ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/10 rup. 9-11
  • Abakiri Bato Bakunda Ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakiri Bato Bakunda Ukuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Barakenguruka Ubuyobozi bwa Kivyeyi
  • Guha Agaciro Amakoraniro
  • Ingingo Umuntu Yifatira
  • Uruhara rw’Ishengero
  • Ukuntu Yehova Ariko Aratuyobora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Idini—Ni je noryihitiramwo canke ni abavyeyi banje?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Twibuke abari mu murimo w’igihe cose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/10 rup. 9-11

Abakiri Bato Bakunda Ukuri

UMWANDITSI wa Zaburi w’Umuheburayo haheze imyaka ibihumbi n’ibihumbi abajije ati: “Umusore azokwezesha inzira yiwe iki?” (Zaburi 119:9) Ico kiracari ikibazo kibereye muri iki gihe kubera abakiri bato bahangana n’ingorane nyinshi mw’isi. Ubushurashuzi bwatumye abakiri bato benshi bakunda kwandura SIDA, hafi igice c’abanduye iyo ndwara iteye ubwoba bakaba bari hagati y’imyaka 15 na 24. Gufata ibiyayuramutwe na vyo nyene birateza ingorane nyinshi, bigatuma abakiri bato bamwebamwe bapfa hatari bwagere. Imiziki yononekaye, amasinema y’ubukazi n’ay’ubushegabo, ibiganiro vyo kuri televiziyo n’amavidewo be n’amashusho yerekana ubushegabo kuri Internet, biragira akosho konona ku bakiri bato. Ni co gituma ca kibazo cabazwa n’umwanditsi wa Zaburi kiraje ishinga cane abavyeyi benshi be n’abakiri bato benshi muri iki gihe.

Kuri ico kibazo ciwe, uwo mwanditsi wa Zaburi nyene yishuye ati: “Azoyezesha kuyitondera nk’ukw ijambo ryawe rivuga.” Nta nkeka, Ijambo ry’Imana Bibiliya ririmwo ubuyobozi bwiza ku bakiri bato, kandi bivuye ku kubukurikiza, abakiri bato benshi bariko bararoranirwa mu buzima. (Zaburi 119:105) Nimuze dusuzume uturorero tumwetumwe tw’abakiri bato bakunda Imana kandi bihatira kuguma bakomeye mu buryo bw’impwemu, mw’isi irondera ivyo kwinezereza kandi ihahamira amaronko.

Barakenguruka Ubuyobozi bwa Kivyeyi

Jacob Emmanuel yamaze imyaka nk’ingahe ari umusuku w’umutsimvyi w’igihe cose, imbere yuko akorera ku biro vy’ishami rya Megizike ry’Ivyabona vya Yehova. Aribukana ugukenguruka ukuntu yatsimbataje ivy’ugukunda umurimo w’Imana. Avuga ati: “Abavyeyi banje ni bo ahanini babinshizemwo, naho abavukanyi bamwebamwe bakomeye mu vy’impwemu bazi utuntu n’utundi twagiraniye ubugenzi na bo nyene babaye rufasha cane. Baramvyuriye umutima wo gukunda igikorwa co kwamamaza. Barandongoye n’ubwitonzi bwinshi mu nzira igororotse; sinigeze numva yuko bampata.”

David, akaba amaze imyaka nk’ingahe mu busuku bw’igihe cose, aribuka ukuntu vyamukoze ku mutima igihe abavyeyi biwe batangura gukora bwa batsimvyi badasanzwe igihe we na mwenewabo bari bakiri batoyi. Igihe se yapfa, nyina yarabandanije mu murimo w’ubutsimvyi budasanzwe. Uretse ukwamamaza inkuru nziza, n’abo bana yarabitwararika. David avuga ati: “Ntibigeze bampatira ku kuba umutsimvyi, mugabo twarinovoye cane gukora ubutsimvyi uko tugize umuryango ku buryo ukuba turi kumwe be n’akayaga keza vyazana, vyamvyuriye umutima wo kubigana.” Ku biraba akamaro k’ubuyobozi bwiza be n’ukwitwararikwa n’abavyeyi, David avuga ati: “Imisi yose mw’ijoro, mawe yaradusomera inkuru akuye mu gitabu Du paradis perdu au paradis reconquis.a Uburyo yazitwiganira vyaradufashije gukunda ivyo kwihereza imfungurwa zo mu vy’impwemu.”

