ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/1 rup. 2-3
  • Coba Cari Ikinjana ca Shetani?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Coba Cari Ikinjana ca Shetani?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Ivyabona vya Yehova babona ibijanye na rya honyabwoko ryagirirwa Abayahudi​—Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Kubera iki rya Honyabwoko ryagirirwa Abayahudi ryabaye? Kubera iki Imana yaretse rikaba?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Twoba vy’ukuri turi mu “misi y’iherezo”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ni nde vy’ukuri ateza intambara n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/1 rup. 2-3

Coba Cari Ikinjana ca Shetani?

“URAVYE amabi yose yakozwe muri iki kinjana, iki cabaye ikinjana ca Shetani. Nta gihe na kimwe c’imbere y’iki kinjana abantu bari bwagaragaze impengamiro be n’icipfuzo gikomeye nk’ivyo bagaragaje muri iki kinjana, mu kwica abantu bagenzi babo amamiliyoni babahoye ubwoko, idini canke igiti bafise mu kibano.”

Ihimbazwa ry’umwaka ugira 50 harekuwe abantu ataco bazira bari bapfungiwe mu makambi y’ukwiciramwo abantu y’Abanazi, ryatumye ayo majambo duhejeje kuvuga yandikwa mu kinyamakuru kimwe (The New York Times) co ku wa 26 Nzero 1995. Rimwe mu mahonyabwoko azwi cane kurusha ayigeze kubaho, iryo na ryo akaba ari kwa Gutikiza Abayuda Kwagirwa n’Abanazi, ryarayogeje nk’Abayuda imiliyoni zitandatu. Hafi imiliyoni zitatu z’abanyagihugu b’Abanyapolonye batari Abayuda barahoneye mu co bise “Agatikizo Kibagiranywe.”

Mu gitabu ciwe (Humanity​—A Moral History of the Twentieth Century), umwanditsi Jonathan Glover avuga ati: “Mu kiringo co guhera mu 1900 gushika mu 1989, haharurwa ko intambara zoba zahitanye nk’abantu imiliyoni 86.” Yongerako ati: “Abapfiriye mu ntambara zo mu kinjana ca mirongo ibiri babaye benshi cane ku buryo usanga bigoye gutahura. Incahagati iyo ari yo yose igirwa y’ibitigiri vy’abapfiriye mu ntambara usanga ata ho ihuriye n’ibintu vyabayeho koko, kubera yuko nk’ibice bibiri kuri bitatu vy’abapfuye (ni ukuvuga imiliyoni 58) biciwe muri za ntambara zibiri z’isi yose. Ariko rero, iyo abo bantu baguma bapfa ku kanya ku kanya mu kinjana ca mirongo ibiri cose, intambara yoba yahitana nk’abantu 2.500 ku musi ku musi. Akaba ari abantu barenga 100 uko isaha iheze mu myaka mirongo icenda.”

Ni co gituma ikinjana ca 20 ciswe ko ari co kinjana casesetsemwo amaraso menshi kurusha ibindi vyose umuryango w’abantu wigeze kubona. Nadezhda Mandelstam, mu gitabu ciwe (Hope Against Hope), yandika ati: “Twarabonye ukuntu ikibi canesheje inyuma y’aho imico ijanye n’agateka k’umuntu imariye gutosekazwa kandi igahonyangwa.” Muri urwo rugamba rw’uko iciza kirwana n’ikibi, ikibi coba caranesheje vy’ukuri?

[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]

IGIPFUKISHO: Akana k’agakobwa na Nyina: J.R. Ripper/SocialPhotos

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

U.S. Department of Energy photograph

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika