Ivuka rya Yezu Ingene Ryagenze be n’Igituma Ryarabaye
“NTIBISHOBOKA!” Ukwo ni ko abantu benshi batari Abakirisu bovuga, bamaze kwumva inkuru yerekeye ivuka rya Yezu. Bishimikije siyansi, bumva yuko bitumvikana kwemera ko inkumi y’isugi ishobora gusama inda hanyuma ikavyara umuhungu itaryamanye n’umugabo. Wewe uvyibazako iki?
Mu 1984, ikinyamakuru kimwe (The Times) c’i Londres carasohoye ikete ryatanga ivyiyumviro kuri ico kintu, rikavuga riti: “Gukoresha siyansi kugira werekane ko ibitangaro bidashoboka ntivyumvikana. Kwemera yuko ibitangaro bidashobora gushika ni ikintu kiranga ukwizera ata ho gitaniye n’ukwemera yuko bishobora gushika.” Iryo kete ryashizweko umukono n’abigisha 14 b’ivya siyansi muri za kaminuza zo mu Bwongereza. Bavuze bati: “Turemera n’umutima ukunze inkumi y’isugi yavyaye, ibitangaro vyo mu Njili be n’izuka rya Kirisitu ko ari ibintu vyo muri kahise vyabaye.”
Yamara rero, birumvikana yuko umuntu vyomugora gutahura yumvise ari bwo bwa mbere inkuru ivuga ukuntu Yezu yavyawe n’isugi. Nyina wa Yezu, uwari akiri isugi, ubwiwe vyaramuzazaniye igihe umumarayika w’Imana yavuga ati: “Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’uz’umwite Yesu.” Mu kwishura, Mariya yabajije ati: “Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo?” Nya mumarayika yaciye asigura yuko Imana yokoze ico gitangaro ikoresheje impwemu yayo yera, yongerako ati: “[N]ta jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.” (Luka 1:31, 34-37) Nta gukeka ko Umwe yarema urukurikirane rutangaje rw’ukurondoka kw’umuntu yari gushobora no gutuma Yezu asamwa inda kandi akavuka ku nkumi y’isugi. Nimba Imana ari yo yaremye ibiriho vyose be n’amategeko abigenga ari ku burimbane bwiza, yari gushobora kandi gukoresha akagingo ngengabuzima k’irigi kavuye mu gasabo k’imbuto ka Mariya kugira ngo kavemwo Umwana w’umuhungu atagira agasembwa.
Igituma Vyari Bikenewe
Yozefu, umugabo yubaha Imana yari areheje Mariya igihe yibungenga. Biciye mu ndoto, umumarayika w’Imana yarasiguriye Yozefu imvo nziza igitangaza yatumye inkumi y’isugi yari areheje isama inda. Uwo mumarayika yavuze ati: “Ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda y’[im]pwemu [y]era. Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’umwite Yesu, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.” (Matayo 1:20, 21) Izina Yezu mu Giheburayo risobanura ngo “Yehova Ni Ubukiriro.” Riratwibutsa yuko dukeneye ubukiriro budukiza icaha n’urupfu be n’uko dukeneye intunganyo Yehova Imana yagize kugira haboneke ubukiriro nk’ubwo biciye kuri Yezu.
Kubera umuntu wa mbere, Adamu yacumuye, uruvyaro rwiwe rwose rwavukanye agasembwa, rufise impengamiro yo kurenga ku vyagezwe vy’Imana. (Abaroma 5:12) Abakomoka kuri Adamu boshoboye gute gukizwa icaha hanyuma bakaba abatagira agasembwa? Ubundi buzima bw’umuntu butagira agasembwa, bunganya agaciro n’ubwa Adamu, bwategerezwa kurihwa kugira ngo habe uburimbane ku munzane w’ubutungane. Ico ni co catumye Imana ituma Yezu avuka ku gitangaro ari umuntu atagira agasembwa kandi ni co catumye Yezu areka abansi biwe bakamwica. (Yohana 10:17, 18; 1 Timoteyo 2:5, 6) Yezu amaze kuzuka no kuduga mu buzima bwo mw’ijuru, yarashoboye kuvuga adakeka ati: “Nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’i kuzimu [imva rusangi y’abantu bose].”—Ivyahishuriwe 1:18.
Yezu akoresheje impfunguzo z’ikigereranyo z’urupfu n’iz’i kuzimu, arugururira inzira abantu b’abanyavyaha kugira ngo basubire kuronka ico Adamu yatakaje. Yezu yasiguye ati: “Ni jewe kuzuka n’ubu[zima]. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho; kand’ūriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira.” (Yohana 11:25, 26) Ese ukuntu ari umuhango mwiza igitangaza! Kandi hariho n’iyindi mvo irushirije kuba iyihambaye yatumye Yezu avuka.
Imvo Ihambaye Kuruta Izindi Zose
Ugusamwa kwa Yezu mu nda ya Mariya ntiyari yo ntango y’ubuzima bwiwe. Yaravuze mu buryo butomoye ati: “N[avuy]e mw ijuru.” (Yohana 6:38) Yezu yahora abana na Se wiwe wo mw’ijuru mu karere k’impwemu guhera mu ntango y’irema. Kukaba nkako, Bibiliya imudondora ko ari “inkomoko y’ivyaremwe n’Imana.” (Ivyahishuriwe 3:14) Yezu yariboneye ari mw’ijuru ubugarariji bw’umumarayika w’umubisha yatumye ba bantu ba mbere batera akagere ubutegetsi bw’Imana. Ivyo vyatumye Yezu agira imvo ihambaye kuruta izindi zose yo kugomba kuvyarwa ari Umwana w’Imana atagira agasembwa. Iyo mvo yari iyihe?
Yari iyo kugaragaza yuko Se wo mw’ijuru afise uburenganzira bwo gutegeka ivyaremwe vyose. Mu kuguma ari umwizerwa kuva kw’ivuka ryiwe gushika ku gupfa kwiwe kw’isi, Yezu yaragaragaje umutima ukunze yari afise wo kugamburuka uburyo Yehova ategeka ibiremwa vyiwe. Imbere y’uko abansi b’Imana bamwica, Yezu yaravuze mu buryo butomoye imvo yatumye agira umutima ukunze wo kwemera gupfa urupfu rwo kwitangako inkuka. Yavuze yuko kwari ukugira ngo ab’isi bamenye ko akunda Se. (Yohana 14:31) Iyo ba bantu babiri ba mbere, Adamu na Eva baba baratsimbataje urukundo nk’urwo, bari gushobora kugaragaza ko ari abizerwa muri ca kigeragezo cabashikira cari coroshe cane kuruta ibindi.—Itanguriro 2:15-17.
Ukudahemuka kwa Yezu kwarashize kandi ku kabarore ivy’uko wa mumarayika w’umubisha Shetani ari umubeshi. Shetani yari yaracokoye Imana n’umuntu mu kuvugira imbere y’abamarayika bo mw’ijuru ati: “Ivy’umuntu atunze vyose yobitanga ku [bw’ubuzima bw]iwe.” (Yobu 2:1, 4) Shetani yaravuze abesha yuko abantu bose bogambararira Imana kugira ngo bakize ubuzima bwabo.
Ivyo bibazo duhejeje kuvuga vyaratumye haba ugukekeranya niba ubutegetsi bw’Imana bwoba bugororotse. Kugira ngo bitorerwe inyishu, Yezu yaragize umutima ukunze wo kuvyarwa ari umuntu no kugaragaza ko ari umwizerwa gushika ku gupfa.
Gutyo, imvo nyamukuru yatumye Yezu avukira kw’isi, nk’uko ubwiwe yavyivugiye, kwari ukugira ngo “[a]shingire intahe ukuri.” (Yohana 18:37) Ivyo yabigize mu kwerekana mu vyo avuga no mu vyo akora yuko ubutegetsi bw’Imana bugororotse bimwe bitagira agahaze kandi ko kubugamburukira bivamwo agahimbare kamaho. Yezu yarasiguye kandi yuko yari yaje mw’isi kugira ngo atange ubuzima bwiwe bw’umuntu kw’“incungu ya benshi,” aba yugururiye inzira abantu b’abanyavyaha yo kuba abatagira agasembwa no kuronka ubuzima budahera. (Mariko 10:45) Inkuru y’ivuka rya Yezu yari ikenewe kugira ngo abantu batahure ivyo bintu bihambaye. Vyongeye, ibintu vyabaye mu gihe c’ivuka rya Yezu birimwo ibindi vyigwa bihambaye, nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana.
[Amafoto ku rup. 4]
Abakomoka kuri Adamu boshoboye gute gukizwa icaha?