Guha Agaciro Amakoraniro

Abakiri bato bamwebamwe basanga bigoye guha agaciro amakoraniro ya gikirisu. Bayitaba kubera abavyeyi babo babatwara. Ariko rero, mu gihe bagumye bitaba amakoraniro, amaherezo boshobora gushika ku gukunda amakoraniro. Rimbura ivya Alfredo, uwatanguye umurimo w’igihe cose igihe yari afise imyaka 11 y’amavuka. Ariyemerera yuko igihe yari afise nk’imyaka itanu, yagerageza kwirinda kuja ku makoraniro kubera yatuma asinzira, mugabo abavyeyi biwe ntibamukundira gusinzira mu gihe c’amakoraniro. Yibuka ibi: “Uko nakura, ni ko buhorobuhoro narushiriza gushimishwa n’amakoraniro, canecane maze kumenya gusoma no kwandika, kubera ko ico gihe natanguye gutanga insasanuro mu majambo yanje bwite.”

Umwigeme yitwa Cintia w’imyaka 17 y’amavuka akora bwa mutsimvyi asanzwe, aratubwira ukuntu ukwifatanya n’abantu beza kwagize uruhara ruhambaye mu vyatumye atsimbataza ivyo gukunda umurimo w’Imana. Avuga ati: “Ubucuti bwiza nari mfitaniye n’abavukanyi be n’ukwitaba amakoraniro ubudasiba vyatumye ntumva ko nkumbura abagenzi bo mw’isi be n’ibikorwa bikunda gukorwa n’abakiri bato, nko kuja mu matambiro y’ijoro. Kwumviriza insasanuro be n’ivyabonywe bishikirizwa ku makoraniro vyaranshizemwo icipfuzo co guha Yehova ivyo mfise vyose, kandi numva yuko ikintu kirushirije kuba ciza mfise ari ubuto bwanje. Ni co gituma nafashe ingingo yo kubukoresha mu murimo wiwe.”

Ariko rero, yiyemerera ibi: “Imbere y’uko mbatizwa, hari igihe nabona ko vyoroshe gusiba amakoraniro, udukorwa batanga kw’ishure two gukorera i muhira n’ibindi bikorwa vyo kw’ishure nkabigira urwitwazo rwo kuyasiba. Narasivye amakoraniro nk’angahe, kandi ivyo vyatanguye kugira ico bingize mu buryo bw’impwemu. Natanguye kwifatanya n’umuhungu atiga Bibiliya. Mfashijwe na Yehova, narahinduye ibintu amazi atararenga inkombe.”

Ingingo Umuntu Yifatira

Pablo, uwundi muhungu akiri muto akorera Yehova ari umusuku w’igihe cose, igihe yabazwa ico afata ko ari co kintu nyamukuru gituma atsimbataza urukundo akunda ukuri kw’Ijambo ry’Imana, yavuze ati: “Niyumvira ko hariho ibintu bibiri: kwiyigisha ubudahorereza no kugira umwete mu gikorwa co kwamamaza. Ndakurira ubwatsi abavyeyi banje kuba baranyigishije ukuri kwerekeye Yehova, kandi numva yuko ico ari co kintu kirushirije kuba ciza boshoboye kumpa. Ariko rero, nkeneye ubwanje kujijuka nkamenya igituma nkunda Yehova. Kubera ico, birakenewe ko menya ‘ubwaguke n’ubwimbike’ bw’ukuri kwa Bibiliya. Muri ubwo buryo gusa ni ho dushika ku kwumva ducambirwa Ijambo rya Yehova, irituma muri twebwe haba ‘umuriro uyingana’ udusunikira ku kuribwira abandi. Uwo mwete tugirira igikorwa co kwamamaza uzotuma tuguma dukenguruka ukuri.”​—Abanyefeso 3:18; Yeremiya 20:9.

Jacob Emmanuel, uwo twavuze mu ntango, na we nyene aribuka akamaro ko kwihitiramwo gusukurira Yehova. Avuga yuko abavyeyi biwe batigeze bamuhata ngo abatizwe. “Nibaza ko ivyo bagize ari vyiza, kubera mbona iciza vyavuyemwo. Nk’akarorero, abakiri bato bamwebamwe twifatanya cane, barafashe ingingo yo kubatirizwa rimwe. Naho ivyo vyari vyiza, narashobora kubona yuko bamwebamwe babigize babitumwe n’igihababu, maze bidatevye inyuma y’aho, umwete bari bafitiye umurimo w’Ubwami uragabanuka. Ku binyerekeye, abavyeyi banje ntibigeze bampatira ku gufata ingingo yo kwiyegurira Yehova. Ni ingingo nifatiye.”

