ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/3 rup. 3
  • Umusi w’intibagirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umusi w’intibagirwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kristu—Ukuntu ubutumwa bwiwe bukuraba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yohani 3:16: “Kuko Imana yakunze isi cane”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ico Imana Yagize ngo Irokore Abantu
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/3 rup. 3

Umusi w’intibagirwa

NI UMUSI wahinduye rwose uko kazoza k’umuryango w’abantu komeze, kugira uronke ivyiza bihoraho. Nta wundi musi wigeze kugira ico ukoze kuri kazoza k’abantu nka wo. Ni wa musi Yezu yasozererako ivyari vyamuzanye kw’isi vyose. Igihe yari akomerewemwo imisumari ku giti c’ukubabarizwako, yarahēmūtse ubwa nyuma hanyuma asemerera ati: “Birashikijwe!” (Yohana 19:30, NW) Ni igiki catumye Yezu aza?

Bibiliya ivuga iti: “Umwana w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Yezu yatanze ubugingo bwiwe ari bwo buzima bwiwe kugira abantu bashobore gukizwa icaha n’urupfu barazwe. Nakare, “urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:16) Ese ukuntu inkuka ya Yezu ari intunganyo y’agaciro!

Yamara, hari iyindi mvo ituma umusi w’urupfu rwa Yezu uba umusi w’intibagirwa. Kuri uwo musi, Umwana w’Imana yarigishije intumwa ziwe ivyigwa vy’ingirakamaro vyobafashije kuguma ari abizerwa. Ese ukuntu amajambo yiwe ya nyuma ategerezwa kuba yarakoze ku mutima abo bigishwa! Ni ibiki yigishije? Dushobora gute kwungukira ku vyo Yezu yabigishije? Ivyo bibazo birihwezwa mu kiganiro gikurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika