ijisho. Ariko rero, igituma ivyo bibanza biba vy’ukuri ibiryoheye ijisho, ni uko bigize ihuriro ry’ugusenga kw’ukuri be n’ahantu inyigisho ishingiye kuri Bibiliya itangirwa. Ku Vyabona vya Yehova barenga imiliyoni zitandatu bari hirya no hino kw’isi, Ingoro y’Ubwami, yaba ifise ibikoresho bihanitse canke ibayabaye, ni ikibanza bakunda cane. Ni co gituma bashashaye kuyifata neza no kuyitwararikana urukundo. Inzugi z’Ingoro y’Ubwami zirugururiwe abantu bose bo mu kibano iwanyu!