Uruhara rw’Ishengero

Abakiri bato bamwebamwe bize ukuri kw’Ijambo ry’Imana badafashijwe n’abavyeyi babo. Nta nkeka, mu bihe nk’ivyo kwiga gukora ibigororotse no kubishishikara ntivyoroshe.

Noé aribuka ukuntu ukuri yakwungukiyeko cane. Kuva akiri muto cane, yarakunda gushavura no gukora ibiranga ubukazi. Igihe yatangura kwiga Bibiliya afise imyaka 14, inyifato yiwe yatanguye kumera neza, ku buryo abavyeyi biwe batitaho ivya Bibiliya ico gihe bakengurutse cane. Uko Noé yatera imbere mu buryo bw’impwemu, ni ko yashaka kurushiriza gukoresha ubuzima bwiwe mu murimo w’Imana bimwe bishitse. Ubu ari mu busuku bw’igihe cose.

Nk’ukwo nyene, Alejandro yatanguye gushimishwa n’ukuri kwa gikirisu igihe yari akiri muto cane, naho abavyeyi biwe kutabashimisha. Mu guserura ugukenguruka afitiye ukuri, avuga ati: “Narerewe mu rugo rwamye rugizwe n’Abagatolika. Mugabo agatima nari mfise ko guhengamira ku kutemera Imana kw’Abakomunisita karakuze, kubera idini ritishuye ibibazo vyahora bindaza ishinga kuva nkiri muto cane. Ishirahamwe rya Yehova ryaramfashije kuronka ubumenyi bwerekeye Imana. Ryararokoye burokore ubuzima bwanje kubera yuko iyo ntiga Bibiliya, kumbure nari kwisuka mu vy’ubushegabo, mu kaborerwe canke mu biyayuramutwe. Nari gushobora mbere kuja mu mugwi munaka w’abagumutsi, ukaba uzi n’ukuntu bigira inkurikizi zibabaje.”

Uwukiri muto ashobora gute gushishikara kurondera ukuri no kukwumirako adashigikiwe n’abavyeyi biwe? Biragaragara yuko abakurambere be n’abandi mw’ishengero babigiramwo uruhara ruhambaye cane. Noé yibuka ibi: “Sinigeze numva ko ndi jenyene, kubera Yehova yama nantaryo ari hafi yanje. Vyongeye, narashigikirwa n’abavukanyi be n’abavukanyikazi benshi barangwa n’urukundo, abo mu vy’impwemu bacitse ba data, ba mawe n’abo tuvukana.” Ubu akora kuri Beteli, agakoresha umwanya wiwe mu murimo w’Imana. Na Alejandro nyene yigana ibi: “Ikintu nzokwama nantaryo nkenguruka ni uko nahezagiwe mu kuba mw’ishengero ririmwo umugwi w’abakurambere bagaragaza ko banyitwararikana urukundo. Ndakenguruka canecane kubera ko igihe natangura kwiga Bibiliya, ku myaka 16, ubukubaganyi busanzwe bugirwa n’abakiri bato na jewe bwaranyandukiye. Imiryango mw’ishengero ntiyigeze impeba. Hama nantaryo hariho umuntu anyakira neza, ntampe indaro be n’ibifungurwa gusa, mugabo kandi akampa n’umutima wiwe.” Alejandro ubu amaze imyaka irenga 13 mu murimo w’igihe cose.

Abantu bamwebamwe biyumvira yuko idini ari iry’abantu bakuze gusa. Ariko rero, hariho abakiri bato benshi bize ukuri kwa Bibiliya bafise imyaka mike cane kandi bagashika ku gukunda Yehova, maze baguma ari abizerwa kuri we. Amajambo ya Dawidi yanditse muri Zaburi 110:3 arashobora gukora ku biberekeye. Agira ati: “Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; abasore bawe baza ah’uri nk’ikime, bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.”

Kwiga ukuri no kukwumirako ni urugamba ku bakiri bato. Ese ukuntu bitera umunezero kubona benshi baguma bumiye kw’ishirahamwe rya Yehova, mu kwitaba amakoraniro ubudahorereza, no mu kwiga Bibiliya bashirutse ubute. Kubera babigenjeje gutyo, barashoboye gutsimbataza urukundo nyakuri bakunda Ijambo ry’Imana n’umurimo wayo!​—Zaburi 119:15, 16.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mu 1958; ubu ntikigicapurwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika