ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/12 rup. 29
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ivyo bijanye
  • Akayabu ko mu bugaragwa k’imbonekarimwe
    Be maso!—2013
  • ‘Ubutunzi bubogaboga mu biyaga’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Kugira ngo Ugumye Umukunzi, Utegerezwa Kuba Umukunzi
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Woba Uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/12 rup. 29

Ibibazo vy’Abasomyi

Dufatiye ku Vyahishuriwe 20:8, twoba dukwiye gushika ku ciyumviro c’uko hazoba igitigiri kinini cane c’abantu bazozimizwa na Shetani mu gihe c’ukugeragezwa ubwa nyuma?

Mu Vyahishuriwe 20:8 hadondora igitero ca nyuma Shetani azogira ku bantu baba kw’isi ku mpera y’ubutegetsi bw’Ubwami burongowe na Mesiya buzomara imyaka igihumbi. Mu kuvuga ivyerekeye Shetani, uwo murongo ugira uti: “Azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga.”

Naho habaye iterambere mu bijanye n’ubuhinga be n’ibikoresho vya siyansi, “umusenyi wo ku kiyaga,” uko ungana canke igitigiri cawo ntibiramenyekana. Gutyo, birashobora kuvugwa yuko iyo mvugo igereranya igitigiri kitazwi, kitamenyekana. Mugabo vyoba vyerekana ko ari igitigiri amahero, igitigiri giteye ubwoba, igitigiri gisiga ubwenge, canke vyerekana gusa igitigiri kitazwi yamara kinini canke kitari gito?

Muri Bibiliya, imvugo ngo “nk’umusenyi wo ku kiyaga” irakoreshwa mu buryo butari buke. Nk’akarorero, mw’⁠Itanguriro 41:49, dusoma duti: “Yosefu abīka imihure y’impeke y’isinzi, nk’umusenyi wo ku kiyaga, gushitsa aho yarekeye guharūra, kuko bitari bigiharūrika.” Hano igishimikwako ni uko bitari bigiharurika. Mu buryo nk’ubwo nyene, Yehova yavuze ati: “Nk’ukw ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru zitoharūrika, n’umusenyi wo ku kiyaga utogereka, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje.” Nka kurya nyene inyenyeri zo kw’ijuru n’umusenyi wo ku kiyaga bidaharurika, ni ko nyene na Yehova ategerezwa gushitsa ivyo yasezeraniye Dawidi.​—Yeremiya 33:22.

Akenshi imvugo ngo “umusenyi wo ku kiyaga” yerekeza ku kintu, uravye urugero rwaco canke uko kingana usanga ari kinini bihagije kandi biteye ubwoba. Igihe Abisirayeli bari i Gilugali, barahagaritswe umutima cane n’ingabo z’Abafilisitiya zari zikorakoraniye i Mikimashi, zikaba zari “nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga.” (1 Samweli 13:5, 6; Abacamanza 7:12) Vyongeye, “Imana [yabandanije gu]ha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane, n’umutima wagutse, nk’ukw isēsero ry’umusenyi wo ku kiyaga ryagutse.” (1 Abami 4:29) Naho icagiye kiravugwa hamwehamwe hose cari kinini, cagumye ari igifise aho kigarukira.

Imvugo ngo “umusenyi wo ku kiyaga” irashobora kandi kugereranya igitigiri kitazwi, bidashaka kuvuga ko ari igitigiri amahero. Yehova yabwiye Aburahamu ati: “Nzogwiza uru[but]o rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga.” (Itanguriro 22:17) Mu gusubiriramwo uwo muhango Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu, Yehova yakoresheje imvugo ngo “umukungugu wo hasi,” iyo Yakobo yasubiyemwo akavuga ko ari “umusenyi wo ku kiyaga.” (Itanguriro 28:14; 32:12) Ukuyemwo Yezu Kirisitu, “uru[but]o” rwa Aburahamu rwabonetse ko ari abantu 144.000, abo Yezu yise “ubusho buto.”​—Luka 12:32; Ab’i Galatiya 3:16, 29; Ivyahishuriwe 7:4; 14:1, 3.

Ubwo burorero tubwigirako iki? Ico tubwigirako ni uko imvugo ngo “nk’umusenyi wo ku kiyaga” itama nantaryo isobanura igitigiri kidahera, igitigiri gisiga ubwenge; eka mbere ntiyama nantaryo ikoreshwa mu kudondora ikintu amahero canke giteye ubwoba uravye ubunini bwaco. Akenshi igereranya igitigiri kitazwi mugabo atari kinini birenze. Gutyo, ni ibintu bitegereka kwemera yuko isinzi ry’abantu b’abagarariji bazoshigikira Shetani mu gihe c’igitero ca nyuma azogira ku basavyi b’Imana kitazoba kirengeje urugero, canke ari amahero, mugabo ko kizoba ari kinini bihagije ku buryo kizoba giteye ubwoba. Ariko rero, ico gitigiri ntikiramenyekana gushika ubu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika