Mukomeze Ibiganza Vyanyu
MURI Bibiliya, ikiganza kivugwa incuro amajana. Mu rurimi rw’Igiheburayo, imvugo zirimwo ijambo ikiganza zirakoreshwa mu buryo bwinshi butandukanye. Nk’akarorero, kugira ikiganza kitanduye, bisobanura umuntu atagirwa n’ikibi. (2 Samweli 22:21; Zaburi 24:3, 4) Mu Giheburayo, gupfumbaturura igipfunsi bisobanura kugaragariza abandi ubutanzi bwa cane. (Gusubira mu Vyagezwe 15:11; Zaburi 145:16) Mu Giheburayo, gushira ubugingo mu kiganza bivugwa ko umuntu aba ahevye ubuzima bwiwe. (1 Samweli 19:5) Mu Giheburayo, ibiganza vy’umuntu bireganutse bisobanura gucika intege. (2 Ngoma 15:7) Gukomeza ibiganza vy’umuntu bisigura kumushiramwo inguvu no kumuha inkomezi kugira akore igikorwa kinaka.—1 Samweli 23:16.
Muri iki gihe, birakenewe cane ko twikomeza. Tubayeho mu “bihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Igihe ducitse intege, impengamiro umuntu agira ni iyo gutana n’ikigazuzo, nk’aho ibiganza vyacu vyoba bireganutse. Turakunda kubona imiyabaga iheba ishure, abagabo bata ingo zabo na ba inarugo baheba abana babo. Bwa Bakirisu, turakeneye kwikomeza kugira ngo twihanganire ibigeragezo duhangana mu murimo turangurira Imana. (Matayo 24:13) Tubigize gutyo, duca dutuma umutima wa Yehova unezerwa.—Imigani 27:11.
Ukuntu Umuntu Akomezwa
Abayuda bo mu gihe ca Ezira bari bakeneye kwikomeza kugira ngo barangize igikorwa c’ugusubira kwubaka urusengero rwa Yehova rw’i Yeruzalemu. None, bikomeje gute? Iyo nkuru ivuga iti: “Bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’Uhoraho yabanejereje, kand’agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw ab[akomez]e mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.” (Ezira 6:22) Biratomoye yuko Yehova, akoresheje inguvu yiwe ikora, yatumye “umwami w’i Ashuri” areka abasavyi biwe bakagaruka, maze Yehova akavyurira ingoga abo bantu kugira ngo barangize igikorwa bari baratanguye.
Mu nyuma, igihe ibihome vya Yeruzalemu vyasaba ko bisanurwa, Nehemiya yarakomeje Abayuda bagenziwe kugira bakore ico gikorwa. Dusoma duti: “Ndaheza mbiganira ingen’ikiganza ciza c’Imana yanje cabaye kuri jewe, mbiganira n’amajambo umwami yambgiye; na bo baravuga, bati Ni tuve hasi twubake. Nuko bari[komez]a, bashirako bakora ico gikorwa ciza.” Kubera yuko bari bikomeje, Nehemiya n’Abayuda bagenziwe barashoboye gusubira kwubaka ibihome vya Yeruzalemu mu kiringo gitangaje c’imisi 52!—Nehemiya 2:18; 6:9, 15.
Muri ubwo buryo nyene, Yehova aradukomeza kugira ngo twamamaze inkuru nziza y’Ubwami. (Matayo 24:14) Ivyo abigira mu ‘kuturonsa ikintu ciza cose dukenera kugira ngo dukore ivyo agomba.’ (Abaheburayo 13:21) Yaraturonkeje ibikoresho ata bindi binganya ubwiza. Turafise Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo, ibinyamakuru, udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza be n’amakaseti yo kwumviriza n’ayo kuraba dushobora gukoresha kugira dushikire abantu bari hirya no hino kw’isi. Nkako, ibisohokayandikiro vyacu biraboneka mu ndimi zirenga 380. Ikigeretseko, biciye ku makoraniro y’ishengero, ku materaniro no ku mahwaniro, Yehova araturonsa inyigisho be n’ukumenyerezwa vyo mu vya gitewokarasi bidufasha kumenya ukuntu twokoresha ivyo bikoresho vyiza mu gushitsa ubusuku bwacu.
Naho Yehova adukomeza mu buryo bwinshi gutyo, yitega kandi yuko twihata. Ibuka ivyo umuhanuzi Elisa yabwiye Umwami Yehowasi, uwari yaje kwa Elisa kugira ngo amusabe imfashanyo yo kurwanya Abasiriya bari bateye. Elisa yabwiye uwo mwami kwakira igitigiri kinaka c’imyampi hanyuma akayikubita hasi. Iyo nkuru ya Bibiliya ivuga iti: “Ayikubita hasi gatatu, araheza ageza aho. Uwo muntu w’Imana aramurakira, aramubarira at’Iy’uba war’ukubise gatanu canke gatandatu, wonesheje Abasiriya gushitsa ah’ubaherengeteje; ariko non’uzobanesha gatatu gusa.” (2 Abami 13:18, 19) Kubera yananiwe kwihata abigiranye umwete, Yehowasi yari kwererwa gatoyi gusa mu kurwanya Abasiriya.
Iyo ngingo ngenderwako nyene ni yo dukurikiza nimba dushaka gushitsa ivyo Yehova yadushinze gukora. Aho guhagarikwa umutima n’intambamyi duhura canke n’ukuntu ico gikebere gishobora kuba kigoye, dukwiye kugikorana umwete be n’umutima wacu wose. Turakeneye kwikomeza no guhanga amaso Yehova kugira ngo adufashe.—Yesaya 35:3, 4.
Yehova Azodukomeza
Yehova ntazonanirwa no kudufasha be no kudukomeza kugira ngo dukore ivyo agomba. Birumvikana ko Imana itazokora igitangaro kandi ko itazodukorera akantu kose. Yitega ko dushitsa uruhara rwacu, na rwo akaba ari ugusoma Bibiliya ku musi ku musi, gutegura no kwitaba amakoraniro tudahorereza, kugira uruhara mu busuku kenshi gashoboka, no kumusenga duhozako. Mu gihe turanguye uruhara rwacu tudahemuka kandi tubigiranye umwete igihe cose turonse akaryo, Yehova azoduha inkomezi zo gukora ivyo atwitegako.—Ab’i Filipi 4:13.
Rimbura ivyashikiye Umukirisu umwe yabuze umugore wiwe hamwe na nyina wiwe mu mwaka umwe. Umubabaro yari afise wari ukiri wose igihe umukazana wiwe yavana n’umuhungu wiwe hanyuma akareka kubaho mu buryo bwa gikirisu. Uwo muvukanyi yavuze ati: “Vyaranyigishije yuko tudashobora kwihitiramwo ibitugerageza, igihe vyoshikirako eka mbere n’incuro vyoza.” Aronka gute inkomezi zimufasha gukomera ku muheto? “Isengesho be n’ukwiyigisha vyamye ari vyo binzigama bituma mbandanya gushikama. Vyongeye ugushigikirwa n’abavukanyi n’abavukanyikazi banje bo mu buryo bw’impwemu vyarampumurije cane. Ikiruta vyose, narashitse ku gutahura akamaro ko gutsimbataza ubucuti bwiza na Yehova imbere y’uko ibintu bigoye vyaduka.”
Ivyo ari vyo vyose bigushikira mu buzima, niwiyemeze kwizigira Yehova uherejeko no gukoresha neza intunganyo zose agira kugira agukomeze. Maze uzoshobora kurangurira Yehova umurimo w’agaciro ntangere, gutyo bitume izina ryiwe ry’agaciro rishemezwa kandi riterwa iteka.—Abaheburayo 13:15.
[Ifoto ku rup. 31]
Kubera yananiwe kwihata abigiranye umwete, Yehowasi yari kwererwa gatoyi gusa mu kurwanya Abasiriya